ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/7 rup. 3-7
  • Wewe Woba Ushima Ishirahamwe rya Yehova?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wewe Woba Ushima Ishirahamwe rya Yehova?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Uwabonye Inteko zo mw’Ijuru
  • Kwiga Kugira ngo Dutegere
  • Kwimba Turondera Guca Ubwenge
  • Ivyo Yesaya Yabonye
  • Ezekiyeli Yabonye Ibiki?
  • Yehova akingira Elisha
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Elisha yarabonye imikogote y’umuriro—Woba nawe uyibona?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Ubwiza bw’intebe y’ubwami ya Yehova yo mw’ijuru
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/7 rup. 3-7

Wewe Woba Ushima Ishirahamwe rya Yehova?

“Uku ni k[o Yehova, “NW”] agize, at’Ijuru ni ryo ntebe yanje y’ubgami, isi na yo n’indava y’ibirenge vyanje.”—YESAYA 66:1.

1, 2. (a) Ni ikimenyamenya ikihe wokwerekana c’uko ishirahamwe rya Yehova ririho? (b) Yehova avyagiye hehe?

WOBA wemera ko Yehova afise ishirahamwe? Niba uvyemera, uvyemezwa n’iki? Hari aho wokwishura uti: ‘Turafise Ingoro y’Ubwami, turafise ishengero ritunganijwe neza rikagira n’inama y’abakurambere, turafise umucungezi w’umuzunguruko yagenywe mu buryo bukwiriye kandi atugendera adahengeshanya, turitaba amateraniro matomato na maninimanini atunganijwe, tukagira ibiro vy’ishami vya Watch Tower Society mu gihugu iwacu. Nta nkeka, ivyo vyose hamwe n’ibindi vyinshi nyene biragaragaza ko Yehova afise ishirahamwe rikora.’

2 Ivyo bintu birahuye n’ikimenyamenya c’uko ari ishirahamwe. Ariko niba ivyo tubona kandi dushima ari ibiri kw’isi gusa, twoba rero tutumva ishirahamwe rya Yehova ryose uko riri. Yehova yabwiye Yesaya yuko isi ari gusa indava y’ibirenge vyiwe, ariko yuko ijuru ari intebe yiwe y’ubwami. (Yesaya 66:1) None “ijuru” Yehova yariko aravuga ni irihe? Yoba yariko avuga iki kirere tubona, canke ikiri inyuma yaco? Canke yavuga ahandi hantu hanaka haba ubuzima? Yesaya aravuga ivy’ ‘ahantu hakirurutse h’ukwera n’ubwiza’ ha Yehova, umwanditsi wa zaburi na we akavuga ko iryo juru ari ‘ikibanza gihamye avyagiyemwo.’ Gutyo, iryo ‘juru’ rivugwa muri Yesaya 66:1 ryerekeza ku karere kataboneka ko mu buryo bw’impwemu aho Yehova ari mu kibanza kiruta vyose, ahadasumbwa.—Yesaya 63:15; Zaburi 33:13, 14.

3. Dushobora gute gutsinda amazinda?

3 Nitwaba rero dushaka gutegera no gushima ishirahamwe rya Yehova, dutegerezwa kuraba ijuru. Aho ni ho hagora bamwebamwe. Kubera ko ishirahamwe rya Yehova ryo mw’ijuru ari iritaboneka, tumenya gute ko ririho vy’ukuri? Hari mbere n’abomara igihe bagira amazinda, bibaza bati ‘Twovyemezwa n’iki?’ None ukwizera kwotsinda amazinda gute? Hari uburyo nyamukuru bubiri bwobidufashamwo: ukwiga cane Ijambo ry’Imana umuntu ukwiwe hamwe n’ukwitaba amakoraniro ya gikirisu tudahengeshanya kandi tukanayagiramwo uruhara. Ni ho duheza tukabona umuco w’ukuri udukura ya mazinda. Hariho n’abandi basuku b’Imana bagize amazinda. Reka turabe ivya wa musuku wa Elisa igihe Isirayeli yari yatewe n’umwami w’i Siriya.—Gereranya na Yohana 20:24-29; Yakobo 1:5-8.

Uwabonye Inteko zo mw’Ijuru

4, 5. (a) Umusuku wa Elisa yagize ingorane iyihe? (b) Yehova yishuye gute isengesho rya Elisa?

4 Umwami w’i Siriya yarungitse intwaramiheto nyinshi akabi mw’ijoro, azituma i Dotani kugira ngo zicakire Elisa. Aho umusuku wa Elisa avyukiye kare mu gitondo hanyuma agasohoka, kumbure kugira ngo asame akayaga gapfutse kw’idari ribase ry’inzu yabo mu Buseruko bwo Hagati, yagiye yumva umutima urahutse! Yagiye abona igitero kizima c’Abasiriya kigizwe n’ingabo ziri ku mafarasi hamwe n’imikogote y’intambara, zikikuje ico gisagara, zirindiriye gucakira umuhanuzi w’Imana. Uwo musuku yayihaye umunwa atabaza Elisa, ati: “Biracitse databuja! None tugire dute?” Biboneka ko Elisa yishuye umutima uri mu nda, kandi azi ivyo avuga, ati: “Nta co utinya, kukw abo turi kumwe ari benshi kuruta abari kumwe na bo.” Uwo musuku ategerezwa kuba yaribajije, ati ‘Bari hehe none ko ntababona?’ Hari igihe natwe twoba dufise ingorane nk’iyo—ukunanirwa kubona n’amaso y’ugutahura canke ugutegera inteko zo mw’ijuru.—2 Abami 6:8-16; Abanyefeso 1:18.

5 Elisa yarasabiye amaso y’uwo musuku wiwe ngo ahumuke. Uti none hakurikiye ibiki? “Nuk[o Yehova] ahumūra amaso y’uwo musore, ararāba, abona umusozi wuzuyekw amafarasi n’imikogote vy’umuriro bikikije Elisa.” (2 Abami 6:17) Ni vyo, yabonye inteko zo mw’ijuru, ingabo zigizwe n’abamarayika zirindiriye gukingira umusavyi w’Imana. Ni ho yashoboreye gutahura umwizero wa Elisa.

6. Dushobora gute kuronka ugutahura ivy’ishirahamwe rya Yehova ryo mw’ijuru?

6 Hoba hari igihe tugira ingorane y’ugutegera nk’uko vyagendeye umusuku wa Elisa? Twoba duhengamiye ku kubona gusa isura y’inyuma y’ibintu biba biduhanamiye canke bihanamiye umurimo wa gikirisu mu bihugu binaka? Nimba ari ukwo biri, twoshobora none kwitega ko hagira ibintu bidasanzwe twerekwa bituboneshereza? Oya, kubera ko hariho ikintu dufise uwo musuku wa Elisa atari afise—dufise igitabu cuzuye kirimwo ibintu vyinshi abantu beretswe, ari co Bibiliya, kikaba gishobora kudusigurira ivyerekeye ishirahamwe ryo mw’ijuru. Iryo Jambo ryahumetswe riratwereka kandi ingingo nyobozi zituma tugorora ukuntu twiyumvira n’ukuntu tubaho. Ariko rero, dutegerezwa kugira akigoro ko kurondera ubukerebutsi kandi tugatsimbataza umutima wo gushima ivyo Yehova aringaniza. Ivyo na vyo dushobora kubigira biciye ku kwiyigisha, bikajana n’isengesho hamwe n’ukuzirikana.—Abaroma 12:12; Ab’i Filipi 4:6; 2 Timoteyo 3:15-17.

Kwiga Kugira ngo Dutegere

7. (a) Ni ingorane iyihe bamwebamwe boshobora kugira ku vyerekeye ukwiyigisha Bibiliya? (b) Ni kuki akigoro umuntu yogira mu kwiyigisha atari impfagusa?

7 Ntitwovuga ko abantu benshi bonezerwa no kwiyigisha, nka babandi batigeze bashima ukwiga mw’ishure canke batigeze baronka akaryo ko kurijamwo. Ariko rero, nimba dushaka gutegera no gushima ishirahamwe rya Yehova n’amaso yacu y’ugutahura, dutegerezwa gutsimbataza icipfuzo c’ukwiga. Mbega woshobora kurya ibifungurwa biryoshe utabiteguye neza? Nk’uko umukinjitsi wese yobikubwira, hari vyinshi bikenera gukorwa kugira ngo umuntu ategure ibifungurwa biryoshe. Yamara, bishobora kuribwa mu mwanya w’igice c’isaha canke utanashika. Ariko inyungu ziva ku kwiyigisha zo zishobora kumara ubuzima bwawe bwose. Kwiga turi twenyene turashobora kubikunda turavye iterambere dushobora kubikuramwo. Intumwa Paulo ntiyihenze mu kuvuga ko dukwiye kwiyamizako ijisho tukaryamiza no ku vyo twigisha, kandi tukabandanya kwijukira ugusomera imbere y’abantu. Bisaba umwete ukomeye, ariko inyungu bivamwo zishobora kuba iz’ibihe bidashira.—1 Timoteyo 4:13-16.

8. Mu Migani hadusaba kugira agatima kameze gute?

8 Umuntu w’umunyabwenge wa kera yavuze ati: “Mwana wanje, ni wemera amajambo yanje, ukabīka amabwirizwa yanje muri wewe, bigatuma utega ugutwi ubgenge, ugashira umutima ku gutahura; mbere ni wahamagara ubgenge, ugashira ijwi hejuru uririra ugutahura; ni waburondera nk’ifeza, ukabusesangura nk’ūrondera izahabu zanyegejwe; ni ho uzotahura ukwubaha [Yehova, NW] ukw ari kwo, ukaronka ukumenya Imana.”—Imigani 2:1-5.

9. (a) Agaciro k’inzahabu gahuriye he n’ “ukumenya Imana”? (b) Ni ibikoresho ibihe dukeneye kugira ngo turonke ubumenyi nyakuri?

9 Wabonye uwo biraba uwo ari we? Imvugo ngo ‘Niwa-’ iguma yisubiramwo.’ Urabona kandi ko harimwo imvugo ngo ‘Niwaguma usesangura nk’ūrondera izahabu zanyegejwe.’ Iyumvire abimba ubutare, bamaze ibinjana n’ibindi bimba ifeza n’inzahabu muri Afirika y’Epfo, Boliviya, Mekizike, no mu bindi bihugu. Barakoze bararuha, bakoresha amasipiri n’ibipawa, kugira ngo bacukure mu rubuyebuye boshobora gukuramwo ubwo butare bw’agaciro. Barabonye ko inzahabu ifise agaciro kanini cane ku buryo ahantu hamwe himbwa ubutare i Kaliforoniya muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bimvye ibirometero 591 vy’imyobo, bashikira ubwimbike bureha n’ikirometero 1,5—kugira ngo gusa baronke inzahabu. Ariko none, inzahabu woshobora kuyirya? Woshobora kuyinywa? Yogutunga mu bugaragwa nko mu gihe woba wishwe n’inzara canke inyota? Oya, agaciro kayo kari mu vyo abantu bayitonamwo, uko bayirimbura, kagahinduka ku musi ku musi nk’uko bibonekera mu masoko mpuzamakungu. Yamara rero hariho abantu bemeye gupfa bayizira. None wumva hakenewe akigoro kangana iki kugira ngo umuntu aronke inzahabu yo mu vy’impwemu, arikwo kwa ‘kumenya Imana’? Vyiyumvire nawe: ukumenya nya kumenya Umukama Segaba w’ijuru n’isi, ishirahamwe ryiwe hamwe n’imigambi yiwe! Muri ivyo, turashobora gukoresha amasipiri n’ibipawa vyo mu buryo bw’impwemu. Ivyo ni ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya bidufasha kwimba mw’Ijambo rya Yehova tukamenya insobanuro yaryo.—Yobu 28:12-19.

Kwimba Turondera Guca Ubwenge

10. Ni ibiki Daniyeli yeretswe?

10 Reka twimbe gatoyi mu buryo bw’impwemu kugira ngo dutangure kuronka ukumenya nya kumenya ishirahamwe rya Yehova ryo mw’ijuru. Kimwe mu bidufasha guca ubwenge, reka tuje ku vyo Daniyeli yeretswe vyerekeye Uwa Mbere na Mbere yari avyagiye ku ntebe yiwe y’ubwami. Daniyeli yandika ati: “Nkomeza kwitegereza, bakiriko barashirah’intebe z’ubgami; maze haza Uwa mbere na mbere, aravyagira. Imyambaro yiwe yera nka shelegi kand’umushatsi wiwe wasa n’ubgoya bg’intama yera derere; intebe y’ubgami bgiwe yari nk’ibirimi vy’umuriro, kand’amakurudumu yayo yari nk’umuriro waka. Uruzi rw’umuriro rwiburuka ruva imbere yiwe; ibihumbi n’ibihumbi biramukorera, kand’amasinzi n’amasinzi bari bahagaze imbere yiwe. Imanza zirashingwa, ibitabo birazingururwa.” (Daniyeli 7:9, 10) Ivyo bihumbi bariko bakorera Yehova bari bande? Amarabiro yatanzwe hagati y’inkingi z’igisomwa co muri Bibiliya Traduction du monde nouveau akoreshwa nk’ “amasipiri” n’ “ibipawa,” aturungika ku marabiro nka Zaburi 68:17 n’Abaheburayo 1:14. Cane nyene, abo bariko bamukorera bari abamarayika bo mw’ijuru!

11. Ivyo Daniyeli yeretswe bishobora kudufasha gute gutahura ya majambo ya Elisa?

11 Inkuru yo muri Daniyeli ntivuga yuko yabonye abamarayika bose b’abizerwa Imana itegeka. Hashobora kuba hariho n’abandi amamiliyoni. Ariko ubu rero nta cotubuza gutegera icatumye Elisa avuga ati: “Abo turi kumwe [ni] benshi kuruta abari kumwe na bo.” Ingabo z’umwami w’i Siriya naho nyene zari zishigikiwe n’abamarayika b’abahemu, ari bo madayimoni, mu gitigiri zararutwa n’ingabo za Yehova zo mw’ijuru!—Zaburi 34:7; 91:11.

12. Wogira iki kugira ngo umenye n’ibindi vyinshi ku vyerekeye abamarayika?

12 Kumbure woshima kumenya n’ibindi vyerekeye abo bamarayika, nk’uruhara barangura mu gukorera Yehova. Mw’ijambo ry’Ikigiriki risigura umumarayika, dushobora kubonamwo yuko ari intumwa, kuko risobanura kandi ngo “umutumwa.” Ariko rero, ibikorwa bakora si ivyo gusa. Mugabo kugira ngo umenye ivyo bakora, utegerezwa kwimba. Niba ufise igitabu Insight on the Scriptures canke Auxiliaire pour une meilleure intelligence de la Bible, ushobora kwiga ikiganiro kivuga ngo “Abamarayika” (“Angel” canke “Ange”) canke ushobora kuraba ibiganiro bimaze kwandikwa mu Munara w’Inderetsi ku vyerekeneye abamarayika. Uzotangazwa n’ibintu vyinshi ushobora kwiga ku vyerekeye abo basuku b’Imana bo mw’ijuru, unashobore gushima imfashanyo batanga. (Ivyahishuriwe 14:6, 7) Ariko rero, mw’ishirahamwe ry’Imana ryo mw’ijuru, hariho ibiremwa bimwebimwe vy’impwemu bifise imirimo vyisangije.

Ivyo Yesaya Yabonye

13, 14. Ni ibiki Yesaya yeretswe, kandi ivyo vyakoze iki kuri we?

13 Reka ubu na ho twimbe gatoyi mu vyo Yesaya yeretswe. Usomye ikigabane ca 6, kuva ku murongo wa 1 gushika ku w’7, ntiwobura gutangara. Yesaya avuga ko ‘yabonye Yehova avyagiye ku ntebe y’ubgami,’ n’ “abaserafi bari bahagaze hejuru yiwe.” Bariko basemerera batangaza ubuninahazwa bwa Yehova, bahayagiza ubweranda bwiwe. Usomye vyonyene iyo nkuru ntiwobura kwumirwa. None Yesaya yagize iki aho abiboneye? “Maze ndavuga, nti Mbonye ibara, ndapfuye; kuko nd’umunyaminwa yanduye, kandi mba hagati y’ubgoko bufise iminwa yanduye; kukw amaso yanje abonye Umwami, [Yehova, NW] Nyen’ingabo.” Urumva ukuntu yajorejwe n’ivyo abonye! Weho none ni ko umera?

14 None Yesaya yashoboye gute kwihanganira ivyo bintu yabonye vy’ubuninahazwa bw’igitangaza? Asigura yuko hari umuserafi yaje kumutabara akavuga ati: “Ukugabitanya kwawe ugukūweko, icaha cawe kirahongewe.” (Yesaya 6:7) Yesaya yarashobora kwizigira ikigongwe c’Imana kandi agashira umutima ku majambo ya Yehova. Ubu none ntiwoshima kumenya n’ibindi ku vyerekeye ivyo biremwa vy’impwemu bifise ikibanza kiri hejuru? Wotegerezwa none gukora iki? Niwimbe ugire ibindi umenya. Kimwe mu vyo wokwifashisha ni ca gitabu c’ironderero, Index des publications de la Société Watch Tower, ugakurikira amarabiro gitanga yerekeza ku masoko menshi atanga insobanuro zitomora ibintu.

Ezekiyeli Yabonye Ibiki?

15. Ni igiki cerekana ko ivyo Ezekiyeli yeretswe ari ivyo kwizigirwa?

15 Reka ubu na ho tuje ku biremwa vy’impwemu vy’ubundi buryo. Ezekiyeli yaratewe iteka ryo kwerekwa ibintu biteye akoba igihe yari akiri inyagano i Babiloni. Zingurura Bibiliya yawe muri Ezekiyeli ikigabane ca 1, ku mirongo itatu ya mbere. Iyo nkuru itangura gute? Yoba itangura ngo ‘Harabaye mu gihugu ca kure . . . ’? Oya, iyo nkuru si igitito kivuga ivy’umugani. Umurongo wa 1 uvuga uti: “Mu mwaka wa mirongwitatu, mu kwezi kwa kane, ku musi ugira gatanu w’ukwo kwezi, nari kumwe n’abājanywe ar’inyagano turi ku ruzi Kebari; ijuru riruguruka, maze mbona ivyo neretswe bivuye ku Mana.” Ni ibiki ubona muri uwo murongo? Urerekana itariki nyakuri n’ikibanza nyene vyabereyeko. Ivyo bintu bitanzwe ido n’ido bidoma urutoke ku mwaka ugira gatanu w’ukugirwa inyagano kw’Umwami Yehoyakina, umwaka w’613 B.G.C.

16. Ezekiyeli yabonye ibiki?

16 Ukuboko kwa Yehova kwaje kuri Ezekiyeli, hanyuma atangura kwerekwa ibintu biteye ubwoba vyerekeye Yehova, yicaye ku ntebe y’ubwami mu mukogote amahanga wo mw’ijuru wari ufise amakurudumu maninimanini cane yuzuyeko amaso ku maringi hose. Ikintu dukurikirana ngaha ni uko hari ibiremwa bine, kw’ikurudumu rimwe ryose hakaba hari hahagaze ikiremwa kimwe. “Uku ni ko vyasa: vyari bifise ishusho y’umuntu. Kimwe-kimwe cari gifise mu maso hane, kandi kimwe-kimwe nyene cari gifise amababa ane. . . . Mu maso havyo uko hāsa, vyari bifise mu maso nk’ah’umuntu; kand’ukw ari bine, vyari bifise mu maso nk’ah’inta[r]e mu ruhande rw’i buryo; kand’ukw ari bine, vyari bifise mu maso nk’ah’inka mu ruhande ry’i bumoso; kand’ukw ari bine, vyari bifise mu maso nk’ah’inkukuma.”—Ezekiyeli 1:5, 6, 10.

17. Mu maso hane ha ba bakerubi hagereranya iki?

17 Ivyo binyabuzima bine vyari ibihe? Ezekiyeli ubwiwe aratubwira ko bari abakerubi. (Ezekiyeli 10:1-3, 14) Ni kuki vyari bifise mu maso hane? Kwari ukugereranya kamere nyamukuru zine Umukama Segaba Yehova afise. Mu maso h’inkukuma hari ikigereranyo c’ubwenge bugera kure. (Yobu 39:27-29) None mu maso h’inka hoho hagereranya iki? Uravye inguvu zihambaye zibereye mw’izosi no mu bitugu vy’impfizi y’inka, iyo iriko irarwana vyamenyekanye ko ishobora guterurira mu kirere ifarasi n’uwuyigenderako. Nta nkeka, inka ni ikimenyetso c’ububasha bwa Yehova butagira umupaka. Intare ikoreshwa nk’ikimenyetso c’ubutungane burangamwo uburindutsi. Ica nyuma, mu maso hasa n’ah’umuntu birabereye kuba hagereranya urukundo rw’Imana, kubera ko umuntu ari we kiremwa conyene co kw’isi gishobora kugaragaza iyo kamere mu buryo bw’ubwenge.—Matayo 22:37, 39; 1 Yohana 4:8.

18. Intumwa Yohani atwongerereza gute ugutegera ivyerekeye ishirahamwe ryo mw’ijuru?

18 Hariho ibindi vyeretswe bishobora kudufasha kunonosora ugutahura kwacu. Muri ivyo harimwo ivyo Yohani yeretswe bivugwa mu gitabu ca Bibiliya citwa Ivyahishuriwe. Yohani, nka kumwe kwa Ezekiyeli, yabonye Yehova ku ntebe y’ubwami y’ubuninahazwa akurikiwe n’abakerubi. Abo bakerubi bariko bakora iki? Bariko basamiriza ya majambo yatangazwa n’abaserafi yo muri Yesaya ikigabane ca 6, avuga ngo: “Mweranda, mweranda, mweranda ni Yehova Imana, we Mushoboravyose, uwariho kandi ariho kandi ariko araza.” (Ivyahishuriwe 4:6-8, NW) Yohani yabonye kandi umwagazi uri iruhande y’iyo ntebe. None uwo mwagazi woba ugereranya nde? Ugereranya wa Mwagazi w’Imana, ari we Yezu Kirisitu.—Ivyahishuriwe 5:13, 14.

19. Muri iki cigwa, wategereye iki ku vyerekeye ishirahamwe rya Yehova?

19 None dufatiye kuri ivyo bintu vyeretswe, wumva twategereye iki? Twategereye yuko ishirahamwe ryo mw’ijuru uwuriri kw’isonga ari Yehova Imana yicaye ku ntebe yiwe y’ubwami akurikiwe n’Umwagazi Yezu Kirisitu, we Jambo canke Logosi. Maze twabonye inteko z’abamarayika zo mw’ijuru, harimwo n’abaserafi n’abakerubi. Abo bari mu bagize ishirahamwe amahanga ryunze ubumwe bakora ngo barangure imigambi ya Yehova. Kandi umwe muri iyo migambi ni uwo kwamamaza inkuru nziza kw’isi yose muri iki gihe c’iherezo.—Mariko 13:10; Yohana 1:1-3; Ivyahishuriwe 14:6, 7.

20. Ni ikibazo ikihe cishurwa mu kiganiro gikurikira?

20 Mu kurangiza, hariho Ivyabona vya Yehova kw’isi bakoranira mu Ngoro z’Ubwami zabo kugira ngo bige ukuntu bokora ivyo Umukama Segaba agomba. Nta nkeka, ubu turashoboye gutahura ko hariho benshi bari kumwe natwe baruta abari kumwe na Shetani n’abansi b’ukuri. Hari ikibazo gisigaye: Ishirahamwe ryo mw’ijuru rihuriye he n’ukwamamaza ya nkuru nziza y’Ubwami? Ico kibazo hamwe n’ibindi nyene ikiganiro gikurikira kiravyihweza.

Ibibazo vy’Isubiramwo

◻ Kugira ngo dushime ishirahamwe rya Yehova, ni ibiki dutegerezwa gutegera?

◻ Ni ibiki vyashikiye umusuku wa Elisa, kandi uwo muhanuzi yamuremesheje gute?

◻ Dukwiye kubona gute inyigisho umuntu agira ukwiwe?

◻ Daniyeli, Yesaya na Ezekiyeli batanga gute ido n’ido ku vy’ishirahamwe ryo mw’ijuru?

[Ifoto ku rup. 5]

Inyungu ziva ku kwiyigisha zirarengeye cane izo umuntu yokura ku vyokurya biteguye neza

[Ifoto ku rup. 7]

Yehova yishuye isengesho rya Elisa mu kwerekana inteko zo mw’ijuru

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika