-
Yaraburaniye abasavyi b’ImanaUmunara w’Inderetsi—2011 | 1 Gitugutu
-
-
Hamani yarashangashiwe. Mugabo ntiyabonye ko kurondera uburyo bwo kwica Morudekayi vyari bihagije. Yashaka guherengeteza abo mu bwoko bwa Morudekayi bose! Hamani yaravuganye n’umwami, yambika ibara Abayuda. Ata kwirirwa arabavuga izina, yarerekanye yuko ari abantu ata co bamaze, igisata “gisanzaye kandi kiri ukwaco mu bisata.” N’ikiruta ivyo, yavuze yuko batagamburuka amategeko y’umwami, bakaba rero bari abagarariji bateye akaga. Yaciye avuga ko yotanze amahera atagira uko angana yo gushira mu kigega c’umwami kugira ngo azokoreshwe mu kugeseza Abayuda bose bari muri iyo nganji.c Ahasuwerusi yaciye aha impeta yiwe y’ikidodo Hamani kugira akubite ikidodo kw’itegeko iryo ari ryo ryose yiyumvira.—Esiteri 3:5-10.
-
-
Yaraburaniye abasavyi b’ImanaUmunara w’Inderetsi—2011 | 1 Gitugutu
-
-
c Hamani yemeye gutanga italanto 10.000 z’ifeza, zikaba zari ziciye amamiliyoni amajana n’amajana y’amadolari y’ubu. Nimba Ahasuwerusi ari we yari Zeruzi wa mbere, ayo mahera ashobora kuba yaratumye uwo mwami aca ashima iciyumviro ca Hamani. Zeruzi yaratakaje vyinshi mu ntambara ikomeye yarwanye n’Abagiriki, bikaba biboneka ko hari imbere y’uko yubakana na Esiteri.
-