Woba ufise uwugufasha mu vy’impwemu?
UZIYA akiri umwana w’imyaka 16, yarimitswe aba umwami w’ubwami bw’Ubuyuda bwo mu Bumanuko. Yamaze imyaka irenga 50 ku ngoma, kuva mu mpera z’ikinjana c’icenda gushika mu ntango z’ikinjana c’umunani B.G.C. Kuva Uziya akiri muto cane, “[y]akora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza”. Ni igiki catumye akurikira ingendo y’ubugororotsi? Inkuru y’ivya kahise ivuga iti: “[Uziya yashize] umutima ku kurondera Imana mu gihe cose ca Zekariya, umuntu yamwigishije kwubaha Imana; kand’uko yakomeje kurondera Uhoraho, Imana yamuhaye umugisha”.—2 Ngoma 26:1, 4, 5.
Nta kintu kinini kizwi ku vyerekeye Zekariya, umuhanuzwajambo w’umwami, uretse ibiri muri iyo nkuru yo muri Bibiliya. Yamara rero, kubera ko Zekariya yari umuntu ‘yigisha kwubaha Imana y’ukuri’, yaragize akosho keza kuri uwo mutware akiri muto katumye akora ibigororotse. Nk’uko igitabu kimwe (The Expositor’s Bible) kibivuga, biboneka ko Zekariya yari “umugabo yanongoreye inyigisho z’ibintu vyeranda, azi utuntu n’utundi mu vy’Imana kandi ashoboye kubwira abandi ivyo azi”. Incabwenge imwe mu vya Bibiliya yashitse ku ciyumviro gikurikira ku bijanye na Zekariya: “Yari azi cane ivyerekeye ubuhanuzi vyongeye . . . yari incabwenge, afise ishaka, umuntu mwiza; kandi, bisa n’uko yari afise akosho gakomeye kuri Uziya”.
Ingendo iranga ukwizera ya Uziya yamuzaniye imihezagiro myinshi, kandi “yagiye arushiriza kugira ububasha” kubera ko ‘Imana yamufasha’. Emwe, ukuba yarerewe mu buryo bw’umubiri vyavanye n’uko yerewe mu buryo bw’impwemu “mu misi ya Zekariya” (2 Ngoma 26:6-8)! Uziya amaze gutunga no gutunganirwa, yaciye ata inyigisho za Zekariya, uwamufashije. Uziya “yishi[ze] hejuru mu mutima wiwe, bituma akora ivyo kugabitanya, acumura k’Uhoraho”. Bitewe n’igikorwa yakoze c’agasuzuguro kadasanzwe, yarafashwe n’indwara y’urukoba isesemye, iyamumugaje ku buryo atari agishoboye gutwara nk’umwami mu buryo bushitse.—2 Ngoma 26:16-21.
Woba ufise umuntu yokwitwa ko ari umwigisha canke umufasha, agufasha “kurondera Imana”? Urashobora kuba umufise, waba ukiri muto canke wararenganye imyaka y’ubuto, waba uri uw’igitsina-gabo canke uw’igitsina-gore. Nuhe agaciro umufasha nk’uwo, kubera yuko impanuro atanga zishobora kugufasha kuguma ukora ibigororotse mu nyonga za Yehova. Nutege yompi uwo mukirisu canke uwo mukirisukazi ahumuye, kandi ufate nka nkama impanuro atanga. Ese utokwigera ukevya ngo uve mu majambo aranga ubukerebutsi y’umuntu nk’uwo “[yigisha] kwubaha Imana”.—Imigani 1:5; 12:15; 19:20, NW.