Wa mubano wasa n’uwutobaye wa Bowazi na Rusi
IMBUGA y’igosorero yo hafi y’i Betelehemu iriko ikorerwamwo ibikorwa vyinshi vyo mu gihe c’impeshi. Umusi wabaye muremure. Akamoto k’ingano zihejeje gukarangwa gatumye abakozi bashonje bamenya ko hageze gufungura. Umwe wese araja kwinovora ivyavuye mu butame bwiwe.
Bowazi, nyene itongo atunze cane, arafunguye yongera aranywa gushika ahaze, aciye aruhukira iruhande y’ikirundo c’ingano. Haciye amasaha atari make, umusi w’iyimbura ugiye warangira, umuntu wese aciye arondera ahantu heza aruhukira. Bowazi yahaze, ubu rero aciye yipfuka, agatiro karamutwara.
Aza yomboka ngo babonane
Mu gicugu, Bowazi yikanguye akanye kandi ariko arajugumira. Uzi n’amakuru, ibirenge vyiwe hari umuntu yabipfukuye n’ibigirankana kandi akaba ari ho nyene aryamye! Kubera adashoboye kumenya uwo ari we bivanye n’uko ari mu mwiza, aciye abaza ati: “Uri nde?” Akajwi k’umugore karishuye gati: “Nd’incoreke yawe Rusi; worose umuja wawe umwambaro wawe, kuk’ur’umucunguzi wacu.”—Rusi 3:1-9.
Bariko baganira ari bonyene mu mwiza. Nta bagore ushobora gusanga ari bonyene gutyo ku mbuga y’igosorero (Rusi 3:14). Naho ari ukwo, Bowazi amaze kumwemerera, Rusi aciye aguma yiryamiye hepfo y’ibirenge vyiwe gushika imbere gatoyi y’uko umutwenzi utambika, aho aca avyuka maze akagenda, gutyo akaba yirinze amajambo adafise ishingiro yohava avugwa.
Ico kintu cabaye, ryoba ryari isango ry’ivy’urukundo? Uwo mugabo w’umutunzi ashaje yoba yari yakwegerewe ku rwenge na Rusi, umupfakazi w’umukene akiri muto ava mu gihugu c’abapagani? Canke, Bowazi yoba yabonye ibihe Rusi arimwo be n’ukuntu ari wenyene muri iryo joro, gutyo akaba yariko afatiraho ako karyo? Inyishu z’ivyo bibazo zose, zirerekana ukudahemuka kw’Imana be n’urukundo rwayo. Vyongeye ibintu vyabaye na vyo nyene birakora ku mutima cane.
Mugabo none Rusi ni nde? Intumbero yiwe ni nyabaki? Kandi uwo mugabo w’umutunzi Bowazi ni nde?
“Umugore aroranye”
Imyaka nk’ingahe imbere y’uko ivyo biba, ikigoyi carateye i Buyuda. Umuryango w’Umwisirayeli ugizwe n’abantu bane, ni ukuvuga Elimeleki, umugore wiwe Nawomi be n’abahungu babo babiri ari bo Mahaloni na Kiliyoni warimukiye mu gihugu cimbuka cane c’i Mowabu. Abo bahungu babo babiri barubakanye n’abakobwa babiri b’Abanyamowabukazi, ari bo Rusi na Orupa. Umugabo wa Nawomi n’abahungu biwe bamaze gupfira i Mowabu, abo bagore uko ari batatu barumvise ko muri Isirayeli ibintu vyari bimaze kumera neza. Gutyo, Nawomi, uwari asigaye ari umupfakazi, ata kikimuryohera, ata kana afise canke akuzukuru, yafashe ingingo yo gusubira mu gihugu ciwe c’amavukiro.—Rusi 1:1-14.
Bari mu nzira bagana muri Isirayeli, Nawomi yarajijuye Orupa ngo asubire mu b’iwabo. Nawomi yaciye abwira Rusi ati: “Rāba, mugenzawe asubiye mu b’i wabo no ku mana yabo: nawe subirayo, ukurikire mugenzawe.” Mugabo Rusi yavuze ati: “Reka kunyinginga kuguheba, . . . kukw ah’uzoja ari ho nzoja, . . . ihanga ryanyu ni ryo rizoba ihanga ryacu, Imana yawe ni yo izoba Imana yanje; ah’uzogwa ni ho nzogwa, bahampambe.” (Rusi 1:15-17). Abo bapfakazi babiri bari basigaye bifumbereje, barasubiye i Betelehemu. Ngaho, urukundo Rusi yakunda inabukwe be n’ukuntu yamwitaho vyaratangaje cane ababanyi, ku buryo bamufashe nk’aho ‘arutira Nawomi abahungu ndwi yovyaye’. Abandi bavuze ko ari “umugore aroranye”.—Rusi 3:11; 4:15.
I Betelehemu, mu ntango y’isarura rya sayiri, Rusi yabwiye Nawomi ati: “Ndekura ngende mu bibuba mpūmbe uduhūmbga, nkurikire uwongirira ubuntu.”—Rusi 2:2.
Agiye abona ashitse mu murima wa Bowazi, incuti ya sebukwe Elimeleki. Asavye uwuhagarikiye ibikorwa vy’isarura uruhusha rwo guhumba. Ugushiruka ubute afise mu guhumba kuribonekeza, maze wa muhagarikizi ararata igikorwa ciwe kuri Bowazi.—Rusi 1:22–2:7.
Umurinzi akaba n’umugiraneza
Bowazi ni umuntu yihebeye ugusenga Yehova. Imisi yose mu gitondo, Bowazi yaramutsa abasaruzi muri aya majambo ngo: “[Yehova] abane namwe”, na bo bakishura bati: “[Yehova] aguhe umugisha.” (Rusi 2:4). Bowazi amaze kwihweza ugushiruka ubute kwa Rusi mu gikorwa akongera akamenya ingene yagumye ari intahemuka kuri Nawomi, aciye amuha ikibanza kidasanzwe mu bahumba. Muri make, amubwiye ati: ‘Igumire mu murima wanje; ntiwirirwe uraja mu yindi mirima. Guma hafi y’abigeme b’i wanje; nta co uzoba. Narihanikirije abahungu ngo ntibazogukoreko. Kandi niwagira inyota, abahungu bazokuvomera amazi yo kunywa.’—Rusi 2:8, 9.
Rusi akubise inkoro hasi hanyuma avuga ati: ‘Ni igiki gitumye ungirira ubuntu, ukambabara, kandi ndi umunyamahanga?’ Bowazi arishuye ati: ‘Baranyiganiye ivyo wakoreye nyokobukwe vyose, uhereye aho umugabo wawe yapfiriye, ukuntu wasize so na nyoko n’incuti, be n’igihugu wavukiyemwo, ukaza mw’ihanga utari uzi. Yehova akwishure ivyo wakoze, aguhe impera ishitse.’—Rusi 2:10-12.
Bowazi ntariko agerageza kumwikundishako. Ayo majambo yo kumukeza ni ayavuye ku mutima. Rusi ni umuntu yicisha bugufi koko, aramushimira ku kuntu amuhumurije. Abona ko cari ikintu atabereye hanyuma abandanya kurushiriza gukora cane. Mu nyuma, mu gihe c’ugufungura, Bowazi arakura Rusi, ati: ‘Ngwino, rya ku gatsima, udumbe intore yawe mu nkarisha ya vino.’ Arafunguye gushika aho yumva ahaze maze aciye ashira ku ruhande imfungurwa aza gushira Nawomi i muhira.—Rusi 2:14.
Umusi urangiye Rusi amaze guhumba nk’amalitiro 22 ya sayiri. Aciye ayafata be n’imfungurwa yasigaje, abishira Nawomi i muhira (Rusi 2:15-18). Nawomi araryohewe n’ukuntu ari vyinshi, aciye abaza ati: “Wahūmvye kwa nde uyu musi? . . . Uwakubabaye aragahezagirwa!” Nawomi amaze kumenya ko ari Bowazi, aciye avuga ati: “Uhoraho atāsizeho kugirira neza abakiriho n’abāpfuye, arakamuhezagira! . . . uwo mugabo n’uwo mu muryango wacu wo hafi, n’umwe wo mu bacunguzi bacu.”—Rusi 2:19, 20.
Aronka aho ‘amererwa neza’
Kubera ko Nawomi yipfuza kuronkera aho umukazana wiwe ‘amererwa neza’, aca aboneraho akaryo ko gusaba umucunguzi mu buryo buhuye n’Ivyagezwe vy’Imana (Abalewi 25:25; Gusubira mu Vyagezwe 25:5, 6). Ubu Nawomi araha Rusi amabwirizwa y’ukuntu aja kubigenza bikagenda neza, agasa n’uwubimwereka, bukaba ari uburyo bwo gukwegera ivyiyumviro vya Bowazi. Kubera ko Rusi yiteguye kandi akaba yahawe amabwirizwa neza, arikinga ijoro, akamanuka ku mbuga y’igosorero yo kwa Bowazi. Asanze asinziriye. Aramufukura ibirenge, akarindira ko yikangura.—Rusi 3:1-7.
Bowazi yikanguye, ivyo Rusi agira bwa kigereranyo ntibibura kumufasha gutahura insobanuro y’ivyo asaba, vy’uko ‘yokworosa umuja wiwe akoresheje umwambaro wiwe’. Ivyo Rusi agize bitumye uwo musaza w’Umuyuda ategera ibanga afise ryo kuba umucunguzi, kubera ko ari incuti ya Mahaloni, uwahoze ari umugabo wa Rusi.—Rusi 3:9.
Ntivyari vyitezwe ko Rusi amugendera muri iryo joro. Yamara, uburyo Bowazi yavyifashemwo birerekana yuko ivyo Rusi yasaba vyo gucungurwa bitari koko ibititezwe. Bowazi yari yiteguriye gukora ivyo Rusi amusaba.
Ijwi rya Rusi ritegerezwa kuba ryarerekanye ko bimuraje ishinga, bituma Bowazi amusubiriza umutima mu nda ati: “None rero, mukobga wanje, nta co utinya; ndakugirira ivyo uvuze vyose: kukw abashingantahe bose b’i wacu bazi yuk’ur’umugore aroranye.”—Rusi 3:11.
Ivy’uko Bowazi yabonye yuko ivyo Rusi yagize biranga ingeso nziza koko, bibonekera muri aya majambo yavuze ati: ‘Uragahezagirwa n’Uhoraho, mukobwa wanje; [“ubuntu mvarukundo”, NW] werekanye none buruta ubwo werekanye ubwa mbere.’ (Rusi 3:10). Ubwa mbere, Rusi yerekanye ubuntu mvarukundo ari rwo rukundo rudahemuka kuri Nawomi. Ubwa kabiri yabwerekanye mu kwimenyekanisha ata kwikunda kuri Bowazi kubera ko yari umucunguzi, na we akaba yari umugabo akuze cane kumuruta. Rusi yaremeye kuzovyara umwana mw’izina ry’umugabo wiwe Mahaloni yari yarapfuye no ku bwa Nawomi.
Umucunguzi umwe yihindukiza mw’ijambo
Bukeye mu gatondo, Bowazi aratumako iyindi ncuti ivugwa ko ari “naka”, akaba ari incuti ya Nawomi ya hafi cane kuruta Bowazi. Mu maso y’abantu bo mu gisagara n’abagabo b’inararibonye baho, Bowazi aravuga ati: ‘Niyumviriye ko nkwiye kukumenyesha uburenganzira ufise bwo gucungura itongo ryegukira umugabo wiwe Elimeleki, urikuye kuri Nawomi, kubera ko ategerezwa kurigurisha.’ Bowazi abandanya ati: ‘None uzoricungura? Utaricunguye, nzoca ndaryicungurira.’ Amaze kuvuga iryo, umwe Naka yerekana ko azoricungura.—Rusi 4:1-4.
Mugabo uyo naka agira atangare! Buno Bowazi avugira imbere y’ivyabona bose bari ngaho ati: “Ni wagura iryo tongo na Nawomi, ukwiye kurigurana na Rusi Umunyamowabukazi, umugore w’umuhisi, ng’uhonore umuhisi, ribe ishamvu y’izina ryiwe.” Iyo ncuti ya hafi yo mu muryango, kubera ugutinya ko yohava adabanganya intoranwa yiwe, aritesha uburengazira afise bwo gucungura mu kuvuga ati: ‘Jewe sinshobora kuritora.’—Rusi 4:5, 6.
Nk’uko umugenzo wari uri, umuntu yanse gucungura yategerezwa gukura inkweto yiwe akayiha mugenziwe. Igihe rero wa mucunguzi abwira Bowazi ngo “N’uryīgurire”, aca atangura gukura inkweto yiwe. Maze Bowazi aca abwira abagabo b’inararibonye n’abantu bose ati: “Mbatanzekw ivyabona uyu musi, yuko nguze ivyar’ivya Elimeleki vyose, n’ivyar’ivya Kiliyoni na Mahaloni, mbiguze na Nawomi. Kandi na Rusi Umunyamowabukazi, yari muka Mahaloni, ndamuguze ngw abe umugore wanje, ngo mponore umuhisi, . . . mbatanzekw ivyabona uyu musi.”—Rusi 4:7-10.
Abantu bose bari kw’irembo babwira Bowazi bati: “Uhoraho amuhwanye na Rakeli na Leya, ari bo bompi bāshinze inzu ya Isirayeli: nawe uragasagamba muri Efurata, ube rurangiranwa i Betelehemu.”—Rusi 4:11, 12.
Abantu bamaze kumuhezagira, Bowazi aca atwara Rusi aba umugore wiwe. Amuvyarira umuhungu amwita Obedi, bica bituma Rusi na Bowazi bacika inakuruza na sekuruza b’Umwami Dawidi, gutyo baba babaye inakuruza na sekuruza ba Yezu Kirisitu.—Rusi 4:13-17; Matayo 1:5, 6, 16.
“Impēra ishitse”
Mu nkuru yose yiganwa, uhereye kuri kwa kuramutsa abakozi kurangwa ubugwaneza gushika kuri kwa kwemera ibanga ryo kuzigama izina ry’umuryango wa Elimeleki, Bowazi aragaragaza ko ari umuntu yibonekeje, umuntu w’umunyabikorwa kandi afata ingingo. Muri ico gihe nyene, yari umuntu yigumya, afise ukwizera kandi w’intadohoka. Bowazi kandi yari umuntu akunda gutanga, w’umutima mwiza, adahumanye mu vy’inyifato runtu kandi agamburuka amategeko ya Yehova bimwe bishitse.
Rusi ni umuntu yibonekeje ku rukundo akunda Yehova, ku rukundo rudahemuka akunda Nawomi, ku bwira bwiwe be no ku kwicisha bugufi kwiwe. Ntibitangaje kubona abantu bamubona ko ari “umugore aroranye”. Ntiyarya “ivyo kurya vy’ukwamikara”, kandi kubera yakora agatama, yararonka ivyo asabikanya na inabukwe yari akenye (Imigani 31:27, 31). Kubera ukwitwararika Nawomi, Rusi abwirizwa kuba yaragize agahimbare kava ku gutanga.—Ivyakozwe 20:35; 1 Timoteyo 5:4, 8.
Ese ingene ari uburorero bwiza dusanga mu gitabu ca Rusi! Nawomi aribukwa na Yehova. Rusi araronka “impēra ishitse” mu kuba inakuruza wa Yezu Kirisitu. Bowazi arahezagirwa mu kuronka “umugore aroranye”. Kuri twebwe na ho, abantu nk’abo ni uturorero twiza tw’ukwizera.
[Uruzitiro ku rup. 26]
Icizigiro isase
Nimba wumva uri mu bihe bidahimbaye, inkuru ya Rusi irashobora gutuma ugira n’akizigiro na gatoyi. Iraboneka ko ari insozero ihambaye y’igitabu c’Abacamanza. Igitabu ca Rusi kiratubwira ukuntu Yehova yakoresheje umupfakazi ari hasi y’abandi aturuka mu gihugu kinyamahanga ca Mowabu kugira avyare umwami wo kuganza abantu biwe. Ugereranije n’ukuntu ibivugwa mu gitabu c’Abacamanza vyari vyifashe, ukwizera kwa Rusi kurabonesha nk’umuco w’ico kiringo.
Usomye inkuru ya Rusi, urashobora gushira amazinda yuko, naho ibintu vyoba bimeze nabi gute, Imana yama yitaho abantu bayo ikongera igashitsa imigambi yayo.