-
Yaraburaniye abasavyi b’ImanaUmunara w’Inderetsi—2011 | 1 Gitugutu
-
-
Umugabo umwe yitwa Hamani yarabaye umukuru ku kirimba kwa Ahasuwerusi. Uwo Hamani, umwami yamugize umushikiranganji wa mbere, aba abaye umuhanuzi mukuru wiwe be n’uwugira kabiri mu butegetsi mu nganji y’Ubuperesi. Wanashaka, umwami yategetse yuko uwumubonye wese amwunamira. (Esiteri 3:1-4) Kuri Morudekayi, iryo tegeko ryarimwo ikibazo. Yaremera ko umwami ategerezwa kugamburukirwa, ariko mu gihe bidatuma agambararira Imana. Urabona, Hamani yari “Umwagagi.” Ivyo bisa n’ivyerekana ko yakomoka kuri Agagi, wa mwami w’Abamaleki yicwa na Samweli umuhanuzi w’Imana. (1 Samweli 15:33) Abamaleki bari babi cane ku buryo bari barabaye abansi ba Yehova na Isirayeli. Imana yari yaravuze ko Abamaleki bose bohonejwe.b (Gusubira mu vyagezwe 25:19) Wumva none Umuyuda w’umwizigirwa yari kwunamira gute Umumaleki akorera i bwami? Nawe nu Morudekayi ntiyari kuvyubahuka. Yaranse kumwunamira. Gushika n’uno musi, abagabo n’abagore bizera Imana baremeye ubuzima bwabo buja mu kaga kugira bumire kuri iyi ngingo ngenderwako igira iti: “Dutegerezwa kugamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu.”—Ivyakozwe 5:29.
-
-
Yaraburaniye abasavyi b’ImanaUmunara w’Inderetsi—2011 | 1 Gitugutu
-
-
b Hamani ashobora kuba yari mu Bamaleki ba nyumanyuma, kuko “amasigarira” yabo yishwe mu gihe c’Umwami Hezekiya.—1 Ngoma 4:43.
-