-
“Umugore w’agahebuza”Niwigane ukwizera kwabo
-
-
19, 20. (a) Kubera iki Bowazi atashotse acura Rusi? (b) Ni mu buryo butandukanye ubuhe Bowazi yagaragajemwo ubuntu n’ubwitwararitsi ku bijanye na Rusi be n’uko batomwambika ibara?
19 Bowazi yongeyeko ati: “Ubu rero ga mukobwa wanje, ntutinye. Ivyo uvuga vyose ndabigukorera, kuko bose mu gisagara c’abantu banje bazi yuko uri umugore w’agahebuza.” (Rusi 3:11) Iciyumviro co gucura Rusi caramuhimbaye; kandi ashobora kuba atatangaye cane yumvise Rusi amusavye ngo amubere umucunguzi. Ariko rero, kubera ko Bowazi yari umuntu w’umugororotsi, ntiyari guca akora gusa ivyo ubwiwe yipfuza. Yarabwiye Rusi ko hariho iyindi ncuti ya hafi cane y’umuryango w’umugabo wa Nawomi yari yarapfuye yashobora kumubera umucunguzi. Bowazi yobanje kuyaga na we kugira ahe uwo mugabo akaryo ko gucura Rusi.
Kubera ko Rusi yafatana abandi ubuntu n’icubahiro, yaravuzwe neza bihebuje
-
-
“Umugore w’agahebuza”Niwigane ukwizera kwabo
-
-
21. Ni igiki catumye Rusi amenyekana ko yari “umugore w’agahebuza,” kandi twomwigana gute?
21 Ese ukuntu Rusi yumva akamwemwe yibutse ivyo Bowazi yari yamubwiye yuko abantu bose bari bazi ko yari “umugore w’agahebuza”! Nta nkeka yuko ishaka uwo mukenyezi yari afise ryo kumenya Yehova no kumukorera riri mu bintu nyamukuru vyatumye avugwa neza gutyo. Vyongeye, yari yaragaragarije ubuntu bwinshi Nawomi n’abo mu gihugu ciwe yongera arabitaho cane mu kwemera kubaho yisunga imico n’imigenzo atari amenyereye namba. Nitwigana ukwizera kwa Rusi, bizotuma turondera kwubaha abandi no kwubahiriza imico n’imigenzo yabo. Tubigize, vyoshobora gutuma na twebwe tuvugwa neza bihebuje.
-