ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 140
  • Yezu adukiza gute?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu adukiza gute?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Ivyabona vya Yehova boba bemera yuko ari bo bonyene bazorokorwa?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Umuntu akijijwe yoba aba akijijwe ibihe vyose?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ubukiriro ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • “Kwizera Yezu” gusa, vyoba bizotuma umuntu aronka agakiza?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 140
Yezu akikujwe n’abantu bo mu mahanga atandukanye

Yezu adukiza gute?

Inyishu Bibiliya itanga

Yezu yarakijije abantu b’intahemuka igihe yatanga ubuzima bwiwe bwa ncungu. (Matayo 20:28) Ni co gituma Bibiliya imwita “Umukiza w’isi.” (1 Yohani 4:14) Irongera ikavuga iti: “Nta wundi ubukiriro bubonerwamwo, kuko ata rindi zina munsi y’ijuru ryatanzwe mu bantu dutegerezwa gukirizwamwo.”​—Ivyakozwe 4:12.

Yezu ‘yarahonjereje urupfu umuntu wese’ amwizera. (Abaheburayo 2:9; Yohani 3:16) Mu nyuma “Imana yaramuzuye mu bapfuye,” asubira mw’ijuru ari ikiremwa c’impwemu. (Ivyakozwe 3:15) Ng’aho, Yezu arashobora “gukiza rwose abariko baregera Imana biciye kuri we, kuko yama ari muzima kugira atakambe ku bwabo.”​—Abaheburayo 7:25.

Kubera iki dukeneye ko Yezu atakamba ku bwacu?

Twese turi abacumuzi. (Abaroma 3:23) Igicumuro kiradutandukanya n’Imana kandi kidushikana ku rupfu. (Abaroma 6:23) Ariko Yezu ‘araburanira’ abizera incungu yatanze. (1 Yohani 2:1, Bibiliya Nyeranda) Aratakambira Imana ku bwabo, akayisaba ngo yumve amasengesho bayitura yongere ibaharire ibicumuro yishimikije incungu yiwe. (Matayo 1:21; Abaroma 8:34) Imana irishura izo ntakambo kubera zihuye n’ukugomba kwayo. Imana yarungitse Yezu kw’isi “kugira isi ikizwe biciye kuri we.”​—Yohani 3:17.

Kwizera Yezu vyonyene vyoba bihagije kugira dukizwe?

Habe namba! Naho kwizera Yezu bikenewe kugira turonke ubukiriro, hariho n’ibindi bisabwa. (Ivyakozwe 16:30, 31) Bibiliya ivuga iti: “Nk’uko umubiri utagira impwemu uba upfuye, ni ko n’ukwizera kutagira ibikorwa kuba gupfuye.” (Yakobo 2:26) Rero kugira dukizwe, dutegerezwa:

  • Kwiga ivyerekeye Yezu na Se wiwe Yehova.​—Yohani 17:3.

  • Kubizera.​—Yohani 12:44; 14:1.

  • Kugaragaza ukwizera kwacu mu kugamburuka amategeko yabo. (Luka 6:46; 1 Yohani 2:17) Yezu yigishije ko atari uwo wese avuga ngo “Mukama, Mukama” azokizwa, ahubwo ko ari “uwukora ukugomba kwa [Se wiwe] ari mw’ijuru.”​—Matayo 7:21.

  • Kuguma tugaragaza ukwizera n’igihe turi mu ngorane. Ivyo Yezu yarabitomoye igihe yavuga ati: “Uwihanganye gushika kw’iherezo ni we azokizwa.”​—Matayo 24:13.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika