URIRIMBO RWA 112
Yehova ni Imana y’amahoro
Integuro icapuwe
1. Yehova, wemeye
Kuturons’amahoro.
Duhe ya mpwem’idufashe
Twame ca camwa cayo.
Kwizera wa Mwana
Wawe w’intahemuka
Bitum’ubucuti nawe
Bugenda buraguka.
2. Ya mpwem’uturonsa
Na rya Jambo dusoma
Biratuyobora neza
Kuko duc’ahabona.
Mu kurindira ko
Intambara zihera
Duhe ya mahoro yawe,
Ni yo twe turondera.
3. Abo wikundira
Kw’isi be no mw’ijuru
Bunz’ubumwe bukomeye
Ngo bavuge ya nkuru.
Bwa Bwami buzoca
Bukurah’intambara,
Duce tuba mu mahoro
Ata ruhagarara.
(Raba kandi Zab. 4:8; Flp. 4:6, 7; 1 Tes. 5:23.)