ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwfq ikiganiro 46
  • Kw’isi yose hari Ivyabona vya Yehova bangahe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kw’isi yose hari Ivyabona vya Yehova bangahe?
  • Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abo muharura ko ari Ivyabona vya Yehova ni bande?
  • Umuntu yoba abanza gutanga amahera kugira abe Icabona ca Yehova?
  • Mumenya gute igitigiri c’abama baja kwigisha?
  • Mwoba muharura abantu baza gusengera iwanyu ariko bakaba bataja kwigisha?
  • Kubera iki ibitigiri bitangwa n’abagira rusansuma usanga biri hejuru y’ibitigiri mwebwe mutanga?
  • Raporo yo mu 2024 yose ifatiwe hamwe
    Raporo yo kw’isi yose y’Ivyabona vya Yehova: Umwaka w’umurimo wa 2024
  • Raporo yo mu 2015 yose ifatiwe hamwe
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ingene tworonka icizigiro mu 2024: Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
Ibindi
Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
ijwfq ikiganiro 46
Icabona ca Yehova ariko arabwira ubutumwa bwiza umugore umwe

Kw’isi yose hari Ivyabona vya Yehova bangahe?

Raporo y’umwaka w’umurimoa wa 2019

Igitigiri c’Ivyabona vya Yehova kw’isi yose

8.683.117

Amashengero

119.712

Ibihugu Ivyabona vya Yehova bamamazamwo

240

Abo muharura ko ari Ivyabona vya Yehova ni bande?

Abo duharura ko ari Ivyabona vya Yehova ni abavuga ubutumwa bwiza bw’Ubwami bw’Imana buri kwezi babigiranye umwete. (Matayo 24:14) Aho harimwo Ivyabona vya Yehova babatijwe hamwe n’abatarabatizwa mugabo bakaba baja kuvuga ubutumwa.

Umuntu yoba abanza gutanga amahera kugira abe Icabona ca Yehova?

Oya. Amahera nta sano afitaniye no kuba Icabona ca Yehova canke no gushingwa amabanga mw’ishirahamwe ryacu. (Ivyakozwe 8:18-20) Kanatsinda, intererano nyinshi zitangwa usanga abazitanze batamenyekana. Icabona wese aratanga umwanya wiwe, inguvu ziwe n’ivyo atunze mu gushigikira igikorwa cacu co kwigisha Bibiliya. Ivyo babigira babikuye ku mutima kandi bisunze uko ivyibo vyifashe.​—2 Abakorinto 9:7.

Mumenya gute igitigiri c’abama baja kwigisha?

Buri kwezi, Ivyabona baramenyesha ishengero barimwo amasaha bamaze mu gikorwa co kwigisha. Ivyo babigira ata wubagobereye.

Ayo masaha aca ateranywa maze akarungikwa ku biro vy’ishami vyo muri ako karere. Ibiro vy’amashami bica biyarungikira icicaro gikuru cacu.

Umwaka w’umurimob urangiye, baca baharura igitigiri c’Ivyabona vya Yehova bari mu gihugu kimwekimwe cose. Barateranya ivyo bitigiri, gutyo bagaca bamenya Ivyabona bari kw’isi yose. Amakuru y’ido n’ido yerekeye igihugu kimwekimwe cose arasohorwa mu gice kivuga ngo “Hirya no hino kw’isi” kiri ku rubuga rwacu. Ayo makuru araturemesha nk’uko nyene yaremesha abakirisu bo mu kinjana ca mbere.​—Ivyakozwe 2:41; 4:4; 15:3.

Mwoba muharura abantu baza gusengera iwanyu ariko bakaba bataja kwigisha?

Oya. Ariko naho mwene abo tutabaharura mu gitigiri c’Ivyabona, ntitubabuza kwifatanya natwe mu makoraniro tugira y’ivy’ugusenga. Benshi muri bo baritaba Icibutso c’urupfu rwa Kristu tugira buri mwaka. Kugira tumenye igitigiri cabo, dufata igitigiri c’abitavye Icibutso tugakuramwo igitigiri c’Ivyabona vya Yehova. Nko mu 2015, abitavye Icibutso bari 19.862.783.

Hariho benshi batitaba amakoraniro yacu ariko bungukira kuri porogarama dufise yo kwigisha abantu Bibiliya ku buntu tubasanze ku mihana yabo. Mu 2015, buri kwezi twayoboye inyigisho za Bibiliya 9.708.968, zimwe muri zo zikaba zagirirwa umugwi w’abantu.

Kubera iki ibitigiri bitangwa n’abagira rusansuma usanga biri hejuru y’ibitigiri mwebwe mutanga?

Abagira rusansuma usanga bagenda barabaza abantu idini barimwo. Nk’akarorero, ibiro bijejwe gusansuma vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bivuga ko mu kugira rusansuma, bagenda barabaza abantu amadini barimwo. Bivuga kandi ko ibitigiri batanga bitaba bishingiye ku bimenyamenya, ahubwo ko biba bishingiye gusa ku vyo abantu bababwiye. Ariko twebwe abo duharura ko ari Ivyabona ni abaja mu gikorwa co kwigisha kandi bakamenyesha umwanya bamaze muri ico gikorwa, si abavyiyitirira gusa.

a Umwaka w’umurimo utangura itariki 1 Nyakanga ukarangira itariki 31 Myandagaro z’umwaka ukurikira. Nk’akarorero, umwaka w’umurimo wa 2015 watanguye itariki 1 Nyakanga 2014 urangira itariki 31 Myandagaro 2015.

b Umwaka w’umurimo utangura itariki 1 Nyakanga ukarangira itariki 31 Myandagaro z’umwaka ukurikira. Nk’akarorero, umwaka w’umurimo wa 2015 watanguye itariki 1 Nyakanga 2014 urangira itariki 31 Myandagaro 2015.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika