ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kubera iki wosoma Bibiliya?
    Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose)—2017 | No. 1
    • Umugore atoye Bibiliya kuri etajeri

      IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | INGENE WOSOMA BIBILIYA IKAKUGIRIRA AKAMARO

      Kubera iki wosoma Bibiliya?

      “Nahora niyumvira yuko Bibiliya igoye cane gutahura.”​—Jovy

      “Nabona ko kuyisoma vyondambira.”​—Queennie

      “Ndavye ukuntu Bibiliya ari nini, naca ncika intege zo kuyisoma.”​—Ezekiel

      Vyoba birashika ukipfuza gusoma Bibiliya, mugabo ugaca uhesha kubera yuko ubona ibintu cokimwe n’abo duhejeje kuvuga? Abenshi babona ko gusoma Bibiliya bigoye cane. Ariko none wokora iki umenye ko Bibiliya ishobora gutuma urushiriza guhimbarwa mu buzima? Bite hoho umenye ko hari ibintu vyotuma kuyisoma birushiriza kukuryohera? Ubwo ntiwoca ufata akanya ugasuzuma ico yokumarira?

      Rimbura ivyavuzwe n’abantu bakeyi gusa Bibiliya yagiriye akamaro igihe batangura kuyisoma.

      Ezekiel, akaba arengeje gato imyaka 20, avuga ati: “Kera, nari meze nk’umushoferi anyonga umuduga atazi iyo aroye. Ariko gusoma Bibiliya vyaramfashije kugira ubuzima bufise intumbero. Nasanze irimwo impanuro ngirakamaro nshobora kwisunga buri musi.”

      Frieda, na we nyene arengeje imyaka 20. Avuga ati: “Nahora ndi umuntu akaza ishavu. Ariko gusoma Bibiliya vyaratumye niga kwigumya. Ubu nararushirije kwumvikana n’abandi, ku buryo nsigaye mfise abagenzi benshi.”

      Eunice ni umugore arengeje imyaka 50. Ku bijanye na Bibiliya, avuga ati: “Iriko iramfasha kuba umuntu ameze neza no guheba ingeso zitabereye.”

      Nk’uko abo bantu bavyiboneye hamwe n’abandi amamiliyoni, gusoma Bibiliya birashobora gutuma na wewe ugira ubuzima buhimbaye cane. (Yesaya 48:17, 18) Birashobora kugufasha (1) gufata ingingo nziza, (2) kuronka abagenzi beza, (3) kuvyifatamwo neza mu ngorane, (4) kumenya ukuri kwerekeye Imana, ico kikaba ari co kiruta vyose. Impanuro dusanga muri Bibiliya ziva ku Mana, zikaba rero zitazokwigera zikuzimiza. Imana ntiyigera itanga impanuro mbi.

      Igihambaye ni ugutangura gusoma Bibiliya. Ni ibiki none vyotuma woroherwa no gutangura kuyisoma kandi ikarushiriza kukuryohera?

  • Wotangura gute?
    Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose)—2017 | No. 1
    • IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | INGENE WOSOMA BIBILIYA IKAKUGIRIRA AKAMARO

      Wotangura gute?

      Umugore ariko arasenga imbere y’uko asoma Bibiliya

      Wokora iki kugira ngo gusoma Bibiliya birushirize kukuryohera kandi bigire ico bikumariye? Raba ibintu bitanu vyafashije abatari bake.

      Nurondere ahantu habereye. Nugerageze kurondera ahantu hatekanye. Niwirinde ivyogusamaza, gutyo witunire ku vyo usoma. Gusomera ahari umuco n’akayaga bikwiriye vyoshobora kuba ngirakamaro cane.

      Nugire umutima ukunze. Kubera ko Bibiliya iva ku Muvyeyi wacu wo mw’ijuru, kuyisoma ufise agatima nk’ak’umwana yiteguriye kwigishwa n’umuvyeyi wiwe amukunda, bizotuma urushiriza kuyungukirako. Nimba ufise ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye na Bibiliya, gerageza kubishira ku ruhande, maze ureke Imana ikwigishe.​—Zaburi 25:4.

      Nubanze gusenga. Kubera ko Bibiliya irimwo ivyiyumviro vy’Imana, birabereye ko dusaba Imana ngo idufashe gutahura ivyo dusoma. Data wa twese asezerana guha “impwemu nyeranda abayimusaba.” (Luka 11:13) Impwemu nyeranda irashobora kugufasha gutahura ivyiyumviro vy’Imana. Mu nyuma, izotuma wuguruka ubwenge kugira ngo utahure “mbere n’ibintu vyimbitse vy’Imana.”​—1 Abakorinto 2:10.

      Nusome urondera gutahura. Ntusome urondera guhetura gusa impapuro. Nuzirikane cane ku vyo uriko urasoma. Niwibaze uti: ‘Nigiye iki ku muntu avugwa muri iki gisomwa? Nomwigana gute mu buzima bwanje?’

      Niwishingire imigambi itomoye. Kugira ngo wungukire ku gusoma Bibiliya, niwishingire umugambi wo kwiga ikintu ubona ko cokugirira akamaro mu buzima. Wokwishingira imigambi nk’iyi: Kumenya vyinshi ku vyerekeye Imana, canke kuba umugabo canke umugore ameze neza. Nuce rero uhitamwo ibice vyo muri Bibiliya bizotuma ushika kuri iryo hangiro.a

      Ivyo vyiyumviro bitanu bizogufasha gutangura gusoma Bibiliya. Ariko none, wokora iki kugira ngo gusoma Bibiliya birushirize kukuryohera? Ikiganiro gikurikira kiratanga ivyiyumviro bimwebimwe.

      a Nimba utabona neza aho wosanga ibice vyo muri Bibiliya worondereramwo ayo mayagwa, Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kubigufashamwo.

      INGENE WOKWUNGUKIRA KU VYO USOMA

      • Nufate umwanya, ntiwihutagize

      • Niwinjire mu mizi ivyo usoma, umere nk’uwubibona mu bwenge

      • Nugerageze kubona ingene imirongo igenda irunganirana

      • Nusome urondera ivyigwa wohakura

  • Wokora iki ngo birushirize kukuryohera?
    Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose)—2017 | No. 1
    • Umugore ariko arasoma Bibiliya, agaca yikora ku bikoresho vy’ubushakashatsi

      IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | INGENE WOSOMA BIBILIYA IKAKUGIRIRA AKAMARO

      Wokora iki ngo birushirize kukuryohera?

      Gusoma Bibiliya ubibona gute? Vyoba bikurambira, canke birakuryohera? Ahanini bivana n’ukuntu uyisoma. Reka turimbure ivyo wokora kugira ngo urushirize kugira akayabagu ko kuyisoma.

      Nuhitemwo Bibiliya yizigirwa kandi ikoresha imvugo ya none. Igihe igisomwa kirimwo amajambo menshi agoye gutahura canke yataye igihe, usanga kitakuryohera gusoma. Nurondere rero Bibiliya ikoresha imvugo yoroshe gutahura kandi ishobora kugukora ku mutima. Ariko rero, ikwiye kuba ihinduwe neza kandi itagiramwo amakosa.a

      Nukoreshe ubuhinga bwa none. Muri iki gihe Bibiliya ntiboneka mu mpapuro gusa, mugabo iraboneka no mu buhinga bwa none. Umuntu arashobora gusoma Bibiliya zimwezimwe kuri internet, canke akazivoma kugira ngo azisomere kuri orodinateri, mu kuma kitwa tablette canke kuri telefone. Hariho Bibiliya usanga zirimwo n’imice ituma umuntu anyaruka gutora iyindi mirongo ijanye n’ivyo aba ariko arasoma, canke mbere imufasha kuraba umurongo kanaka muri Bibiliya zitandukanye. Nimba udashima gusoma mugabo ugashima kwumviriza, urashobora kuronka Bibiliya yafashwe amajwi mu ndimi zimwezimwe. Abenshi usanga bakunda ivyo bumviriza igihe baba bipakije, bariko baramesa, canke bariko barakora ikindi gikorwa gituma boroherwa no kwumviriza. Ubona gute none ugerageje uburyo bwokworohera?

      Nukoreshe ibintu bifasha kwiga Bibiliya. Bibiliya irimwo ibintu bishobora gutuma urushiriza gutahura ivyo usoma. Hariho ibicapo vyerekana ibihugu bivugwa muri Bibiliya, bikaba bifasha kumenya aho uturere tuvugwa muri Bibiliya duherereye, ugaca umengo wahishikiye. Hariho n’ibiganiro bishobora kugufasha gutahura ibice vyinshi vyo muri Bibiliya. Aho twovuga nk’ibiganiro bisohorwa muri iki kinyamakuru canke ku rubuga rwa jw.org, mu gice kivuga ngo “Inyigisho zo muri Bibiliya.”

      Nuhindagure uburyo ukoresha. Nimba utinya gusoma Bibiliya kuva ku ntango gushika ku mpera, ubona gute uhereye ku gice kikuryohera cane? Nimba wipfuza kumenya ibijanye n’abantu bavugwa cane muri Bibiliya, woca rero usoma inkuru ziberekeye. Raba uburyo wokwisunga, mu ruzitiro ruri kumwe n’iki kiganiro ruvuga ngo “Nucukure muri Bibiliya umenye abavugwamwo.” Canke na ho wohitamwo gusoma Bibiliya wisunze inkuru wipfuza, canke wisunze ingene ibintu vyagiye birakurikirana. Ubona gute ugerageje bumwe muri ubwo buryo?

      a Abantu benshi basanze Bibiliya y’isi nshasha itagiramwo amakosa, ari iyo kwizigirwa kandi yoroshe gusoma. Iyo Bibiliya yasohowe n’Ivyabona vya Yehova, iraboneka mu ndimi zirenga 130. Urashobora kuyivoma ku rubuga rwa jw.org canke kuri porogarama yitwa JW Library. Canke na ho nimba uvyipfuza, Ivyabona vya Yehova barashobora kuyikuzanira i muhira.

      NUCUKURE MURI BIBILIYA UMENYE ABAVUGWAMWO

      Abagore bamwebamwe b’abizigirwa

      Abigayili

      1 Samweli ikigabane ca 25

      Esiteri

      Esiteri ikigabane ca 2-5 n’ica 7-9

      Hana

      1 Samweli ikigabane ca 1-2

      Mariya

      (Nyina wa Yezu) Matayo ikigabane ca 1-2; Luka ikigabane ca 1-2; raba na Yohani 2:1-12; Ivyakozwe 1:12-14; 2:1-4

      Rahabu

      Yosuwa ikigabane ca 2 n’ica 6; raba n’​Abaheburayo 11:30, 31; Yakobo 2:24-26

      Rebeka

      Itanguriro ikigabane ca 24-27

      Sara

      Itanguriro ikigabane ca 17-18, ica 20-21 n’ica 23; raba n’​Abaheburayo 11:11; 1 Petero 3:1-6

      Abagabo bamwebamwe babaye intwari

      Aburahamu

      Itanguriro ikigabane ca 11-24; raba n’ica 25:1-11

      Dawidi

      1 Samweli ikigabane ca 16-30; 2 Samweli ikigabane ca 1-24; 1 Abami ikigabane ca 1-2

      Yezu

      Injili ya Matayo, Mariko, Luka na Yohani

      Musa

      Kuvayo ikigabane ca 2-20, ica 24 n’ica 32-34; Guharūra ikigabane ca 11-17, ica 20, ica 21, ica 27 n’ica 31 ; Gusubira mu vyagezwe ikigabane ca 34

      Nowa

      Itanguriro ikigabane ca 5-9

      Paulo

      Ivyakozwe ikigabane ca 7-9 n’ica 13-28

      Petero

      Matayo ikigabane ca 4, ica 10, ica 14, ica 16-17 n’ica 26; Ivyakozwe ikigabane ca 1-5 n’ica 8-12

      IBIKORESHO VYO KWIGA BIBILIYA VYATUNGANIJWE N’IVYABONA VYA YEHOVA

      • JW.ORG​—Urwo rubuga ruriko imice myinshi ifasha kwiga Bibiliya, nk’uwuvuga ngo “Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya.” Ruratanga n’amakuru y’ukuntu wovoma porogarama yitwa JW Library

      • ‘Raba ca gihugu ciza’​—Ako gatabu karimwo amakarata be n’amashusho y’uturere tuvugwa muri Bibiliya

      • Étude perspicace des Écritures​—Ni urukurikirane rw’ibitabu bibiri bishingiye kuri Bibiliya, bisigura ibijanye n’abantu, uturere be n’imvugo zikoreshwa muri Bibiliya

      • “Toute Écriture est inspirée de Dieu et utile”​—Ico gitabu categuwe ku buhinga, kirasigura igihe buri gitabu co muri Bibiliya candikiwe, aho candikiwe be n’igituma canditswe, kikanatanga n’incamake y’ibivugwa muri buri gitabu

      • La Bible : Parole de Dieu ou des hommes ?​—Ako gatabu kagiriwe ubushakashatsi bwitondewe, karatanga ibimenyamenya vyerekana ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana koko

      • Bibiliya​—Irimwo ubutumwa ubuhe?​—Ni agatabu k’impapuro 32, kerekana muri make ibijanye n’iciyumviro nyamukuru Bibiliya itekeye

  • Bibiliya yomarira iki mu buzima?
    Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose)—2017 | No. 1
    • Umugabo n’umugore bariko barafashanya mu gikoni

      IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | INGENE WOSOMA BIBILIYA IKAKUGIRIRA AKAMARO

      Bibiliya yomarira iki mu buzima?

      Bibiliya ni igitabu kidasanzwe. Irimwo impanuro ziva ku Muremyi wacu. (2 Timoteyo 3:16) Ibivugwa muri yo birashobora guhindura cane ubuzima bwacu. Nkako, Bibiliya ivuga iti: “Ijambo ry’Imana [ni] rizima kandi rigira ububasha.” (Abaheburayo 4:12) Bibiliya irafise ububasha bwo guhindura ubuzima bwacu mu mice ibiri ihambaye: iraduha impanuro zidufasha mu buzima bwa misi yose ikongera ikadufasha kumenya Imana n’imigambi yayo.​—1 Timoteyo 4:8; Yakobo 4:8.

      Iraduha impanuro zidufasha mu buzima bwa misi yose. Bibiliya irashobora kugufasha mu bintu bikwĕga ku giti cawe. Iratanga impanuro nziza mu bijanye no

      • Kubana neza n’abandi.​—Abanyefeso 4:31, 32; 5:22, 25, 28, 33.

      • Kumererwa neza ku mutima no ku mubiri.​—Zaburi 37:8; Imigani 17:22.

      • Kwigenza runtu.​—1 Abakorinto 6:9, 10.

      • Kwibeshaho.​—Imigani 10:4; 28:19; Abanyefeso 4:28.a

      Umugabo n’umugore bakiri bato bo muri Aziya, bariboneye ko impanuro Bibiliya itanga ari ngirakamaro cane. Cokimwe n’abandi benshi bamaze igihe gito bubakanye, umwe wese muri bo yaragize ingorane yo kwihanganira imico y’uwundi hamwe no kuyaga badahishanya. Mugabo rero baratanguye gushira mu ngiro ivyo basoma muri Bibiliya. None vyavuyemwo iki? Umugabo, ari we Vicent, avuga ati: “Ivyo nasomye muri Bibiliya vyaramfashije gutorera umuti ingorane zo mu rugo, mu buryo burangwa urukundo. Kwisunga Bibiliya vyaratumye tugira ubuzima buhimbaye.” Umugore wiwe Annalou na we nyene aravyemeza. Avuga ati: “Gusoma uburorero bwo muri Bibiliya vyaradufashije. Ubu ndahimbarirwa umubano wacu be n’imigambi dufise mu buzima.”

      Iradufasha kumenya Imana. Uretse ivyo Vicent avuga ku bijanye n’umubano, avuga kandi ati: “Gusoma Bibiliya bituma numva ko niyegereje Yehova kuruta uko nahora.” Ivyo Vicent yavuze bishimika kuri iki kintu gihambaye: Bibiliya irashobora kugufasha kumenya Imana. Niwamenya Imana, uzokwungukira ku mpanuro itanga wongere umenye ko ishobora kukubera umugenzi. Vyongeye, uzobona ko itubwira ivyerekeye kazoza keza, igihe tuzobaho dufise “ubuzima nyakuri,” ni ukuvuga ubuzima budahera. (1 Timoteyo 6:19) Nta kindi gitabu cokubwira ibintu nk’ivyo.

      Hamwe wotangura gusoma Bibiliya kandi ukumirako, na wewe woshobora kubaho uhimbawe kandi ukamenya Imana. Ariko rero, igihe usoma Bibiliya, vyoshika ukibaza ibibazo bitari bike. Nivyashika, uribuka ivyashikiye umutegetsi umwe w’Umunyetiyopiya, ubu hakaba haciye imyaka 2.000 abayeho. Yaribaza ibibazo vyinshi ku bijanye na Bibiliya. Igihe Filipo yamubaza nimba atahura ivyo yariko arasoma, yishuye ati: “Mu vy’ukuri, noshobora gute kubitahura hatagize uwundongōra?”b Yaciye yemera gufashwa n’umuntu yakora igikorwa co kwigisha Bibiliya, akaba yari Filipo umwigishwa wa Yezu. (Ivyakozwe 8:30, 31, 34) Nimba nawe wipfuza kumenya vyinshi ku bijanye na Bibiliya, turagusavye ubisabe uciye ku rubuga www.pr418.com canke ubisabe ukoresheje aderese ikwegereye ku ziri ku rupapuro rwa 2 rw’iki kinyamakuru. Urashobora no kwitura Ivyabona vya Yehova bakwegereye, canke ukaja ku Ngoro y’Ubwami iri hafi yanyu. Ubona gute none utanguye gusoma Bibiliya ubu nyene, maze ukareka ikakwerekeza ku buzima bwiza kuruta?

      Nimba ukekeranya ko Bibiliya ari iyo kwizigirwa, turakwinginze urabe akavidewo kavuga ngo Ni ibiki bitwemeza ko Bibiliya ikomoka ku Mana? Urashobora gushikira ako kavidewo mu kuja kuri jw.org, maze ugafyonda akamenyetso ko kurondeza hanyuma ugaca wandikamwo izina ry’ako kavidewo

      a Ushaka kumenya izindi mpanuro ngirakamaro Bibiliya itanga, nuje ku rubuga rwacu jw.org. Raba ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA.

      b Raba kandi muri iki kinyamakuru, ikiganiro kivuga ngo “Kwoba ari ukwihenda gusanzwe?”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika