ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 98 rup. 228-rup. 229 ing. 5
  • Intumwa zisubira guhahamira ubukuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Intumwa zisubira guhahamira ubukuru
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Abigishwa Bahazuka mu Gihe Urupfu rwa Yezu Rwegereje
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • “Yezu yarabakunze gushika kw’iherezo”
    “Ingo unkurikire”
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Ategura Intumwa ku bw’Ukugenda Kwiwe
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 98 rup. 228-rup. 229 ing. 5
Salome yegera Yezu kugira asabire abahungu biwe ikintu kidasanzwe

IKIGABANE CA 98

Intumwa zisubira guhahamira ubukuru

MATAYO 20:17-28 MARIKO 10:32-45 LUKA 18:31-34

  • YEZU YONGERA KUVUGA IBIJANYE N’URUPFU RWIWE

  • AKOSORA INTUMWA KU BIJANYE NO GUHAHAMIRA UBUKURU

Mu gusozera urugendo rubashikana i Yeruzalemu, Yezu n’abigishwa biwe baca mu bumanuko bwa Pereya, bakajabuka Uruzi Yorodani hafi y’i Yeriko. Hari n’abandi bafatanije urugendo bagiye guhimbaza Pasika yo mu 33.

Yezu ari imbere y’abigishwa, akaba ashaka gushika muri ico gisagara hakiri kare kugira ahimbaze Pasika. Ariko abigishwa barafise ubwoba. Igihe Lazaro yari yapfuye, Yezu akaba yashaka kuja i Yudaya avuye i Pereya, Toma yabwiye bagenziwe ati: “Ingo natwe tugende, dupfane na we.” (Yohani 11:16, 47-53) Kuja i Yeruzalemu rero birimwo akaga, kandi ubwoba abo bigishwa bafise burumvikana.

Kugira ngo Yezu ategure intumwa ziwe, arabihereranya akababwira ati: “Ehe tuduze i Yeruzalemu, kandi Umwana w’umuntu azogaburwa mu maboko y’abakuru b’abaherezi n’abanditsi, bamucire urwo gupfa, bamugabure mu maboko y’abanyamahanga kugira ashinyagurizwe, ashishagurwe yongere amanikwe, kandi ku musi ugira gatatu azozurwa.”​—Matayo 20:18, 19.

Ubwo ni ubugira gatatu Yezu abwira abigishwa biwe ibijanye n’urupfu rwiwe hamwe n’izuka ryiwe. (Matayo 16:21; 17:22, 23) Ubu hoho avuga ko azomanikwa ku giti. Baramwumviriza, ariko ntibatahura ico ashaka kuvuga. Kumbure biteze ko ubwami bwa Isirayeli busubira kuganza kw’isi, bagaca bironkera ubuninahazwa n’iteka mu bwami bari kumwe na Kristu.

Yakobo na Yohani

Nyina w’intumwa Yakobo na Yohani, bikaba biboneka ko ari Salome, na we nyene ari muri izo ngenzi. Izo ntumwa zibiri Yezu yazitaziriye izina risobanura ngo “Abana b’Umuturagaro,” kubera bafise amaraso ashushe. (Mariko 3:17; Luka 9:54) Abo uko ari babiri bamaze igihe bafise icipfuzo co kuba aba mbere mu Bwami bwa Kristu. Nyina wabo ivyo arabizi. Ubu rero yegera Yezu kugira abavugire, akikubita imbere yiwe, maze akamusaba ijambo. Yezu amubaza ati: “Ushaka iki?” Na we ati: “Rivuge aba bahungu banje babiri bazokwicare, umwe iburyo bwawe uwundi ibubamfu bwawe, mu bwami bwawe.”​—Matayo 20:20, 21.

Biraboneka ko ico ciyumviro kivuye kuri Yakobo na Yohani. Kubera yuko Yezu yari ahejeje kubabwira ingene azoteterezwa, ababwira ati: “Mwebwe ntimuzi ico muriko murasaba. Ubwo mwoshobora kunywa igikombe ngira nywe?” Bamwishura bati: “Twobishobora.” (Matayo 20:22) Ariko rero, biboneka ko bataratahura neza ico ivyo vyobasaba.

Yamara rero, Yezu ababwira ati: “Igikombe canje muzokinywa koko, mugabo ivy’ukwo kwicara iburyo bwanje n’ibubamfu bwanje si ivyanje ngo ndabitange, ahubwo ni ivy’abo Dawe yabiteguriye.”​—Matayo 20:23.

Izindi ntumwa cumi zumvise ivyo Yakobo na Yohani basavye zica zishavura. Ubwo Yakobo na Yohani ntibaseruye ivyiyumviro vyabo batarya umunwa igihe intumwa zariko ziraharira ku vyerekeye umukuru muri bo? (Luka 9:46-48) Uko biri kwose, ico kintu bahejeje gusaba kirerekana ko izo ntumwa cumi na zibiri zitarashira mu ngiro impanuro Yezu yabahaye yo kwifata nk’umuto. Baracahahamira ubukuru.

Yezu afata ingingo yo gutunganya iyo ngorane ivyutse hamwe n’icuka kibi iriko iratera. Ahamagara abo cumi na babiri maze akabahanura abigiranye urukundo, ati: “Murazi yuko ababoneka ko baganza amahanga bayakandamiza, be n’uko abakomakomeye bayo bayereka ko bayafiseko ububasha. Ukwo si ko bimeze muri mwebwe; mugabo uwo wese ashaka gucika mukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu, kandi uwo wese ashaka kuba uwa mbere muri mwebwe ategerezwa kuba umushumba wa bose.”​—Mariko 10:42-44.

Yezu aca ababwira ko bakwiye kwigana akarorero kiwe. Asigura ati: “Umwana w’umuntu yaje, atari kugira akorerwe, ariko kugira akorere abandi, no kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.” (Matayo 20:28) Yezu aramaze imyaka nk’itatu akorera abandi. Kandi azobigira gushika n’aho abigura! Abigishwa bakwiye kugira icipfuzo nk’ico nyene ca Kristu co gukorera abandi aho gukorerwa, no kwifata ruto aho kurondera ibibanza vy’imbere.

  • Yezu akora iki kugira ategure abigishwa biwe?

  • Ni igiki intumwa zibiri zisaba Yezu, kandi izindi ntumwa zivyakira gute?

  • Yezu akosora gute agatima intumwa zifise ko guhahamira ubukuru?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika