ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ‘Ijambo rivumerewe na Yehova’ ntirishobora kunanirwa
    Umunara w’Inderetsi—2004 | 15 Mukakaro
    • Amahanga mu muvurungano

      4. Woserura gute muri make ivyiyumviro nyamukuru biri muri Zaburi 2:1, 2?

      4 Umwanditsi wa Zaburi ariko yerekeza ku bikorwa vy’amahanga n’abatware bayo, atangura iyo ndirimbo yatunganije mu kuririmba ati: “Abanyamahanga n’iki kibateye umuvurungano? N’amoko yagīriye ingingo iki ivy’ubusa? Abami bo mw isi baragomoye, n’abakuru bahūrije ingingo hamwe kurwanya Uhoraho n’Uwo yarobanuje amavuta”.—Zaburi 2:1, 2a.

      5, 6. Amahanga ‘yagumye aja ingingo’ yo gukora ibintu nyabaki ‘vy’ubusa’?

      5 “Ivy’ubusa” amahanga yo mu gihe ca none “[yagumye agîra] ingingo”, ni ibiki? Aho kwemera Uwasizwe w’Imana, ni ukuvuga Mesiya ari we Kirisitu, amahanga “[yagumye agîra] ingingo,” canke azirikana ukuntu yokwigumira ku butegetsi. Ayo majambo yo muri zaburi ya kabiri yarangutse kandi mu kinjana ca mbere G.C., igihe abategetsi b’Abayuda n’abategetsi b’Abaroma basenyera ku mugozi umwe mu kwica Umwami yagenywe n’Imana, ari we Yezu Kirisitu. Ariko rero, iranguka nyamukuru ryatanguye mu 1914, igihe Yezu yimikwa akaba Umwami mw’ijuru. Kuva ico gihe, nta shirahamwe ry’ivya politike ryo kw’isi na rimwe ryemeye icese uwo Mwami yimitswe n’Imana.

      6 Igihe umwanditsi wa Zaburi yabaza ‘igituma amoko yagîriye ingingo ivy’ubusa’, vyashaka kuvuga iki? Umugambi wabo ni wo ari uw’ubusa; ni uw’impfagusa kandi utegerezwa kunanirwa. Ntibashobora kuzana amahoro n’umwumvikano kuri iyi si. Naho ari ukwo, barabandanya ibikorwa vyabo gushika no ku kurwanya ubutegetsi bw’Imana. Kukaba nkako, barasenyeye ku mugozi umwe mu kwanka Musumbavyose n’Uwasizwe wiwe, bongera bahuriza ingingo hamwe kugira babarwanye. Mbega ubujuju!

      Umwami nyenintsinzi yimitswe na Yehova

      7. Mw’isengesho abayoboke ba Yezu batuye, amajambo ari muri Zaburi 2:1, 2 bayerekeje kuri nde?

      7 Abayoboke ba Yezu barerekanye ko amajambo yo muri Zaburi 2:1, 2 ari we yari yerekeye. Igihe bariko barahamwa bahorwa ukwizera kwabo, basenze bavuga bati: “Databuja [Yehova], ni wewe waremye ijuru n’isi, n’ikiyaga n’ibirimwo vyose, kandi wavugiye mu kanwa ka sogokuruza Dawidi, umusavyi wawe, ubivugisha [im]pwemu [y]era, ut’Abanyamahanga n’iki kibateye umuvurungano, n’amoko yagīriye ingingo iki ivy’ubusa? Abami bo mw isi batonze urugamba, n’abakuru bakoraniye hamwe, kurwanya Uhoraho n’Uwo yarobanuje amavuta. Kandi vy’ukuri mur’iki gisagara, Herode [Antipa], bo na Pontiyo Pilato hamwe n’abanyamahanga n’imiryango ya Isirayeli, bākoraniye kurwanya Umushumba wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta” (Ivyakozwe 4:24-27; Luka 23:1-12)b. Ni vyo, mu kinjana ca mbere bari bagiriye inama Yezu, umusavyi yasizwe w’Imana. Ariko rero, haciye ibinjana iyi zaburi yogize irindi ranguka.

      8. Muri Zaburi 2:3 herekeye gute amahanga yo mu gihe ca none?

      8 Igihe Isirayeli ya kera yaronswa umwami w’umuntu, nka Dawidi, amahanga y’abapagani be n’abayobozi bayo baragiye hamwe ngo barwanye Imana n’uwasizwe wayo yari yimitswe. Mugabo, tuvuge iki ku gihe cacu? Amahanga yo mu gihe ca none ntashaka gukurikiza ivyo Yehova na Mesiya basaba. Ni co gituma badondorwa nk’aho bariko bavuga bati: “Ngo ducagagure imvuto bātubohesheje, dute kure ingoyi bādushizemwo” (Zaburi 2:3). Amategeko ntarengwa ayo ari yo yose Imana be n’Uwasizwe wayo bashizeho yorwanijwe n’abategetsi be n’amahanga. Ariko ntiwumve, utwigoro twose tugirwa kugira ngo bacagagure izo mvuto bongere bate kure izo ngoyi, tuzoba impfagusa.

  • ‘Ijambo rivumerewe na Yehova’ ntirishobora kunanirwa
    Umunara w’Inderetsi—2004 | 15 Mukakaro
    • a Mu ntango umwe ‘yarobanujwe amavuta’, ni ukuvuga yasizwe yari Umwami Dawidi “abami bo mw’isi” na bo bakaba abategetsi b’Abafilisitiya bakorakoranije ingabo zabo ngo bamurwanye.

      b Ibindi bisomwa vyo mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, na vyo nyene birerekana yuko Yezu ari we Wasizwe w’Imana avugwa muri zaburi ya kabiri. Ivyo biribonekeza neza ufashe Zaburi 2:7 ukayigereranya n’Ivyakozwe 13:32, 33 be n’Abaheburayo 1:5; 5:5. Raba kandi Zaburi 2:9 n’Ivyahishuriwe 2:27.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika