Woba wari ubizi?
Ibimonyo vyoba vy’ukuri vyiziganiriza indya zavyo mu ci, bikegeranya ivyo kurya vyavyo mw’iyimbura?
▪ Mu Migani 6:6-8 hagira hati: “Genda ku kimonyo, wa munyabute; witegereze ingeso zaco, uce ubgenge: Naho kitagira umucamanza, cank’umubgiriza cank’ūganza, ciziganiriza indya zaco zo mu ci, kikēgeranya ivyo kurya vyaco mw iyimbura.”
Mu bisanzwe, ibimonyo vy’ubwoko butari buke birabika indya. Ubwoko bw’ibimonyo Salomo ashobora kuba yariko aravuga, ari na bwo bugwiriye cane muri Isirayeli muri iki gihe, ni ibimonyo vyimbuzi (fourmis moissonneuses [Messor semirufus]).
Twisunze ivyo dusoma mu gitabu kimwe, “ibimonyo bija kurondera indya usanga biva mu migina yavyo igihe ikirere kiba cifashe neza bikaja guhiga indya . . . [Vyongeye] biregeranya intete mu mezi yose y’umwaka usanga hasusurutse.” Vyoshobora kwamura intete ku biterwa canke bikazegeranya bizitoye hasi. Utwo dukoko turubaka imigina mu kuzimu hafi y’imirima, hafi y’ibigega canke hafi y’imbuga bakubitirako intete, aho biba bishoboka ko turonka intete.
Muri uwo mugina ubwawo, ibimonyo birabika indya mu vyumba bidafukuye cane bigenda bikurikirana usanga bihuzwa n’utuyira dutandukanye. Ivyumba ivyo bimonyo bikoresha bwa bigega vyoshobora gupima santimetero 12 mu bwaguke be na santimetero imwe mu burebure bw’amaduga. Imigwi y’ibimonyo vyimbuzi iba yarabitse indya zikwiye, bivugwa rero ko ishobora kubandanya ibaho “amezi arenga 4 bitigera bikoresha indya canke amazi bikuye hanze.”
Kuba umukevyi w’umwami vyasobanura iki?
▪ Nehemiya yari umukevyi w’umwami w’Ubuperesi ari we Aritazeruzi. (Nehemiya 1:11) Ku birimba vy’abami bo mu karere k’ibihugu vy’Abarabu vya kera, umukevyi w’umwami ntiyaba ari umusuku nciyaho. Ahubwo riho yaba ari umukozi wo ku rwego rwo hejuru. Ivyandikano vya kera be n’ibishushanyo umukimba vya kera vyerekana abakevyi biratuma tugira ivyiyumviro dushitseko ku vyerekeye uruhara Nehemiya yarangura ku kirimba c’Abaperesi.
Umukevyi ni we yabanza kwumviriza ku muvinyu w’umwami kugira ngo ntahave ahabwa ishano. Uwo mukevyi rero yaba ari umuntu umwami yizigira agaherezako. Incabwenge imwe yitwa Edwin M. Yamauchi, ivuga iti: “Uravye imigabo mibi yari yiraye cane ku kirimba c’umwami w’Ubuperesi, uca ubona ko hari hakenewe rwose abasuku bo ku kirimba b’abizigirwa.” Umukevyi ashobora kandi kuba yari umukozi atoneshwa cane yagira akosho kaboneka ku mwami. Kuba yakorera hafi y’umwami ku musi ku musi vyoshobora kuba vyaramuha ubushobozi bwo kwemera canke kwanka ko umuntu ahabwa umubonano n’umwami.
Ico kibanza umukevyi yari afise gishobora kuba kiri mu vyatumye Nehemiya ahabwa uruhusha rwo gusubira i Yeruzalemu gusanura impome zaho. Nehemiya ategerezwa kuba yarashimwa cane n’umwami. Inyizamvugo imwe y’ivya Bibiliya (The Anchor Bible Dictionary) igira iti: “Umwami yiyishuriye gusa ngo ‘None uzogaruka ryari?’”—Nehemiya 2:1-6.
[Igicapo/Ifoto ku rup. 9]
Igishushanyo co ku kirimba c’Ubuperesi c’ahitwa Peresepoli
[Igicapo]
(Ushaka igisomwa cose, raba iki kinyamakuru)
Umuganwa samuragwa zeruzi
Umukevyi
Dariyo Mukuru
[Abo dukesha ifoto]
© The Bridgeman Art Library International