ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/8 rup. 8-rup. 12 ing. 3
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Abami ba Kabiri

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Abami ba Kabiri
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ELISA ASUBIRIRA ELIYA
  • (2 Abami 1:1–8:29)
  • ISIRAYELI BE N’UBUYUDA BIJANWA MU BUNYAGANO
  • Kiradufitiye akamaro
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ni Nde Azorokoka ‘Umusi wa Yehova’?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • 2 Abami: ibirimwo
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Elisha yarabonye imikogote y’umuriro—Woba nawe uyibona?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/8 rup. 8-rup. 12 ing. 3

Ijambo rya Yehova ni rizima

Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Abami ba Kabiri

IGITABU ca Bibiliya c’Abami ba Kabiri cuhirira igitabu c’Abami ba Mbere. Kivuga ivy’abami 29, ni ukuvuga abami 12 bo mu bwami bwa Isirayeli bwo mu Buraruko be n’abami 17 bo mu bwami bw’Ubuyuda bwo Bumanuko. Igitabu c’Abami ba Kabiri kiravuga kandi ibikorwa vy’umuhanuzi Eliya, ivy’umuhanuzi Elisa be n’ivy’umuhanuzi Yesaya. Naho ibivugwa muri ico gitabu bidatondetswe neza na neza uko vyagiye birakurikirana, ico gitabu kirigana ivyagiye biraba gushika igihe Samariya be na Yeruzalemu vyasangangurwa. Igitabu c’Abami ba Kabiri cose uko kingana kivuga ivyabaye mu kiringo c’imyaka 340, ni ukuvuga kuva mu mwaka wa 920 B.G.C. gushika mu mwaka wa 580 B.G.C., ari na ho Yeremiya yarangiza kwandika ico gitabu.

Igitabu c’Abami ba Kabiri kidufitiye akamaro akahe? Kitwigisha iki ku vyerekeye Yehova be n’ingene afata abantu mu vyo agirana na bo? Ni ivyigwa ibihe dushobora gukura ku vyakozwe n’abami, abahanuzi, be n’abandi bavugwa muri ico gitabu? Reka turimbure ibintu dushobora kwigira ku gitabu c’Abami ba Kabiri.

ELISA ASUBIRIRA ELIYA

(2 Abami 1:1–8:29)

Umwami Ahaziya wa Isirayeli arakoroka ari mu nzu iwe, ivyo bikamuviramwo ukurwara. Umuhanuzi Eliya amumenyesha ko azopfa. Ahaziya arapfa, maze mwenewabo Yehoramu akaja ku ngoma. Muri ico gihe, Yehoshafati ni umwami w’Ubuyuda. Eliya araduganwa n’agashururu, umufasha wiwe Elisa akamusubirira mu gikorwa co kuba umuhanuzi. Elisa arakora ibitangaro vyinshi mu myaka nka 60 amara arangura umurimo wiwe.​—Raba uruzitiro rugira ruti: “Ibitangaro Elisa yakoze”.

Igihe umwami w’i Mowabu agararije Isirayeli, Yehoramu, Yehoshafati be n’umwami w’i Edomu baragenda gutana mu mitwe na we. Barahabwa intsinzi, bivuye ku kudahemuka kwa Yehoshafati. Mu nyuma, umwami w’i Siriya aragira umugambi wo gutera Isirayeli giturumbuka. Ariko rero, Elisa arica uwo mugambi. Uwo mwami w’i Siriya araraka maze akarungika “amafarasi n’imikogote n’ingabo nyinshi” gufata Elisa (2 Abami 6:14). Elisa arakora ibitangaro bibiri, gutyo agasubiza inyuma Abasiriya bakigira amahoro. Mu nyuma, Umwami w’i Siriya yitwa Beni-hadadi aratera i Samariya akahugariza. Ivyo bituma haba inzara izura inzara, ariko Elisa avuga ko iyo nzara izorangira.

Haciye igihe gitoya, Elisa araja i Damasiko. Umwami Beni-hadadi, ubu akaba arwaye, ararungika Hazayeli kubaza nimba azokira iyo ndwara. Elisa aravuga ko uwo mwami azopfa, be n’uko Hazayeli ari we azomusubirira ku ngoma. Bukeye bwaho, Hazayeli arica Beni-hadadi mu kumupfunda mu “burengeti” yajobetse mu mazi, agaca amusubirira ku ngoma (2 Abami 8:15). Mu Buyuda, Yehoramu umuhungu wa Yehoshafati araba umwami, hanyuma agakurikirwa n’umuhungu wiwe Ahaziya.​—Raba uruzitiro rugira ruti: “Abami b’i Buyuda n’abo muri Isirayeli”.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

2:9​—Ni kubera iki Elisa yasavye ‘imigabane ibiri y’impwemu ya Eliya’? Kugira ngo Elisa ashobore kurangura ibanga ryo kuba umuhanuzi muri Isirayeli, yokeneye kugira umutima nk’uwa Eliya, ni ukuvuga umutima rugabo no kudatinya urukamvye. Kuba Elisa yaratahura ico kintu vyatumye asaba imigabane ibiri y’impwemu ya Eliya. Kubera Elisa yari yagenywe na Eliya kugira ngo amusubirire akaba kandi yari amaze imyaka itandatu ari umufasha wiwe, yabona Eliya nka se wiwe wo mu vy’impwemu. Elisa yari nk’umwana w’imfura wa Eliya mu vy’impwemu (1 Abami 19:19-21; 2 Abami 2:12). Ku bw’ivyo, nka kurya nyene umwana w’imfura yaronka imigabane ibiri ku ntoranwa ya se, ni ko na Elisa yasavye imigabane ibiri ku ntoranwa yo mu vy’impwemu ya Eliya, kandi yarayironse.

2:11​—‘Ijuru Eliya yaduganywemwo n’agashururu’ ryari irihe? Iryo juru ntihari ahantu kure cane mu kirere kandi ntihari ahantu Imana be n’abana bayo b’abamarayika baba (Gusubira mu vyagezwe 4:19; Zaburi 11:4; Matayo 6:9; 18:10). “Ijuru” Eliya yaduganywemwo cari ikirere kiri hafi y’isi (Zaburi 78:26; Matayo 6:26). Kubera yuko uwo mukogote waciye mu kirere cegereye isi, bisa n’uko wimuriye Eliya mu kindi gice c’isi, aho yabandanije kuba mu gihe kinaka. Kukaba nkako, haciye imyaka, Eliya yarandikiye ikete Yehoramu umwami w’i Buyuda.​—2 Ngoma 21:1, 12-15.

5:15, 16​—Ni kubera iki Elisa yanse ingabirano Namani amuhaye? Elisa yaranse iyo ngabirano kubera yari azi ko igitangaro c’ugukiza Namani cakozwe bivuye ku bushobozi bwa Yehova, kitakozwe bivuye ku bushobozi bwiwe bwite. Ntiyorose arira mbege kw’ibanga yashinzwe n’Imana. Abasavyi b’Imana b’ukuri bo muri iki gihe ntibarondera kwungukira ku murimo barangurira Yehova. Barashira ku muzirikanyi impanuro Yezu yatanze igira iti: “Mubiherewe ubusa, mubitangire ubundi”.​—Matayo 10:8.

5:18, 19​—Namani yoba yariko asaba ikigongwe ku bw’uruhara yategerezwa kugira mu bijanye n’ugusenga? Bisa n’uko umwami wa Siriya yari ashaje kandi akaba atagira utuguvu, akaba rero yategerezwa kwishimikiza Namani. Igihe uwo mwami yunama mu gusenga Rimoni, na Namani yarunama. Ariko rero, Namani yapfa kubigira kugira gusa umwami amwishimikize, ntiyunama ashaka gusenga. Namani yariko asaba Yehova ngo amubabarire ku bw’ico gikorwa yarangurira igihugu. Elisa yaremeye ivyo Namani amubwiye, amubarira ati: “Genda amahoro”.

Ivyigwa tuhigira:

1:13, 14. Kwiga biciye ku kwihweza ibintu hamwe n’ugukorana ukwicisha bugufi birashobora kurokora ubuzima.

2:2, 4, 6. Naho Elisa yari amaze imyaka nk’itandatu ari umufasha wa Eliya, yaguma asubiramwo ko adatandukana na we. Mbega ukuntu ako ari akarorero keza karanga ukudahemuka be n’ubugenzi nyabwo!​—Imigani 18:24.

2:23, 24. Ikintu nyamukuru gituma abo bana batwenga Elisa, bisa n’uko ari ukubera babonye umugabo w’ubuhanza yambaye umutamana Eliya yambara mu gikorwa ciwe. Bari bazi ko Elisa aserukira Yehova mugabo ntibashaka gusa kumubona ng’aho. Bamubwiye bati: “Dūga”, bakaba bashaka kuvuga ko yobandanya aduga i Beteli canke ko yoduganwa nk’uko Eliya yari yaraduganywe. Biboneka ko abo bana bariko baragaragaza urwanko rw’abavyeyi babo. Mbega ukuntu bihambaye ko abavyeyi bigisha abana babo kwubaha abaserukira Imana!

3:14, 18, 24. Ijambo rya Yehova ryama nantaryo riranguka.

3:22. Imishwarara y’izuba ryo mu gatondotondo yatumye amazi aboneka nk’aho asa n’amaraso, kumbure kubera ko ivu ry’ibinogo bari baherutse kwimba ryarimwo ibumba ritukura. Yehova arashobora gukoresha ibintu biba mu bidukikije kugira ashitse imigambi yiwe.

4:8-11. Kubera ko umugore w’i Shunemu yari azi ko Elisa ari ‘umuntu yera w’Imana’, yaramwakira iwe. None ntidukwiye kugirira ukwo nyene abasavyi ba Yehova b’intahemuka?

5:3. Ako kigeme k’Akisirayelikazi karemera ko Imana ifise ububasha bwo gukora ibitangaro. Vyongeye, kari gafise umutima rugabo wo kuvuga ibijanye n’ukwizera kwako. Mwebwe abakiri bato, mwoba mwita ku rutare kugira ngo mukomeze ukwizera mufise mu mihango Imana yatanze mwongere mugire umutima rugabo wo kubwira ukuri abigisha banyu be n’abo mwigana?

5:9-19. Ivyashikiye Namani ntivyerekana none ko umuntu yishira hejuru ashobora kwiga kwicisha bugufi?​—1 Petero 5:5.

5:20-27. Gehazi yariboneyeko kubera ububeshi bwiwe. Tuzirikanye ku mubabaro be n’ivyago bishikira umuntu afise ubuzima burimwo tubiri, biradufasha kwirinda iyo ngendo.

ISIRAYELI BE N’UBUYUDA BIJANWA MU BUNYAGANO

(2 Abami 9:1–25:30)

Yehu arimikishwa amavuta ngo abe umwami wa Isirayeli. Ntatebagana kuja mu rugamba rwo gutikiza inzu ya Ahabu. Yehu abigiranye ubuhanga ‘arahenebereza ugusenga Bayali, akagukura muri Isirayeli’ (2 Abami 10:28). Ataliya, nyina wa Ahaziya, amaze kwumva ko umwana wiwe yishwe na Yehu, “arahaguruka a[ka]geseza abo mu nda y’ingoma bose [b’i Buyuda]”, agaheza akigarurira ingoma (2 Abami 11:1). Umwana w’umuhungu wa Ahaziya yitwa Yowasi ni we gusa arokoka, maze haciye imyaka itandatu ari mu kinyegero, akagenwa akaba umwami w’i Buyuda. Abifashijwemwo na Yehoyada umuherezi, Yowasi aguma akora ivyo Yehova abona ko ari vyiza.

Mu nyuma za Yehu, abami bose batwara Isirayeli barakora ivyo Yehova abona ko ari bibi. Elisa aricwa n’indwara mu gihe haganza umwuzukuru wa Yehu. Umwami agira kane w’i Buyuda akurikira Yowasi ni Ahazi, mugabo “[nta]kora ivyo Uhoraho Imana yiwe abona kw ari vyiza” (2 Abami 16:1, 2). Yamara, umuhungu wiwe Hezekiya aragaragaza ko ari umwami ‘yifatanya na Yehova akaramata’ (2 Abami 17:20; 18:6). Mu 740 B.G.C., igihe Hezekiya ari umwami w’i Buyuda, Hoseya na we akaba aganza muri Isirayeli, umwami y’i Ashuri yitwa Shalumaneseri ‘aratsinda i Samariya; agaheza akajana Abisirayeli ari inyagano muri Ashuri’ (2 Abami 17:6). Mu nyuma y’ivyo, abanyamahanga barazanwa muri Isirayeli, idini ry’Abasamariya rigaca rivuka.

Mu bami indwi bakurikira Hezekiya mu Buyuda, Yosiya wenyene ni we akura ugusenga kw’ikinyoma mu gihugu. Amaherezo, mu 607 B.G.C., Abanyababiloni barigarurira Yeruzalemu, ‘Abayuda bakajanwa mu bunyagano bakuwe mu gihugu cabo’.​—2 Abami 25:21.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

13:20, 21​—Ico gitangaro coba gishigikira ivyo amadini akora vyo guha icubahiro kidasanzwe ibisigarira vy’abapfuye? Oya, ntikibishigikira. Bibiliya ntiyerekana ko amagufa ya Elisa yigeze yubahwa mu buryo budasanzwe. Ububasha bw’Imana ni bwo bwatumye ico gitangaro gishoboka, kandi ukwo ni ko vyagenze no ku bindi bitangaro vyose Elisa yakoze igihe yari akiri muzima.

15:1-6​—Ni kubera iki Yehova yateje Uziya imibembe? Uziya “amaze kuba agahambaye, yishira hejuru mu mutima wiwe, . . . acumura k’Uhoraho Imana yiwe; kuko yinjiye mu rusengero rw’Uhoraho ngo yosereze imibavu ku gicaniro ihora yoserezwako”. Igihe abaherezi ‘babuza Uziya’ bakamubarira ngo ‘ave aho hantu hera’, yarabarakiye maze aca asesa imibembe.​—2 Ngoma 26:16-20.

18:19-21, 25​—Hezekiya yoba yaragiraniye isezerano na Misiri? Oya. Ibirego vya Rabushake vyari ivy’ikinyoma, nka kurya nyene ivyo yavuze ko yari aje gutera “kubg’Uhoraho” vyari ikinyoma. Umwami Hezekiya w’intahemuka yihetse kuri Yehova gusa.

Ivyigwa tuhigira:

9:7, 26. Urubanza rukomeye Yehova acira inzu ya Ahabu rwerekana ko yanka urunuka ugusenga kw’ikinyoma be n’ugusesa amaraso y’abantu ata co bazira.

9:20. Kubona Yehu yari azwi ko ari umuntu atwara umukogote awugurukana, birerekana ko yari afise umwete mu kurangura igikorwa yari yashinzwe. Woba uzwi ko uri umwamamaji w’Ubwami w’umunyamwete?​—2 Timoteyo 4:2.

9:36, 37; 10:17; 13:18, 19, 25; 14:25; 19:20, 32-36; 20:16, 17; 24:13. Turashobora kwizigira ko ‘ijambo riva mu kanwa ka Yehova ritigera rigaruka ubusa’.​—Yesaya 55:10, 11.

10:15. Nka kurya nyene Yehonadabu yemeye n’umutima wiwe wose ubutumire bwa Yehu bwo kwurira mu mukogote, ni na ko “ishengero ryinshi” rishigikira n’umutima ukunze Yezu Kirisitu, we Yehu wo muri iki gihe, be n’abayoboke biwe basizwe.​—Ivyahishuwe 7:9.

10:30, 31. Naho ivyo Yehu yakoze bitari bibuzemwo akanenge, Yehova yarakengurutse ibintu vyose yakoze. Nkako, “Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vya[cu]”.​—Abaheburayo 6:10.

13:14-19. Kubera ko Yowasi umwuzukuru wa Yehu atagize akigoro, ariko agakubita imyampi hasi incuro zitatu gusa, yanesheje Abasiriya incuro nkeya. Yehova yiteze ko turangura igikorwa twashinzwe tubigiranye umutima wacu wose be n’umwete.

20:2-6. Yehova ‘arumva ivyo asabwa’.​—Zaburi 65:2.

24:3, 4. Kubera amaraso Manase yasheshe, Yehova ‘ntiyemeye guharira’ Ubuyuda. Imana iraha agaciro amaraso y’abantu ata co bazira. Turashobora kwizigira ko Yehova azohora amaraso y’abantu ata co bazira mu gukuraho abantu bose basesa amaraso.​—Zaburi 37:9-11; 145:20.

Kiradufitiye akamaro

Igitabu c’Abami ba Kabiri kirerekana ko Yehova ashitsa ivyo yasezeranye. Kubona ababa muri bwa bwami bubiri barajanywe mu bunyagano, hakaba hatanguye kujanwa abo mu bwami bwa Isirayeli hanyuma abo mu bwami bw’Ubuyuda, biratwereka neza yuko urubanza rwari rwaravuzwe mu buhanuzi bwo mu Gusubira mu vyagezwe 28:15–29:28 rwashitse. Igitabu c’Abami ba Kabiri kidondora Elisa nk’umuhanuzi afitiye ishaka ryinshi izina rya Yehova be n’ugusenga kw’ukuri. Hezekiya na Yosiya bavugwa ko ari abami bicisha bugufi bubaha Ivyagezwe vy’Imana.

Uko tuzirikana ku gatima be no ku bikorwa vyaranze abami, abahanuzi be n’abandi bavugwa mu gitabu c’Abami ba Kabiri, ntibitwigisha none ivyigwa ngirakamaro mu bijanye n’ivyo twokwihatira gukora be n’ivyo twokwirinda (Abaroma 15:4; 1 Ab’i Korinto 10:11)? Ego cane, ‘ijambo ry’Imana ni rizima, kandi rirafise ububasha’.​—Abaheburayo 4:12.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 10]

IBITANGARO ELISA YAKOZE

1. Amazi ya Yorodani agaburwamwo kubiri.​—2 Abami 2:14

2. Amazi mabi y’i Yeriko arakira.​—2 Abami 2:19-22

3. Amadubu aratabagura abana bigenza nabi.​—2 Abami 2:23, 24

4. Ingabo ziraronka amazi.​—2 Abami 3:16-26

5. Umupfakazi araronka amavuta yo kurya.​—2 Abami 4:1-7

6. Umugore w’i Shunemu w’ingumba arasama inda.​—2 Abami 4:8-17

7. Umwana arazurwa mu bapfuye.​—2 Abami 4:18-37

8. Imboga zirimwo ubumara zirahinduka iziribwa.​—2 Abami 4:38-41

9. Abagabo 100 barahazwa n’imikate 20.​—2 Abami 4:42-44

10. Namani arakizwa imibembe.​—2 Abami 5:1-14

11. Imibembe ya Namani iraja kuri Gehazi.​—2 Abami 5:24-27

12. Ishoka irareremba ku mazi.​—2 Abami 6:5-7

13. Umusuku arabona imikogote iriko abamarayika.​—2 Abami 6:15-17

14. Ingabo z’Abasiriya ziratezwa uruhumyi.​—2 Abami 6:18

15. Ingabo z’Abasiriya zirahumurwa.​—2 Abami 6:19-23

16. Uwapfuye arasubira kuba muzima.​—2 Abami 13:20, 21

[Igicapo/Amafoto ku rup. 12

ABAMI B’I BUYUDA N’ABO MURI ISIRAYELI

Sauli/Dawidi/Salomo: 1117/1077/1037 B.G.C.a

UBWAMI BW’I BUYUDA IGENEKEREZO (B.G.C.) UBWAMI BWA ISIRAYELI

Rehobowamu ․․․․․․ 997 ․․․․․․ Yerobowamu

Abiya/Asa ․․․․ 980/978 ․․․․

․․ 976/975/952 ․․ Nadabu/Bayasha/Ela

․․ 951/951/951 ․․ Zimuri/Omuri/Tibuni

․․․․․․ 940 ․․․․․ Ahabu

Yehoshafati ․․․․․․ 937 ․․․․․․

․․․․ 920/917 ․․․․ Ahaziya/Yehoramu

Yehoramu ․․․․․․ 937 ․․․․․․

Ahaziya ․․․․․․ 906 ․․․․․․

(Ataliya) ․․․․․․ 905 ․․․․․․ Yehu

Yowasi ․․․․․․ 898 ․․․․․․

․․․․․․ 898 ․․․․․․ Yehowahazi/Yowasi

Amaziya ․․․․․․ 858 ․․․․․․

․․․․․․ 844 ․․․․․․ Yerobowamu wa kabiri

Uziya ․․․․․․ 829 ․․․․․․

․․ 803/791/791 ․․

Zekariya/Shalumu/Menahemu

․․․․ 780/778 ․․․․ Pekahiya/Peka

Yotamu/Ahazi ․․․․ 777/762 ․․․․

․․․․․․ 758 ․․․․․․ Hoseya

Hezekiya ․․․․․․ 746 ․․․․․․

․․․․․․ 740 ․․․․․․ Samariya hafatwa

Manase/Amoni/Yosiya ․․ 716/661/659 ․․

Yehowahazi/Yehoyakimu ․․․․ 628/628 ․․․․

Yehoyakina/Zedekiya ․․․․ 618/617 ․․․․

Yeruzalemu hasangangurwa ․․․․․․ 607 ․․․․․․

[Akajambo k’epfo]

a Amagenekerezo amwamwe yerekana umwaka ugereranywa ko ari wo abami batanguriyemwo kuganza.

[Ifoto ku rup. 8, 9]

Namani yaricishije bugufi bituma akira biciye ku bubasha bwa Yehova

[Ifoto ku rup. 8, 9]

Ni ibiki vyashikiye Eliya igihe ‘yaduganwa n’agashururu’?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika