ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/3 rup. 26-rup. 29 ing. 8
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Rusi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Rusi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘AHO UZOJA NI HO NZOJA’
  • (Rusi 1:1–2:23)
  • NAWOMI ABA ‘UWUNINAHAYE’
  • (Rusi 3:1–4:22)
  • Imana ‘ibashire hejuru mu gihe gikwiriye’
  • “Umugore w’agahebuza”
    Niwigane ukwizera kwabo
  • “Umugore w’agahebuza”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • “Aho uzoja ni ho nzoja”
    Niwigane ukwizera kwabo
  • ‘Aho uzoja ni ho nzoja’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/3 rup. 26-rup. 29 ing. 8

Ijambo rya Yehova ni rizima

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Rusi

NI INKURU y’ivyabaye yeza umutima, ivuga ivy’ukudahemuka kwabaye hagati y’abagore babiri. Ni inkuru ivuga ivy’uguha icubahiro kigera kure Yehova Imana be n’ukwizigira intunganyo yiwe. Ni inkuru ishimika ku kuntu Yehova yitwararitse rwose abo Mesiya yokomotseko. Ni inkuru ikora ku mutima yigana iminezero be n’intuntu umuryango umwe wagize. Ivyo vyose be n’ibindi tutiriwe turavuga, tubisanga mu gitabu ca Rusi.

Igitabu ca Rusi kivuga ivyabaye mu kiringo c’imyaka nka 11, ‘mu misi abacamanza baraba ivy’ubutungane’ muri Isirayeli (Rusi 1:1, NW). Ivyabaye vyanditswe muri ico gitabu bitegerezwa kuba vyashitse mu ntango z’ikiringo c’Abacamanza kubera ko wa mugabo yari afise amatongo yitwa Bowazi, umwe mu bantu bavugwa muri iyo nkuru y’ivyabaye koko, yari umuhungu wa Rahabu wo mu gihe ca Yosuwa (Yosuwa 2:1, 2; Rusi 2:1; Matayo 1:5). Iyo nkuru ishobora kuba yanditswe n’umuhanuzi Samweli mu 1090 B.G.C. Ico ni co gitabu conyene co muri Bibiliya citirirwa izina ry’umugore atari Umwisirayelikazi. Ubutumwa buri muri ico gitabu ‘ni buzima kandi bufise ubukuba’.​—Abaheburayo 4:12.

‘AHO UZOJA NI HO NZOJA’

(Rusi 1:1–2:23)

Nawomi na Rusi bashitse i Betelehemu, abantu bose barabatamarira bashaka kumenya ivyabo. Abagore bo muri ico gisagara baratuma urutoki uwukuze muri abo bagore babiri, bakaguma babazanya bati: “Mbeg’uyo yoba [ari] Nawomi?”. Nawomi na we aravuga ati: “Ntimube mukinyita Nawomi, ariko munyite Mara; kuko Rugira Vyose ivyo yangiriye vyambereye umururāzi. Navuye ino nninahaye, Uhoraho angarukanye i wacu nd’imbokoboko”.​—Rusi 1:19-21.

Ikigoyi kiratera muri Isirayeli maze umuryango wiwe ukava i Betelehemu ukimukira mu gihugu c’i Mowabu. Aho i Mowabu, Nawomi ‘araninahaye’ kubera ko afise umugabo n’abahungu babiri. Ariko rero, bamaze igihe baba i Mowabu, umugabo wiwe Elimeleki arapfa. Mu nyuma, abahungu biwe babiri barabira abagore b’Abanyamowabukazi ari bo Orupa na Rusi. Imyaka nka cumi irahaca hanyuma abo bahungu babiri barapfa ata kana basize, maze abo bagore uko ari batatu bagasigara ari bonyene. Igihe Nawomi afata ingingo yo gusubira i Buyuda, abakazana biwe basigwa n’abahungu biwe barajana na we. Bari mu nzira, Nawomi arasaba ashimitse abakazana biwe gusubira i Mowabu ngo baje kwubakana n’abandi bagabo bo mu b’iwabo. Orupa aremera. Ariko Rusi we arumira kuri Nawomi akavuga ati: “Ah’uzoja [ni] ho nzoja, kand’ah’uzorāra [ni] ho nzorāra. Ihanga ryanyu ni ryo rizoba ihanga ryacu, Imana yawe ni yo izoba Imana yanje”.​—Rusi 1:16.

Abo bapfakazi babiri Nawomi na Rusi bashika i Betelehemu mu ntango y’igenya rya sayiri. Rusi arungukira ku ntunganyo yashizweho n’Ivyagezwe vy’Imana, agatangura guhumba mu murima w’umugabo umwe wo mu muryango wa Elimeleki, uwo mugabo akaba ari umutama w’Umuyuda yitwa Bowazi. Rusi aragirirwa ubuntu na Bowazi maze akabandanya guhumba mu murima wiwe ‘kugeza aho bahereza kugenya sayiri be n’ingano’.​—Rusi 2:23.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

1:8​—Ni kubera iki Nawomi yabwiye abakazana biwe gusubira ‘mu mazu ya ba nyina’ aho kubabwira ngo basubire mu mazu ya ba se? Nimba muri ico gihe se wa Orupa yari akiriho canke atari akiriho, ntibivugwa. Ariko rero, se wa Rusi we yari akiriho (Rusi 2:11). Naho ari ukwo, Nawomi yavuze amazu ya ba nyina kumbure yiyumvira yuko avuze ba nyina vyotumye baca babona mu bwenge uguhumurizwa kuva ku rukundo ruranga ikibabarwe inabibondo agirira umwana. Ku bakobwa barengewe n’umubabaro uvuye ku kuba batandukanye na inabukwe wabo bakunda, ivyo canecane vyobabereye ikintu kiruhura. Ayo majambo Nawomi yavuze yoshobora kandi kuba arimwo iciyumviro c’uko uko ivyiwe vyari vyifashe bitasa n’ivya nyina wa Rusi na nyina wa Orupa, bo bari bafise ingo zifashe neza.

1:13, 21​—Yehova yoba ari we yatumye ubuzima bubera Nawomi umururazi aba ari na we amuteza ivyago? Oya. Vyongeye Nawomi nta kintu na kimwe kibi yagirije Imana. Ariko rero, aravye ibintu vyose vyari vyaramushikiye, yiyumviriye yuko Yehova yamurwanya. Yumvise agize umujinya yumva kandi avunitse umutima. Vyongeye, muri iyo misi kuvyara abana vyabonwa nk’umuhezagiro uva ku Mana, kugumbaha na vyo bikabonwa nk’umuvumo. Kubera ko Nawomi atari afise abuzukuru, abahungu biwe babiri na bo bakaba bari barapfuye, ashobora kuba yabonye ko afise imvo yumvikana yo kwiyumvira ko Yehova yari yaramutetereje.

2:12​—“Impēra ishitse” Rusi yahawe na Yehova yari iyihe? Rusi yaravyaye umuhungu yongera aterwa agateka ko kuba ikiraro gifatanya umuryango uhambaye kuruta iyabayeho yose, uwo na wo ukaba wari umuryango wakomotsemwo Yezu Kirisitu.​—Rusi 4:13-17; Matayo 1:5, 16.

Ivyigwa tuhigira:

1:8; 2:20. Naho Nawomi yashikiwe n’amarushwa, yagumye yizigiye ubuntu-mvarukundo bwa Yehova. Na twebwe dukwiye kubigenza nk’ukwo nyene, na canecane igihe turi mu bigeragezo bikomeye.

1:9. I muhira ntihakwiye gusa kuba ahantu ho gufungurira no kuryama ku bagize umuryango. Hakwiye no kuba ahantu harangwa amahoro ho kuruhukira no kwumva umuntu amerewe neza.

1:14-16. Orupa ‘yarasubiye mu b’i wabo no ku mana zabo’. Ariko Rusi we si ko yagize. Yarahevye ubuzima bumeze neza be n’ugutekanirwa vyarangwa mu gihugu ciwe c’amavukiro aguma ari intahemuka kuri Yehova. Kugirira Imana urukundo rudahemuka no kugaragaza agatima ko kwitanga bizodufasha kwirinda gutwarwa n’ivyipfuzo vy’ubwikunzi vyongere bidufashe kwirinda ‘kwiyonjorora tugahona’.​—Abaheburayo 10:39.

2:2. Rusi yarashimye kwungukira ku ntunganyo y’ivy’uguhumba yari yarashizweho ku bw’abanyamahanga n’abakene. Yaricisha bugufi mu mutima. Umukirisu akenye ntakwiye kwihagararako ngo yanke kwemera imfashanyo iranga urukundo yohabwa n’abo basangiye ukwizera canke iyindi mfashanyo iyo ari yo yose yoba akwiriye kuronka itangwa na Leta.

2:7. Naho Rusi yari afise uburenganzira bwo guhumba, yabanje kubisabira uruhusha (Abalewi 19:9, 10). Ico cari ikimenyetso cerekana ko ari umugwaneza. Ni ibiranga ubukerebutsi ko ‘turondera ukwicisha bugufi’ canke ubugwaneza kubera ko “abagwaneza bazoragwa igihugu, ba[ka]nezererwa amahoro y’umusēsekara”.​—Zefaniya 2:3; Zaburi 37:11.

2:11. Rusi ntiyabereye Nawomi incuti gusa. Yari n’umugenzi nyakuri (Imigani 17:17). Ubugenzi bwabo bwari bukomeye kubera ko bwari bushingiye kuri izi kamere nk’urukundo, ukudahemuka, impuhwe, ubuntu, be n’agatima ko kwitanga. N’igihambaye kuruta, bwari bushingiye kuri kamere yabo y’ivy’impwemu, ni ukuvuga icipfuzo bari bafise co gusukurira Yehova no kuba mu bamusenga. Na twebwe turafise uturyo twiza two kugiranira ubugenzi nyakuri n’abasenga b’ukuri.

2:15-17. N’igihe nyene Bowazi yorohereza Rusi mu gikorwa ciwe, Rusi “[yabandanije gu]hūmba mur’ ico kibuba ashitsa ni kera”. Rusi yari umuntu akora cane. Umukirisu akwiye kuba azwi ko ari umukozi w’umunyamwete.

2:19-22. Nawomi na Rusi baragiranira ibiyago bihimbaye mu masaha yo ku mugoroba, Nawomi agashima kumenya ingene ibikorwa vya Rusi vyagenze, bompi bagaseruriranira ata co binona ivyiyumviro be n’inyiyumvo. Si ko none bikwiye kumera mu muryango w’abakirisu?

2:22, 23. Rusi ntiyabaye nka Dina wa mukobwa wa Yakobo, we yarondereye abagenzi mu basenga Yehova. Mbega ukuntu ari akarorero keza kuri twebwe!​—Itanguriro 34:1, 2; 1 Ab’i Korinto 15:33.

NAWOMI ABA ‘UWUNINAHAYE’

(Rusi 3:1–4:22)

Nawomi arashaje cane ku buryo atoba agishobora kuvyara abana. Ku bw’ivyo, arasaba Rusi ngo amubere mu gishingo mu kwubakana n’umucunguzi, ni ukuvuga umubano aho usanga umuntu acurwa na muramuwe. Rusi arakurikiza ubuyobozi Nawomi yamuhaye, maze akabaza Bowazi ko yomubera umucunguzi. Bowazi ariteguriye kugira ico kintu. Ariko rero, hariho incuti ya hafi cane ikwiye kuba ari yo ibanza gusabwa ko yomubera umucunguzi.

Bowazi aca atunganya ivy’ico kibazo mu maguru masha. Bukeye, arakoranya abagabo cumi b’inararibonye b’i Betelehemu imbere y’iyo ncuti maze akayibaza nimba yemeye kuba umucunguzi. Nya mugabo aravyanka. Bowazi rero aca aba umucunguzi akabira Rusi. Baravyarana umwana w’umuhungu ari we Obedi, sekuru w’Umwami Dawidi. Ubu abagore b’i Betelehemu babwira Nawomi bati: “Uhoraho ashemezwe. . . Azosubiza intege mu bugingo bgawe, kand’azogutunga ugeze mu zabukuru: kuk’umukazana wawe agukunda, akakurutira abahungu ndwi wovyaye, ari we amuvyaye” (Rusi 4:14, 15). Uwo mugore yari yagarutse i Betelehemu “imbokoboko” yasubiye kuba ‘uwuninahaye’!​—Rusi 1:21.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

3:11​—Ni igiki catumye Rusi avugwa ko ari “umugore aroranye”? “Ugutsiba umushatsi” canke ‘kwambara izahabu canke kwambara impuzu nziza’ si vyo vyatumye abandi bamushima. Ahubwo vyatumwe n’“umuntu ahishijwe wo mu mutima”, ni ukuvuga, ukudahemuka kwiwe n’urukundo rwiwe, ukwicisha bugufi kwiwe n’ukwiyorosha kwiwe, umwete wiwe be n’agatima kiwe ko kwitanga. Umukenyezi wese atinya Imana yipfuza kwihesha izina ryiza nk’iryo Rusi yihesheje, ategerezwa kwihatira gutsimbataza izo kamere.​—1 Petero 3:3, 4; Imigani 31:28-31.

3:14​—Ni kubera iki Rusi na Bowazi bavyutse mu gaturuturu? Si uko hari ikintu kitabereye cari cabaye muri iryo joro maze bagashaka ko kitamenyekana. Ivyo Rusi yakoze muri iryo joro biboneka ko vyari bihuye n’ivyari bisanzwe bigirwa bwa mugenzo n’umugore arondera uburenganzira bwo gucurwa na muramuwe. Yakoze nk’uko Nawomi yari yamubwiye. Vyongeye, ukuntu Bowazi yavyakiriye birerekana neza ko ata nabi n’imwe yabonye mu vyo Rusi yakoze (Rusi 3:2-13). Biboneka yuko Rusi na Bowazi bavyutse mu gaturuturu kugira ngo ntihagire umuntu n’umwe yari guhava aronka imvo yo gutangura gukwiragiza inkuru itari yo.

3:15​—Kuba Bowazi yahaye Rusi ingero zitandatu za sayiri vyasigura iki? Ivyo bishobora kuba vyerekana yuko, nk’uko umusi w’akaruhuko wakurikira imisi itandatu y’ibikorwa, ari na ko umusi w’akaruhuko wa Rusi wari wegereje. Bowazi yotunganije ibintu ku buryo Rusi aronka “ahantu ho kuruhukira” mu nzu y’umugabo wiwe (Rusi 1:9; 3:1, NW). Vyoshobora kandi kuba vyerekana ko ingero zitandatu za sayiri ari zo zonyene Rusi yari ashoboye gutwara ku mutwe.

3:16​—Ni kubera iki Nawomi yabajije Rusi ati: “Ni wewe ga mukobga wanje”? Yoba yari yayobewe umukazana wiwe? Ivyo birashoboka cane kubera yuko igihe Rusi yasubira kwa Nawomi, hashobora kuba hari hakiri mu mwiza. Ariko rero, ashobora kuba yabajije ico kibazo ashaka kumenya ko Rusi yoba kumbure yaronse akaranga gashasha mu bijanye n’ugucungurwa kwiwe.

4:6​—Ni mu buhe buryo umucunguzi yashobora ‘kudabanganya’ ishamvu yiwe igihe yemeye kuba umucunguzi? Ubwa mbere hoho, niba vyarashitse umuntu agakena hanyuma akagurisha itongo ryiwe, umucunguzi yabwirizwa gusohora amahera kugira ngo agure nya tongo ku giciro cashingwa bafatiye ku myaka yaba isigaye ngo iyindi Yubire ishike (Abalewi 25:25-27). Ivyo vyaragabanya agaciro k’itongo ryiwe bwite. Vyongeye, Rusi aramutse avyaye umuhungu, uwo muhungu ni we yotoranye iryo tongo, ah’uko ritorwanwa n’iyindi ncuti ya hafi ya nyene kumucungura.

Ivyigwa tuhigira:

3:12; 4:1-6. Bowazi yarakurikije ata guca ku ruhande indinganizo Yehova yari yarashizeho. Twoba twitwararika gukurikiza neza intunganyo z’ivya gitewokarasi?​—1 Ab’i Korinto 14:40.

3:18. Nawomi yari yizigiye Bowazi. Ntidukwiye none kugira nk’uko nyene tukizigira abo dusangiye ukwizera b’intahemuka? Rusi yari yiteguriye kwemera umubano aho umuntu acūrwa na muramuwe, akaba yari kwubakana n’umugabo atazi na gato, umugabo n’izina ryiwe ritanavugwa muri Bibiliya (Rusi 4:1). Kubera iki? Kubera ko yari yizigiye indinganizo y’Imana. Twoba dufise ukwizigira kumeze gutyo? Nk’akarorero, igihe turiko twiyumvira ivy’ukurondera uwo tuzokwubakana, twoba twumvira ya mpanuro idusaba kwubaka ‘mu Mwami gusa’?​—1 Ab’i Korinto 7:39.

4:13-16. Naho Rusi yari Umunyamowabukazi akaba kandi yari yahoze asenga imana Kemoshi, yaratewe agateka ntangere. Ivyo birashira ahabona ya ngingo ngenderwako ivuga yuko “bitava ku kugomba kw’umuntu, canke ku gushimika kwiwe, ariko [ko] biva ku Mana igira ikigongwe”.​—Abaroma 9:16.

Imana ‘ibashire hejuru mu gihe gikwiriye’

Ico gitabu ca Rusi cerekana Yehova ko ari Imana y’ubuntu-mvarukundo, ikora ku neza y’abasavyi bayo b’intahemuka (2 Ngoma 16:9). Iyo tuzirikanye ku kuntu Rusi yahezagiwe, turabona agaciro ko kwizigira Imana dufise ukwizera kutarimwo ugukekeranya, twemera bimwe bishitse “yukw iriho, igaha impēra abayirondera”.​—Abaheburayo 11:6.

Rusi na Nawomi na Bowazi barizigiye baraherezako indinganizo Yehova yari yarashizeho maze bararoranirwa. Muri ubwo buryo nyene, “ku bakunda Imana vyose bifataniriza hamwe kubazanira ivyiza, abāhamagawe nk’uko yabigabiye” (Abaroma 8:28). Nimuze rero dushire ku mutima iyi mpanuro intumwa Petero yatanze igira iti: “Nuko mwicishe bugufi muri musi y’ukuboko kw’Imana kw’ubushobozi, kugira ngw iz’ibashire hejuru mu gihe gikwiye. Muyikorere amaganya yanyu yose, kukw ibababara”.​—1 Petero 5:6, 7.

[Ifoto ku rup. 26]

Woba uzi icatumye Rusi adaheba Nawomi?

[Ifoto ku rup. 27]

Ni igiki catumye Rusi avugwa ko ari “umugore aroranye”?

[Ifoto ku rup. 28]

“Impēra ishitse” Rusi yahawe na Yehova yari iyihe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika