Ibibazo vy’abasomyi
Ni igiki kiriko kiratuma “ivy’igiciro vyo mu mahanga yose” biza mu “ngoro” y’ugusenga kw’ukuri?—Hagayi 2:7.
Biciye ku muhanuzi Hagayi, Yehova yavuze imbere y’igihe ati: “Nzohindisha amahanga yose agashitsi, kand’ivy’igiciro vyo mu mahanga yose bizoza, nanje nzokwuzuza iyi ngoro ubgiza” (Hagayi 2:7). Mbega ukwo guhindisha agashitsi “amahanga yose” kwoba ari kwo gutuma “ivy’igiciro” vyo mu mahanga, ni ukuvuga abantu b’imitima nziraburyarya, biza mu gusenga kw’ukuri? Oya, si kwo kubituma.
Reka turimbure ivyo bintu bihindisha amahanga agashitsi, ni ukuvuga biyanyiganyiza, be n’ico ukwo kunyiganyizwa kuvamwo. Bibiliya iravuga ko ‘abanyamahanga batewe umuvurungano’, be n’uko ‘amoko yagiriye ingingo ivy’ubusa’ (Zaburi 2:1). Ivyo bintu “vy’ubusa” baguma ‘bagira ingingo’ canke baguma bazirikanako, ni ukuntu bogumana ubutegetsi bwabo. Nta kintu cobanyiganyiza kuruta icoza kigeramira ubutegetsi bwabo.
Igikorwa co kwamamaza kw’isi yose Ubwami bw’Imana bwashinzwe kirangurwa n’Ivyabona vya Yehova, ni co nyene cabaye ingeramizi ikomeye ku mahanga. Nakare, Ubwami bw’Imana buri mu minwe ya Mesiya, ari we Yezu Kirisitu, bugiye “[ku]mara bukomvomvore ubgami bgose [bwashinzwe n’abantu]” (Daniyeli 2:44). Ubutumwa bw’urubanza buri mu vyo dushikiriza mu gikorwa co kwamamaza turangura, buriko buranyiganyiza amahanga (Yesaya 61:2). Ayo na yo aguma arushiriza kunyiganyiga uko igikorwa co kwamamaza kirushiriza kwaguka no gukomera. None kwa guhinda agashitsi kwavuzwe imbere y’igihe muri Hagayi 2:7 kwerekana ko ari ibiki biraririye gushika?
Muri Hagayi 2:6, tuhasoma duti: “Hasigaye rimwe, maze mu gihe gitoya ngatigitisha ijuru n’isi n’ikiyaga n’i musozi”. Igihe intumwa Paulo yasubiramwo ibiri muri uwo murongo, yanditse ati: “[Y]asezeranye, iti Hasigaye rimwe, ngatigitisha, s’isi gusa, ariko n’ijuru na ryo. Iryo jambo, ngo Hasigaye rimwe, ryerekana gukūrwaho kw’ibinyiganyizwa, kukw ar’ivyaremwe, kugira ngw ibitoshobora kunyiganyizwa bigumeho” (Abaheburayo 12:26, 27). Emwe, ivy’iyi si vyose bigiye kunyiganyizwa bikurweho, kugira ngo bibise isi nshasha Imana izoba yatunganije.
Abantu b’imitima nziraburyarya bariko baravyurirwa umutima wo kuza mu gusenga kw’ukuri, mugabo ntibariko babigira kubera ko amahanga ariko arahinda agashitsi, canke ariko aranyiganyizwa. Igikorwa kiriko kiratuma biyegereza Yehova kandi bakaza kumusenga, ni kirya nyene kiriko kiratuma amahanga ahinda agashitsi, ni ukuvuga ca gikorwa co kwamamaza kw’isi yose Ubwami bw’Imana bwashinzwe. Iyamamazwa ry’‘amakuru y’akamwemwe y’ubutumwa bwiza butazohera’, ririko riratuma abantu bafise umutima wo kwakira inkuru nziza baza ku gusenga Imana y’ukuri.—Ivyahishuriwe 14:6, 7, NW.
Ubutumwa bw’Ubwami burimwo ubutumwa bw’urubanza n’ubutumwa bw’ubukiriro (Yesaya 61:1, 2). Kubwamamaza kw’isi yose, bivamwo ibintu bibiri: Uguhinda agashitsi kw’amahanga be n’ukuza kw’ibintu vy’igiciro vyo mu mahanga, bigatuma Yehova aninahazwa.