Mwihagararire gusa murabe agakiza ka Yehova!
“Muze mutonde urugamba, mwihagararire gusa, murābe agakiza [Yehova] azobakirisha”.—2 NGOMA 20:17.
1, 2. Ni kubera iki igitero ca “Gogi wo mu gihugu c’i Magogi” cimirije kizogira inkurikizi zikomeye kuruta iziterwa n’iterabwoba rigirwa mu bihugu vyinshi?
ABANTU bamwebamwe bamye bavuga ko iterabwoba ari igitero kigirwa ku kibano c’isi, mbere no ku karanga ubwako. Birumvikana ko iterabwoba nk’iryo umuntu ategerezwa kurifatana uburemere. Ariko rero, hariho ikindi gitero kizogira inkurikizi mbere zikomeye kuruta, kikaba ari igitero ikibano c’isi citaho buhoro canke ntikiciteho na gato. Ico gitero ni ikihe?
2 Ni igitero kizogirwa na “Gogi wo mu gihugu c’i Magogi”, ico Bibiliya ivuga muri Ezekiyeli, ikigabane ca 38. Kwoba none ari ukurenza urugero umuntu avuze yuko ico gitero kizogira inkurikizi zikomeye kuruta iziterwa n’iterabwoba rigirwa mu bihugu vyinshi? Habe namba, kubera yuko igitero ca Gogi kirengeye kure n’iyo igitero kigirwa ku ntwaro z’abantu. Ni igitero kizogirwa ku ntwaro y’Imana yo mw’ijuru. Ariko rero, Umuremyi ntameze nk’abantu bo bafise ubushobozi buke bwo guhangana n’ibitero bigirwa ku ntwaro zabo, we arashoboye rwose kunesha igitero gikaze cane ca Gogi.
Igitero kigirwa ku ntwaro y’Imana
3. Abategetsi bo mw’isi basabwe gukora iki kuva mu 1914, kandi bavyakiriye gute?
3 Hamye hari intambara hagati y’Umwami yimitswe n’Imana ategeka ubu be n’urunkwekwe rubi rwa Shetani kuva Ubwami bw’Imana bushinzwe mw’ijuru mu 1914. Ico gihe, abategetsi b’abantu bamenyeshejwe ko babwirizwa kugamburukira Umutegetsi yatowe n’Imana. Mugabo baranse kubigira, nk’uko vyari vyarabuwe muri ubu buryo: “Abami bo mw isi baragomoye, n’abakuru bahūrije ingingo hamwe kurwanya Uhoraho n’Uwo yarobanuje amavuta; bati Ngo ducagagure imvuto bātubohesheje, dute kure ingoyi bādushizemwo” (Zaburi 2:1-3). Biratomoye ko ukurwanya ubutegetsi bw’Ubwami kuzoshika ku gihe cakwo c’agaheta mu gihe ca ca gitero kizogirwa na Gogi w’i Magogi.
4, 5. Abantu bashobora kurwanya gute intwaro y’Imana itaboneka, iri mw’ijuru?
4 Twokwibaza ukuntu abantu bashobora kurwanya intwaro itaboneka, iri mw’ijuru. Bibiliya ihishura yuko iyo ntwaro igizwe n’abantu “ibihumbi ijana na mirongwine na bine, bācunguwe ngo bakūrwe mw isi”, be n’“Umwagazi w’intama” ari we Kirisitu Yezu (Ivyahishuriwe 14:1, 3; Yohana 1:29). Kubera yuko iyo ntwaro nshasha iri mw’ijuru, ivugwa ko ari “ijuru risha”, mu gihe abatwarwa bayo bo kw’isi na bo vyumvikana ko bitwa “isi nsha” (Yesaya 65:17; 2 Petero 3:13). Benshi muri abo basangirangingo ba Kirisitu 144.000 baramaze kurangiza ubuzima bwabo bwo kw’isi ari abizerwa. Gutyo baragaragaje ko bakwiriye gutangura ibikebere vyabo bishasha vy’umurimo mw’ijuru.
5 Ariko rero, amasigarira makeyi y’abo 144.000 aracari kw’isi. Mu bantu barenga 15.000.000 bitavye ihimbazwa ry’Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba mu 2002, abantu 8.760 gusa ni bo baseruye icizigiro bafise co kuba baratowe ngo barangure ico gikebere co mw’ijuru. Umuntu wese yubahuka gutera ayo masigarira yo mu bazoba bagize ubwo Bwami aba mu vy’ukuri ateye Ubwami bw’Imana.—Ivyahishuriwe 12:17.
Umwami asozera intsinzi yiwe
6. Yehova na Kirisitu babona gute abarwanya abasavyi b’Imana?
6 Ico Yehova akora ku bijanye n’abarwanya Ubwami bwiwe bwashinzwe, cari carabuwe muri ubu buryo: “Umwe avyagiye mw ijuru azobatwengera mw ijigo: Umwami Imana azobakēngēra. Maz’azobabarirana uburake bgiwe, azobatēza ubgoba uguhambara kwiwe gukomeye, ati Ni jewe niyimikiye umwami wanje kuri Siyoni, umurwa wanje wera” (Zaburi 2:4-6). Ubu igihe kirashitse c’uko Kirisitu, ayobowe na Yehova, ‘asozera intsinzi yiwe’ (Ivyahishuriwe 6:2; NW). Yehova abona gute abarwanya abasavyi biwe mu gihe c’intsinzi ya nyuma? Abona ko ku bwa ngingo baba bariko barwanya we n’Umwami yiyimikiye aganza. Yehova avuga ati: “Ūbakorako aba akoze ku mbone y’ijisho ry[anj]e” (Zekariya 2:8). Na Yezu yaravuze ashimitse yuko ivyo abantu bagirira abavukanyi biwe basizwe canke bananirwa kubagirira, abona ko ari we babigiriye canke ko ari we bananiwe kubigirira.—Matayo 25:40, 45.
7. Ni imvo izihe zituma abagize “ishengero ryinshi” ridondorwa mu Vyahishuriwe 7:9 bashikwako n’ubushangashirwe bwa Gogi?
7 Ariko ntiwumve, n’abashigikira bivuye inyuma amasigarira y’abasizwe ubushangashirwe bwa Gogi buzobashikako. Abo bazôba bagize “isi nsha” y’Imana, ni “ishengero ryinshi” bava “mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose” (Ivyahishuriwe 7:9). Bavugwa ko “bahagaze imbere y’iyo ntebe n’imbere y’Umwagazi w’intama, bambaye imvune zera”. Gutyo, bafise impagararo yemewe imbere y’Imana na Kirisitu Yezu. Mu gihe bafise “amashami y’ibigazi mu minwe”, baravugiriza impundu Yehova ko ari we Segaba w’ijuru n’isi abikwiriye, ubutegetsi bwiwe bukaba buserukirwa n’intwaro y’Umwami yiyimikiye ari we Yezu Kirisitu, “Umwagazi w’intama w’Imana”.—Yohana 1:29, 36.
8. Igitero ca Gogi kizotuma Kirisitu akora iki, biheze bivemwo iki?
8 Igitero ca Gogi kizotuma Umwami yimitswe n’Imana ahaguruka hanyuma arwane intambara ya Harumagedoni (Ivyahishuriwe 16:14, 16). Abanse kwemera icese ubusegaba bwa Yehova bazosangangurwa. Ku rundi ruhande, abihanganiye amarushwa kubera ukudahemukira Ubwami bw’Imana, bazotabarwa rimwe rizima. Ku bijanye n’ivyo, intumwa Paulo yanditse ati: “Ico n’ikimenyetso co guca amateka kw’Imana kugororotse, ngo muze mwemererwe gushika mu bgami bg’Imana, ubgo namwe mubabarizwa. Kukw ar’ibigororotse ku Mana kwishura amarushwa abayabatera, no kwishura mwebge abayaterwa kuruhukana natwe, ah’Umwami Yesu azohishurirwa, ava mw ijuru, azananye n’abamarayika b’ubushobozi bgiwe, hagati mu muriro waka, yishure guhōrwa abatāmenye Imana n’abatumvira ubutumwa bgiza bg’Umwami wacu Yesu”.—2 Ab’i Tesalonike 1:5-8.
9, 10. (a) Ni gute Yehova yahaye Ubuyuda gutsinda umwansi akomeye? (b) Ni igiki abakirisu muri iki gihe bategerezwa kubandanya gukora?
9 Mu gihe c’amarushwa ahambaye yimirije, ayazoshika ku gihe cayo c’agaheta kuri Harumagedoni, Kirisitu azohagurukira ikibi cose. Mugabo, abayoboke biwe bo ntibazorinda kurwana, nk’uko nyene ivyo bitari bikenewe ku baba muri bwa bwami bw’Ubuyuda bugizwe n’imiryango ibiri ubu haciye imyaka ibihumbi. Intambara yari iya Yehova, kandi yaratanze intsinzi. Iyo nkuru ivuga iti: “Uhoraho ashirah’abo guca igico abāri baje gutera i Buyuda, ari bo Bamoni n’Abanyamowabu n’abāvuye ku musozi Seyiri, baca basubiranamwo. Kukw Abamoni n’Abanyamowabu baciye bahindukirana abāvuye ku musozi Seyiri, kugira ngo babice, babageseze; nuko bamaze guherengeteza abo Banyaseyiri, bīsubiraniramw’ubgabo, umuntu wese na mugenzi we bashirako baricana. Hanyuma Abayuda bashitse ku munara wo gushibamako wo mu bugaragwa, bagize ngo bararāba ayo masinzi y’ingabo, basanga n’imirambararo hasi, ata warushe akira n’umwe”.—2 Ngoma 20:22-24.
10 Vyabaye nyene nk’uko Yehova yari yarabibuye ati: “Ntimuzorinda kurwana” (2 Ngoma 20:17). Ivyo birashiraho icitegererezo abakirisu bazokurikiza Yezu Kirisitu niyagenda agana ku ‘gusozera intsinzi yiwe’. Mu kurindira, barabandanya kurwanya ikibi badakoresheje ibirwanisho nya birwanisho, mugabo bakoresheje ibirwanisho vyo mu buryo bw’impwemu. Gutyo, ‘ikibi babandanya kukineshesha iciza’.—Abaroma 6:13; 12:17-21; 13:12; 2 Ab’i Korinto 10:3-5.
Ni nde azoyobora igitero ca Gogi?
11. (a) Ni amashirahamwe ayahe Gogi azokoresha kugira agabe igitero ciwe? (b) Kuba maso mu buryo bw’impwemu birimwo iki?
11 Gogi w’i Magogi avugwa ko ari Shetani wa Mucokoranyi muri kwa gushirwa hasi kwiwe kuva mu 1914. Kubera ari ikiremwa c’impwemu, ntashobora we ubwiwe kugaba igitero, mugabo azokoresha amashirahamwe y’abantu kugira akore ibikorwa vyiwe. Ayo mashirahamwe y’abantu azoba ari ayahe? Bibiliya ntiduha amakuru y’ido n’ido, mugabo iraduha ibintu bimwebimwe bishobora kudufasha kumenya ayo ari yo. Uko ibiba kw’isi bigenda bishitsa ubuhanuzi bwa Bibiliya, tuzorushiriza buhorobuhoro kubona neza ayo ari yo. Abasavyi ba Yehova baririnda ivyiyumviro bidafise ishingiro binuganuga ayo mashirahamwe, mugabo baguma bari maso mu buryo bw’impwemu, baraba neza ibigenda biba mu vya politike no mu vy’idini bijanye n’iranguka ry’ubuhanuzi bwa Bibiliya.
12, 13. Umumenyeshakazoza Daniyeli yabuye gute igitero ca nyuma kizogirwa ku basavyi b’Imana?
12 Umumenyeshakazoza Daniyeli arahishura igitero ca nyuma kizogirwa ku basavyi b’Imana. Yandika ati: “[Umwami wo mu Buraruko] azovayo afise uburake bginshi, ajanywe no kugeseza no gutikiza benshi. Azoshinga amahema yiwe y’ubgami hagati y’ikiyaga n’umusozi wera w’ubgiza”.—Daniyeli 11:44, 45.
13 Mu bihe vya Bibiliya ico “kiyaga” cari ca Kiyaga Kinini, ari co Mediterane, “umusozi wera” na wo wari Siyoni, uwo Yehova yavuzeko ibi: “Ni jewe niyimikiye umwami wanje kuri Siyoni, umurwa wanje wera” (Zaburi 2:6; Yosuwa 1:4). Gutyo, mu buryo bw’impwemu, igihugu kiri “hagati y’ikiyaga n’umusozi wera” kigereranya akarere k’ivy’impwemu gasagamvye k’abakirisu basizwe. Ntibacitiranywa n’ikiyaga ari co bantu bonkowe ku Mana, kandi bararindiranye umushasharo gutegeka bari kumwe na Kirisitu Yezu mu Bwami bwo mw’ijuru. Biratomoye yuko abasavyi b’Imana basizwe hamwe na bagenzi babo b’intahemuka bagize ishengero ryinshi ari bo umwami wo mu Buraruko azotera niyagaba igitero ciwe gikaze mu gushitsa ubuhanuzi bwa Daniyeli.—Yesaya 57:20; Abaheburayo 12:22; Ivyahishuriwe 14:1.
Abasavyi b’Imana bazokora iki?
14. Ni ibintu bitatu ibihe abasavyi b’Imana bazokora nibaterwa?
14 Bizokwitegwa ko abasavyi b’Imana bakora iki nibamara guterwa? No ng’aha nyene, uko ihanga ry’Imana ryo mu gihe ca Yehoshafati ryavyifashemwo biratanga icitegererezo. Menya yuko abari barigize bategetswe gukora ibintu bitatu: (1) gutonda urugamba, (2) kwihagararira gusa, no (3) kuraba agakiza ka Yehova. Abasavyi b’Imana bo muri iki gihe bazokora gute mu buryo buhuje n’ayo majambo?—2 Ngoma 20:17.
15. Gutonda urugamba bisobanura iki ku basavyi ba Yehova?
15 Muze mutonde urugamba: Abasavyi b’Imana bazobandanya kwumira ku mpagararo yabo yo gushigikira bivuye inyuma Ubwami bw’Imana batanyiganyiga. Bazobandanya kuguma bafise impagararo yabo ya gikirisu y’ukutagira aho bahengamiye. ‘Bazokomera ntibanyiganyige’ mu murimo barangurira Yehova badahemuka kandi bazobandanya kumushemeza ku mugaragaro ku bw’ubuntu mvarukundo bwiwe (1 Ab’i Korinto 15:58; Zaburi 118:28, 29). Nta mukazo n’umwe, waba uwo muri kino gihe canke uwo muri kazoza, ushobora kubanyiganyiza ngo ubakure kuri iyo mpagararo yemewe n’Imana.
16. Ni mu buryo ubuhe abasavyi ba Yehova bazokwihagararira gusa?
16 Mwihagararire gusa: Abasavyi ba Yehova ntibazogerageza kwirokora ubwabo, mugabo bazokwizigira Yehova baherezeko. Ni we wenyene ashobora kurokora abasavyi biwe akabakura mu muvurungano w’iyi si, kandi yasezeranye kuzobikora (Yesaya 43:10, 11; 54:15; Gucura intimba 3:26). Kwizigira Yehova bizoba birimwo kwizigira umuhora uboneka wo mu gihe ca none bigaragara ko amaze imyaka mirongo akoresha kugira ashitse imigambi yiwe. Ico gihe, abakirisu b’ukuri bazokenera kwizigira kuruta ikindi gihe ico ari co cose abo basenga hamwe bahawe uruhusha na Yehova be n’Umwami yiyimikiye rwo kurongora abandi. Abo bagabo b’abizerwa bazorongora abasavyi b’Imana. Kwirengagiza ubuyobozi bwabo bizoshikana ku kaga.—Matayo 24:45-47; Abaheburayo 13:7, 17.
17. Ni kubera iki abasavyi b’Imana b’abizerwa bazoraba agakiza ka Yehova?
17 Murabe agakiza ka Yehova: Agakiza ni yo mpera izohabwa abo bose bumira ku mpagararo yabo ya gikirisu y’ukutadohoka kandi bizigira kurokorwa na Yehova. Bazotangaza ukuza kw’umusi w’urubanza rwa Yehova gushika ku munuta wa nyuma, no gushika ku rugero bagezako rwose. Ivyaremwe vyose bitegerezwa kumenya yuko Yehova ari we Mana y’ukuri kandi ko afise abasavyi b’abizerwa kw’isi. Ntibizokwigera bisubira gukenerwa ko haba ibihari bidahera ku vy’uko Yehova akwiriye kuba Segaba.—Ezekiyeli 33:33; 36:23.
18, 19. (a) Ururirimbo rw’intsinzi ruri mu gitabu co Kuvayo ikigabane ca 15 ruserura gute inyiyumvo abazoba barokotse igitero ca Gogi bazogira? (b) Ni igiki bibereye ko abasavyi b’Imana bakora ubu?
18 Kubera yuko abasavyi b’Imana bazoba basubiye kugira inguvu, bazokwinjira mw’isi nshasha, bashashaye kuririmba ururirimbo rw’intsinzi, nk’uko nyene Abisirayeli bo mu gihe ca kera babigize bamaze kurokorwa bakajabuka Ikiyaga Gitukura. Mu gukurira ubwatsi Yehova ibihe bidahera kubera azoba yabakingiye, umwumwe ukwiwe canke bose hamwe, bazosamiriza aya majambo haheze igihe kirekire avuzwe agira ati: “Ndaririmbira Uhoraho, kukw ari n’intsinzi y’agahebūza. . . . Uhoraho [ni] intōre mu ntambara, [Yehova] ni ryo zina ryiwe. . . . Ukuboko kwawe kw’i buryo, ewe Uhoraho, kujanjaguye abamenja. Ubugabe bgawe buhambaye bgatumye utūra hasi abakwināntājeko. Warekuye uburake bgawe, bubatōngōra nk’ibishingwe. . . . Kubg’[ubuntu mvarukundo bw]awe warōngōye abantu wacunguye: wabarōngōje inkomezi zawe mu nzira ija ahantu hēra; ah’uba. . . . Uzobashikanayo, ubashimangire ku musozi w’ishamvu yawe, ahantu witunganirije ngo habe i wawe, ewe Uhoraho, ahēra hāshizweho n’amaboko yawe, Mwami. Uhoraho azokwama ahangamye ibihe bitazoshira”.—Kuvayo 15:1-19.
19 Ese ukuntu ubu abasavyi b’Imana bafise icizigiro c’ubuzima budahera kirushirije gukayangana kuruta uko vyigeze kuba, ari co gihe kibereye c’uko bagaragaza ko bibanda kuri Yehova bakongera bakavyura umwiyemezo wabo w’ukumusukurira nka we Mwami wabo w’ibihe bidahera!—1 Ngoma 29:11-13.
Woba ushobora kubisigura?
• Ni kubera iki Gogi azogaba igitero ku basizwe be no ku zindi ntama?
• Ni mu buhe buryo abasavyi b’Imana bazotonda urugamba?
• Kwihagararira gusa bisobanura iki?
• Ni mu buhe buryo abasavyi b’Imana bazoraba agakiza ka Yehova?
[Ifoto ku rup. 18]
Yehova yarahaye intsinzi Yehoshafati n’abantu biwe batarinze kurwana
[Ifoto ku rup. 20]
Abasizwe be n’izindi ntama baragira uruhara mu gushigikira ubusegaba bwa Yehova
[Ifoto ku rup. 22]
Nka kumwe kw’Abisirayeli bo mu gihe ca kera, abasavyi b’Imana vuba bagiye kuririmba ururirimbo rw’intsinzi