-
Kubera iki wosoma Bibiliya?Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose)—2017 | No. 1
-
-
IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | INGENE WOSOMA BIBILIYA IKAKUGIRIRA AKAMARO
Kubera iki wosoma Bibiliya?
“Nahora niyumvira yuko Bibiliya igoye cane gutahura.”—Jovy
“Nabona ko kuyisoma vyondambira.”—Queennie
“Ndavye ukuntu Bibiliya ari nini, naca ncika intege zo kuyisoma.”—Ezekiel
Vyoba birashika ukipfuza gusoma Bibiliya, mugabo ugaca uhesha kubera yuko ubona ibintu cokimwe n’abo duhejeje kuvuga? Abenshi babona ko gusoma Bibiliya bigoye cane. Ariko none wokora iki umenye ko Bibiliya ishobora gutuma urushiriza guhimbarwa mu buzima? Bite hoho umenye ko hari ibintu vyotuma kuyisoma birushiriza kukuryohera? Ubwo ntiwoca ufata akanya ugasuzuma ico yokumarira?
Rimbura ivyavuzwe n’abantu bakeyi gusa Bibiliya yagiriye akamaro igihe batangura kuyisoma.
Ezekiel, akaba arengeje gato imyaka 20, avuga ati: “Kera, nari meze nk’umushoferi anyonga umuduga atazi iyo aroye. Ariko gusoma Bibiliya vyaramfashije kugira ubuzima bufise intumbero. Nasanze irimwo impanuro ngirakamaro nshobora kwisunga buri musi.”
Frieda, na we nyene arengeje imyaka 20. Avuga ati: “Nahora ndi umuntu akaza ishavu. Ariko gusoma Bibiliya vyaratumye niga kwigumya. Ubu nararushirije kwumvikana n’abandi, ku buryo nsigaye mfise abagenzi benshi.”
Eunice ni umugore arengeje imyaka 50. Ku bijanye na Bibiliya, avuga ati: “Iriko iramfasha kuba umuntu ameze neza no guheba ingeso zitabereye.”
Nk’uko abo bantu bavyiboneye hamwe n’abandi amamiliyoni, gusoma Bibiliya birashobora gutuma na wewe ugira ubuzima buhimbaye cane. (Yesaya 48:17, 18) Birashobora kugufasha (1) gufata ingingo nziza, (2) kuronka abagenzi beza, (3) kuvyifatamwo neza mu ngorane, (4) kumenya ukuri kwerekeye Imana, ico kikaba ari co kiruta vyose. Impanuro dusanga muri Bibiliya ziva ku Mana, zikaba rero zitazokwigera zikuzimiza. Imana ntiyigera itanga impanuro mbi.
Igihambaye ni ugutangura gusoma Bibiliya. Ni ibiki none vyotuma woroherwa no gutangura kuyisoma kandi ikarushiriza kukuryohera?
-
-
Wotangura gute?Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose)—2017 | No. 1
-
-
IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | INGENE WOSOMA BIBILIYA IKAKUGIRIRA AKAMARO
Wotangura gute?
Wokora iki kugira ngo gusoma Bibiliya birushirize kukuryohera kandi bigire ico bikumariye? Raba ibintu bitanu vyafashije abatari bake.
Nurondere ahantu habereye. Nugerageze kurondera ahantu hatekanye. Niwirinde ivyogusamaza, gutyo witunire ku vyo usoma. Gusomera ahari umuco n’akayaga bikwiriye vyoshobora kuba ngirakamaro cane.
Nugire umutima ukunze. Kubera ko Bibiliya iva ku Muvyeyi wacu wo mw’ijuru, kuyisoma ufise agatima nk’ak’umwana yiteguriye kwigishwa n’umuvyeyi wiwe amukunda, bizotuma urushiriza kuyungukirako. Nimba ufise ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye na Bibiliya, gerageza kubishira ku ruhande, maze ureke Imana ikwigishe.—Zaburi 25:4.
Nubanze gusenga. Kubera ko Bibiliya irimwo ivyiyumviro vy’Imana, birabereye ko dusaba Imana ngo idufashe gutahura ivyo dusoma. Data wa twese asezerana guha “impwemu nyeranda abayimusaba.” (Luka 11:13) Impwemu nyeranda irashobora kugufasha gutahura ivyiyumviro vy’Imana. Mu nyuma, izotuma wuguruka ubwenge kugira ngo utahure “mbere n’ibintu vyimbitse vy’Imana.”—1 Abakorinto 2:10.
Nusome urondera gutahura. Ntusome urondera guhetura gusa impapuro. Nuzirikane cane ku vyo uriko urasoma. Niwibaze uti: ‘Nigiye iki ku muntu avugwa muri iki gisomwa? Nomwigana gute mu buzima bwanje?’
Niwishingire imigambi itomoye. Kugira ngo wungukire ku gusoma Bibiliya, niwishingire umugambi wo kwiga ikintu ubona ko cokugirira akamaro mu buzima. Wokwishingira imigambi nk’iyi: Kumenya vyinshi ku vyerekeye Imana, canke kuba umugabo canke umugore ameze neza. Nuce rero uhitamwo ibice vyo muri Bibiliya bizotuma ushika kuri iryo hangiro.a
Ivyo vyiyumviro bitanu bizogufasha gutangura gusoma Bibiliya. Ariko none, wokora iki kugira ngo gusoma Bibiliya birushirize kukuryohera? Ikiganiro gikurikira kiratanga ivyiyumviro bimwebimwe.
a Nimba utabona neza aho wosanga ibice vyo muri Bibiliya worondereramwo ayo mayagwa, Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kubigufashamwo.
-
-
Wokora iki ngo birushirize kukuryohera?Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose)—2017 | No. 1
-
-
IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | INGENE WOSOMA BIBILIYA IKAKUGIRIRA AKAMARO
Wokora iki ngo birushirize kukuryohera?
Gusoma Bibiliya ubibona gute? Vyoba bikurambira, canke birakuryohera? Ahanini bivana n’ukuntu uyisoma. Reka turimbure ivyo wokora kugira ngo urushirize kugira akayabagu ko kuyisoma.
Nuhitemwo Bibiliya yizigirwa kandi ikoresha imvugo ya none. Igihe igisomwa kirimwo amajambo menshi agoye gutahura canke yataye igihe, usanga kitakuryohera gusoma. Nurondere rero Bibiliya ikoresha imvugo yoroshe gutahura kandi ishobora kugukora ku mutima. Ariko rero, ikwiye kuba ihinduwe neza kandi itagiramwo amakosa.a
Nukoreshe ubuhinga bwa none. Muri iki gihe Bibiliya ntiboneka mu mpapuro gusa, mugabo iraboneka no mu buhinga bwa none. Umuntu arashobora gusoma Bibiliya zimwezimwe kuri internet, canke akazivoma kugira ngo azisomere kuri orodinateri, mu kuma kitwa tablette canke kuri telefone. Hariho Bibiliya usanga zirimwo n’imice ituma umuntu anyaruka gutora iyindi mirongo ijanye n’ivyo aba ariko arasoma, canke mbere imufasha kuraba umurongo kanaka muri Bibiliya zitandukanye. Nimba udashima gusoma mugabo ugashima kwumviriza, urashobora kuronka Bibiliya yafashwe amajwi mu ndimi zimwezimwe. Abenshi usanga bakunda ivyo bumviriza igihe baba bipakije, bariko baramesa, canke bariko barakora ikindi gikorwa gituma boroherwa no kwumviriza. Ubona gute none ugerageje uburyo bwokworohera?
Nukoreshe ibintu bifasha kwiga Bibiliya. Bibiliya irimwo ibintu bishobora gutuma urushiriza gutahura ivyo usoma. Hariho ibicapo vyerekana ibihugu bivugwa muri Bibiliya, bikaba bifasha kumenya aho uturere tuvugwa muri Bibiliya duherereye, ugaca umengo wahishikiye. Hariho n’ibiganiro bishobora kugufasha gutahura ibice vyinshi vyo muri Bibiliya. Aho twovuga nk’ibiganiro bisohorwa muri iki kinyamakuru canke ku rubuga rwa jw.org, mu gice kivuga ngo “Inyigisho zo muri Bibiliya.”
Nuhindagure uburyo ukoresha. Nimba utinya gusoma Bibiliya kuva ku ntango gushika ku mpera, ubona gute uhereye ku gice kikuryohera cane? Nimba wipfuza kumenya ibijanye n’abantu bavugwa cane muri Bibiliya, woca rero usoma inkuru ziberekeye. Raba uburyo wokwisunga, mu ruzitiro ruri kumwe n’iki kiganiro ruvuga ngo “Nucukure muri Bibiliya umenye abavugwamwo.” Canke na ho wohitamwo gusoma Bibiliya wisunze inkuru wipfuza, canke wisunze ingene ibintu vyagiye birakurikirana. Ubona gute ugerageje bumwe muri ubwo buryo?
a Abantu benshi basanze Bibiliya y’isi nshasha itagiramwo amakosa, ari iyo kwizigirwa kandi yoroshe gusoma. Iyo Bibiliya yasohowe n’Ivyabona vya Yehova, iraboneka mu ndimi zirenga 130. Urashobora kuyivoma ku rubuga rwa jw.org canke kuri porogarama yitwa JW Library. Canke na ho nimba uvyipfuza, Ivyabona vya Yehova barashobora kuyikuzanira i muhira.
-
-
Bibiliya yomarira iki mu buzima?Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose)—2017 | No. 1
-
-
IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | INGENE WOSOMA BIBILIYA IKAKUGIRIRA AKAMARO
Bibiliya yomarira iki mu buzima?
Bibiliya ni igitabu kidasanzwe. Irimwo impanuro ziva ku Muremyi wacu. (2 Timoteyo 3:16) Ibivugwa muri yo birashobora guhindura cane ubuzima bwacu. Nkako, Bibiliya ivuga iti: “Ijambo ry’Imana [ni] rizima kandi rigira ububasha.” (Abaheburayo 4:12) Bibiliya irafise ububasha bwo guhindura ubuzima bwacu mu mice ibiri ihambaye: iraduha impanuro zidufasha mu buzima bwa misi yose ikongera ikadufasha kumenya Imana n’imigambi yayo.—1 Timoteyo 4:8; Yakobo 4:8.
Iraduha impanuro zidufasha mu buzima bwa misi yose. Bibiliya irashobora kugufasha mu bintu bikwĕga ku giti cawe. Iratanga impanuro nziza mu bijanye no
Kubana neza n’abandi.—Abanyefeso 4:31, 32; 5:22, 25, 28, 33.
Kumererwa neza ku mutima no ku mubiri.—Zaburi 37:8; Imigani 17:22.
Kwigenza runtu.—1 Abakorinto 6:9, 10.
Kwibeshaho.—Imigani 10:4; 28:19; Abanyefeso 4:28.a
Umugabo n’umugore bakiri bato bo muri Aziya, bariboneye ko impanuro Bibiliya itanga ari ngirakamaro cane. Cokimwe n’abandi benshi bamaze igihe gito bubakanye, umwe wese muri bo yaragize ingorane yo kwihanganira imico y’uwundi hamwe no kuyaga badahishanya. Mugabo rero baratanguye gushira mu ngiro ivyo basoma muri Bibiliya. None vyavuyemwo iki? Umugabo, ari we Vicent, avuga ati: “Ivyo nasomye muri Bibiliya vyaramfashije gutorera umuti ingorane zo mu rugo, mu buryo burangwa urukundo. Kwisunga Bibiliya vyaratumye tugira ubuzima buhimbaye.” Umugore wiwe Annalou na we nyene aravyemeza. Avuga ati: “Gusoma uburorero bwo muri Bibiliya vyaradufashije. Ubu ndahimbarirwa umubano wacu be n’imigambi dufise mu buzima.”
Iradufasha kumenya Imana. Uretse ivyo Vicent avuga ku bijanye n’umubano, avuga kandi ati: “Gusoma Bibiliya bituma numva ko niyegereje Yehova kuruta uko nahora.” Ivyo Vicent yavuze bishimika kuri iki kintu gihambaye: Bibiliya irashobora kugufasha kumenya Imana. Niwamenya Imana, uzokwungukira ku mpanuro itanga wongere umenye ko ishobora kukubera umugenzi. Vyongeye, uzobona ko itubwira ivyerekeye kazoza keza, igihe tuzobaho dufise “ubuzima nyakuri,” ni ukuvuga ubuzima budahera. (1 Timoteyo 6:19) Nta kindi gitabu cokubwira ibintu nk’ivyo.
Hamwe wotangura gusoma Bibiliya kandi ukumirako, na wewe woshobora kubaho uhimbawe kandi ukamenya Imana. Ariko rero, igihe usoma Bibiliya, vyoshika ukibaza ibibazo bitari bike. Nivyashika, uribuka ivyashikiye umutegetsi umwe w’Umunyetiyopiya, ubu hakaba haciye imyaka 2.000 abayeho. Yaribaza ibibazo vyinshi ku bijanye na Bibiliya. Igihe Filipo yamubaza nimba atahura ivyo yariko arasoma, yishuye ati: “Mu vy’ukuri, noshobora gute kubitahura hatagize uwundongōra?”b Yaciye yemera gufashwa n’umuntu yakora igikorwa co kwigisha Bibiliya, akaba yari Filipo umwigishwa wa Yezu. (Ivyakozwe 8:30, 31, 34) Nimba nawe wipfuza kumenya vyinshi ku bijanye na Bibiliya, turagusavye ubisabe uciye ku rubuga www.pr418.com canke ubisabe ukoresheje aderese ikwegereye ku ziri ku rupapuro rwa 2 rw’iki kinyamakuru. Urashobora no kwitura Ivyabona vya Yehova bakwegereye, canke ukaja ku Ngoro y’Ubwami iri hafi yanyu. Ubona gute none utanguye gusoma Bibiliya ubu nyene, maze ukareka ikakwerekeza ku buzima bwiza kuruta?
Nimba ukekeranya ko Bibiliya ari iyo kwizigirwa, turakwinginze urabe akavidewo kavuga ngo Ni ibiki bitwemeza ko Bibiliya ikomoka ku Mana? Urashobora gushikira ako kavidewo mu kuja kuri jw.org, maze ugafyonda akamenyetso ko kurondeza hanyuma ugaca wandikamwo izina ry’ako kavidewo
a Ushaka kumenya izindi mpanuro ngirakamaro Bibiliya itanga, nuje ku rubuga rwacu jw.org. Raba ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA.
b Raba kandi muri iki kinyamakuru, ikiganiro kivuga ngo “Kwoba ari ukwihenda gusanzwe?”
-