ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • re ikig. 2 rup. 9-14
  • Iciyumviro nyamukuru ca Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Iciyumviro nyamukuru ca Bibiliya
  • Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru
  • Imvyaro zibiri zidacana uwaka
  • Uruvyaro rwa wa mugore rumenyekana
  • Ingene inyankane zatanguye
  • Haboneka intwaro za politike
  • Abadandaza b’umwina
  • Babiloni Akomeye
  • Uwo Abamenyeshakazoza Bose Bashingiye Intahe
    Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Yehova ni “Umuhishuzi W’amabanga”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Intwaro y’Imana Itekanye
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
re ikig. 2 rup. 9-14

Ikigabane ca 2

Iciyumviro nyamukuru ca Bibiliya

Gusobanura Ivyanditswe Ibintu bitoroshe gutahura biri mu gitabu c’Ivyahishuwe vyaramaze igihe kinini bizazanira abatohoji ba Bibiliya b’inziraburyarya. Igihe Imana yashinze kigeze, ayo mabanga yohishuwe. Ariko none yohishuriwe bande, gute, kandi ryari? Impwemu y’Imana yonyene ni yo yotanze insobanuro yavyo uko igihe cashinzwe cogiye kiregereza. (Ivyahishuwe 1:3) Ayo mabanga meranda yohishuriwe abashumba b’Imana b’abanyamwete bo kw’isi kugira baronke inkomezi zo gutangaza imanza zayo. (Matayo 13:10, 11) Ntitwovuga ko insobanuro ziri muri iki gitabu zitagira agahaze. Nka kumwe kwa Yozefu wa kera, tuvuga duti: “None ugusobanura si ukw’Imana?” (Itanguriro 40:8) Ariko kandi, turemera tudakeka ko insobanuro zirimwo zihuye n’ibivugwa muri Bibiliya bifatiwe hamwe, zikerekana ukuntu ibiba kw’isi muri ibi bihe bidurumbanye vyashikije ubuhanuzi bw’Imana mu buryo butangaje.

1. Umugambi uhambaye wa Yehova ni uwuhe?

HARI umugani wo muri Bibiliya uvuga uti: “Iherezo ry’ikintu mu nyuma, riraruta intango yaco.” (Umusiguzi 7:8) Igitabu c’Ivyahishuwe ni co cigana iranguka rikomeye ry’umugambi uhambaye wa Yehova wo kweza izina ryiwe imbere y’ivyaremwe vyose. Nk’uko Imana yagiye irabisubiramwo biciye kuri umwe mu bahanuzi bayo ba kera, “bazobwirizwa kumenya yuko [ari] Yehova.”—Ezekiyeli 25:17; 38:23.

2. Ni amakuru ashimishije ayahe igitabu c’Ivyahishuwe n’ibitabu vya mbere vya Bibiliya bidufasha kumenya?

2 Nk’uko nyene igitabu c’Ivyahishuwe cerekana iherezo rininahaye ry’ingorane zavyutse, ibitabu vya mbere vya Bibiliya biratubwira ingene zatanguye. Twihweje ibiri muri ivyo bitabu turashobora gutahura ibibazo vyavyuwe tukongera tugatahura muri rusangi imigambi y’Imana. Mbega ukuntu ivyo bishimishije! Vyongeye, bikwiye gutuma tugira ico dukoze kugira tuze twironkere ivyiza igitangaza biturindiriye. (Zaburi 145:16, 20) Ubu rero vyoba vyiza twihweje uko ibintu vyagenze be n’iciyumviro nyamukuru ca Bibiliya kugira dutahure ikibazo nyamukuru gihanze abantu bose hamwe n’umugambi w’Imana utomoye wo gutorera umuti ico kibazo.

3. Ni ubuhanuzi ubuhe bwo mw’Itanguriro burimwo iciyumviro nyamukuru ca Bibiliya yose, ushizemwo n’Ivyahishuwe?

3 Igitabu ca mbere ca Bibiliya ari co Itanguriro kiravuga ibijanye n’ “intango,” kikadondora ibikorwa vy’irema vy’Imana, ushizemwo n’umuntu ari co kiremwa yasozereyeko. Ico gitabu kiravuga kandi ubuhanuzi bwa mbere Imana ubwayo yavumereye mu murima wa Edeni, hakaba haciye nk’imyaka 6.000. Shetani yari ahejeje gukoresha inzoka kugira ahende umugore wa mbere Eva, na we aca arajijura umugabo wiwe Adamu ngo yifatanye na we mu kurenga itegeko rya Yehova maze arya ku “giti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi.” Mu gucira urubanza uwo mugabo n’umugore b’abacumuzi, Imana yabwiye nya nzoka iti: “Nzoshira inyankane hagati yawe na wa mugore no hagati y’uruvyaro rwawe n’uruvyaro rwiwe. Uyo azogukomeretsa mu mutwe, nawe uzomukomeretsa ku gitsintsiri.” (Itanguriro 1:1; 2:17; 3:1-6, 14, 15) Ubwo buhanuzi burimwo iciyumviro nyamukuru ca Bibiliya yose, ushizemwo n’Ivyahishuwe.

4. (a) Imana imaze kuvuga bwa buhanuzi bwa mbere, ni igiki cashikiye abavyeyi bacu ba mbere? (b) Ni ibibazo ibihe bivyuka ku bijanye n’ubwo buhanuzi, kandi ni kubera iki dukwiye kumenya inyishu zavyo?

4 Imana igiheza kuvuga ubwo buhanuzi, yaciye yirukana abavyeyi bacu ba mbere muri Edeni. Ubuzima budahera mw’Iparadizo bari basezeye; babwirizwa kuba hanze y’iyo Paradizo. Kubera ko bari baciriwe urwo gupfa, bovyaye abana b’abacumuzi. (Itanguriro 3:23–4:1; Abaroma 5:12) Ariko none ubwo buhanuzi bwo muri Edeni busobanura iki? Bwerekeye bande? Bufitaniye isano gute n’igitabu c’Ivyahishuwe? Budufitiye akamaro akahe muri iki gihe? Kugira dukurweko ingaruka z’ico kintu kibabaje catumye Yehova avuga ubwo buhanuzi, birahambaye cane ko tumenya inyishu z’ivyo bibazo.

Abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru

5. Igihe ya nzoka yahenda Eva, ni igiki cabaye ku busegaba bw’Imana n’izina ryayo, kandi iyo ngorane izotorerwa umuti gute?

5 Ubuhanuzi bwo mw’⁠Itanguriro 3:15 bwabwiwe ya nzoka yari ihejeje guhenda Eva ngo ntazopfa niyagambarara, ahubwo ngo azoca yigenga, abe imana. Iyo nzoka rero yashatse kuvuga ko Yehova ari umubeshi be n’uko abantu borushiriza kumererwa neza bateye akagere ubutegetsi bwiwe kaminuza. (Itanguriro 3:1-5) Ubusegaba bwa Yehova bwararwanijwe, izina ryiwe ryiza na ryo rirasigwa iceyi. Igitabu c’Ivyahishuwe kirerekana ukuntu wa Mucamanza agororotse Yehova azokoresha Ubwami burongowe n’Umwana wiwe Yezu Kristu, kugira yemeze ubusegaba bwiwe yongere akure iceyi cose kw’izina ryiwe.—Ivyahishuwe 12:10; 14:7.

6. Igitabu c’Ivyahishuwe kitumenyesha gute uwavuganye na Eva akoresheje inzoka?

6 None iyo “nzoka” ivugwa yoba ari inzoka buyoka? Habe namba! Igitabu c’Ivyahishuwe kiratumenyesha ikiremwa c’impwemu c’ikibisha cari cihishije inyuma y’iyo nzoka. “Ca gisato kinini . . . , ya nzoka yo mu ntango, iyitwa Mubesheranyi na Shetani, umwe azimiza isi yose,” ni yo “yaryosharyosh[eje] Eva ikoresheje urwenge rwayo.”—Ivyahishuwe 12:9; 2 Abakorinto 11:3.

7. Ni igiki cerekana ko umugore avugwa mw’⁠Itanguriro 3:15 atari umuntu buntu?

7 Mw’​Itanguriro 3:15 haca havuga ibijanye n’ “umugore.” None yoba yari Eva? Ashobora kuba yariyumviriye ko ari we. (Gereranya n’⁠Itanguriro 4:1.) Ariko ntivyari gushoboka ko haba inyankane idahera hagati ya Eva na Shetani, kuko ubu haciye imyaka irenga 5.000 Eva apfuye. Vyongeye, kubera ko iyo Nzoka Yehova yariko arabwira cari ikiremwa c’impwemu kitaboneka, twoshobora kwitega ko n’uwo mugore atari umuntu buntu. Mu Vyahishuwe 12:1, 2 haremeza ico kintu, hakerekana ko uwo mugore w’ikigereranyo ari igice co mw’ijuru c’ishirahamwe rya Yehova kigizwe n’ibiremwa vy’impwemu.—Raba kandi Yesaya 54:1, 5, 13.

Imvyaro zibiri zidacana uwaka

8. Kubera iki dukwiye kwitwararika cane ibivugwa kuri za mvyaro zibiri?

8 Mw’⁠Itanguriro 3:15 haca havuga imvyaro zibiri. Turakwiye kuzitwararika cane kuko zifitaniye isano na ca kibazo gihambaye cerekeye uwukwiye kuba segaba w’iyi si. Ivyo twese biraturaba, baba abato canke abakuze. Muri izo mvyaro, ni uruhe ushigikiye?

9. Uruvyaro rwa ya Nzoka rutegerezwa kuba rurimwo bande?

9 Ubwa mbere, hari uruvyaro rwa ya Nzoka. None rugizwe na bande? Nta gukeka ko rurimwo n’ibindi biremwa vy’impwemu vyashigikiye Shetani mu bugarariji bwiwe, bikaruhira “[ku]raririzanywa na we” mu micungararo y’isi. (Ivyahishuwe 12:9) Kubera ko Shetani (Beyezebuli), ari we “mutware w’amadayimoni,” biragaragara ko ayo madayimoni agize ishirahamwe ryiwe ritaboneka.—Mariko 3:22; Abanyefeso 6:12.

10. Bibiliya yerekana gute ko hari abandi bari mu bagize uruvyaro rwa Shetani?

10 Bisubiye, Yezu yabwiye indongozi z’idini ry’Abayuda zo mu gihe ciwe ati: “Mwebwe muva kuri so Shetani, kandi mushaka gushitsa ivyipfuzo vya so.” (Yohani 8:44) Mu kurwanya Yezu Umwana w’Imana, bari berekanye ko na bo nyene ari uruvyaro rwa Shetani, bakaba bamukorera nk’aho yoba ari se. Uko imyaka yagiye irarengana, abandi bantu benshi na bo nyene baragaragaye ko bakora ivyo Shetani agomba, na canecane mu kurwanya no mu guhama abigishwa ba Yezu. Abo bantu tubafatiye hamwe, twoshobora kuvuga ko bagize ishirahamwe rya Shetani riboneka ryo ng’aha kw’isi.—Raba Yohani 15:20; 16:33; 17:15.

Uruvyaro rwa wa mugore rumenyekana

11. Uko ibinjana vyagiye birahaca, ni ibiki Imana yahishuye ku bijanye n’uruvyaro rwa wa mugore?

11 Ubuhanuzi bwo mw’⁠Itanguriro 3:15 buheraheza buvuga ibijanye n’uruvyaro rw’umugore. Mu gihe Shetani yariko aragwiza uruvyaro rwiwe, Yehova yariko arategura “umugore” wiwe, ni ukuvuga ishirahamwe ryo mw’ijuru rimeze nk’umugore, kugira yibaruke uruvyaro. Mu myaka ishika 4.000, Yehova yagiye arahishurira intambwe ku yindi abantu bamugamburukira kandi bamutinya amakuru yerekeye ukuza kw’urwo ruvyaro. (Yesaya 46:9, 10) Gutyo, Aburahamu, Izahaki, Yakobo n’abandi barashoboye kwizera umuhango w’uko urwo ruvyaro rwokomotse mu muryango wabo. (Itanguriro 22:15-18; 26:4; 28:14) Shetani n’abamushigikiye akenshi barahamye abo basavyi ba Yehova kubera ukwizera kwabo kutanyiganyiga.—Abaheburayo 11:1, 2, 32-38.

12. (a) Igihimba nyamukuru ca rwa ruvyaro rw’umugore cabonetse ryari, kandi ni igiki cabaye ico gihe? (b) Yezu yarobanuwe ngo azokore iki?

12 Amaherezo, mu mwaka wa 29 mu Gihe Cacu, wa muntu atunganye Yezu yaraje ku Ruzi Yorodani maze arabatizwa. Yehova yaciye amurobanuza impwemu nyeranda, ati: “Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye.” (Matayo 3:17) Vyaragaragaye rero ko Yezu yarungitswe avuye mu gice co mw’ijuru c’ishirahamwe ry’Imana. Vyongeye, yararobanuwe ngo azobe Umwami w’Ubwami bwo mw’ijuru bwotegetse isi mw’izina rya Yehova, gutyo bugatorera umuti rimwe rizima ca kibazo cerekeye ubutware canke ubusegaba. (Ivyahishuwe 11:15) Yezu rero ni we gihimba nyamukuru ca rwa ruvyaro rw’umugore, akaba ari we Mesiya yari yarasezeranywe.—Gereranya n’Abagalatiya 3:16; Daniyeli 9:25.

13, 14. (a) Kubera iki bidatangaje kumenya ko uruvyaro rwa wa mugore rutobaye rugizwe n’umuntu umwe gusa? (b) Imana yahisemwo abantu bangahe ngo bazobe igihimba c’inyongera c’urwo ruvyaro, kandi bagize igice ikihe c’ishirahamwe? (c) Ni bande kandi bariko barakora bunze ubumwe n’urwo ruvyaro?

13 None uruvyaro rw’uwo mugore rwobaye rugizwe n’umuntu umwe gusa? Bibiliya none ntiyerekana ko uruvyaro rwa Shetani rugizwe n’abamarayika b’ababisha indiri be n’abantu badatera iteka Imana? Ntibitangaje rero kumenya ko Imana ifise umugambi wo guhitamwo abantu 144.000 bagumana ugutungana kugira bazofadikanye kuganza na Mesiya ari we rwa ruvyaro Yezu Kristu. Igitabu c’Ivyahishuwe kiravuga ibijanye na bo igihe kivuga yuko Shetani, mu kugaragaza urwanko afitiye ishirahamwe ry’Imana rimeze nk’umugore, ‘yaciye agenda kurwana n’abasigaye b’uruvyaro rw’uwo mugore.’—Ivyahishuwe 12:17; 14:1-4.

14 Bibiliya ivuga ko abakirisu barobanuwe bitwa bene wabo na Yezu, gutyo bakaba basangiye Se na nyina. (Abaheburayo 2:11) Yehova Imana ni we Se wabo. Nyina wabo rero ategerezwa kuba ari wa “mugore,” ni ukuvuga ishirahamwe ry’Imana ryo mw’ijuru rimeze nk’umugore. Baca baba igihimba c’inyongera ca rwa ruvyaro, Kristu Yezu akaba ari we gihimba nyamukuru. Ishengero ryo kw’isi ry’abo bakirisu barobanujwe impwemu ni ryo rigize igice kiboneka c’ishirahamwe ry’Imana gikora kiyobowe n’igice caryo co mw’ijuru kimeze nk’umugore. Aho mw’ijuru ni ho bazoganzira bari kumwe na Kristu Yezu bamaze kuzuka. (Abaroma 8:14-17; Abagalatiya 3:16, 29) Naho batari mu bagize rwa ruvyaro, abantu amamiliyoni bo mu zindi ntama bava mu mahanga yose bariko barakora bunze ubumwe n’ishirahamwe ry’Imana kw’isi. Woba uri muri ico gitigiri? Nimba urimwo, urafise icizigiro ceza umutima co kuronka ubuzima budahera mw’Iparadizo kw’isi.—Yohani 10:16; 17:1-3.

Ingene inyankane zatanguye

15. (a) Dondora ukuntu uruvyaro rwa Shetani rugizwe n’abantu be n’urugizwe n’abamarayika vyabonetse. (b) Ni ibiki vyashikiye uruvyaro rwa Shetani mu gihe c’Umwuzure wo mu misi ya Nowa?

15 Uruvyaro rwa Shetani rwo kw’isi rwatanguye kwigaragaza kuva abantu bakibaho. Twovuga nk’akarorero Kayini, umwana wa mbere yavukiye kw’isi, “uwakomoka kuri wa mubisha akica mwene wabo” Abeli. (1 Yohani 3:12) Mu nyuma, Henoki yaravuze ibijanye n’ukuza kwa Yehova “[azananye] n’aberanda biwe ibihumbi mirongo, gushitsa urubanza kuri bose, no gukubita intahe mu gahanga abatibanga Imana bose ku bikorwa vyabo vyose vy’ukutibanga Imana bakoze mu kutibanga Imana, no ku bintu vyose vy’akamaramaza abacumuzi batibanga Imana bayivuzeko.” (Yuda 14, 15) Vyongeye, abamarayika b’abagarariji barifatanije na Shetani, baca baba mu bagize uruvyaro rwiwe. “[Barataye] ahantu habo ho kuba hababereye” mw’ijuru kugira biyambike imibiri y’abantu maze barongore abakobwa bo kw’isi. Bavyaye abana b’imvange b’ibigatanya bitoteza abandi. Isi y’ico gihe yari yuzuye ubukazi n’ubukozi bw’ikibi, ku buryo Imana yayitikije ikoresheje Umwuzure, harokoka gusa wa mugabo w’umwizigirwa Nowa n’umuryango wiwe. Ba bamarayika bagambaraye, ubu bakaba ari amadayimoni ategekwa na Shetani, babwirijwe guheba abagore babo n’abana babo b’imvange bari baciriwe rubi. Baciye biyambura umubiri w’abantu, baca basubira mu karere k’impwemu aho Shetani n’urwo ruvyaro rwiwe barindiririye urubanza rw’Imana ruriko rwegereza rwihuta.—Yuda 6; Itanguriro 6:4-12; 7:21-23; 2 Petero 2:4, 5.

16. (a) Ni umuntu w’inkazi uwuhe yadutse inyuma y’Umwuzure, kandi yerekanye gute ko yari mu bagize uruvyaro rwa Shetani? (b) Imana yaburabuje gute abari bihaye kwubaka umunara w’i Babiloni?

16 Haciye igihe gito uwo Mwuzuye ukomeye ubaye, kw’isi haradutse umuntu w’inkazi yitwa Nimurodi. Bibiliya ivuga ko yari “umuhigi w’umunyenkomezi arwanya Yehova,” akaba vy’ukuri yari mu bagize uruvyaro rwa ya Nzoka. Nka kumwe kwa Shetani, yaragaragaje agatima k’ubugarariji yubaka igisagara ca Babeli, ari co Babiloni, kugira arwanye umugambi wa Yehova w’uko abantu bokwiragira kw’isi. Ico gisagara comenyekaniye ku munara ukomeye “w’isonga rishika mu majuru.” Imana yaraburabuje abari bihaye kwubaka uwo munara. Yarayoberanije ururimi rwabo “abasanzaza ku buringanire bwose bw’isi abakuye ng’aho” mugabo arareka igisagara ca Babiloni kigumaho.—Itanguriro 9:1; 10:8-12; 11:1-9.

Haboneka intwaro za politike

17. Uko abantu bagiye barongerekana, ni urwego rubi uruhe abantu bishiriyeho, kandi vyatumye havuka inganji nininini izihe?

17 I Babiloni haradutse inzego zishinzwe n’abantu zarwanya ubusegaba bwa Yehova. Rumwe muri izo nzego rwari urwa politike. Uko abantu bagiye barongerekana, hari abandi bahahamira ubukuru biganye Nimurodi mu kwigarurira ubutegetsi. Umuntu yaratanguye kuganza uwundi mu kumugirira nabi. (Umusiguzi 8:9) Nk’akarorero mu gihe ca Aburahamu, abami b’i Shinari no mu bindi bihugu vya kure barigaruriye Sodomu, Gomora n’ibindi bisagara vyo hafi yaho. (Itanguriro 14:1-4) Amaherezo, abahinga mu vya gisirikare no mu vyo gutunganya ibintu barikebeye inganji nininini kugira bironkere ubutunzi n’icubahiro. Bibiliya iravuga zimwezimwe muri izo nganji, nka Misiri, Ashuri, Babiloni, Ubumedi n’Ubuperesi, Ubugiriki be n’Uburoma.

18. (a) Abasavyi b’Imana babona gute abajejwe intwaro? (b) Ni gute rimwe na rimwe abategetsi bateje imbere imigambi y’Imana? (c) Abatware benshi berekanye gute ko bari mu bagize uruvyaro rwa ya Nzoka?

18 Yehova yararetse izo ntwaro zirabaho, kandi abasavyi biwe bamye bazubaha ku rugero kanaka igihe ari zo zaba zibatwara. (Abaroma 13:1, 2) Rimwe na rimwe, abategetsi barateje imbere imigambi y’Imana canke mbere barakingira abasavyi bayo. (Ezira 1:1-4; 7:12-26; Ivyakozwe 25:11, 12; Ivyahishuwe 12:15, 16) Yamara rero, abategetsi benshi bararwanije bimwe bibi ugusenga kw’ukuri, baba berekanye ko bari mu bagize uruvyaro rwa ya Nzoka.—1 Yohani 5:19.

19. Intwaro z’isi zigereranywa n’iki mu gitabu c’Ivyahishuwe?

19 Ahanini, abategetsi b’abantu vyarabananiye kutuzanira agahimbare no gutorera umuti ingorane ziduhanze. Yehova yararetse abantu baragerageza ubwoko bwose bw’intwaro, ariko ntashima ibibi izo ntwaro zikora be n’ingene zitwara nabi abantu. (Imigani 22:22, 23) Mu gitabu c’Ivyahishuwe, intwaro z’isi zitwaza umukazo zigereranywa n’inyamaswa y’ubwibone kandi iteye ubwoba.—Ivyahishuwe 13:1, 2.

Abadandaza b’umwina

20, 21. Ni umugwi ugira kabiri uwuhe twofatanya n’ “abakomanda ba gisirikare” n’ “abantu b’inkomezi” tukavuga ko uri mu bagize rwa ruvyaro rubi rwa Shetani, kandi kubera iki?

20 Haradutse kandi abadandaza b’indyarya barya kamwe n’abanyapolitike. Inyandiko zacukuwe ahahoze igisagara ca kera ca Babiloni zirerekana ko ico gihe abadandaza bari bamenyereye guca amaboko abantu batobato. N’ubu abadandaza bo mw’isi barabandanya iyo ngeso y’ubwikunzi. Mu bihugu vyinshi usanga abantu bari ku rushi ari abatunzi karuhariwe mu gihe abanyagihugu benshi bugarijwe n’ubukene. Muri iki gihe c’amahinguriro menshi, abadandaza n’abahinguzi bararonse inyungu nyinshi mu kuronsa abanyapolitike ibirwanisho vyinshi vya rutura, ushizemwo ibirwanisho ruhonyanganda biteye ubwoba abantu benshi. Abo badandaza b’umwina bakomakomeye n’abandi nka bo, udasize inyuma “abakomanda ba gisirikare” n’ “abantu b’inkomezi,” bategerezwa kuba bari mu bagize rwa ruvyaro rubi rwa Shetani. Bose bari mw’ishirahamwe ryo kw’isi Imana na Kristu babona ko ribereye gucirwa rubi.—Ivyahishuwe 19:18.

21 Uretse urwo rwego rwononekaye rw’ivya politike hamwe n’urudandaza rw’umwina, hariho urwego rugira gatatu abantu bashizeho rubereye gucirwa rubi n’Imana. None ni uruhe? Woshobora gutangazwa n’ivyo igitabu c’Ivyahishuwe kivuga kuri urwo rwego ruzwi cane rukwiye kw’isi yose.

Babiloni Akomeye

22. Ni ugusenga nyabaki kwatanguriye muri Babiloni ya kera?

22 Intumbero yatumye Babiloni ya kera yubakwa ntiyari iya politike gusa. Kubera ko ico gisagara bacubatse barondera kurwanya ubusegaba bwa Yehova, harimwo n’ivy’idini. Nkako, Babiloni ya kera yahavuye iba isôko ry’ugusenga ibigirwamana. Abaherezi baho barigisha inyigisho zitukisha Imana, nka ya nyigisho y’uko ngo umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa be n’uko ngo hariho ikibanza kiganzwa n’amadayimoni abantu bababarizwamwo ibihe bidahera inyuma y’urupfu. Bararemesha ivyo gusenga ivyaremwe, ibimana n’ibimanakazi vyinshi. Bararemaremye ibitito kugira basigure inkomoko y’isi n’abayibako, bakagira imigirwa iteye isoni be n’ivyo gutanga ibimazi ngo bituma barondoka kandi bimbura vyinshi canke ngo batahukane intsinzi mu ntambara.

23. (a) Igihe abantu basanzara bava i Babiloni bagiye bajanye iki, kandi vyavuyemwo iki? (b) Igitabu c’Ivyahishuwe cita gute inganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma? (c) Idini ry’ikinyoma ryamye rirwanya bande?

23 Igihe abo bantu bavuga indimi zitandukanye b’i Babiloni bakwiragira kw’isi, bagiye bajanye insengo yabo. Ni co gituma imigirwa n’inyigisho bisa n’ivyo muri Babiloni ha kera vyatsimbataye mu basangwabutaka b’i Buraya, muri Afrika, muri Amerika, muri Aziya yo mu buseruko no mu mazinga ari mu biyaga vyo mu gice c’epfo c’isi, kandi nyinshi muri izo nyigisho ziracariho n’ubu. Birabereye rero kubona igitabu c’Ivyahishuwe kivuga ko iyo nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma ari igisagara citwa Babiloni Akomeye. (Ivyahishuwe, ikigabane ca 17, n’ica 18) Aho idini ry’ikinyoma ryashitse hose usanga hari abakuru b’amadini bacinyiza abantu, ukwemera ibintazi, ukutamenya be n’ubuhumbu. Ni igikoresho gikomeye Shetani yagiye arikorako. Babiloni Akomeye yamye irwanya yivuye inyuma abasenga Umukama Segaba Yehova.

24. (a) Ya Nzoka yashoboye gute gukomeretsa “ku gitsintsiri” Uruvyaro rwa wa mugore? (b) Ni kubera iki bivugwa ko ari igikomere gusa co ku gitsintsiri?

24 Abagize igihimba c’uruvyaro rwa ya Nzoka bagirwa n’icaha kuruta abandi ni abanditsi n’Abafarizayo bo mw’idini ry’Abayuda bo mu kinjana ca mbere, kuko bagiye imbere mu guhama umuntu nyamukuru yaserukira uruvyaro rwa wa mugore, baruhira kumwica. Gutyo rero, ya Nzoka yarashoboye ‘gukomeretsa rwa ruvyaro ku gitsintsiri.’ (Itanguriro 3:15; Yohani 8:39-44; Ivyakozwe 3:12, 15) Kubera iki bivugwa ko ari igikomere gusa co ku gitsintsiri? Ni kubera ko ico gikomere camaze igihe gito gusa, ng’aha kw’isi. Nticatevye gukira kuko Yehova yaciye azura Yezu ku musi ugira gatatu maze amushira hejuru mu kumuha ubuzima bw’impwemu.—Ivyakozwe 2:32, 33; 1 Petero 3:18.

25. (a) Ni gute Yezu amaze guhagurukira Shetani n’abamarayika biwe? (b) Uruvyaro rwa Shetani rwo kw’isi ruzorandurwa ryari? (c) Bizogenda gute rwa Ruvyaro rw’umugore w’Imana nirwakomeretsa “mu mutwe” ya nzoka Shetani?

25 Yezu Kristu uwaninahajwe, ubu ari iburyo bw’Imana, akaba ariko acira urubanza abansi ba Yehova. Aramaze guhagurukira Shetani n’abamarayika biwe mu kubaraririza kw’isi ku buryo badashobora gusubira mw’ijuru, ari co gituma ingorane ziguma ziyongera muri iki gihe. (Ivyahishuwe 12:9, 12) Ariko nk’uko vyari vyaravuzwe, uruvyaro rwa Shetani ruzorandurwa kw’isi Imana niyashitsa urubanza rwayo kuri Babiloni Akomeye no ku yindi mice yose y’ishirahamwe rya Shetani ryo ng’aha kw’isi. Amaherezo, Yezu Kristu we Ruvyaro rwa wa mugore w’Imana, azokomeretsa “mu mutwe” Shetani ya nzoka yo kuva kera yiyorobeka, iveho ubutakigaruka, ntisubire gutobera abantu.—Abaroma 16:20.

26. Kubera iki bihambaye cane ko dusuzuma ubuhanuzi bwo mu Vyahishuwe?

26 None ivyo vyose bizoranguka gute? Igitabu ca Bibiliya c’Ivyahishuwe kirabiduhishurira biciye ku bintu Yohani yagiye arerekwa bigizwe n’ibimenyetso be n’ibigereranyo bitangaje. Nimuze twihweze tubishashaye ubwo buhanuzi bukomeye. Vy’ukuri, tuzohimbarwa nitwatega yompi amajambo yo mu Vyahishuwe kandi tukayashira mu ngiro! Gutyo, tuzotera iteka izina ry’Umukama Segaba Yehova maze twironkere imihezagiro idahera. Turagusavye usome n’ibikurikira wongere ushire mu ngiro ivyo wiga. Ivyo birashobora gutuma urokoka iki gihe c’iherezo turimwo.

[Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 13]

Inyandiko za kera zijanye n’ivy’urudandaza

Igitabu kimwe (Ancient Near Eastern Texts) c’uwitwa James B. Pritchard, kirimwo urutonde rw’amategeko nka 300 yegeranijwe na Hammourabi mu gihe ca Babiloni. Ayo mategeko arerekana yuko vyari bikenewe ko batera ivyatsi ubugunge bweruye bwari bwiraye mu badandaza b’ico gihe. Nk’akarorero rimwe muri ayo mategeko rigira riti: “Igihe hari uwuguze canke uwubikijwe n’umuntu ifeza, inzahabu, umushumba, umushumbakazi, ishuri, intama, indogobwa canke ikindi kintu ico ari cose agihawe n’umuhungu w’uwo muntu canke umushumba wiwe ata vyabona canke amasezerano bihari, akwiye kwicwa kuko aba ari igisuma.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika