ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 23 rup. 60-rup. 61 ing. 5
  • Yezu akora ibitangaro i Kaperinawumu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu akora ibitangaro i Kaperinawumu
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Ibindi Bitangaro i Kaperinawumu
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Isinagogi—Aho Yezu n’abigishwa biwe bamamariza inkuru nziza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Yezu yongereza igikorwa ciwe i Galilaya
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Akiza umuhungu yiziziwe n’idayimoni
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 23 rup. 60-rup. 61 ing. 5
Abarwayi bakoranira imbere y’inzu ya Petero maze Yezu akabakiza

IKIGABANE CA 23

Yezu akora ibitangaro i Kaperinawumu

MATAYO 8:14-17 MARIKO 1:21-34 LUKA 4:31-41

  • YEZU YIRUKANA IDAYIMONI

  • AKIZA INABUKWE WA PETERO

Yezu aramaze gutumira abigishwa bane ari bo Petero, Andereya, Yakobo na Yohani ngo babe abarovyi b’abantu. Ubu rero ni kw’Isabato. Bose baja kw’isinagogi yo ng’aho i Kaperinawumu. Yezu arigisha mw’isinagogi, abantu bakongera gutangazwa n’ingene yigisha. Yigisha nk’umuntu afise ububasha, atari nk’abanyabwenge b’ivyanditswe.

Kuri iyo Sabato, aho mw’isinagogi hari umugabo arimwo idayimoni. Uwo mugabo arasemerera ati: “Duhuriye ku ki nawe, ga Yezu Umunyanazareti? Uje kuduhonya? Ndazi neza uwo uri we, uri wa Mweranda w’Imana.” Yezu arakankamira iyo dayimoni ati: “Cereza, kandi muvemwo!”​—Mariko 1:24, 25.

Iyo dayimoni ica ikubita uwo mugabo hasi ikamuhotagura maze igasemerera n’ijwi ryayo ryose. Ariko ica imuvamwo “ata co imugize.” (Luka 4:35) Abantu bari mw’isinagogi barumirwa! Babaza bati: “Ibi ni ibiki ga yemwe? Mbere n’impwemu zihumanye arazitegekana ububasha zikamugamburukira.” (Mariko 1:27) Birumvikana ko iyo nkuru itangaje itabura gukwiragira i Galilaya hose.

Yezu n’abigishwa biwe barava muri iyo sinagogi bakaja kwa Simoni ari we Petero. Basanga inabukwe wa Petero arembejwe n’inyonko ikaze. Baringinga Yezu ngo amukize. Nuko Yezu aregera akamufata ukuboko maze akamuvyura. Ako kanya nyene arakira agatangura kwakira Yezu n’abigishwa biwe, kumbure mu kubategurira ibifungurwa.

Ku mugoroba, abantu bo hirya no hino baraza kwa Petero bazanye abarwaye. Mu kanya isase, umengo igisagara cose gikoraniye ng’aho kwa Petero. None bazanywe n’iki? Bashaka ko Yezu abakiza. Emwe, “abantu bose bari bafise abarwaye indwara zitari zimwe babazana kuri we. Arambika ibiganza kuri umwe wese muri bo, arabakiza.” (Luka 4:40) Ego cane, Yezu arabakiza indwara zose barwaye, nk’uko vyari vyaravuzwe. (Yesaya 53:4) Mbere arakiza n’abiziziwe n’amadayimoni. Igihe ayo madayimoni abavamwo, arasemerera ati: “Uri Umwana w’Imana.” (Luka 4:41) Mugabo Yezu arayakankamira, akayabuza kwongera kuvuga. Ayo madayimoni arazi ko Yezu ari we Kristu, kandi Yezu ntashaka ko ayo madayimoni yigira nk’aho ariko akorera Imana y’ukuri.

UKWIZIZIRWA N’AMADAYIMONI

Igihe idayimoni canke amadayimoni yiziziye umuntu, arashobora kumugirira nabi cane. (Matayo 17:14-18) Ariko rero amaze kumuvamwo, nya muntu aca asubira kugira amagara meza mu mutwe no ku mubiri. Incuro n’izindi, Yezu yarerekanye ko afise ububasha bwo kwirukana amadayimoni akoresheje impwemu nyeranda y’Imana.​—Luka 8:39; 11:20.

  • Ni ibiki biba mw’isinagogi y’i Kaperinawumu kw’Isabato?

  • Yezu aca aja hehe avuye kw’isinagogi, kandi ni igiki akora ashitseyo?

  • Abantu bo mu gisagara bakira gute ibintu Yezu akorera ng’aho?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika