-
Yaraburaniye abasavyi b’ImanaNiwigane ukwizera kwabo
-
-
22. Kubera iki Esiteri yatinya kurenguka imbere y’umugabo wiwe, umwami? (Raba kandi akajambo k’epfo.)
22 Esiteri ashobora kuba yarahagaritse umutima aho yumviye ubwo butumwa. Ukwizera kwiwe kwari kugiye kwagezwa koko. Yaragize ubwoba, nk’uko yabihishuye mu nyishu yarungikiye Morudekayi. Yaramwibukije itegeko ry’umwami ryavuga yuko umuntu aramutse aserutse imbere y’umwami atatumweko yaca yicwa. Umwami amutunze agakoni k’ubutware kiwe k’inzahabu ni ho gusa aticwa. Esiteri yoba yari afise imvo yo kwitega yuko agirirwa ubwo buntu, na canecane uravye ivyari vyarashikiye Vashiti igihe yanka kurenguka igihe umwami yamutumako? Esiteri yabwiye Morudekayi yuko hari haciye imisi 30 umwami atamuhamagaye ngo yinjire aho ari! Ivyo vyatuma agira imvo nyinshi zo kwiyumvira ko uwo mwami atari akimushima, uno akaba inyiyumvo ziwe zahinduka bukwi na bukwi.e—Est. 4:9-11.
-
-
Yaraburaniye abasavyi b’ImanaNiwigane ukwizera kwabo
-
-
e Zeruzi wa mbere yari azwi yuko inyiyumvo ziwe zahinduka bukwi na bukwi be n’uko ari inkazi. Umutohozakahise w’Umugiriki Herodote yaranditse uburorero bumwebumwe afatiye ku ntambara uwo Zeruzi yarwanye n’Ubugiriki. Uwo mwami yategetse yuko bubaka ikiraro kigizwe n’amato ahitwa Hellespont. Igihe igihuhusi casambura ico kiraro, Zeruzi yaciye ategeka ko abahinga bacubatse bacibwa imitwe, eka mbere abwira ingabo ziwe ngo zihane aho i Hellespont mu gukubita ibimoko amazi yaho hariko hasomwa n’ijwi ryumvikana amajambo yo kuhatuka. Muri iyo ntambara nyene, igihe umugabo umwe w’umutunzi yasaba ko umuhungu wiwe atojanwa mu gisirikare, Zeruzi yaciye ategeka ko uwo muhungu ahimburwamwo kubiri, umuvyimba wiwe ugaca ushirwa ahabona ngo ube ingabisho.
-