ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 129 rup. 294-rup. 295 ing. 3
  • Pilato ati: “Ng’uyu wa mugabo!”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Pilato ati: “Ng’uyu wa mugabo!”
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • “Raba! Wa Mugabo!”
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ponsiyo Pilato yari nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Pilato na Herodi basanga ari intungane
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Avanwa kwa Pilato Ajanwa kwa Herodi Yongera Kugarukanwa
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 129 rup. 294-rup. 295 ing. 3
Pilato asohoye Yezu hanze, Yezu yambaye urugori rw’amahwa n’igikwemu c’umuyugubwe

IKIGABANE CA 129

Pilato ati: “Ng’uyu wa mugabo!”

MATAYO 27:15-17, 20-30 MARIKO 15:6-19 LUKA 23:18-25 YOHANI 18:39–19:5

  • PILATO AGERAGEZA KUREKURA YEZU

  • ABAYUDA BASABA KO HAREKURWA BARABA

  • YEZU ASHINYAGURIZWA AKONGERA AGAFATWA NABI

Pilato yabwiye isinzi ryashaka ko Yezu yicwa ati: “Nta shingiro na rimwe nabonye muri we ry’ibirego mumurega. Nkako, na Herodi ni ukwo.” (Luka 23:14, 15) Ubu na ho, kugira Pilato akingire Yezu, arakoresha ubundi buryo akabwira abantu ati: “Murafise umugenzo w’uko ndabarekurira umuntu kuri pasika. Mushaka none ndabarekurire umwami w’Abayuda?”​—Yohani 18:39.

Pilato arazi ko hari umunyororo yitwa Baraba, bikaba bizwi ko ari umusuma, umugumutsi n’umwicanyi. Ku bw’ivyo, Pilato ababaza ati: “Mushaka ndabarekurire uyuhe, Baraba canke Yezu umwe bita Kristu?” Kubera ko bohejwe n’abakuru b’abaherezi, abantu basaba ko babarekurira Baraba ariko ntibasaba Yezu. Pilato yongera kubabaza ati: “Mushaka ndabarekurire uyuhe muri abo babiri?” Nya sinzi rirasemerera riti: “Baraba”!​—Matayo 27:17, 21.

Pilato arabura ico afata n’ico areka, akabaza ati: “None Yezu umwe bita Kristu na we ndamugire nte?” Abantu basemerera bati: “Namanikwe!” (Matayo 27:22) Birateye isoni kubona basaba ko umuntu ata co azira ari we yicwa. Pilato ababaza ati: “Mbega yemwe, none ikibi uyu yakoze ni igiki? Nta kintu na kimwe namubonyemwo gikwiriye kumwicisha; ndamuhana rero hanyuma ndamurekure.”​—Luka 23:22.

Pilato aguma arondera kumurekura, mugabo iryo sinzi ryose rirasemerera n’ishavu n’akantu riti: “Namanikwe!” (Matayo 27:23) Indongozi z’idini zari zaboheje ku buryo ata kindi bashaka atari amaraso! Igitangaje, ntibashaka amaraso y’inkozi y’ikibi canke umwicanyi. Bashaka amaraso y’umuntu ata co azira, umuntu yari aherutse kwakirwa nk’Umwami i Yeruzalemu mu misi itanu iheze. Nimba abigishwa ba Yezu bari ng’aho, ntibakurako umunwa kandi ntibiyerekana.

Pilato arabona ko utwigoro twiwe ata co turiko turavamwo. Uruyogoyogo ruguma rwongerekana. Nuko yakira amazi maze agakarabira imbere y’iryo sinzi. Ababwira ati: “Jewe ndacuna ku maraso y’uyu muntu. Birabaraba.” Mbere n’iryo jambo ntiritururuza abo bantu. Ahubwo bavuga bati: “Amaraso yiwe naje kuri twebwe no ku bana bacu.”​—Matayo 27:24, 25.

Pilato yipfuza gushimisha abo bantu aho gukora ivyo abona ko bigororotse. Aca abashirira aho bashaka maze akabarekurira Baraba. Nuko ategeka ko Yezu yamburwa impuzu maze agatonagurwa.

Bahejeje kumutonagura, abasoda baca bamwinjiza mu kirimba kwa buramatari. Baca bakoranira hamwe bakabandanya kumukubagura. Bajisha urugori rw’amahwa hama bakarumutsindagira mu mutwe. Nya basoda baraheza bakamupfumbatisha irenga mu kuboko kw’ukuryo, bakamwambika n’igikwemu c’agahama nka kimwe cambarwa n’abami. Baca bamuramutsa bamuhema bati: “Ndabugize, Mwami w’Abayuda!” (Matayo 27:28, 29) Vyongeye, baza baramucirako amate bongera bamukubita ingumu mu maso. Baraheza bakamushikura rya renga rigumye bakaza bararimuhonda mu mutwe, bigatuma amahwa ya rwa “rugori” rwo kumutetereza yinjira mu rukoba.

Urupfasoni n’ukwigumya Yezu agaragaza kandi ariko aragirirwa nabi birajoreza Pilato ku buryo asubira kugerageza kumukiza. Avuga ati: “Raba ndamubazaniye hanze kugira mumenye ko ata kosa mbona muri we.” None Pilato yoba yiyumvira ko abantu baza guhesha nibabona ingene Yezu ariko aravirirana? Igihe Yezu ahagaze imbere y’iryo sinzi ritagira ikigongwe, Pilato avuga ati: “Ng’uyu wa mugabo!”​—Yohani 19:4, 5.

Naho Yezu yasinzikaye kandi akaba yuzuye inguma, aguma ashikamye kandi atekanye ku buryo na Pilato avyemanga nk’uko amajambo avuga avyerekana.

GUTONAGURA

Ikimoko co kumushishagura

Mu kinyamakuru kimwe c’ivy’ubuvuzi, Muganga William D. Edwards aradondora umugenzo w’Abaroma wo gutonagura inkozi y’ikibi.

Agira ati: “Igikoresho bari basanzwe bakoresha cari ikimoko kigufi (kimeze nk’indembo) kigizwe n’imigozi y’urushato itanganya uburebure ijishiwe hamwe canke itandukanye. Iyo migozi wasanga iriko udupande tw’ivyuma canke udupande dukarishe tw’amagufa y’intama. . . . Uko abasoba b’Abaroma baza barihanukira bahushura mu mugongo wa nyene gukubitwa, nya dupande tw’ivyuma twaca twinjira mu nyama, ya migozi y’urushato n’amagufa y’intama na vyo bigaca bitabura uruhu n’inyama. Maze uko babandanya bakubita, umubiri waratabuka gushika no ku misoso ifatanye n’amagufa, umuntu agasigara ari inyama gusa zivirirana.”​—The Journal of the American Medical Association.

  • Pilato agerageza gute kurekura Yezu kugira ntiyagirwe n’amaraso?

  • Ugutonagurwa kwagenda gute?

  • Yezu amaze gutonagurwa, ni gute yongera gufatwa nabi?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika