ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 7 rup. 22-rup. 23 ing. 6
  • Abaragurira ku nyenyeri baza kuraba Yezu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abaragurira ku nyenyeri baza kuraba Yezu
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Yezu n’Abaragurishanyenyeri
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ba “banyabwenge batatu” bari bande? Imana yoba ari yo yatumye bayoborwa n’ico twokwita inyenyeri y’i Betelehemu?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ni nde yarungitse ya “nyenyeri”?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Inyenyeri Irōngōra Abantu
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 7 rup. 22-rup. 23 ing. 6
Abaragurira ku nyenyeri bakurikira inyenyeri ikabashikana ku nzu Yozefu, Mariya na Yezu babamwo

IKIGABANE CA 7

Abaragurira ku nyenyeri baza kuraba Yezu

MATAYO 2:1-12

  • ABARAGURIRA KU NYENYERI BAKURIKIRA “INYENYERI” IKABAJANA I YERUZALEMU HAMA IKABAJANA AHO YEZU ARI

Hari abagabo baje bava mu buseruko. Ni abaragurira ku nyenyeri. Barihweza ukuntu inyenyeri zipanze, bakavuga ko ivyo bituma bashobora kumenya insobanuro y’ibishika mu buzima bw’abantu. (Yesaya 47:​13) Bakiri iwabo mu buseruko, barabonye “inyenyeri” maze barayikurikira ibilometero n’ibindi. Iyo nyenyeri ibatwara i Yeruzalemu aho kubatwara i Betelehemu.

Bashitseyo, babaza bati: “Wa mwami w’Abayuda yavutse ari hehe? Kuko twabonye inyenyeri yiwe igihe twari mu buseruko, tukaba tuje kumwunamira.”​—Matayo 2:​1, 2.

Abaragurira ku nyenyeri bapfukamye imbere y’Umwami Herodi

Umwami Herodi w’i Yeruzalemu arumva iyo nkuru bikamushavuza cane. Aca atumako abakuru b’abaherezi n’izindi ndongozi z’idini ry’Abayuda, akababaza aho Kristu yovukiye. Bisunze Ivyanditswe, bamwishura bati: “I Betelehemu.” (Matayo 2:5; Mika 5:2) Avyumvise, aca atumako mu mpisho bamwe baragurira ku nyenyeri, akababwira ati: “Nimugende, murondere uwo mwana mutoyi muvyitondeye, nimwamara kumutora mugaruke kubimbwira, kugira nanje ngende kumwunamira.” (Matayo 2:8) Ariko rero, Herodi ashaka kumenya aho uwo mwana ari kugira amwice!

Abo bagabo bahavuye, haca haba ikintu gitangaje. Ya “nyenyeri” babona bari mu buseruko ica ibaja imbere. Birumvikana ko iyo atari inyenyeri isanzwe, ahubwo yari igenewe kubayobora. Barayikurikira gushika ihagaze hejuru y’inzu Yozefu na Mariya hamwe n’umwana wabo babamwo.

Abaragurira ku nyenyeri bariko baraha Mariya na Yezu ingabirano

Aho binjiriye mu nzu, bahasanga Mariya ari kumwe n’umwana mutoyi Yezu. Nya bagabo barunamira Yezu, maze bakamushikanira inzahabu, imibavu n’imira. Mu nyuma, bagira basubire kwa Herodi, Imana irababuza mu ndoto ngo ntibajeyo. Nuko baca basubira mu gihugu iwabo baciye mu yindi nzira.

Wibaza ko ari nde yarungitse iyo “nyenyeri” kugira iyobore abo bantu? Ibuka ko itashotse ibajana i Betelehemu aho Yezu yari ari. Ahubwo yabajanye i Yeruzalemu, aho babonanye n’Umwami Herodi yagomba kwica Yezu. Kandi yari kumwica iyo Imana itahaseruka ngo ibuze abo bantu kubwira Herodi aho Yezu ari. Biratomoye rero ko ari Shetani wa mwansi w’Imana yagomba kwica Yezu, agaca akoresha ubwo buryo kugira ashike ku ntumbero yiwe.

  • Tuzi gute ko “inyenyeri” ba bantu bava mu buseruko babonye itari isanzwe?

  • Abo bantu baragurira ku nyenyeri basanze Yezu hehe?

  • Kubera iki twovuga ko Shetani ari we yayoboye abo bagabo?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika