ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 107 rup. 248-rup. 249 ing. 5
  • Umwami ahamagara abatumiwe ku bugeni

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umwami ahamagara abatumiwe ku bugeni
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Ikigereranirizo c’ivy’Ubukwe
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yezu Yakirwa n’Umufarizayo
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ni bande Imana itumira ku nzimano?
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ubugeni buteye iteka imbere y’Imana n’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 107 rup. 248-rup. 249 ing. 5
Umwami ategeka ko umuntu atambaye impuzu y’ubugeni akurwa mu nzimano y’ubugeni

IKIGABANE CA 107

Umwami ahamagara abatumiwe ku bugeni

MATAYO 22:1-14

  • AKARORERO K’INZIMANO Y’UBUGENI

Uko Yezu yegereza iherezo ry’igikorwa ciwe, abandanya gukoresha uturorero kugira ashire ku kabarore abanyabwenge b’ivyanditswe n’abakuru b’abaherezi. Ivyo bituma barondera kumwica. (Luka 20:19) Ariko Yezu ntaraheza kubashira ku kabarore. Abaha akandi karorero.

Agira ati: “Ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’umuntu, umwami, yatunganirije umuhungu wiwe inzimano y’ubugeni. Maze atuma abashumba biwe guhamagara abatumiwe kuri nya nzimano y’ubugeni, mugabo baranka kuza.” (Matayo 22:2, 3) Mu gutangura ako karorero, Yezu akoresha imvugo ngo “Ubwami bwo mw’ijuru.” Birumvikana rero ko uwo “mwami” ari Yehova Imana. None umuhungu wiwe n’abatumiwe ku nzimano bobo ni bande? N’ubu nyene, ntibigoye kubona ko umuhungu w’uwo mwami ari Umwana wa Yehova, ari na we ariko ashikiriza ako karorero. Biroroshe kandi kubona ko abatumiwe ari abazofadikanya n’uwo Mwana kuganza mu Bwami bwo mw’ijuru.

Ni bande batanguye gutumirwa? None ni bande Yezu n’intumwa bamaze igihe babwira ubutumwa bw’Ubwami? Ni Abayuda. (Matayo 10:6, 7; 15:24) Iryo hanga ryaremeye kugiranira n’Imana isezerano mu 1513 imbere ya Kristu, baba bacitse aba mbere mu bogize “ubwami bw’abaherezi.” (Kuvayo 19:5-8) None vy’ukuri botumiwe ryari kuri iyo “nzimano y’ubugeni”? Ubwo butumire bwatanzwe mu 29 inyuma ya Kristu, igihe Yezu yatangura kwamamaza Ubwami bwo mw’ijuru.

None Abisirayeli benshi bakira gute ubwo butumire? Nk’uko Yezu abivuga, “baranka kuza.” Benshi mu bakuru b’idini no mu bantu basanzwe ntibemera ko Yezu ari Mesiya be n’uko ari Umwami yagenywe n’Imana.

Ariko rero, Yezu arerekana ko Abayuda boronse akandi karyo. Agira ati: “[Umwami] yongera atuma abandi bashumba, avuga ati: ‘Mubwire abatumiwe muti: “Ehe nateguye imfungurwa zanje zo ku mutaga, amashūri yanje n’ibitungwa vyadoheshejwe vyabazwe, kandi ibintu vyose birateguwe. Nimuze ku nzimano y’ubugeni.”’ Mugabo ntibabinegwa, barigira, umwe mw’itongo ryiwe, uwundi mu rucuruza rwiwe; abandi na bo, bacakira abashumba biwe, babagirira nabi bimwe biteye isoni, barabica.” (Matayo 22:4-6) Ivyo birerekana ivyoshitse ishengero rya gikirisu rimaze gushingwa. Ico gihe Abayuda bari bagifise akaryo ko kwinjira mu Bwami, ariko benshi baranse ubwo butumire, mbere barakubagura ‘abashumba b’umwami.’​—Ivyakozwe 4:13-18; 7:54, 58.

None ni ibiki bishikira iryo hanga? Yezu yigana ati: “Nya mwami araraka, arungika ingabo ziwe, ziririka abo bicanyi zongera ziturira igisagara cabo.” (Matayo 22:7) Ivyo vyashikiye Abayuda mu 70 igihe Abaroma batikiza “igisagara cabo” ca Yeruzalemu.

None ko banse ubwo butumire bw’umwami, vyoba bisobanura ko ata bandi botumiwe? Si ko Yezu abivuga. Abandanya ati: “Maze [umwami] abwira abashumba biwe ati: ‘Inzimano y’ubugeni yateguwe koko, mugabo abatumiwe ntibari babibereye. Nimugende rero mu mayira ava mu gisagara, uwo muronka wese mumutumire ku nzimano y’ubugeni.’ Abo bashumba baca barasohoka baja mu mayira, bakorakoranya abo baronse bose, ababi n’abeza; inzu y’ibirori vy’ubugeni yuzura abari ku meza.”​—Matayo 22:8-10.

Mu nyuma intumwa Petero yotanguye gufasha Abanyamahanga, ni ukuvuga abatari Abayuda n’abatarahindukirira idini ryabo, kugira bacike abakirisu. Mu 36, intwazangabo y’Umuroma yitwa Koruneliyo n’umuryango wiwe bararonse impwemu y’Imana, bituma baja mu gitigiri c’aborazwe bwa Bwami bwo mw’ijuru Yezu yavuga.​—Ivyakozwe 10:1, 34-48.

Yezu arerekana ko “umwami” adashima abaza ku nzimano bose. Avuga ati: “Umwami yinjiye kugendura abashitsi, ahabona umuntu atambaye impuzu y’ubugeni. Nuko amubwira ati: ‘Mugenzi, winjiye ng’aha gute utambaye impuzu y’ubugeni?’ Abura ico avuga. Maze nya mwami abwira abasuku biwe ati: ‘Nimumubohe amaboko n’amaguru, mumuterere mu mwiza hanze. Aho ni ho hazoba ukurira kwiwe n’uguhekenya amenyo.’ Kuko abatumiwe ari benshi, mugabo abatowe bakaba bake.”​—Matayo 22:11-14.

Abakuru b’idini bariko barumviriza Yezu bashobora kuba badatahura ivyo ariko aravuga vyose. Naho ari ukwo, birabashavuza kandi baca barondera hasi hejuru gukuraho uwo muntu ariko arabamaramaza.

  • Mu karorero ka Yezu, “umwami” ni nde? “Umuhungu wiwe” ni nde? Abatanguye gutumirwa na bo ni bande?

  • Abayuda batumiwe ryari, kandi ni bande batumiwe mu nyuma?

  • Kuba hatumirwa benshi mugabo hagatorwa bake vyerekana iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika