Abageze mu zabukuru ni umuhezagiro ku bakiri bato
“Mana, ntumpebe, kugeza no mu butāma bganje mmeze imvi; ntarabarira ab’igihe kizoza amaboko yawe, ntarabarira abazovuka bose inkomezi zawe”.—ZABURI 71:18.
1, 2. Ni igiki abasavyi b’Imana bageze mu zabukuru bakwiye gutahura, kandi ni igiki tugiye kurimbura?
IGIHE kimwe umukurambere mukirisu umwe wo muri Afirika yo mu Burengero yaragendeye umuvukanyi yasizwe ageze mu zabukuru maze amubaza ati: “Amakuru yawe?”. Uwo muvukanyi yishuye agerageza kwigana ivyo ariko aravuga, ati: “Ndashobora kwiruka, gutaruka, gusimba no kugenda sankoko”. Yaciye yongerako ati: “Mugabo, sinshobora kuguruka”. Ico yashaka kuvuga carumvikana. Ni nk’aho yashaka kuvuga ati: ‘Ico nshoboye gukora, ndahimbarwa no kugikora, ariko ico ntashoboye, sindagikora’. Uwo mukurambere yagendeye uwo mukirisu yasizwe, ubu ageze mu myaka 80 kandi arahimbarwa no kwibuka ukuntu uwo muvukanyi yatwenza be n’ukuntu yari intahemuka.
2 Kamere zishimwa n’Imana uwugeze mu zabukuru agaragaza zirashobora kugira ikintu kimara igihe kirekire zikoze ku bandi. Ariko ntiwumve, kwiterera mu myaka si vyo bica bituma umuntu agira ubukerebutsi na kamere nk’iza Kristu (Umusiguzi 4:13). Bibiliya ivuga iti: “Imvi ku mutwe n’igitsibo c’icubahiro, [iyo kibonetse] mu nzira y’ubugororotsi” (Imigani 16:31). Niba witereye mu myaka, woba utahura ukuntu ivyo uvuga be n’ivyo ukora bishobora kugirira abandi akamaro? Rimbura uturorero tumwetumwe two muri Bibiliya twerekana ukuntu abageze mu zabukuru babaye umuhezagiro nyakuri ku bakiri bato.
Ukwizera kwashitse ku bintu bikomeye
3. Ukudahemuka kwa Nowa kwagize ico gukoze gute ku bantu bose bariho muri iki gihe?
3 Ukwizera kwa Nowa be n’ugushikama kwiwe vyaravuyemwo ivyiza bigirira abantu akamaro no muri iki gihe. Nowa yariko aregereza imyaka 600 igihe yubaka ubwato, agakorakoranya ibikoko akongera akabwira inkuru nziza ababanyi biwe (Itanguriro 7:6; 2 Petero 2:5). Kubera ko Nowa yatinya Imana, we n’umuryango wiwe bararokotse wa Mwuzure uhambaye, ivyo bikaba vyatumye aba sekuruza w’abantu bose bari kw’isi ubu. Ni ivy’ukuri ko Nowa yabayeho mu gihe abantu bari bakiramba cane. Yamara, naho yari yitereye cane mu myaka, yagumye ari intahemuka, kandi ivyo vyavuyemwo imihezagiro ihambaye. Uti gute?
4. Ugushikama kwa Nowa kwamariye iki abasavyi b’Imana muri iki gihe?
4 Nowa yari mu gushikana imyaka 800 igihe Nimurodi yatangura kwubaka wa Munara w’i Babeli arondera kurenga kw’itegeko Yehova yari yaratanze rijanye n’‘ukwuzura isi’ (Itanguriro 9:1; 11:1-9). Yamara, Nowa ntiyagize uruhara muri ubwo bugarariji bwa Nimurodi. Ku bw’ivyo, birashoboka ko ururimi yavuga rutahindutse igihe abari bagararije bayoberanirizwa ururimi. Ukwizera kwa Nowa be n’ugushikama kwiwe, izo na zo zikaba ari kamere yagaragaje mu buzima bwiwe bwose atari gusa mu gihe yari ageze mu zabukuru, mu vy’ukuri birabereye ko abasavyi b’Imana bafise imyaka itandukanye bazigana.—Abaheburayo 11:7.
Baragira akosho keza ku miryango yabo
5, 6. (a) Igihe Aburahamu yari afise imyaka 75, Yehova yamubwiye gukora iki? (b) Aburahamu yakiriye gute itegeko Imana yari imuhaye?
5 Akosho keza abageze mu zabukuru bashobora kugira ku kwizera kw’abagize imiryango yabo, karagaragarira ku buzima bwa ba sekuruza b’imiryango babayeho inyuma ya Nowa. Aburahamu yari afise nk’imyaka 75 igihe Imana yamubwira iti: “Va mu gihugu canyu, no mu muryango wanyu, no mu nzu ya so, uje mu gihugu nzokwereka. Nanje nzoguhindura ubgoko bukomeye, nzoguha umugisha”.—Itanguriro 12:1, 2.
6 Iyumvire nka hamwe wobwirwa guheba urugo wabamwo, abagenzi bawe, igihugu cawe c’amavukiro, be n’ugutekanirwa wari wifitiye uri mu ncuti zawe, maze ngo uje mu gihugu utazi. Ivyo ni vyo nyene Aburahamu yabwiwe gukora. ‘Yaragiye nk’uko Uhoraho amubariye’, maze imyaka yose yari asigaje kubaho ayimara aba mu mahema ari umunyamahanga n’inyambukira mu gihugu c’i Kanani (Itanguriro 12:4; Abaheburayo 11:8, 9). Naho Yehova yari yabwiye Aburahamu yuko yobaye “ubgoko bukomeye”, yapfuye hagisigaye imyaka myinshi cane ngo abamukomotseko bagwire. Umukenyezi wiwe Sara yamuvyariye umuhungu umwe gusa, ari we Isaka, na ho nyene amuvyara Aburahamu arinze kumara imyaka 25 aba mu gihugu yasezeraniwe (Itanguriro 21:2, 5). Ariko, Aburahamu ntiyarambiwe ngo bitume yisubirira mu gisagara yari yaje avamwo. Mbega akarorero k’ukwizera n’ukwihangana!
7. Ukwihangana kwa Aburahamu kwagize ico gukoze gute ku muhungu wiwe Isaka, kandi umuryango w’abantu ukwungukirako gute?
7 Ukwihangana kwa Aburahamu kwaragize ikintu gikomeye gukoze ku muhungu wiwe Isaka, uwamaze ubuzima bwiwe bwose, ni ukuvuga imyaka 180, ari inyambukira mu gihugu c’i Kanani. Ukwihangana kwa Isaka kwari gushingiye ku kwizera ivyo Imana yasezeranye, ukwo kukaba ari ukwizera yaronse biciye ku bavyeyi biwe bari bageze mu zabukuru, mu nyuma na ho gukomezwa n’ivyo Yehova ubwiwe yamubwiye (Itanguriro 26:2-5). Ugushikama kwa Isaka kwaragize uruhara rukomeye mw’iranguka ry’umuhango Yehova yatanze werekeye “uruvyaro” rwotumye umuryango w’abantu uronka umuhezagiro, rukaba rwokomotse mu muryango wa Aburahamu. Haciye imyaka amajana n’amajana, Yezu Kristu, we gihimba nyamukuru ca nya “ruvyaro”, yaratumye abantu bose bamwizera bashobora gusubiza hamwe n’Imana no kuzoronka ubuzima budahera.—Ab’i Galatiya 3:16; Yohana 3:16.
8. Yakobo yagaragaje gute ukwizera gukomeye, kandi ivyo vyavuyemwo iki?
8 Isaka na we yarafashije umuhungu wiwe Yakobo gutsimbataza ukwizera gukomeye kwamufashije no mu myaka yiwe y’ubusaza. Yakobo yari afise imyaka 97 igihe yamara ijoro ryose anigana n’umumarayika arondera umuhezagiro (Itanguriro 32:24-28). Imbere y’uko Yakobo apfa afise imyaka 147, yarinanase arahezagira umwumwe wese mu bahungu biwe 12 (Itanguriro 47:28). Amajambo y’ubuhanuzi yavuze, ayo dusanga ubu mw’Itanguriro 49:1-28, yaragaragaye ko ari ay’ukuri kandi n’ubu iranguka ryayo ririko riraba.
9. Twovuga iki ku bijanye n’akosho keza abageze mu zabukuru bakomeye mu vy’impwemu bagira ku miryango yabo?
9 Urabona ko abasavyi b’Imana b’intahemuka bageze mu zabukuru bashobora kugira akosho keza ku bagize imiryango yabo. Inyigisho ishingiye ku Vyanditswe batanga yuhiriwe n’impanuro ziranga ubukerebutsi hamwe n’akarorero kabo k’ukwihangana, birashobora gufasha cane uwukiri muto gukurana ukwizera gukomeye (Imigani 22:6). Abageze mu zabukuru ntibakwiye kwigera bafatira mu rwara akosho keza gakomeye bashobora kugira ku miryango yabo.
Baragira akosho keza ku bo basangiye ukwizera
10. Ni irihe ‘tegeko Yozefu yatanze ku vyerekeye amagufa yiwe’, kandi ivyo vyavuyemwo iki?
10 Abageze mu zabukuru barashobora kandi kugira akosho keza ku bo basangiye ukwizera. Yozefu umuhungu wa Yakobo, igihe yari ageze mu zabukuru yarakoze igikorwa kiranga ukwizera gisanzwe, yamara cagize ikintu kinini gikoze ku basenga b’ukuri amamiliyoni babayeho inyuma yiwe. Yari afise imyaka 110 igihe “[yatanga] itegeko ku vyerekeye amagufa yiwe”, iryasaba ko Abisirayeli bogenda bayajanye baramutse bavuye mu Misiri (Abaheburayo 11:22, NW; Itanguriro 50:25). Iryo tegeko ryaratumye Abisirayeli barushiriza kugira icizigiro mu myaka myinshi bamaze bacurwa bufuni na buhoro inyuma y’aho Yozefu apfiriye, rirabakura amazinda yuko borokowe bakava mu buja barimwo.
11. Ni akosho keza akahe Musa, uwari ageze mu zabukuru, ashobora kuba yaragize kuri Yosuwa?
11 Musa ni umwe mu baremeshejwe n’ayo majambo ya Yozefu. Igihe Musa yari afise imyaka 80, yaratewe agateka ko gutwara amagufa ya Yozefu ayakuye mu Misiri (Kuvayo 13:19). Ni nko muri ico gihe nyene ashobora kuba yaramenyanye na Yosuwa, uwari muto cane kuri we. Mu myaka 40 yakurikiye, Yosuwa yarabaye umusuku wa Musa (Guharūra 11:28). Yaraherekeje Musa ku Musozi Sinayi kandi yagumye amurindiriye gushika amanutse azanye vya bisate vy’Ibishinga intahe (Kuvayo 24:12-18; 32:15-17). Ese ukuntu Musa, uwari ageze mu zabukuru, ategerezwa kuba yarabereye Yosuwa isoko ry’impanuro nyinshi ziranga ubuhumure n’ubukerebutsi!
12. Ni mu buryo ki Yosuwa yagize akosho keza kw’ihanga rya Isirayeli igihe yari akiriho?
12 Yosuwa na we yararemesheje ihanga rya Isirayeli mu gihe cose yamaze akiriho. Mu Bacamanza 2:7, hatubwira hati: “Yosuwa akiriho, abantu bāgumye k’Uhoraho, no mu gihe cose c’abakuru bāsigaye Yosuwa amaze gupfa, abāri bārabonye ibikorwa vyose bihambaye Uhoraho yakoreye Abisirayeli”. Ariko rero, inyuma y’aho Yosuwa hamwe n’abandi bakuru bapfiriye, haciye hatangura ikiringo c’imyaka 300 Abisirayeli bamaze bata batora hagati y’ugusenga kw’ukuri n’ugusenga kw’ikinyoma, icabashikanye mu gihe c’umuhanuzi Samweli.
Samweli ‘yarakoze ibigororotse’
13. Ni ibiki Samweli yagize vyerekana ko ‘yakoze ibigororotse’?
13 Bibiliya ntivuga imyaka Samweli yari afise igihe yapfa, mugabo ibintu bivugwa mu gitabu ca Samweli wa mbere vyabaye mu myaka nka 102, kandi vyinshi muri vyo yaravyiboneye. Mu Baheburayo 11:32, 33, dusoma ko abacamanza n’abahanuzi b’intungane ‘bakoze ibigororotse’. Mu vy’ukuri, Samweli yaragize akosho keza ku bantu bamwebamwe bo mu gihe ciwe, atuma birinda gukora ikibi, canke kugiheba (1 Samweli 7:2-4). None yabigenjeje gute? Yagumye ari intahemuka kuri Yehova mu buzima bwiwe bwose (1 Samweli 12:2-5). Ntiyatinya gutanga impanuro zikomeye no mu gihe vyasaba ko aziha umwami (1 Samweli 15:16-29). N’ikindi kandi, Samweli amaze ‘gusaza no kumera imvi’, yarabaye intangakarorero mu vyo gusenga asabira abandi. Yavuze yuko ‘bitomuzako gucumura k’Uhoraho mu kureka gusenga’ asabira Abisirayeli bagenziwe.—1 Samweli 12:2, 23.
14, 15. Abageze mu zabukuru bo muri iki gihe bashobora gute kwigana Samweli mu bijanye n’isengesho?
14 Ivyo vyose birerekana uburyo nyamukuru abageze mu zabukuru bashobora kubera akosho keza abasavyi ba Yehova nka bo. Naho abitereye mu myaka hariho ivyo badashoboye bivanye n’amagara bafise canke bivanye n’ibindi bintu, barashobora gusenga basabira abandi. Yemwe bageze mu zabukuru, mwoba mutahura ukuntu ishengero ryungukira cane ku masengesho mutura? Kubera yuko mwizera amaraso ya Kristu yasesetse, muremerwa na Yehova, kandi kubera yuko mwagaragaje ukwihangana, ukwizera kwanyu kwararonse “agaciro kagejejwe” (Yakobo 1:3; 1 Petero 1:7, NW). Ntimwigere mwibagira iki kintu: “Ugusaba kw’umugororotsi kugira ikimazi kuri vyinshi mu gikorwa cakwo”.—Yakobo 5:16.
15 Amasengesho mutura ku bijanye n’ugushigikira igikorwa cerekeye Ubwami bwa Yehova arakenewe. Bamwe mu bavukanyi bacu bari mw’ibohero kubera ko batagira aho bahengamiye mu vya politike. Abandi na bo bariko barashikirwa n’amakuba aterwa n’ivyago vy’ivyaduka, intambara be n’indyane z’abanyagihugu. Hari n’abandi bo mu mashengero dukukira usanga bariko barashikirwa n’ibigeragezo canke barwanywa (Matayo 10:35, 36). Abariko baja imbere muri ca gikorwa co kwamamaza bongera bacungera amashengero, na bo nyene barakeneye amasengesho mutura mudahorereza mubasabira (Abanyefeso 6:18, 19; Ab’i Kolosayi 4:2, 3). Ese ukuntu ari vyiza kubona mushira abo musangiye ukwizera mu masengesho mutura, nka kurya nyene Epafura yabigira!—Ab’i Kolosayi 4:12.
Barigisha ab’igihe kizoza
16, 17. Ni ibiki vyari vyaravuzwe muri Zaburi 71:18, kandi vyarangutse gute?
16 Ukwifatanya n’abagize “ubusho buto” b’intahemuka, abafise umuhamagaro wo kuba mw’ijuru, kwaratumye abagize “izindi ntama”, abafise icizigiro co kuzoba kw’isi ibihe bidahera, bamenyerezwa mu bintu bihambaye (Luka 12:32; Yohana 10:16). Ivyo vyari vyaravuzwe muri Zaburi 71:18, aho dusoma duti: “Mana, ntumpebe, kugeza no mu butāma bganje mmeze imvi; ntarabarira ab’igihe kizoza amaboko yawe, ntarabarira abazovuka bose inkomezi zawe”. Abakirisu basizwe impwemu baramenyereje babigiranye ishaka bagenzi babo bo mu zindi ntama ku bw’amabanga yiyongereye, batarabavamwo ngo bahabwe ubuninahazwa hamwe na Yezu Kristu.
17 Ku bwa ngingo, ibivugwa muri Zaburi 71:18 vyerekeye kwigisha “ab’igihe kizoza” birashobora kandi kwerekezwa ku bo mu zindi ntama, bamenyerejwe n’abasavyi b’Imana basizwe. Yehova yarajeje abageze mu zabukuru ibanga ryo kumushingira intahe kuri abo bariko baraza mu gusenga kw’ukuri muri iki gihe (Yoweli 1:2, 3). Abagize izindi ntama babona ko ivyo bigishijwe n’abasizwe ari umuhezagiro, kandi baravyurirwa umutima wo kubwira n’abandi bipfuza gukorera Yehova ivyo bintu bize bishingiye ku Vyanditswe.—Ivyahishuriwe 7:9, 10.
18, 19. (a) Ni ibintu ibihe vy’agaciro abasavyi ba Yehova benshi bageze mu zabukuru bashobora kubwira abandi? (b) Ni igiki abakirisu bageze mu zabukuru bakwiye kwizigira badakeka?
18 Abasavyi ba Yehova bageze mu zabukuru, baba abasizwe canke abo mu zindi ntama, bariboneye ibintu bihambaye vyabaye muri kahise. Haracariho bakeyi bari bahari igihe hatangura kwerekanwa ya “Daramu y’amafoto y’ivy’irema”. Bamwebamwe bari bazi abavukanyi bari bahagarikiye igikorwa bapfunzwe mu 1918. Abandi na bo baragize uruhara mu biganiro vyashikirizwa kuri ya nsamirizi ya Watchtower ari yo WBBR. Benshi barashobora kuvuga ivyerekeye igihe Ivyabona vya Yehova baburaniye umwidegemvyo wabo wo mu vy’idini muri za sentare nkurunkuru. Hari n’abandi bagumye bashikamye ku gusenga kw’ukuri mu gihe c’intwaro z’igikenye. Mu vy’ukuri, abageze mu zabukuru barashobora kwigana ukuntu ukuri kwagiye kurahishurwa buhorobuhoro. Bibiliya ituremesha kwungukira kuri ivyo bintu vyinshi biboneye.—Gusubira mu vyagezwe 32:7.
19 Abakirisu bageze mu zabukuru bahimirizwa kubera abakiri bato akarorero keza (Tito 2:2-4). Hari aho kumbure utoba ubona ukuntu ukwihangana kwawe, amasengesho utura be n’impanuro utanga bigira ico bikoze ku bandi. Birashoboka ko Nowa, Aburahamu, Yozefu, Musa be n’abandi batamenye ivyiza bikomeye ukudahemuka kwabo kwagize ku barutse mu nyuma yabo. Yamara, iragi ryabo ry’ukwizera n’ukutadohoka ryaragize ico rikoze gikomeye cane; n’iryanyu ni ukwo.
20. Abaguma bafise icizigiro kitanyiganyiga gushika kw’iherezo biteze iyihe mihezagiro?
20 Waba uzorokoka ya “marushwa ahambaye” canke uzozurwa, ese ukuntu bizoba bihimbaye kwironkera ‘ubuzima nyakuri’ (Matayo 24:21; 1 Timoteyo 6:19)! Iyumvire ukuntu ibintu bizoba bimeze mu gihe ca ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi, Yehova niyakuraho buhere ingaruka z’ubusaza. Aho kugenda turayonga ku mubiri, buri musi tuzovyuka dufise amagara arushirije kuba meza, ni ukuvuga dufise inguvu ziyongereye, turushiriza kubona neza, kwumva neza no gusa neza (Yobu 33:25; Yesaya 35:5, 6). Abazoterwa agateka ko kuba mw’isi nshasha y’Imana bazokwama ari bato ugereranije n’akaryo bazoba bafise ko kubaho ibihe bidahera (Yesaya 65:22). Ku bw’ivyo rero, nimuze twese tugumane icizigiro kitanyiganyiga gushika kw’iherezo kandi tubandanye gusukurira Yehova n’ubugingo bwacu bwose. Turemera tudakeka ko Yehova azoshitsa ibintu vyose yasezeranye kandi ko ivyo azokora bizoba biruta kure n’iyo ivyo twokwitega vyose.—Zaburi 37:4; 145:16.
Wokwishura gute?
• Ni mu buryo ki ugushikama kwa Nowa, uwari ageze mu zabukuru, kwazaniye imihezagiro umuryango w’abantu?
• Ukwizera kwa ba sekuruza b’imiryango kwagize ico gukoze gute ku babakomotseko?
• Igihe Yozefu, Musa, Yosuwa na Samweli bari bitereye mu myaka, bakomeje gute abo bari basangiye ukwizera?
• Ni iragi irihe abageze mu zabukuru bashobora gusiga?
[Ifoto ku rup. 26]
Ukwihangana kwa Aburahamu kwaragize ikintu gikomeye gukoze kuri Isaka
[Ifoto ku rup. 28]
Impanuro ziranga ubuhumure Musa yahaye Yosuwa zaramuremesheje
[Ifoto ku rup. 29]
Amasengesho mutura musabira abandi arashobora kugira ivyiza vyinshi ashitseko
[Ifoto ku rup. 30]
Abakiri bato barungukira ku kwumviriza abageze mu zabukuru b’intahemuka