ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yaraburaniye abasavyi b’Imana
    Niwigane ukwizera kwabo
    • 19. Hamani yashaka gushika ku ki, kandi yashoboye gute kujijura umwami?

      19 Hamani yarashangashiwe. Mugabo ntiyabonye ko kurondera uburyo bwo kwica Morudekayi vyari bihagije. Yashaka guherengeteza abo mu bwoko bwa Morudekayi bose! Hamani yarajijuye umwami mu kwambika ibara Abayuda. Atiriwe arabavuga izina, yarerekanye yuko ari abantu ata co bamaze, igisata “gisanzaye kandi kiri ukwaco mu bisata.” N’ikiruta ivyo, yavuze yuko batagamburuka amategeko y’umwami, bakaba rero bari abagarariji bateye akaga. Yaciye avuga ko yotanze amahera atagira uko angana yo gushira mu kigega c’umwami kugira ngo azokoreshwe mu kugeseza Abayuda bose bari muri iyo nganji.d Ahasuwerusi yaciye aha impeta yiwe y’ikidodo Hamani kugira akubite ikidodo kw’itegeko iryo ari ryo ryose yiyumvira.​—Est. 3:5-10.

  • Yaraburaniye abasavyi b’Imana
    Niwigane ukwizera kwabo
    • d Hamani yemeye gutanga italanto 10.000 z’ifeza, zikaba zari ziciye amamiliyoni amajana n’amajana y’amadolari y’ubu. Nimba Ahasuwerusi ari we yari Zeruzi wa mbere, ayo mahera ashobora kuba yaratumye uwo mwami aca ashima iciyumviro ca Hamani. Zeruzi yari akeneye amahera menshi kugira arwane n’Abagiriki, uwo ukaba wari umugambi yari amaranye igihe, iyo ntambara ikaba yahavuye ivamwo ivyago bikomeye.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika