ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 46 rup. 116-rup. 117 ing. 9
  • Yakoze ku mpuzu za Yezu aca arakira

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yakoze ku mpuzu za Yezu aca arakira
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Umugore Yakoze ku Vyambarwa Vyiwe
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yezu akora ibitangaro vyinshi
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Yezu Azura Abapfuye
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Turashobora gukanguka tukava mu rupfu!
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 46 rup. 116-rup. 117 ing. 9
Umugore umwe arakora ku mpuzu za Yezu zo hejuru Yezu agaca amenya ko hari uwumukozeko

IKIGABANE CA 46

Yakoze ku mpuzu za Yezu aca arakira

MATAYO 9:18-22 MARIKO 5:21-34 LUKA 8:40-48

  • UMUGORE ARAKORA KU MPUZU ZA YEZU AGACA AKIRA

Inkuru y’uko Yezu yagarutse avuye i Dekapoli irakwiragira mu Bayuda baba mu buraruko bushira uburengero bw’Ikiyaga c’i Galilaya. Benshi bashobora kuba bumvise ko yatururuje igihuhusi hamwe n’ikiyaga, kandi bamwebamwe bashobora kuba bazi ko yakijije ba bagabo bari biziziwe n’amadayimoni. Ku bw’ivyo, “isinzi rinini” rikoranira ku kiyaga, kumbure mu karere k’i Kaperinawumu, kugira bakire Yezu. (Mariko 5:21) Yururutse ubwato, asanga bamurindiranye igishika.

Umwe mu bantu bashashaye kubona Yezu ni umukuru w’isinagogi kumbure y’i Kaperinawumu yitwa Yayiro. Yikubita imbere y’ibirenge vya Yezu, akamusaba ashimitse ati: “Umukobwa wanje agira acikane. Ndakwinginze uze umurambikeko ibiganza kugira ngo akire, abeho.” (Mariko 5:23) None Yezu akora iki ko Yayiro amutakambiye ngo amukirize agakobwa kiwe akunda cane k’imyaka 12, narirya agafise ari kamwe?​—Luka 8:42.

Igihe Yezu ariko aja kwa Yayiro, hari ikindi kintu giteye ikigongwe kiba. Benshi mu bantu bamuherekeje barashashaye kumubona ariko arakora ikindi gitangaro. Ariko rero, umugore umwe muri iryo sinzi wewe arajwe ishinga n’indwara yiwe.

Uwo mugore w’Umuyudakazi amaze imyaka 12 ava amaraso. Yarituye abaganga batandukanye, uduhera twiwe twose atumarira mu miti bamurangira. Aho gukira, ingorane yiwe yarushirije “kwunyuka.”​—Mariko 5:26.

Uretse ko iyo ndwara yiwe imusinzikaza, birumvikana ko imutera ubuyega ikongera ikamumaramaza. Mu bisanzwe, umuntu arwaye iyo ndwara ntabivuga ku mugaragaro. Bisubiye, amategeko y’Imana yavuga ko umugore aba ahumanye mu gihe c’ubutinyanka. Umuntu wese amukozeko canke agakora ku mpuzu ziwe zagiyeko amaraso ategerezwa kwiyuhagira kandi akaba uwuhumanye gushika ku mugoroba.​—Abalewi 15:25-27.

Uwo mugore ‘yarumvise ivyerekeye Yezu,’ none agiye yamubona. Kubera ko ahumanye, aranyororomba muri iryo sinzi, akibwira ati: “Ninakora gusa ku mpuzu ziwe zo hejuru ndakira.” Agikora ku busunwa bw’impuzu ya Yezu, ubwo nyene wa murindi w’amaraso uca uhagarara! Emwe, “a[ra]kize ya ndwara isesereza”!​—Mariko 5:27-29.

Yezu rero abaza ati: “Ni nde yankozeko?” Wibaza ko uwo mugore amererwa gute yumvise ayo majambo? Petero arabihakana, akamera nk’uwuhambarira Yezu ati: “Amasinzi ariko araguhundarako yongera akubanda.” None ni kubera iki Yezu abaza ngo “Ni nde yankozeko?” Yezu asigura ati: “Hariho umuntu yankozeko, kuko numvise ko hari ububasha bwamvuyemwo.” (Luka 8:45, 46) Ego cane, ico gitangaro co gukiza catumye ububasha bwa Yezu bugabanuka.

Uwo mugore abonye ko vyamenyekanye, yikubita imbere ya Yezu, atekewe n’ubwoba kandi ajugumira. Imbere y’abantu bose, aravugisha ukuri ivyerekeye indwara yiwe be n’uko ahejeje gukira. Yezu aramuhumuriza ati: “Mukobwa wanje, ukwizera kwawe kuragukijije. Genda amahoro, ukire indwara yawe isesereza.”​—Mariko 5:34.

Biragaragara ko umutware Imana yatoye ngo aganze isi ari umuntu w’igishika n’imbabazi, yitwararika abantu kandi afise ububasha bwo kubatabara!

  • Ni kubera iki abantu baza gusanganira Yezu agarutse i Kaperinawumu?

  • Ni ingorane iyihe umugore umwe afise, kandi ni kubera iki arondera ko Yezu amufasha?

  • Bigenda gute ngo uwo mugore akire, kandi Yezu amuhumuriza gute?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika