ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yaraburaniye abasavyi b’Imana
    Niwigane ukwizera kwabo
    • 18. (a) Ni kubera iki Morudekayi yanse kwunamira Hamani? (Raba kandi akajambo k’epfo.) (b) Ni gute abagabo n’abagore bafise ukwizera muri kino gihe bigana akarorero ka Morudekayi?

      18 Umugabo umwe yitwa Hamani yarabaye umukuru ku kirimba kwa Ahasuwerusi. Uwo Hamani, umwami yamugize umushikiranganji wa mbere, aba abaye umuhanuzi mukuru wiwe be n’uwugira kabiri mu butegetsi mu nganji y’Ubuperesi. Wanashaka, umwami yategetse yuko uwumubonye wese amwunamira. (Est. 3:1-4) Kuri Morudekayi, iryo tegeko ryarimwo ikibazo. Yaremera ko umwami ategerezwa kugamburukirwa, ariko mu gihe bidatuma agambararira Imana. Urabona, Hamani yari Umwagagi. Ivyo bisa n’ivyerekana ko yakomoka kuri Agagi, wa mwami w’Abamaleki yicwa na Samweli umuhanuzi w’Imana. (1 Sam. 15:33) Abamaleki bari babi cane ku buryo bari barabaye abansi ba Yehova na Isirayeli. Imana yari yaravuze ko Abamaleki bose bohonejwe.c (Gus. 25:19) Wumva none Umuyuda w’umwizigirwa yari kwunamira gute Umumaleki? Nawe nu Morudekayi ntiyari kuvyubahuka. Yaranse kumwunamira. Gushika n’uno musi, abagabo n’abagore bizera Imana baremeye ubuzima bwabo buraja mu kaga kugira bumire kuri iyi ngingo ngenderwako igira iti: “Dutegerezwa kugamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu.”​—Ivyak. 5:29.

  • Yaraburaniye abasavyi b’Imana
    Niwigane ukwizera kwabo
    • c Hamani ashobora kuba yari mu Bamaleki ba nyumanyuma, kuko “amasigarira” yabo yari yarishwe mu gihe c’Umwami Hezekiya.​—1 Ngo. 4:43.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika