ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 25 rup. 64-rup. 65 ing. 6
  • Akiza umunyamibembe abigiranye impuhwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Akiza umunyamibembe abigiranye impuhwe
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Yezu Agirira Imbabazi Umunyamibembe
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • «Kumenya urukundo rwa Kristu»
    Niwiyegereze Yehova
  • Woba wibuka gushima?
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Yarakunda abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 25 rup. 64-rup. 65 ing. 6
Yezu akora ku munyamibembe yari yikubise imbere yiwe

IKIGABANE CA 25

Akiza umunyamibembe abigiranye impuhwe

MATAYO 8:1-4 MARIKO 1:40-45 LUKA 5:12-16

  • YEZU AKIZA UMUNYAMIBEMBE

Uko Yezu n’abigishwa biwe bane bagenda barigisha mu “masinagogi . . . i Galilaya hose,” amakuru yerekeye ibintu bitangaje Yezu ariko arakora arakwira hose. (Mariko 1:39) Ayo makuru arashika mu gisagara kimwe kibamwo umugabo arwaye imibembe. Muganga Luka avuga ko uwo muntu yari “yuzuye imibembe.” (Luka 5:12) Iyo imaze gushika kure, iyo ndwara iteye ubwoba igenda ironona ibihimba vy’umubiri bitandukanye.

Uwo munyamibembe rero arasinzikaye kandi ntiyemerewe kubana n’abandi. Vyongeye, igihe abantu bamwegereye, abwirizwa guca asemerera ati: “Ndahumanye, ndahumanye!” kugira ntibamwegere cane ngo bahave bandura. (Abalewi 13:45, 46) Ariko none uwo munyamibembe akora iki? Aregera Yezu akikubita imbere yiwe, akamwinginga ati: “Mukama, ubishatse gusa, urashobora kumpumanura.”​—Matayo 8:2.

Ese ukuntu uwo mugabo yizera Yezu! Vyongeye, ese ukuntu ateye ikigongwe kubera iyo ndwara yiwe! None Yezu aza gukora iki? Iyaba ari wewe wari gukora iki? Kubera impuhwe, Yezu aca aramvura ukuboko agakora kuri uwo mugabo. Amubwira ati: “Ndabishaka. Humanuka.” (Matayo 8:3) Naho bamwe mu bari ng’aho bibagora kwemera, nya mibembe ica ikamangana ubwo nyene.

None ntiwipfuza cane gutwarwa n’umwami yuzuye impuhwe kandi abishoboye nka Yezu? Ukuntu Yezu afata uwo munyamibembe biratuma twizigira ko ubu buhanuzi buzoranguka niyaba Umwami aganza isi yose. Bugira buti: “Azokwumvira akagongwe umuntu mutoyi be n’umworo, kandi ubuzima bw’aboro azobukiza.” (Zaburi 72:13) Ego cane, ico gihe Yezu azoshitsa icipfuzo gikomeye afise co gutabara abarushwa bose.

Ibuka ko n’imbere y’uko Yezu akiza uwo munyamibembe, abantu ata kindi bayaga atari igikorwa ciwe. Ubu na ho bagiye kwumva ivy’ico gitangaro yakoze. Ariko rero, Yezu ntashaka ko abantu bamwizera kubera inkuru mbarirano gusa. Arazi ubuhanuzi buvuga yuko “[a]tazokwumvikanisha ijwi ryiwe mw’ibarabara” arondera kwiyerekana. (Yesaya 42:1, 2) Ni co gituma Yezu ategeka uwo munyamibembe ati: “Urabe ntihagire uwo ubibwira, mugabo genda, wiyereke umuherezi, hanyuma ushikane ishikanwa Musa yashinze.”​—Matayo 8:4.

Ariko rero nk’uko ushobora kuvyiyumvira, uwo mugabo arahimbarwa cane ku buryo adashobora kunuma ivyabaye. Aragenda agakwiragiza hose iyo nkuru. Ivyo bituma urukurukuru rwongerekana, abantu bakarushiriza kurondera kumenya ivyabaye. Birashika n’aho Yezu adashobora kwinjira mu gisagara ku mugaragaro. Ni co gituma amara igihe ari wenyene ahantu ata bantu bahaba. Ariko rero, abantu bavuye mu mihingo yose baguma baza kugira abigishe yongere abakize.

  • Ni ingaruka izihe imibembe igira ku muntu, kandi uwuyirwaye yasabwa gukora iki?

  • Ni igiki uwo munyamibembe asaba Yezu, kandi twigira iki ku kuntu Yezu amufata?

  • Uwo mugabo avyifatamwo gute Yezu ahejeje kumukiza, kandi bigira ingaruka izihe ku bandi?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika