ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 61 rup. 146-rup. 147 ing. 4
  • Akiza umuhungu yiziziwe n’idayimoni

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Akiza umuhungu yiziziwe n’idayimoni
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Akiza Umuhungu Yiziziwe n’Impwemu Mbi
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yezu akora ibitangaro i Kaperinawumu
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ni nde amuha ububasha bwo gukora ibitangaro?
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Akiza umukobwa n’umugabo w’umuragi
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 61 rup. 146-rup. 147 ing. 4
Sebibondo ariko asaba Yezu ngo amukirize umuhungu yiziziwe n’idayimoni

IKIGABANE CA 61

Akiza umuhungu yiziziwe n’idayimoni

MATAYO 17:14-20 MARIKO 9:14-29 LUKA 9:37-43

  • GUKIZA UMUHUNGU YIZIZIWE N’IDAYIMONI VYASAVYE UKWIZERA GUKOMEYE

Igihe Yezu, Petero, Yakobo na Yohani bamanutse bavuye kuri wa musozi, bahura n’isinzi ry’abantu. Hari ingorane yabaye. Abanyabwenge b’ivyanditswe bakikuje abigishwa biwe, bakaba bariko barabahaririza. Abantu baratangara babonye Yezu, bakirukanga kumuramutsa. Abaza abigishwa biwe ati: “Muriko muharira iki na bo?”​—Mariko 9:16.

Umugabo umwe wo muri iryo sinzi arapfukama imbere ya Yezu, akishura ati: “Mwigisha, nakuzaniye umwana wanje kubera ko arimwo impwemu y’ikiragi; kandi aho imufatiye hose iramukubita hasi, akabimba ifuro, akazyegenya amenyo, hanyuma akaregera. None nabwiye abigishwa bawe ngo bayirukane, mugabo ntibabishoboye.”​—Mariko 9:17, 18.

Biboneka ko abanyabwenge b’ivyanditswe bariko baracokora abo bigishwa kubera ko vyabananiye gukiza uwo mwana. Aho kwishura uwo muvyeyi yataye umutwe, Yezu abwira iryo sinzi ati: “Ewe wa yaruka ritagira ukwizera kandi rigoramanze, nzogumana namwe kugeza ryari? Nzobihanganira kugeza ryari?” Nta gukeka ko ayo majambo ayabwira abo banyabwenge b’ivyanditswe bariko baracokora abigishwa biwe. Yezu arahindukira akaraba uwo muvyeyi yibabariye, akagira ati: “Munzanire hano.”​—Matayo 17:17.

Uwo muhungu yegereye Yezu, ya dayimoni ica imukubita hasi ikamuhotagura bimwe biteye ubwoba. Aguma akumbagara hasi abimba ifuro mu kanwa. Yezu abaza se wiwe ati: “Ivyo bimaze igihe kingana iki bimushikira?” Yishura ati: “Kuva mu bwana; kandi incuro n’izindi iramuta mu muriro no mu mazi irondera kumwica.” Nya mugabo aramutakambira ati: “Nimba ushobora kugira ico ukoze, tugirire ikigongwe udufashe.”​—Mariko 9:21, 22.

Uwo muvyeyi arihebuye kuko n’abigishwa ba Yezu ata co bamufashije. Mu kwishura uwo muvyeyi, Yezu aramuhumuriza ati: “Ugize ngo: ‘Nimba ushobora’! Erega vyose birashoboka ku wizeye.” Buno nyene se wa nya mwana arasemerera ati: “Ndizeye! Mfasha aho mbuze ukwizera!”​—Mariko 9:23, 24.

Yezu ariko arakiza umuhungu yiziziwe n’idayimoni

Yezu arabona ko isinzi ry’abantu ririko ririruka rigana aho ari. Aca akankamira iyo dayimoni abo bantu bose barorera ati: “Wa mpwemu y’ikiragi kandi y’igipfamatwi we, ndabigutegetse, muvemwo kandi ntugasubire kumwinjiramwo!” Igihe iyo dayimoni iriko iramuvamwo, iratuma uwo muhungu akoma induru ikongera ikamuhotagura cane. Uwo muhungu araheza akaguma arambaraye hasi adakoma. Benshi mu bavyitegereza bavuga bati: “Yapfuye!” (Mariko 9:25, 26) Mugabo igihe Yezu amufashe ukuboko, uwo muhungu aca ahaguruka “a[g]akira guhera kuri iyo saha.” (Matayo 17:18) Ntibitangaje kubona abantu bumirwa baravye ivyo Yezu akora.

Imbere y’aho, igihe Yezu yarungika abigishwa kwamamaza, barirukanye amadayimoni. Bashitse mu nzu rero ari bonyene baca bamubaza bati: “Ni kubera iki twebwe tutashoboye kuyirukana?” Yezu abasigurira ko ari kubera bafise ukwizera guke, akababwira ati: “Burya bwoko nta kindi gishobora kubusohora atari isengesho.” (Mariko 9:28, 29) Bari bakeneye ukwizera gukomeye no gusaba Imana ngo ibafashe kwirukana iyo dayimoni idasanzwe.

Yezu asozera ati: “Ndababwije ukuri: Mubaye mufise ukwizera kungana n’agatete ka sinapi, muzobwira uyu musozi, muti ‘Imuka uve ng’aha uje hariya,’ kandi uzokwimuka, kandi nta kitazobashobokera.” (Matayo 17:20) Mbega ububasha ukwizera gufise!

Intambamyi n’ingorane zitubuza gutera imbere mu gikorwa c’Imana zoshobora gusa n’umusozi amahero. Ariko dutsimbataje ukwizera turashobora kuzirengera.

  • Yezu asanga ibintu vyifashe gute avuye ku musozi?

  • Ni kubera iki abigishwa batashoboye kwirukana idayimoni yari muri wa muhungu?

  • Ukwizera kwacu gushobora kugira ububasha bungana iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika