ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/3 rup. 21-26
  • Ibiringo Bikomakomeye vy’Imisi Mikuru mu Gihe c’Abisirayeli

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibiringo Bikomakomeye vy’Imisi Mikuru mu Gihe c’Abisirayeli
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Agaciro ka ya Misi Mikuru Ihambaye
  • Mu Gihe c’Abami bo mu Muryango wa Dawidi
  • Inyuma y’Uguhabishwa
  • Mu Kinjana ca Mbere G.C.
  • ‘Muze munezerwe rwose’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ingene twungukira ku misi mikuru y’ibiringo
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/3 rup. 21-26

Ibiringo Bikomakomeye vy’Imisi Mikuru mu Gihe c’Abisirayeli

“Haze harenguke izinamuhungu wese imbere y’Uhoraho Imana yanyu gatatu-gatatu mu mwaka, barenguke ha hantu azoba yātoranije. . . . ariko ntibaze barenguke imbere y’Uhoraho iminwe misa.”—GUSUBIRA MU VYAGEZWE 16:16.

1. Twovuga iki ku vyerekeye ibiringo vy’imisi mikuru mu bihe vya Bibiliya?

NI IGIKI kikuza mu bwenge iyo wiyumviriye ivy’umusi mukuru? Imisi mikuru imwimwe yo mu bihe vya kera yarangwa n’ukudandahirwa hamwe n’ubushegabo. No mu misi mikuru ya kino gihe ni ko bimera. Ariko imisi mikuru ivugwa mu Vyagezwe Imana yahaye Isirayeli si ko yari iri. Naho vyari ibihe vy’umunezero, yarashobora kandi kuvugwa ko ari ‘amakoraniro yera.’—Abalewi 23:2.

2. (a) Abantu b’abagabo muri Isirayeli basabwa kugira iki gatatu mu mwaka? (b) Nk’uko imvugo ngo “[i]misi mikuru” ikoreshejwe muri Gusubira mu Vyagezwe 16:16, isigura iki?

2 Abagabo bizerwa bo muri Isirayeli barakura umunezero w’inkoramutima ku kugira ingendo baja i Yeruzalemu kenshi bakajana n’imiryango yabo, ‘ahantu Yehova yatoranije,’ bagafasha batiziganya kugira hagirwe imisi mikuru itatu ihambaye. (Gusubira mu Vyagezwe 16:16) Igitabu Old Testament Word Studies gisigura ijambo ry’Igiheburayo ryahinduwemwo ngo “[i]misi mikuru” muri Gusubira mu Vyagezwe 16:16 ko cari “igihe c’umunezero mwinshi . . . aho ibihe vyabayemwo ibintu bigaragaza ubutoni bw’Imana vyahimbazwa mu gutanga ibimazi no mu kwitereka amazimano.”a

Agaciro ka ya Misi Mikuru Ihambaye

3. Ni imigisha iyihe ya misi mikuru itatu yaba buri mwaka yibukiriza?

3 Kubera ko Abisirayeli bari abarimyi, bari batunzwe n’umugisha w’Imana biciye ku mvura. Iyo misi mikuru itatu ihambaye yo mu Vyagezwe vya Musa yahurirana n’itororokanywa ry’umusaruro wa sayiri mu ntango z’impeshi yaho, isarura ry’ingano mu mpera z’impeshi, n’igice gisigaye c’isarura mu mpera z’ici. Ivyo vyari ibihe vy’ukunezerwa kwinshi hamwe n’ugukurira ubwatsi Nyenekuzigama urukurikirane ntangamvura akaba na we Muremyi w’isi ndimwa. Ariko iyo misi mikuru yarimwo n’ibindi.—Gusubira mu Vyagezwe 11:11-14.

4. Ni ikintu ikihe c’intibagirwa cahimbajwe ku musi mukuru wa mbere?

4 Umusi mukuru wa mbere waba mu kwezi kwa mbere kwo ku kirangamisi ca kera ca Bibiliya, guhera ku wa 15 gushika ku wa 21 Nisani, ahahuye n’impera z’ukwa Ntwarante canke intango z’ukwa Ndamukiza muri iki gihe. Iyo misi yitwa Imisi Mikuru y’Imitsima Itambiwe, kandi kubera ko yaca ikurikira havuye Pasika yo ku wa 14 Nisani, yitwa kandi “[i]misi mikuru ya Pasika.” (Luka 2:41; Abalewi 23:5, 6) Uwo musi mukuru waributsa Isirayeli ukubohozwa kwabo igihe bava mu magorwa muri Egiputa, iyo mitsima itambiwe ikitwa rero “[i]mitsima y’amagorwa.” (Gusubira mu Vyagezwe 16:3) Warabibutsa ko uguhunga kwabo igihe bava muri Egiputa kwihuse ku buryo hatari habonetse umwanya wo gushira umwambiro mu mutsima wabo ngo barindire ko uvyimba. (Kuvayo 12:34) Kuri uwo musi mukuru nta mukate wambiwe wari busangwe mu nzu y’Umwisirayeli. Uwo wese yahimbaza uwo musi, naho yaba ari umunyamahanga ahagerereye, ariye umukate wambiwe yahanishwa ukwicwa.—Kuvayo 12:19.

5. Umusi mukuru ugira kabiri ushobora kuba wibukirije akahe gateka, kandi mu kunezerwa hajamwo na bande?

5 Umusi mukuru ugira kabiri waba inyuma y’amayinga indwi (imisi 49) inyuma y’igenekerezo rya 16 Nisani hanyuma ugahura n’umusi ugira 6 w’ukwezi kwa gatatu, ari kwo Sivani, guhuye n’impera z’ukwa Rusama muri iki gihe. (Abalewi 23:15, 16) Witwa Umusi Mukuru w’Amayinga (mu gihe ca Yezu, witwa kandi Pentekote, mu Kigiriki rigasobanura ngo “Kigira Mirongwitanu”), ukaba wagirwa nko ku gihe nyene co mu mwaka Isirayeli yinjiriye mw isezerano ry’Ivyagezwe ku Musozi Sinayi. (Kuvayo 19:1, 2) Mu gihe c’uwo musi mukuru, Abisirayeli b’abizerwa bashobora kuba barazirikana ku gateka bari barahawe ko kuba barashizwe ukwabo ngo babe ihanga ryeranda ry’Imana. Ukuba bari igisata Imana yiharije vyasaba ko bumvira Ivyagezwe vy’Imana, nka rya bwirizwa ry’ukwitwararikana urukundo ba ntaconiha, kugirango na bone bashobore kunezererwa uwo musi mukuru.—Abalewi 23:22; Gusubira mu Vyagezwe 16:10-12.

6. Ni ivyabaye ibihe umusi mukuru ugira gatatu wibukije abantu b’Imana?

6 Uwa nyuma muri iyo misi mikuru itatu ihambaye yagirwa buri mwaka witwa Umusi Mukuru w’Ishwabura canke Umusi Mukuru w’Insago. Waba mu kwezi kugira indwi, arikwo Tishiri canke Etanimu, guhera ku musi ugira 15 gushika ku wugira 21, hagahura n’intango z’ukwa Gitugutu muri iki gihe. (Abalewi 23:34) Muri ico gihe, abantu b’Imana baba hanze y’amazu yabo canke ku bisenge vyabo mu bibanda (insago) vy’igihe gito bikozwe mu mashami n’amababi y’ibiti. Ivyo vyarabibutsa urugendo bagize rwamaze imyaka 40 bava muri Egiputa baja mu Gihugu c’Isezerano, aho iryo hanga ryabwirijwe kwiga kwiheka ku Mana kugirango baronke ivyo bakeneye vya buri musi.—Abalewi 23:42, 43; Gusubira mu Vyagezwe 8:15, 16.

7. Ni mu buryo ubuhe dukura ivyiza ku kwihweza amahimbaza y’imisi mikuru yo muri Isirayeli ya kera?

7 Reka dusubiremwo imisi mikuru imwimwe yabonetse ko yari ibiringo bikomakomeye mu bihe vy’abantu b’Imana ba kera. Ivyo bikwiye kuturemesha muri iki gihe, kuko na twebwe nyene dutumirwa gutororokanira hamwe ubudahorereza buri yinga na gatatu ku mwaka mu materaniro maninimanini y’imizunguruko n’ay’intara.—Abaheburayo 10:24, 25.

Mu Gihe c’Abami bo mu Muryango wa Dawidi

8. (a) Ni ihimbaza irihe ry’intibagirwa ryagizwe mu misi y’Umwami Salomo? (b) Ni igihe c’agaheta gihambaye ikihe dushobora kwitega ku Musi Mukuru w’Insago w’ikigereranyo?

8 Ihimbaza ry’intibagirwa ryo ku Musi Mukuru w’Insago ryarabaye mu gihe c’ingoma isagamvye y’Umwami Salomo mwene Dawidi. “Ikoraniro rinini cane” ryaratororokanye rivuye ku mpera z’Igihugu c’Isezerano ngo rihimbaze Umusi Mukuru w’Insago ryongere ryinjire urusengero. (2 Ngoma 7:8) Urangiye, Umwami Salomo yarasezeye abariko barawuhimbaza, bano “baramuhezagira, basubira i wabo banezerewe, bahimbawe mu mitima yabo kubg’ivyiza vyose Uhoraho yagiriye umusavyi wiwe Dawidi n’abantu biwe b’Abisirayeli.” (1 Abami 8:66) Ico vy’ukuri cari ikiringo gikomeye c’umusi mukuru. Muri iki gihe, abasavyi b’Imana biteze ca gihe c’agaheta gikomeye c’Umusi Mukuru w’Insago w’ikigereranyo mu mpera za ya Ngoma y’Imyaka Igihumbi ya Salomo Mukuru, ari we Yezu Kirisitu. (Ivyahishuriwe 20:3, 7-10, 14, 15) Ico gihe, abantu baba mu mpande zose z’isi, gushiramwo abazutse n’abarokotse Harumagedoni, bazokwunga ubumwe mu gusenga Yehova Imana n’umunezero.—Zekariya 14:16.

9-11. (a) Ni igiki catumye haba ikiringo gikomeye c’umusi mukuru mu misi y’Umwami Hezekiya? (b) Ni akarorero akahe katanzwe na benshi mu bo mu bwami bwo mu buraruko bwari bugizwe n’imiryango cumi, kandi ivyo bitwibutsa iki muri iki gihe?

9 Umusi mukuru wibonekeje ukurikira uvugwa muri Bibiliya, waje inyuma y’inganji y’Umwami mubi Ahazi, uwari yarugaye urusengero hanyuma ubwami bw’i Yudaya abwinjiza mu buhuni. Uwasubiriye Ahazi yabaye Umwami mwiza Hezekiya. Mu mwaka wa mbere w’ingoma yiwe, amaze imyaka 25 y’amavuka, Hezekiya yatanguye umugambi munini w’ugusubiza ibintu mu buryo no kubitunganya bundi busha. Yaciye yugurura urusengero hanyuma araringaniza ivy’uko rwosubira gusanwa. Maze uwo mwami yarungikiye amakete Abisirayeli baba muri bwa bwami bwa Isirayeli bwabanka bibi, ubwari bugizwe n’imiryango cumi bwo mu buraruko, arabatumira ngo baze hanyuma bahimbaze Pasika hamwe n’Imisi Mikuru y’Imitsima Itambiwe. Abenshi baraje, naho nyene abandi babatwengeye mw ijigo.—2 Ngoma 30:1, 10, 11, 18.

10 Mbega uwo musi mukuru wagenze neza? Bibiliya yigana iti: “Nukw Abisirayeli bāri bakoraniye i Yerusalemu bamara imisi ndwi bari mu misi mikuru y’imitsima itambiwe bafise umunezero mwinshi; kand’Abalewi n’abaherezi bāhimbaza Uhoraho uko bukeye, bamuririmbira n’amajwi arenga.” (2 Ngoma 30:21) Ese akarorero keza kari aho Abisirayeli bahaye abantu b’Imana bo muri iki gihe, benshi muri bo bakaba barindirako ukurwanywa kandi bakagira ingendo ndende baja kwitaba amateraniro y’intara!

11 Nk’akarorero, iyumvire ya Materaniro y’Intara atatu yo mu 1989 yabereye muri Polonye, ayari yataziriwe ngo “Ukuyoboka ku Mana.” Mu bantu 166 518 bari bayitavye harimwo imigwi mininiminini y’abavuye mu bihugu vyahoze ari Abasovyeti Bunze Ubumwe hamwe n’ibindi bihugu vyo mu Buraya bw’Ubuseruko aho igikorwa c’Ivyabona vya Yehova cari kibujijwe ico gihe. Igitabu Les Témoins de Jéhovah: Prédicateurs du Royaume de Dieub kivuga giti: “Kuri bamwe mu bari bitavye ayo materaniro, bwari bwo bwa mbere baza ku mutororokano munini w’abantu ba Yehova barenze 15 canke 20. Imitima yabo yarabogaboze ugushima igihe batereza ijisho ku bantu ibihumbi mirongo bari mu kibuga, bakifatanya na bo mw isengesho, kandi bagashira hamwe amajwi yabo mu ndirimbo z’ugushemeza Yehova.”—Urupapuro 279.

12. Ni giki catumye haba ikiringo gikomeye c’umusi mukuru mu gihe c’ingoma y’Umwami Yosiya?

12 Aho Hezekiya amariye gupfa, Abayuda barasubiriye kuyoba baja mu gusenga kw’ikinyoma ku ngoma y’Umwami Manase n’Umwami Amoni. Maze haza ingoma y’uwundi mwami mwiza, umusore Yosiya, uwahagurutse n’ubutwari bwinshi agasubiza umutamana usugenga kw’ukuri. Ku myaka 25 y’amavuka, Yosiya yategetse ko urusengero rusubira gusanwa. (2 Ngoma 34:8) Igihe iryo sanwa ryariko rigirwa, Ivyagezwe vyanditswe na Musa vyasanzwe muri urwo rusengero. Umwami Yosiya yarakozwe ku mutima cane n’ivyo asomye mu Vyagezwe vy’Imana hanyuma aringaniza ivy’uko bisomerwa abantu bose. (2 Ngoma 34:14, 30) Maze, akurikije ivyari vyanditswe, aratunganya ihimbazwa rya Pasika. Uwo mwami kandi yaratanze akarorero keza mu gufasha cane ngo uwo musi ugende neza. Bibiliya iravuga ico vyavuyemwo iti: “Ntihīgeze kuba umusi wa Pasika uhwanye n’uyo mu Bisirayeli, uhereye mu gihe c’uwavugishwa n’Imana Samweli.”—2 Ngoma 35:7, 17, 18.

13. Amahimbaza y’imisi mikuru Hezekiya na Yosiya bagize atwibutsa iki muri iki gihe?

13 Ugutunganya ibintu ukundi gusha kwa Hezekiya na Yosiya kurasa na rya tunganywa ryiza igitangaza ry’ugusenga kw’ukuri, iryabaye mu Bakirisu b’ukuri kuva aho Yezu yimikiwe mu 1914. Nk’uko vyagenze canecane igihe Yosiya yatunganya ibintu ukundi gusha, iryo tunganya rigirwa muri iki gihe ryagizwe hisunzwe ivyanditswe mw Ijambo ry’Imana. Vyongeye, mu buryo buhuye n’ivyo mu misi ya Hezekiya na Yosiya, igarukanwa riba muri iki gihe ryaranzwe n’amateraniro y’imizunguruko n’ay’intara, ahatangirwa insobanuro zishika ku nyota z’ubuhanuzi bwa Bibiliya, hakerekanirwa n’uburyo ingingo zo muri Bibiliya zikora buhuye n’igihe. Iciyongera ku munezero uva kuri ivyo bihe bitangirwako inyigisho, ni ibitigiri bininibinini vy’ababatijwe. Nka kumwe kw’Abisirayeli bari bihanye bo mu misi ya Hezekiya na Yosiya, abashasha babatizwa baba barateye ibitugu ingeso mbi zo mu Bitwa Abakirisu n’ibisigaye vyo mw isi ya Shetani. Mu 1997, abarenga 375 000 barabatijwe ngo bibe ikimenyetso c’uko biyeguriye ya Mana nyeranda, Yehova—incahagati y’abarenga 1 000 ku musi.

Inyuma y’Uguhabishwa

14. Ni igiki catumye haba ikiringo gikomeye c’umusi mukuru mu 537 B.G.C.?

14 Inyuma y’aho Yosiya apfiriye, iryo hanga ryarongeye guhindukirira ugusenga kw’ikinyoma gutesha ubuntu. Amaherezo, mu 607 B.G.C., Yehova yarahanye abantu biwe mu kuzana ingabo z’Abanyababiloni ngo batere Yeruzalemu. Ico gisagara hamwe n’urusengero rwaco vyarasenyaguwe, nayo ico gihugu kigirwa umusaka. Hanyuma hakurikiye imyaka 70 Abayuda bamaze bahabishirijwe i Babiloni. Maze Imana yarongeye kuvyurira imbaga amasigarira agizwe n’Abayuda bihanye, abasubiye mu Gihugu c’Isezerano kugirango basubizeho ugusenga kw’ukuri. Bashitse muri ico gisagara c’i Yeruzalemu cari cacitse amatongo mu kwezi kugira indwi kw’umwaka w’537 B.G.C. Ikintu ca mbere bakoze kwabaye ugushinga igicaniro co kwama batangirako ibimazi buri musi nk’uko vyari vyaravuzwe mw isezerano ry’Ivyagezwe. Ico gihe hari hageze ko hagirwa irindi himbaza ry’intibagirwa. “Bagira imisi mikuru y’insago, nk’uko vyanditswe.”—Ezira 3:1-4.

15. Ni igikorwa ikihe cari kirindiriye amasigarira yagarukanywe mu 537 B.G.C., kandi ni mu buryo ubuhe ibintu nk’ivyo vyabaye mu 1919?

15 Igikorwa kinini cari kirindiriye abo bahabuke—ugusubira kwubaka urusengero rw’Imana ari rwo rw’i Yeruzalemu hamwe n’ibihome vyarwo. Ababanyi b’abanyeshari barabarwanije cane. Igihe urusengero rwariko rurubakwa, wari “[u]musi w’intangamarāra.” (Zekariya 4:10) Ibintu vyari bimeze nk’igihe c’Abakirisu basizwe b’abizerwa mu 1919. Muri uwo mwaka w’intibagirwa, bararekuwe bakurwa mu buhabisho bwo mu vy’impwemu bwa Babiloni Hahambaye, ya nganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma. Bari uduhumbi dukeyi gusa, vyongeye bakaba bari bahanganye n’isi y’urwanko. Mbega abansi b’Imana boshoboye guhagarika iterambere ry’ugusenga kw’ukuri? Inyishu y’ico kibazo iributsa amahimbaza y’imisi mikuru ya nyuma abiri avugwa mu Vyanditswe vy’Igiheburayo.

16. Ni igiki cari n’ico kivuze ku vyerekeye umusi mukuru mu 515 B.G.C.?

16 Urusengero amaherezo rwarubatswe mu kwezi kwa Adari mu 515 B.G.C., hageze nyene guhimbaza umusi mukuru w’amaja mu ntango z’impeshi wo mu kwa Nisani kw’uwo mwaka nyene. Bibiliya yigana ibi: “Bagira imisi mikuru ndwi y’imitsima itambiwe banezerewe, kuk’Uhoraho yabanejereje, kand’agahindurira umutima w’umwami w’i Ashuri kuri bo, ngw abunganire mu gukora igikorwa c’ingoro y’Imana, ari yo Mana y’Abisirayeli.”—Ezira 6:22.

17, 18. (a) Ni ikiringo gikomeye ikihe c’umusi mukuru cashikiriwe mu 455 B.G.C.? (b) Ni mu buryo ubuhe turi mu bisa n’ivyo muri iki gihe?

17 Imyaka 60 inyuma yaho, mu 455 B.G.C., hari ikindi kiringo gikomeye cashikiriwe. Imisi Mikuru y’Insago uwo mwaka yaranze ukurangizwa kw’iyubakwa ry’ibihome vya Yeruzalemu. Bibiliya ibara iti: “Ikoraniro ryose ry’abāgarutse bavuye mu kinyago bīcīra insāgo bazirāramwo. Uhereye mu gihe ca Yosuwa mwene Nuni ukageza kur’uwo musi Abisirayeli ntibaribgigere bagira nk’uko; nuko haba umunezero mwinshi cane.”—Nehemiya 8:17.

18 Mbega isubizwaho ry’intibagirwa ry’ugusenga Imana kw’ukuri kandi hari ukurwanywa gukaze! Muri iki gihe ibintu bisa n’ivyo. Naho hari imikuba y’uguhamwa n’ukurwanywa, ca gikorwa gihambaye c’ugukwiririza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana carashikiriye impera z’isi, kandi ubutumwa bw’urubanza rw’Imana bwarasamiranishijwe irya n’ino. (Matayo 24:14) Ukudomwako ikimenyetso kwa nyuma kw’abasigaye bo muri bamwe 144 000 basizwe kuregereje. Abarenga imiliyoni zitanu bagenzi babo b’ “izindi ntama” baratororokanijwe bakuwe mu mahanga yose binjizwa mu ‘mukuku umwe’ n’amasigarira y’abasizwe. (Yohana 10:16; Ivyahishuriwe 7:3, 9, 10) Mbega iranguka ry’igitangaza rya ya ndondoro menyeshakazoza yerekeye Imisi Mikuru y’Insago! Kandi ico gikorwa gihambaye c’itororokanya kizobandanya gushika mw isi nshasha, igihe amamiliyaridi y’abazutse bazotumirwa ngo na bo bajemwo mu guhimbaza Imisi Mikuru y’Insago y’ikigereranyo.—Zekariya 14:16-19.

Mu Kinjana ca Mbere G.C.

19. Ni igiki catumye Imisi Mikuru y’Insago iba iyibonekeje mu 32 G.C.?

19 Mu mahimbaza yibonekeje kuruta y’imisi mikuru yanditswe muri Bibiliya hategerezwa kuba harimwo ya yandi yitabwa n’Umwana w’Imana, Yezu Kirisitu. Nk’akarorero, rimbura igihe Yezu yitaba Umusi Mukuru w’Insago (ari wo w’Amahema) mu mwaka wa 32 G.C. Yakoresheje ako karyo kugirango yigishe ibintu vy’ukuri bihambaye hanyuma inyigisho yiwe ayishigikiza ivyo yadonda abikuye mu Vyanditswe vy’Igiheburayo. (Yohana 7:2, 14, 37-39) Ikintu cakunda kuba cibonekeje kuri uwo musi mukuru, wari umugenzo w’ukudomeka ibitereko vy’amatara bininibinini bine mu kigo c’imbere c’urusengero. Ivyo vyarafasha kugirango banezererwe ibikorwa vy’umusi mukuru vyabandanya gushika no mw ijoro. Uko biboneka, Yezu yariko yerekeza kuri iyo mico mininiminini igihe yavuga ati: “Jewe nd’umuco w’isi, ūnkurikira nta ho azogenda mu mwiza, arikw azogira umuco w’ubu[zima].”—Yohana 8:12.

20. Ni kuki Pasika yo mu 33 G.C. yabaye iyibonekeje?

20 Maze haza Pasika hamwe n’Umusi Mukuru w’Imitsima Itambiwe vyo muri wa mwaka uhambaye wo mu 33 G.C. Kuri uwo Musi wa Pasika, Yezu yaragandaguwe n’abansi biwe hanyuma ahinduka Umwagazi wa Pasika w’ikigereranyo, uwapfuye ngo akureho “icaha c’abari mw isi.” (Yohana 1:29; 1 Ab’i Korinto 5:7) Inyuma y’imisi itatu, ku wa 16 Nisani, Imana yarazuye Yezu afise umubiri w’impwemu udahwera. Ivyo vyahuriranye n’iherezwa ry’imishuzo y’umusaruro wa sayiri nk’uko vyasabwa n’Ivyagezwe. Gutyo rero, Umukama Yezu Kirisitu yazuwe yahindutse ‘umushuzo w’abǎgiye mw itiro ry’urupfu.’—1 Ab’i Korinto 15:20.

21. Ni ibiki vyabaye kuri Pentekote yo mu 33 G.C.?

21 Umusi mukuru wibonekeje vy’ukuri wari Pentekote yo mu 33 G.C. Kuri uwo musi Abayuda benshi hamwe n’abakebanukiye idini y’Abayuda bari batororokaniye i Yeruzalemu, harimwo n’abigishwa nk’120 ba Yezu. Igihe uwo musi mukuru wariko urabandanya, Umukama Yezu Kirisitu yazuwe yarasutse impwemu yera y’Imana kuri abo bigishwa 120. (Ivyakozwe 1:15; 2:1-4, 33) Ico gihe rero bari basizwe hanyuma bahinduka ihanga rishasha ryacaguwe n’Imana biciye kw isezerano risha rikandiwe na Yezu Kirisitu. Kuri uwo musi mukuru, umuherezi mukuru w’Abayuda yarashikanira Imana imitsima ibiri yambiwe ikozwe mu mishuzo y’umusaruro w’ingano. (Abalewi 23:15-17) Iyo mitsima yambiwe igereranya ba bantu 144 000 b’abanyagasembwa Yezu ‘yacungurira Imana’ ngo bakore ari ‘ubwami n’abaherezi . . . bo kuganza isi ari abami.’ (Ivyahishuriwe 5:9, 10; 14:1, 3) Ivy’uko abo batware bo mw ijuru bava mu mashami abiri y’umuryango w’abantu b’abanyavyaha ugizwe n’Abayuda hamwe n’Abanyamahanga, bishobora kandi kugereranywa na ya mitsima ibiri yambiwe.

22. (a) Ni kuki Abakirisu badahimbaza imisi mikuru yo mw isezerano ry’Ivyagezwe? (b) Ni ibiki tuja kurimbura mu kiganiro gikurikira?

22 Igihe rya sezerano risha ryatangura gukora kuri Pentekote yo mu 33 G.C., vyasigura ko isezerano ry’Ivyagezwe ritakigize agaciro mu nyonga z’Imana. (2 Ab’i Korinto 3:14; Abaheburayo 9:15; 10:16) Ivyo ntibisobanura ko abo Bakirisu basizwe batagira icagezwe kibaraba. Baraheza bakaganzwa n’icagezwe c’Imana cigishijwe na Yezu Kirisitu kikandikwa ku mitima yabo. (Ab’i Galatiya 6:2) None rero iyo misi mikuru itatu ya buri mwaka, kubera ko yarimwo mu vyari bigize isezerano ry’Ivyagezwe, ntihimbazwa n’Abakirisu. (Ab’i Kolosayi 2:16, 17) Yamara rero, turashobora kwigira vyinshi ku nyifato abasavyi b’Imana bo mu gihe c’imbere y’Ubukirisu bagira ku vyerekeye imisi mikuru yabo hamwe n’amakoraniro yandi yagirwa ku bw’ugusenga. Mu kiganiro cacu gikurikira, turaja kurimbura uturorero tutabura kuvyurira bose umutima wo gutahura yuko bakeneye kudahorereza kwitaba imitororokano ya gikirisu.

[Utujambo tw’epfo]

a Raba kandi igitabu Auxiliaire pour une meilleure intelligence de la Bible, casohowe na Watchtower Bible and Tract Society of Pennsylvania, urupapuro 530-1, munsi y’agatwe kavuga ngo “Fêtes” (Imisi Mikuru).

b Casohowe na Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania.

Ibibazo vy’Isubiramwo

◻ Ya misi mikuru itatu Abisirayeli bahimbaza yari imaze iki?

◻ Ni ibiki vyaranze imisi mikuru yo mu gihe ca Hezekiya na Yosiya?

◻ Ni ikiringo gihambaye ikihe cahimbajwe mu 455 B.G.C., kandi ni kuki ari ikintu kiremesha kuri twebwe?

◻ Ni igiki cari n’ico kivuze ku vyerekeye Pasika na Pentekote zo mu 33 G.C.?

[Ifoto ku rup. 23]

Agakama k’umusaruro mushasha wa sayiri karaherezwa buri mwaka ku wa 16 Nisani, umusi Yezu yazuriweko

[Ifoto ku rup. 24]

Yezu igihe yiyita “umuco w’isi” ashobora kuba yariko yerekeza kuri ya mico yacanwa ku musi mukuru

[Uruzitiro ku rup. 26]

Icigwa Twokura ku Misi Mikuru Muri Iki Gihe

Aboronkeye ivyiza biramba ku nkuka mpongeravyaha ya Yezu bose, bategerezwa kubaho bahuje n’ivyagereranywa n’Umusi Mukuru w’Imitsima Itambiwe. Uwo musi mukuru nyakuri ni ihimbaza ryuzuye umunezero rigirwa n’Abakirisu basizwe kubera ukuba barabohowe bagakurwa muri iyi si mbi, hamwe n’ukuba barakuweko ugucirwa rubi kubera icaha, biciye ku ncungu ya Yezu. (Ab’i Galatiya 1:4; Ab’i Kolosayi 1:13, 14) Mwen’uwo musi mukuru nyawo wamara imisi indwi—ico kikaba ari igitigiri gikoreshwa muri Bibiliya ngo kigereranye ubwuzure bwo mu vy’impwemu. Umusi mukuru nyakuri rero umara igihe cuzuye, ico ishengero ry’Abakirisu basizwe rizomara kw isi, ukaba kandi utegerezwa guhimbazwa n’ “imitima ikeye n’ukuri.” Ivyo bisobanura kwama umuntu arikanuye ku mwambiro w’ikigereranyo. Umwambiro uravugwa muri Bibiliya mu kwerekana inyigisho zononekaye, uburyarya, hamwe n’ububi. Abasenga Yehova b’ukuri bategerezwa kwerekana ko banka umwambiro mwen’uwo, ntibawemerere kwonona ubuzima bwabo, eka ntibanawemerere kwanduza ubutyoroke bw’ishengero ry’Abakirisu.—1 Ab’i Korinto 5:6-8; Matayo 16:6, 12.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika