URURIRIMBO RWA 117
Kamere yo kumera neza
Integuro icapuwe
1. Ewe Yehov’uri mwiza,
Wamy’uduhezagira.
Kandi wewe ntuhemuka,
Nta woz’abiharira.
Ubuntu be n’imbabazi
Wam’ubigaragaza.
Turakwiye kugusenga
Be no kukwamamaza.
2. Ukumera neza kwawe
Kurigaragariza
Mu bantu wew’ukoresha
Bigish’inkuru nziza.
Inyigisho wew’utanga
N’abunger’ukoresha,
Be na ya mpwemu nyeranda
Nta we bitaremesha.
3. Ukumera neza kwacu
Mana, guhezagire,
Kugirira nez’abandi
Ntitukavyibagire.
Mu muryango, mw’ishengero,
Duhe gukor’ineza,
Biciye ku mpwemu yawe
Vyame vyibonekeza.
(Raba kandi Zab. 103:10; Mrk. 10:18; Gal. 5:22; Ef. 5:9.)