ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/9 rup. 26-28
  • Nurwanye ivyiyumviro bitari vyo!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nurwanye ivyiyumviro bitari vyo!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘Ntiyizigira abasavyi bayo’
  • “Mbeg’umuntu yoshobora kugirira Imana ikimazi?”
  • Uburyo tworwanya ivyiyumviro bica intege
  • Wa mureganyi w’ibinyoma ubwiwe ni we mubi
  • Igihe ata vyiyumviro bitari vyo bizoba bikihari
  • Ntiwigane Elifazi igihe uremesha abandi
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Gusengera abandi birahimbara Yehova
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Remesha abandi ukoresheje amajambo meza
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Yobu yarashize hejuru izina rya Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/9 rup. 26-28

Nurwanye ivyiyumviro bitari vyo!

IGIHE umwe sokuruza Yobu yari mu vyago, yaragendewe n’abagenzi biwe batatu ari bo Elifazi, Biludadi na Zofari. Bari baje kumufasha umubabaro no kumwirura (Yobu 2:11). Uwavuga akumvirwa cane muri abo batatu kandi kumbure akaba ari we yabakurira mu myaka, yari Elifazi. Ni we yatanguye gufata ijambo kandi ni we yavuze vyinshi. Mu ncuro zitatu Elifazi yafashe ijambo, yerekanye ko ivyiyumviro vyiwe vyari bimeze gute?

Igihe Elifazi yibuka ikintu kidasanzwe cigeze kumushikira, yavuze ati: “Impwemu zihita imbere yanje, ubgoya bgo ku mubiri wanje buramerereza. Haca haboneka ikintu gihagaze, ariko sinashobora kwihweza uko casa; hār’ishusho imbere y’amaso yanje: habah’agacerere, maze numva ijwi rivuga” (Yobu 4:15, 16). Ni mpwemu nyabaki yari yoheje ivyiyumviro vya Elifazi? Amajambo yumvikanamwo ugutyoza yakurikiye, arerekana ko iyo mpwemu itegerezwa kuba itari umwe muri ba bamarayika bagororotse b’Imana (Yobu 4:17, 18). Cari ikiremwa c’impwemu c’ikibisha. Iyo bitaba ari vyo, wumva none Yehova yari guhambarira Elifazi hamwe na bagenziwe babiri abahoye ko bavuze ibinyoma (Yobu 42:7)? Egome, Elifazi yakoreshwa n’idayimoni. Ivyo yavuze vyerekanye ko ivyiyumviro vyiwe bitava ku Mana.

Ni ivyiyumviro ibihe umuntu ashobora kubona mu majambo ya Elifazi? Ni kubera iki bihambaye ko twirinda ivyiyumviro bitari vyo? Ni ingingo ruhasha izihe twofata kugira ngo tubirwanye?

‘Ntiyizigira abasavyi bayo’

Mu ncuro zitatu zose Elifazi yafashe ijambo, yaseruye iciyumviro c’uko Imana isaba ibirenze ku buryo ata kintu na kimwe abasavyi bayo bokora ngo kiyishimishe bikwiye. Elifazi yabariye Yobu ati: “Rāba kw itizigira abasavyi bayo, n’abamarayika bayo kw ibabonakw amafuti” (Yobu 4:18). Elifazi mu nyuma yavuze ku vyerekeye Imana ati: “N’abera bayo nta ho ibizigira, mbere n’ijuru na ryo ntiritunganye mu nyonga zayo” (Yobu 15:15). Yaciye abaza ati: “Mbeg’ukugororoka kwawe kurahimbara Īshobora vyose?” (Yobu 22:3). Biludadi yaremeye ico ciyumviro kubera ko yavuze ati: “N’ukwezi ntigufise gukayangana, n’inyenyeri ntizitunganye mu nyonga z’[Imana]”.​—Yobu 25:5.

Dutegerezwa kuba maso kugira ngo ntitwoshwe n’ukwiyumvira mwene ukwo. Vyohava bidushikana ku kwiyumvira ko Imana idusaba ibirenze. Ico ciyumviro kirabangamira ubucuti dufitaniye na Yehova. Vyongeye, hamwe twogondozwa n’iciyumviro nk’ico, mbega twovyakira gute mu gihe dutojwe indero ikenewe? Aho kwemera gukosorwa twicishije bugufi, umutima wacu wohava “ugirira Uhoraho umwikomo”, maze tukamugirira inzika (Imigani 19:3). Ese ukuntu ico kintu codukwegera akarambaraye mu vy’impwemu!

“Mbeg’umuntu yoshobora kugirira Imana ikimazi?”

Iciyumviro gisa cane n’ico c’uko ngo Imana isaba ibirenze, ni ic’uko ngo ibona abantu nk’abatagira ico bayimariye. Ivyo Elifazi yavuze ku ncuro igira gatatu, birimwo iciyumviro kigira giti: “Mbeg’umuntu yoshobora kugirira Imana ikimazi? Ushime n’umunyabgenge nta wundi yokigirira shiti kucīgirira ubgiwe” (Yobu 22:2). Elifazi yashaka kuvuga ko umuntu ata co amariye Imana. Na Biludadi nyene yaravyemeje mu kuvuga ati: “Umuntu yoshobora ate kuba umugororotsi imbere y’Imana? Cank’uwavyawe n’umugore yoshobora ate kuba ūtunganye?” (Yobu 25:4). Ufatiye kuri ivyo vyiyumviro, ubona Yobu, umuntu buntu, yari gushobora gute kuruha ngo aravuga ko agororotse imbere y’Imana?

Bamwebamwe muri kino gihe usanga bacika intege cane iyo biyumviriye ibiberekeye. Nk’akarorero, ukuntu baba bararezwe, ukuntu bageramirwa n’imikazo yo mu buzima, canke ukuba bankwa bahorwa ibara ryabo ry’urukoba canke ubwoko bwabo, bishobora kuba biri mu bituma bumva bacitse intege. Ariko rero Shetani n’amadayimoni yiwe na bo nyene bararyoherwa no kuvuna umuntu umutima. Iyo bashoboye gutuma umuntu yiyumvamwo yuko ata na kimwe yokora ngo gishimishe Imana Mushoboravyose bimwe bihagije, bica birushiriza kworoha yuko nya muntu adendebukirwa. Mu nyuma, mwene uwo muntu yoshobora kugenda akayombekere, no guheba Imana nzima akayiheba.​—Abaheburayo 2:1; 3:12.

Ukwiterera mu myaka be n’ingorane z’amagara biratubuza gukora vyinshi. Uruhara tugira mu murimo w’Ubwami rwoshobora gusa n’aho ari rutoyi rwose turugereranije n’ivyo twakora tukiritera tukarisama. Ese ukuntu bihambaye kumenya ko Shetani n’amadayimoni yiwe bashaka ko twumva yuko ku Mana ivyo dukora bidahagije! Dutegerezwa kurwanya ivyiyumviro bene ivyo.

Uburyo tworwanya ivyiyumviro bica intege

Naho Yobu yatejwe amarushwa na Shetani wa Mucokoranyi, yavuze ati: “Kugeza aho nzopfira, sinzokwigera mva ku gutungana [canke, “ku kutadohoka”, NW] kwanje” (Yobu 27:5). Kubera ko Yobu yakunda Imana, yari yariyemeje kuguma ari intadohoka naho hari kuza iki, kandi nta na kimwe cari guhindura uwo mwiyemezo. Aho nyene ni ho hari akabanga ko gushobora kurwanya ivyiyumviro bicana intege. Dutegerezwa kurondera gutahura neza urukundo Imana idukunda, maze tukarukenguruka bimwe bivuye ku mutima. Dukeneye kandi kuyikunda bimwe bigera kure. Ivyo tubishikako mu kwama twiyigisha Ijambo ry’Imana no mu kuzirikana ku vyo twiga tujanisha n’isengesho.

Nk’akarorero, muri Yohana 3:16 havuga hati: “Urukundo Imana yakunze abari mw isi [ni] rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege”. Yehova arakunda abantu cane, kandi ivyo yagiye aragiranira n’abantu kuva kera hose, birerekana urwo rukundo. Kuzirikana ku burorero bw’ivyabaye kera, bikwiye gutuma turushiriza gukengurukira Yehova no kumukunda urugera kure, ivyo na vyo bikadufasha kurwanya ivyiyumviro bitari vyo kandi bica intege.

Rimbura uburyo Yehova yafashe Aburahamu igihe Sodomu na Gomora vyagira bisangangurwe. Aburahamu yarabajije ikintu Yehova incuro umunani ku bijanye n’urubanza rwa Yehova. Yehova ntiyigeze ashavura canke ngo ababare. Ahubwo riho, inyishu ziwe zarasubiriza umutima mu nda Aburahamu zikongera zikamuhumuriza (Itanguriro 18:22-33). Igihe mu nyuma Imana yarokora Loti n’umuryango wiwe ikabakura i Sodomu, Loti yasavye guhungira mu gisagara cari hafi y’aho, aho guhungira mu misozi. Yehova yishuye ati: “Nuko ndakwemereye no ku co uvuze ico, kutarandura igisagara uvuze” (Itanguriro 19:18-22). Izo nkuru ubona zoba zerekana ko Yehova ari Umutware asaba ibirenze, adakundana kandi atwaza igitugu? Eka data. Zimwerekana nk’uko nyene ari, ni ukuvuga Umutware yuzuye urukundo, w’umutima mwiza, w’ikigongwe kandi atahurana.

Ivyashikiye Aroni, Dawidi na Manase bo muri Isirayeli ya kera, birabeshuza iciyumviro c’uko ngo Imana iguma irondera gutora amahinyu gusa be n’uko ngo ata muntu ashobora kuyishimisha bikwiye. Aroni yaragiriwe n’ivyaha bitatu bikomakomeye: yaracuze inyana y’inzahabu, arifatanya na mushikiwe Miriyamu mu kwifatira Musa mu gahanga, yongera arananirwa kweza no gutera iteka Imana hamwe i Meriba. Yamara rero, Yehova yaramubonyemwo iciza, aranamwemerera kubandanya amusukurira ari umuherezi mukuru gushika apfuye.​—Kuvayo 32:3, 4; Guharūra 12:1, 2; 20:9-13.

Umwami Dawidi yarakoze ivyaha bikomeye mu gihe c’ingoma yiwe. Muri ivyo harimwo ukurenga ibigo, ukwicisha umuntu ata co azira be no kugira urusansuma rw’abantu kandi atabirekuriwe. Ariko rero, Yehova yarabonye ukwigaya kwa Dawidi bituma atadohoka kw’isezerano yagiranye na we ry’Ubwami, mu kumureka akaguma ari umwami gushika apfuye.​—2 Samweli 12:9; 1 Ngoma 21:1-7.

Umwami w’i Buyuda yitwa Manase, yarubakiye ibicaniro Bayali, aratanga abana biwe kw’ibimazi ngo boswe mu muriro, araremesha ubupfumu yongera yubakira ibicaniro imana z’amadini y’ikinyoma mu ntangaro y’urusengero. Ariko rero amaze kugaragaza ko yigaye bivuye ku mutima, Yehova yaramuhariye, aramukura mu bunyagano amusubiza ku ngoma (2 Ngoma 33:1-13). Wumva none ivyo ari vyo vyogirwa n’Imana yama ibona ko ata n’umwe yokwigera ayishimisha bihagije? Oya nawe nu!

Wa mureganyi w’ibinyoma ubwiwe ni we mubi

Ntidukwiye rero gutangazwa n’uko Shetani ari we nyene arangwa na birya nyene yegeka kuri Yehova. Shetani ni ruburakigongwe kandi asaba ibirenze. Ivyo biribonekeza neza uravye ingene abana bahora batangwako ibimazi mu bijanye n’ugusenga kw’ikinyoma kwa kera. Abisirayeli b’abahuni baraturira abahungu babo n’abakobwa babo mu muriro, ico kikaba ari ikintu kitigeze no kuza mu mutima wa Yehova.​—Yeremiya 7:31.

Shetani ni we yama arondera gutora abantu amahinyu, si Yehova. Mu Vyahishuriwe 12:10 havuga ko Shetani ari “Umurezi wa bene Data . . . , yahora abarega ku murango no mw ijoro imbere y’Imana yacu”. Ku vyerekeye Yehova na ho, umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Uhoraho, wokwama wibuka ibigabitanyo, Bgirukiro, ni nde yohava akazohagarara adatsinzwe? Ariko guharirwa kubonerwa kuri wewe”.​—Zaburi 130:3, 4.

Igihe ata vyiyumviro bitari vyo bizoba bikihari

Mbega ukuntu ibiremwa vy’impwemu vy’abamarayika bitegerezwa kuba vyariruhukije aho Shetani wa Mucokoranyi be n’amadayimoni yiwe birukanwa mw’ijuru (Ivyahishuriwe 12:7-9)! Ivyo binyabuzima vy’impwemu vy’inkorakibi ntivyari bigishoboye kugira ico bikoze ku bikorwa vy’umuryango wa Yehova wo mw’ijuru ugizwe n’abamarayika.​—Daniyeli 10:13.

Ababa kw’isi bazonezerwa mu gihe kigiye kuza. Vuba, umumarayika amanutse ava mw’ijuru afise urupfunguruzo rw’ikuzimu n’ikinyororo mu minwe azoboha Shetani n’amadayimoni yiwe abararirize i kuzimu hagereranya ukutaba bagishoboye kugira ico bakora (Ivyahishuriwe 20:1-3). Ese ukuntu tuzokwiruhutsa ivyo nivyaba!

Mu kurindira, dutegerezwa kuba maso tukirinda ivyiyumviro bitari vyo. Igihe cose twumvise ivyiyumviro bitari vyo canke bica intege bitanguye kutuza mu muzirikanyi, dukwiye kubirwanya mu kuguma tuzirikana ku rukundo Yehova adukunda. Maze ‘amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yacu n’ivyiyumviro vyacu’.​—Ab’i Filipi 4:6, 7.

[Ifoto ku rup. 26]

Yobu yararwanije ivyiyumviro bitari vyo

[Ifoto ku rup. 28]

Loti yaramenye ko Yehova ari Umutware atahurana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika