ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 44 rup. 112-rup. 113 ing. 9
  • Yezu atururuza igihuhusi ku kiyaga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu atururuza igihuhusi ku kiyaga
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Anumya Igihuhusi c’Agaterabwoba
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yezu arashobora kudukingira
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Yezu agendera ku mazi
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ku Kiyaga c’i Galilaya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 44 rup. 112-rup. 113 ing. 9
Yezu atururuza igihuhusi ku Kiyaga c’i Galilaya

IKIGABANE CA 44

Yezu atururuza igihuhusi ku kiyaga

MATAYO 8:18, 23-27 MARIKO 4:35-41 LUKA 8:22-25

  • YEZU ATURURUZA IGIHUHUSI KU KIYAGA C’I GALILAYA

Yezu yiriwe mu kazi kenshi, akaba yarushe yasanzaye. Bugorovye, abwira abigishwa biwe ati: “Tujabuke tuje ku yindi nkengera,” ni ukuvuga hakurya y’akarere k’i Kaperinawumu.​—Mariko 4:35.

Hakurya ku nkengera yo mu buseruko y’Ikiyaga c’i Galilaya hari intara y’Abageraseni. Ako karere kitwa kandi Dekapoli. Ibisagara bigize ako karere bigwiriyemwo Abagiriki, naho birimwo n’Abayuda batari bake.

Abantu baramenya ko Yezu avuye i Kaperinawumu. Hashobora kuba hariho n’ayandi mato abakurikira. (Mariko 4:36) Mu vy’ukuri, hakurya si kure cane. Ico kiyaga gifise uburebure bw’ibilometero nka 21 n’ubwaguke butarenga ibilometero 12. Ariko rero, ico kiyaga si kirekire uja mu kuzimu.

Naho Yezu ari umuntu atunganye, birumvikana ko arushe kubera akazi kenshi yaranguye. Ubwato bumaze guhaguruka, Yezu araryama ku musego mu gice c’inyuma c’ubwato, maze agatiro kakamutwara.

Naho benshi mu ntumwa ziwe bazi gusoza ubwato, urwo rugendo ntiruja kuborohera. Ico kiyaga gikikujwe n’imisozi, bigatuma kenshi gishuha. Rimwe na rimwe, umuyaga ukanye uvuye mu misozi urahuhuta umanuka ugaca uhura n’ubushuhe bw’ico kiyaga, bigatuma mu kiyaga haduka ibihuhusi bikaze. Ivyo ni vyo bishika muri ako kanya. Bidatevye, imikuba iratangura kwiseka kuri nya bwato. Ubwo bwato buca “butangura kwuzura amazi, ba[ka]ja mu kaga.” (Luka 8:23) Ariko rero, Yezu aguma asinziriye!

Abo bagabo barakora hasi hejuru kugira bayobore ubwo bwato, bakikora ku buhinga bari basanzwe bakoresha igihe hari ibihuhusi. Ariko ubu ho si aho gutuma umwana. Kubera babona ko ubuzima bwabo bugeramiwe, barakangura Yezu bakamubwira bati: “Mukama, dukize, tugira duhone!” (Matayo 8:25) Abigishwa baratinya ko bohava basoma nturi!

Yezu yikanguye, abwira intumwa ziwe ati: “Kubera iki muri n’umutima uhuha, mwa bantu b’ukwizera guke mwe?” (Matayo 8:26) Yezu aca ategeka uwo muyaga n’ikiyaga ati: “Hora! Tekereza!” (Mariko 4:39) Nuko nya gihuhusi kirahwama, ikiyaga na co kigatekana. (Mu kwigana iyo nkuru itangaje, Mariko na Luka babanza kwigana ingene Yezu atururuza ico gihuhusi, bagaca bavuga ko abigishwa bari bafise ukwizera guke.)

Ibaze ingene abigishwa batangazwa n’ico kintu! Bahejeje kwibonera ingene ikiyaga cari cahumaganye gihinduka kigatekana. Baratekerwa n’ubwoba, bakabazanya bati: “None uyo ni nde, ko mbere n’umuyaga n’ikiyaga bimugamburukira?” Amaherezo barashika hakurya badora. (Mariko 4:41–5:1) Birashoboka ko ya mato yari yabakurikiye yasubiye inyuma.

Ese ingene bihumuriza kumenya ko Umwana w’Imana afise ububasha ku bidukikije! Niyafata ibintu mu minwe mu gihe c’ingoma yiwe, abantu bo kw’isi bazokwiberaho mu mutekano, kuko ata vyago vy’ivyaduka bizosubira kubaho!

  • Ni ibiki bituma haduka ibihuhusi mu Kiyaga c’i Galilaya?

  • Abigishwa bakora iki bamaze kubona ko kabaye?

  • Ni kubera iki ico kintu cabaye kiduhumuriza?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika