-
Ivyago bituma tugira icizigiroUmunara w’Inderetsi—2011 | 1 Rusama
-
-
Ivyago bituma tugira icizigiro
“Mu misi ya nyuma hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.”—2 TIMOTEYO 3:1.
MURI ibi bintu bibabaje bikurikira, hari na kimwe woba umaze kwumva canke kwibonera?
● Indwara yica ihitana abantu benshi cane.
● Ikigoyi gihitana abantu amajana n’amajana.
● Ca nyamugigima cica abantu ibihumbi, abandi benshi bagasigara batagira aho bakika umusaya.
Mu biganiro bikurikira, uraza kubona amakuru amwamwe atuma umuntu azirikana ajanye n’ibintu mwene ivyo bishika. Uraza kubona kandi yuko Bibiliya yari yaravuze ibintu mwene ivyo vyobaye mu kiringo citwa “imisi ya nyuma.”a
Ariko rero, intumbero y’ibi biganiro si iyo kukujijura ko tubayeho mw’isi idurumbanye. Wewe ubwawe ushobora kuba wibonera ivyo vyago. Ibi biganiro bigenewe nyabuna gutuma ugira icizigiro. Birerekana ko iranguka ry’ubuhanuzi butandatu tugira tuvuge risobanura yuko vuba “imisi ya nyuma” igiye kurangira. Ibi biganiro bikurikirana birarimbura kandi ivyiyumviro bimwebimwe bikunze gutangwa n’abahakana ico iryo ranguka ry’ubuhanuzi ryerekana, bikongera bigatanga imvo zumvikana zotuma twemera ko hariho ibintu vyiza cane vyimirije.
[Akajambo k’epfo]
a Ku bijanye n’igituma Imana ireka ivyo bintu bibi bigashika, raba ikiganiro kivuga ngo “Ni kubera iki Imana ireka hakaba ikibi be n’imibabaro?” ku rupapuro rwa 16 n’urwa 17 rw’iki kinyamakuru.
-
-
Ubuhanuzi bwa 1. Vya nyamugigimaUmunara w’Inderetsi—2011 | 1 Rusama
-
-
Ubuhanuzi bwa 1. Vya nyamugigima
“Hazoba vya nyamugigima bikomakomeye.”—LUKA 21:11.
● Muri Hayiti, agakobwa k’umwaka n’amezi ane kitwa Winnie barakagobotora mu bihomvagurike vyakaguyeko. Abakozi bo ku mboneshakure imwe bariko barashikiriza amakuru ajanye n’ico cago ni bo bumvise ka Winnie kariko karaboroga. Kararokoka ca nyamugigima, ariko abavyeyi bako bobo kikabahitana.
IBIMENYAMENYA VYEREKANA IKI? Igihe ca nyamugigima gifise ubukomezi bw’ibipimo 7 catera muri Hayiti muri Nzero 2010, abantu barenga 300.000 barapfuye. Mu kanya gato, abandi 1.300.000 ntibari bakigira aho bakika umusaya. Naho ico ca nyamugigima co muri Hayiti cari gikaze cane, si co conyene cabaye. N’imiburiburi vya nyamugigima bikomeye 18 vyarabaye hirya no hino kw’isi hagati ya Ndamukiza 2009 na Ndamukiza 2010.
ICIYUMVIRO ABABIHAKANA BAKUNZE GUTANGA: Nta vya nyamugigima vyiyongereye; kubera ubuhinga bwa none, ubu turatahura cane ibijanye na vyo kuruta uko abantu babitahura muri kahise.
ICO CIYUMVIRO COBA ARI CO? Rimbura iki kintu: Bibiliya ntiyerekana igitigiri ca vya nyamugigima vyobaye mu misi ya nyuma. Ariko rero, iravuga yuko “vya nyamugigima bikomakomeye” vyobaye, “biva hamwe bija ahandi,” bikaba kimwe mu bintu biboneka biranga iki kiringo gihambaye cane abantu bagezemwo.—Mariko 13:8; Luka 21:11.
UVYIYUMVIRAKO IKI? Twoba tubona vya nyamugigima bikomakomeye, nk’uko nyene Bibiliya yari yarabivuze?
Vya nyamugigima vyonyene vyoshobora kuba bitokwemeza ko tubayeho mu misi ya nyuma. Ubuhanuzi bwerekeye vya nyamugigima ni bumwe gusa mu buriko buraranguka. Rimbura ubuhanuzi bugira kabiri.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 4]
“Twebwe [abahinga batohoza ivy’umubumbe w’isi] tuvyita vya nyamugigima bikomakomeye. Ariko abandi bantu bose bavyita ivyago biteye ikinya.”—VYAVUZWE NA KEN HUDNUT, WO MU RWEGO RWO MURI LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA RUTOHOZA IVY’UMUBUMBE W’ISI.
[Abo dukesha ifoto ku rup. 4]
© William Daniels/Panos Pictures
-
-
Ubuhanuzi bwa 2. IkigoyiUmunara w’Inderetsi—2011 | 1 Rusama
-
-
Ubuhanuzi bwa 2. Ikigoyi
“Hazoba amapfa.”—MARIKO 13:8.
● Umugabo umwe ararondera aho ahungira mu kigwati c’i Quaratadji, muri Niger. Incuti z’uwo mugabo, bene wabo na bashikiwe, na bo nyene baje bava mu gihugu hagati bahunga inzara. Yamara, nya mugabo aryamye ari wenyene hasi ku karago. Kubera iki yigunze? Umukuru w’ico kigwati yitwa Sidi, asigura ati: “Ntashobora kugaburira [abagize umuryango wiwe] kandi ntashobora kuguma abaraba mu maso.”
IBIMENYAMENYA VYEREKANA IKI? Hirya no hino kw’isi, nk’umuntu 1 ku bantu 7 ntashobora kuronka ivyo afungura bihagije buri musi. Muri Afrika yo musi ya Sahara ibintu vyifashe nabi gusumba kuko usanga umuntu 1 kuri 3 abonwa ko yama atubitse uwa vubi. Kugira utahure ico kintu, iyumvire umuryango ugizwe na sebibondo, inabibondo hamwe n’umwana. Igihe hari utwo kurya dukwiranye na babiri gusa muri bo, ni nde yohebera abandi? Yoba ari sebibondo, inabibondo, canke uwo mwana? Iryo ni ihitamwo mwene iyo miryango ibwirizwa kwama yagize buri musi.
ICIYUMVIRO ABABIHAKANA BAKUNZE GUTANGA: Isi irimbuka ibifungurwa birengeye ivyo buri muntu akeneye. Ivyo isi yimbuka bikeneye gusa kugaburwa neza.
ICO CIYUMVIRO COBA ARI CO? Ni ivy’ukuri ko ubu abarimyi bashobora kwimbura no gushora ibifungurwa vyinshi kuruta uko vyigeze kuba muri kahise. Ku bwa ngingo, intwaro z’abantu zari zikwiye kuba zishoboye kugabura neza ibifungurwa isi yimbuka kugira ngo zitorere inyishu ikibazo c’inzara. Ariko rero, n’inyuma y’imyaka mirongo zimaze zigerageza kubigira, vyarazitaye ku w’amazi.
UVYIYUMVIRAKO IKI? Ibivugwa muri Mariko 13:8 vyoba biriko biraranguka? Naho habaye iterambere mu vy’ubuhinga, amapfa yoba asinzikaje umuryango w’abantu kw’isi yose?
Vya nyamugigima be n’ikigoyi akenshi bikurikirwa n’ingorane ziterwa n’uwundi muce w’ikimenyetso kiranga imisi ya nyuma.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 5]
“Abana barenga ica gatatu c’abicwa n’umusonga, ugucibwamwo be n’izindi ndwara boshoboye kudahitanwa n’izo ndwara iyo baba badafungura nabi.”—VYAVUZWE NA ANN M. VENEMAN, UWAHOZE ARI UMUYOBOZI NSHINGWABIKORWA W’ISHIRAHAMWE MPUZAMAKUNGU RYITAHO ABANA (UNICEF).
[Abo dukesha ifoto ku rup. 5]
© Paul Lowe/Panos Pictures
-
-
Ubuhanuzi bwa 3. IndwaraUmunara w’Inderetsi—2011 | 1 Rusama
-
-
Ubuhanuzi bwa 3. Indwara
“Abantu . . . bazorwara indwara ziteye ubwoba.”—LUKA 21:11, Contemporary English Version.
● Bonzali yitwararika amagara y’abantu mu gihugu kimwe co muri Afrika catabaguwe n’intambara y’abanyagihugu. Arakora ibimushobokeye kugira ngo avure abakozi bo mw’icukuriro ry’ubutare mu gisagara iwabo bariko baricwa n’indwara yitwa Marburg.a Arasaba abategetsi bo mu gisagara kinini kuruta ngo bamufashe, ariko nta nyishu aronka. Haciye amezi ane imfashanyo Bonzali yasavye irahava igashika, ariko igasanga we yamaze gupfa. Ba bakozi bo mw’icukuriro ry’ubutare yariko agerageza kurokora baramwandukije ya ndwara yitwa Marburg.
IBIMENYAMENYA VYEREKANA IKI? Indwara zifatira mu bihimba bifasha guhema biri mu gikiriza (nk’umusonga), indwara z’ugucibwamwo, umugera wa SIDA, igituntu na malariya ni zimwe mu ndwara zica abantu benshi kuruta izindi zibangamiye umuryango w’abantu. Mu mwaka umwe wa vuba, abantu nka 10.700.000 barishwe n’ubwo bwoko butanu bw’indwara. Mu yandi majambo, izo ndwara zarahitanye nk’umuntu umwe buri misegonda itatu muri uwo mwaka wose.
ICIYUMVIRO ABABIHAKANA BAKUNZE GUTANGA: Abantu bo kw’isi babandanya bagwira, akaba ari co gituma rero igitigiri c’abarwara ciyongera. Abantu bashobora kwandura bariyongereye.
ICO CIYUMVIRO COBA ARI CO? Ego ni ko abantu bo kw’isi bariyongereye cane. Ariko rero ubushobozi abantu bafise bwo gupima indwara, kuzibuza gukwiragira no kuzivura na bwo nyene bwariyongereye. None, ubwo ntivyumvikana ko indwara zari zikwiye kuba ziriko ziraha agahengwe umuryango w’abantu? Yamara, ibihushanye n’ivyo ni vyo turiko turabona.
UVYIYUMVIRAKO IKI? Abantu boba bariko barasinzikazwa n’indwara ziteye ubwoba nk’uko Bibiliya yari yarabivuze?
Vya nyamugigima, ikigoyi be n’indwara ni ibintu bitagira ubwenge bihitana amamiliyoni y’abantu. Abandi amamiliyoni baragirirwa nabi n’abantu nka bo, benshi muri bo bakaba bagirirwa nabi n’abari bakwiye kubakingira. Raba ivyo Bibiliya yari yaravuze ko vyoshitse.
[Akajambo k’epfo]
a Inyonko ijana n’ivirirana ry’amaraso yitwa Marburg iterwa n’umugera ufitaniye isano n’uwutera Ebola.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 6]
“Birababaje cane kuribwa n’ikintu kitakurimwo, nk’intambwe canke ikindi, ariko kandi birababaje cane kuribwa n’indwara iteye ubwoba ikurimwo no kubona ivyo bishikira abantu hirya no hino.”—VYAVUZWE NA MICHAEL OSTERHOLM, UMUHINGA MU BIJANYE N’IVY’INDWARA.
[Abo dukesha ifoto ku rup. 6]
© William Daniels/Panos Pictures
-
-
Ubuhanuzi bwa 4. Abatiyumvamwo ababoUmunara w’Inderetsi—2011 | 1 Rusama
-
-
Ubuhanuzi bwa 4. Abatiyumvamwo ababo
“Abantu bazoba . . . batiyumvamwo ababo.”—2 TIMOTEYO 3:1-3.
● Chris akora mu mugwi uri mu buraruko bw’igihugu ca Galles ufasha abagiriwe amabi akorerwa mu ngo. Avuga ati: “Ndibuka umugore umwe yaje yakubiswe bimwe bibi ku buryo ntamumenye naho naheruka kumubona. Abandi bagore baragirirwa nabi ku mutima ku buryo usanga badashobora no kwunamura amaso ngo bakurabe.”
IBIMENYAMENYA VYEREKANA IKI? Mu gihugu kimwe co muri Afrika, hafi umugore 1 kuri 3 usanga yaragiriwe nabi mu vy’igitsina akiri umwana. Itohoza ryagizwe muri ico gihugu nyene ryerekanye ko abarenga ica gatatu c’abagabo babona ko gukubita abagore babo ari ikintu cumvikana. Ariko rero, abagore si bo bonyene bashikirwa n’amabi akorerwa mu ngo. Nk’akarorero muri Kanada, hafi abagabo 3 kuri 10 usanga barakubiswe canke na ho bakagirirwa nabi mu bundi buryo n’abo bubakanye.
ICIYUMVIRO ABABIHAKANA BAKUNZE GUTANGA: Amabi akorerwa mu ngo yamyeho. Gusa ubu abantu barayitaho cane gusumba uko vyari kera.
ICO CIYUMVIRO COBA ARI CO? Mu myaka mirongo iheze, abantu bararushirije kwitwararika ikibazo c’amabi akorerwa mu ngo. Ariko none, ukwo kwitwararika cane ico kibazo kwoba kwaragabanije incuro ayo mabi akorwa? Oya si ukwo vyagenze. Ubu kuruta ikindi gihe cose, abantu usanga batiyumvamwo ababo.
UVYIYUMVIRAKO IKI? Ibivugwa muri 2 Timoteyo 3:1-3 vyoba biriko biraranguka? Abantu benshi boba batiyumvamwo ababo, batabafitiye rwa rukundo rwabwirizwa kwizana?
Ubuhanuzi bugira gatanu uriko urabona buranguka ni ubujanye n’isi tubako. Raba ico ubwo buhanuzi bwo muri Bibiliya buvuga.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 7]
“Amabi akorerwa mu ngo birazwi ko ari amwe mu mabi aba mu kibano wama usanga abayagirirwa bavuga gake cane gusumba ayandi. Tugize incahagati, umugore usanga agirirwa nabi incuro 35 n’uwo bubakanye imbere y’uko abimenyesha inyamiramabi.”—VYAVUZWE N’UMUVUGIZI W’IKIGO CO MU GIHUGU CA GALLES ABAKOREWE AMABI MU NGO BITURA BICIYE KURI TELEFONE.
-
-
Ubuhanuzi bwa 5. Uguhonya isiUmunara w’Inderetsi—2011 | 1 Rusama
-
-
Ubuhanuzi bwa 5. Uguhonya isi
“[Imana izo]honya abahonya isi.”—IVYAHISHUWE 11:18.
● Umushingantahe Pirri arakora inzoga y’umungazi mu kigwati ca Kpor, muri Nijeriya. Igikorwa ciwe carononywe n’ibitoro vyasesetse aho uruzi Niger rusesera. Avuga ati: “Birica amafi yacu, bikonona urukoba rwacu n’inzuzi zacu. Sinkigira ikintunga.”
IBIMENYAMENYA VYEREKANA IKI? Nk’uko abahinga bamwebamwe babivuga, amatoni 6.500.000 y’imicafu arasukwa mu mabahari yo kw’isi buri mwaka. Nk’ibice 50 kw’ijana vy’iyo micafu bigizwe n’ibipurasitike bimara imyaka amajana n’amajana bizungeta mu mazi imbere y’uko bibora. Uretse ko abantu batosekaza isi, barakoresha cane ubutunzi bwayo kama ku rugero ruteye ubwoba. Ivyigwa vyagizwe birerekana ko isi ikeneye umwaka n’amezi atanu kugira ngo isubirize ivyo abantu baba bakoresheje mu mwaka umwe. Ikinyamakuru kimwe co muri Ositaraliya (Sydney Morning Herald) kivuga giti: “Abantu nibabandanya kugwirirana kandi bakabandanya gukoresha [ubutunzi bw’isi] ukuraho, mu mwaka wa 2035 tuzoba dukeneye imibumbe y’isi ibiri.”
ICIYUMVIRO ABABIHAKANA BAKUNZE GUTANGA: Abantu turaciye ubwenge. Turashobora gutora umuti w’ivyo bibazo maze tugakiza isi.
ICO CIYUMVIRO COBA ARI CO? Abantu benshi be n’imigwi y’abantu baragize utwigoro baratuma abantu batahura ibibazo bijanye n’ibidukikije. Mugabo isi ibandanya gutosekazwa ku rugero runini cane.
UVYIYUMVIRAKO IKI? Vyoba bikenewe ko Imana igira ico ikoze maze igakiza umubumbe wacu ntuhone, nk’uko yasezeranye ko izobigira?
Uretse ubwo buhanuzi butanu duhejeje kurimbura, Bibiliya yari yaranavuze ibintu vyiza vyobaye mu misi ya nyuma. Rimbura akarorero kamwe mu buhanuzi bugira gatandatu.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 8]
“Numva umengo natakaje agaparadizo nsigarana ikigunguzi c’iyarara ririmwo ubumara.”—VYAVUZWE NA ERIN TAMBER, ABA MURI LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA KU NKENGERA Y’IKIGOBE CO MURI MEGIZIKE, KU BIJANYE N’INGARUKA Z’IBITORO VYASESETSE MURI ICO KIGOBE MU 2010.
[Uruzitiro ku rup. 8]
Imana yoba ari yo yobibazwa?
Ko Bibiliya yari yaravuze ibijanye n’ibi bintu bibi tubona muri iki gihe, vyoba bisobanura ko Imana ari yo yobibazwa? Yoba ari yo ituma dushikirwa n’imibabaro? Ivyo bibazo urashobora kubironkera inyishu zishimishije mu kigabane ca 11 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Abo dukesha ifoto ku rup. 8]
U.S. Coast Guard photo
-
-
Ubuhanuzi bwa 6. Kwamamaza kw’isi yoseUmunara w’Inderetsi—2011 | 1 Rusama
-
-
Ubuhanuzi bwa 6. Kwamamaza kw’isi yose
“Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose.”—MATAYO 24:14.
● Vaiatea aba mw’izinga rya kure ryo mw’ibahari Pasifike riri mu mugwi w’utuzinga dutoduto twitwa Tuamotu. Naho i Tuamotu hari utuzinga hafi 80 dukwiragiye mu karere kangana n’ibilometero kwadarato birenga 802.900, haba abantu nka 16.000 gusa. Ariko rero, Vaiatea n’ababanyi biwe baramaze kugenderwa n’Ivyabona vya Yehova. Kubera iki babagendeye? Kubera ko Ivyabona vya Yehova bipfuza kubwira abantu bose inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, naho boba baba hehe.
IBIMENYAMENYA VYEREKANA IKI? Ubutumwa bw’Ubwami buriko burashika mu turere twose tw’isi. Mu mwaka wa 2010 honyene, Ivyabona vya Yehova bamaze amasaha arenga 1.600.000 batangaza iyo nkuru nziza mu bihugu 236. Tugize incahagati, ivyo bisobanura ko Icabona ca Yehova umwumwe wese yamaze iminuta 30 buri musi mu gikorwa co kwamamaza. Mu myaka mirongo iheze, barahinguye bongera baratanga ibitabu birenga imiliyaridi 20 birimwo inyigisho zishingiye kuri Bibiliya.
ICIYUMVIRO ABABIHAKANA BAKUNZE GUTANGA: Ubutumwa bwo muri Bibiliya bumaze imyaka ibihumbi bwamamazwa.
ICO CIYUMVIRO COBA ARI CO? Ego ni ko abantu batari bake baragize ico bamamaje ku vyerekeye ubutumwa bwo muri Bibiliya. Mugabo rero, abenshi babikoze igihe gito gusa no mu karere gatoyi gusa. Ivyabona vya Yehova bobo bariko baragira isekeza ryo kwamamaza ritunganijwe neza kandi ribera kw’isi yose, rishikira abantu amamiliyoni amajana n’amajana. Ivyabona vya Yehova barumiyeko mu gikorwa cabo co kwamamaza naho muri kahise bagiye bararwanywa bimwe bikomeye n’imigwi imwimwe y’abantu ikomeye kandi itagira akagongwe kuruta iyindi yose.a (Mariko 13:13) Vyongeye, Ivyabona vya Yehova ntibahemberwa ico gikorwa cabo co kwamamaza. Ahubwo riho, baratanga babikunze umwanya wabo bakongera bagatanga ibitabu vyabo ata co barihishije. Igikorwa cabo uko cakabaye gishigikirwa n’intererano zitangwa n’abavyishakiye.
UVYIYUMVIRAKO IKI? “Inkuru nziza y’ubwami” yoba iriko iramamazwa hirya no hino kw’isi? Iranguka ry’ubwo buhanuzi ryoba risobanura ko hariho ibintu vyiza cane vyimirije?
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka kumenya vyinshi, raba ibiganiro bitatu vyo muri videwo bivuga ngo “ Fidèles dans les épreuves ” (Intahemuka mu bigeragezo), “ Les triangles violets ” (Inyabutatu zisa n’umutugutu), “ La fermeté des Témoins de Jéhovah face à la persécution nazie ” (Ugushikama kw’Ivyabona vya Yehova mu ruhamo rw’Abanazi), izo videwo zikaba zitangwa n’Ivyabona vya Yehova.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 9]
“Magingo Yehova akibitwemereye, tuzobandanya kwamamaza n’umwete inkuru nziza y’Ubwami, dukoresheje uburyo bwose bushoboka bwo gushikira abantu.”—IGITABU C’UMWAKA (ANNUAIRE) C’IVYABONA VYA YEHOVA CO MU 2010.
-
-
Ibihe vyiza birimirije!Umunara w’Inderetsi—2011 | 1 Rusama
-
-
Ibihe vyiza birimirije!
“Hasigaye akanya gatoyi, umubisha ntabe akiriho . . . Mugabo abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”—ZABURI 37:10, 11.
WOBA woshima kubona ubwo ubuhanuzi buvuzwe aho haruguru burangutse? Nta gukeka ko wobishima. Hariho imvo zikomeye zotuma twizera yuko vuba buzoranguka.
Ibiganiro vy’imbere y’iki vyaraciye irya n’ino ubuhanuzi bumwebumwe bwo muri Bibiliya bwerekana neza ko tubayeho mu “misi ya nyuma.” (2 Timoteyo 3:1-5) Imana yarahumekeye abanditsi ba Bibiliya ngo bavuge ivyo bintu imbere y’igihe kugira ngo tugire icizigiro. (Abaroma 15:4) Iranguka ry’ubwo buhanuzi rirerekana ko ingorane turimwo zigiye kurangira.
None ni igiki kizokurikira imisi ya nyuma? Ubwami bw’Imana buzotegeka abantu bose. (Matayo 6:9, 10) Rimbura ingene Bibiliya idondora ukuntu ibintu bizoba vyifashe kw’isi muri ico gihe:
● Inzara izokurwaho. “Hazoba umukimba w’intete kw’isi; kw’isonga ry’imisozi hazoba umusesekara.”—Zaburi 72:16.
● Indwara zizokurwaho. “Nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’”—Yesaya 33:24.
● Isi izogirwa nshasha. “Agahinga be n’akarere kagadutse bizokwigina, kandi ikiyaya c’ubugaragwa kizonezerwa, gishurike nk’ishurwe ry’izafarani.”—Yesaya 35:1.
Ubwo ni bukeyi gusa mu buhanuzi buremesha bwo muri Bibiliya bugiye kuranguka. Ubona gute usavye Ivyabona vya Yehova ngo bakwereke igituma bemera badakeka ko hariho ibihe vyiza cane vyimirije?
-