ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • kl ikig. 4 rup. 32-42
  • Yezu Kirisitu—Ni We Rupfunguzo rw’Ubumenyi Bwerekeye Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu Kirisitu—Ni We Rupfunguzo rw’Ubumenyi Bwerekeye Imana
  • Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • UMWE MESIYA YARI YARASEZERANYWE
  • IBIMENYAMENYA VY’UKO YEZU YARI WE MESIYA
  • YEZU IMBERE Y’UKO ABA UMUNTU NKATWE
  • UBUZIMA BWA YEZU KW’ISI
  • YEZU MURI IKI GIHE
  • UBUZIMA BWIWE BWA KARE
  • IGIKENURWA CIWE
  • UKUGURWA N’UKWICWA KWIWE
  • Yezu Kristu ni nde?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Yezu Kristu ni nde?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Bararindiriye Mesiya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Mesiya! ni we Imana ikoresha kugira ngo iturokore
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
kl ikig. 4 rup. 32-42

Ikigabane ca 4

Yezu Kirisitu—Ni We Rupfunguzo rw’Ubumenyi Bwerekeye Imana

1, 2. Amadini y’iyi si yononye gute rwa rupfunguzo rw’ubumenyi bwerekeye Imana?

DUFATE ko uhagaze ku rugi, ukorakora impfunguzo zawe. Harakanye kandi ni mu mukorane, kandi nawe si we ubona urinjiye—ariko nya rupfunguzo ruranse kwugurura. Umenga ni rwo, ariko igufuri ntirikoma. Ese ukuntu bibabaza! Wongeye kuraba impfunguzo zawe. Ubwo urwo rupfunguzo uriko urakoresha ni rwo? Hoba hari uwaruhongoye?

2 Ivyo bintu biragereranya neza ico urusobangane rw’amadini y’iyi si rwagize ku bumenyi bwerekeye Imana. Mu vy’ukuri, benshi barononye urupfunguzo rutwugururira ngo tubutahure, na rwo ni Yezu Kirisitu. Amadini amwamwe yarakuyeho urwo rupfunguzo, ariyobagiza Yezu buhere. Ayandi na yo yaragoretse uruhara rwa Yezu, bamusenga nk’Imana Mushoboravyose. Ivyo ari vyo vyose, ubumenyi bwerekeye Imana ntidushobora kubushikira tudatahura neza uwo muntu ahambaye, Yezu Kirisitu.

3. Ni kuki Yezu yoshobora kwitwa urupfunguzo rw’ubumenyi bwerekeye Imana?

3 Kumbure uribuka yuko Yezu yavuze ati: “Ubu ni bgo [“buzima budahera,” NW], ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.” (Yohana 17:3) Mu kuvuga ivyo, Yezu ntiyariko ariyemera. Ivyanditswe birashimika kenshi ku kuntu ubumenyi nyakuri bwerekeye Kirisitu bukenewe. (Abanyefeso 4:13; Ab’i Kolosayi 2:2; 2 Petero 1:8; 2:20) Intumwa Petero yavuze yuko “[Yezu Kirisitu] abāvugishwa n’Imana bose bāmushingiye intahe.” (Ivyakozwe 10:43) Intumwa Paulo na we yanditse ati: “Muri [Yezu] ni ho itunga ryose ry’ubgenge n’ukumenya ryahishijwe.” (Ab’i Kolosayi 2:3) Paulo mbere yavuze yuko imihango yose Yehova yatanze iranguka kubera Yezu. (2 Ab’i Korinto 1:20) Urumva rero ko Yezu Kirisitu ari we rupfunguzo nyene rw’ubumenyi bwerekeye Imana. Ubumenyi dufise kuri Yezu butegerezwa kuba butagiramwo amakuru ayo ari yo yose agoretse ku vyerekeye akaranga kiwe be n’uruhara afise mu vyo Imana yatunganije. Ariko ni kuki abayoboke ba Yezu bamufata nka we ntimatima y’imigambi y’Imana?

UMWE MESIYA YARI YARASEZERANYWE

4, 5. Ni ivyizigiro ibihe vyari bishingiye kuri Mesiya, kandi abigishwa ba Yezu bamubona gute?

4 Kuva mu misi ya wa mugabo w’umwizigirwa Abeli, abasavyi b’Imana bamye baroreranye igishika uwitwa Urubuto yari yaravuzwe na Yehova Imana ubwiwe. (Itanguriro 3:15; 4:1-8; Abaheburayo 11:4) Vyari vyarahishuwe yuko uwuri nya Rubuto yokoze ku bw’umugambi w’Imana ari Mesiya, bisobanura ngo “Uwasizwe.” ‘Yokuyeho ivyaha,’ kandi ubuninahazwa bw’Ubwami bwiwe bwari bwaravuzwe mu mazaburi. (Daniyeli 9:24-26; Zaburi 72:1-20) Ni nde none vyobonetse ko ari Mesiya?

5 Iyumvire umunezero umusore umwe w’Umuyahudi yitwa Andereya yagize igihe yumviriza amajambo ya Yezu w’i Nazareti. Andereya yarirukanze kwa mwenewabo Simoni Petero amubwira ati: “Twabonye Mesiya.” (Yohana 1:41) Abigishwa ba Yezu barajijutse yuko yari umwe Mesiya yari yarasezeranywe. (Matayo 16:16) Kandi Abakirisu b’ukuri baremeye no guheba ubuzima bwabo bazira ukwemera yuko Yezu vy’ukuri ari we Mesiya canke Kirisitu yari yaravuzwe. None icabibemeje ko yari we ni igiki? Reka turimbure imigwi itatu y’ibimenyamenya.

IBIMENYAMENYA VY’UKO YEZU YARI WE MESIYA

6. (a) Ni amamuko ayahe yari gukomokamwo Urubuto rwasezeranywe, kandi tuzi gute yuko Yezu yakomotse mu muryango uva muri ayo mamuko? (b) Ni kuki bitoshobotse ko hagira umuntu n’umwe yabayeho inyuma yo mu 70 G.C. avuga ko ari we Mesiya?

6 Amamuko ya Yezu ni ryo shimikiro rya mbere ry’ukwerekana ko yari we Mesiya yari yarasezeranywe. Yehova yari yabwiye umusavyi wiwe Aburahamu yuko Urubuto rwasezeranywe rwokomotse mu muryango wiwe. Isaka mwene Aburahamu, Yakobo mwene Isaka, na Yuda mwene Yakobo, umwe wese muri abo yarahawe umuhango nk’uwo. (Itanguriro 22:18; 26:2-5; 28:12-15; 49:10) Amamuko ya Mesiya yaramenyekanye inyuma y’ibinjana igihe Umwami Dawidi yabwirwa yuko uwo muntu yokomotse mu muryango wiwe. (Zaburi 132:11; Yesaya 11:1, 10) Inkuru zo mu Njili zanditswe na Matayo be na Luka ziremeza yuko Yezu yabonetse biciye muri uyo muryango. (Matayo 1:1-16; Luka 3:23-38) Naho Yezu yari afise abansi babi benshi, nta n’umwe muri bo yahakanye umuryango wari uzwi cane yakomotsemwo. (Matayo 21:9, 15) Birumvikana rero ko amamuko ya Yezu ata woyaharīra. Ariko rero, inzandiko zerekeye imiryango y’Abayuda zaratikijwe igihe Abaroma basangangura Yeruzalemu mu 70 G.C. Mu bihe vyakurikiye, nta muntu n’umwe yoshoboye kuvuga ko ari we Mesiya yari yarasezeranywe.

7. (a) Umugwi ugira kabiri w’ikimenyamenya c’uko Yezu yari we Mesiya ni uwuhe? (b) Muri Mika 5:2 harangutse gute mu bijanye na Yezu?

7 Ubuhanuzi bwarangutse ni umugwi ugira kabiri. Hari ubuhanuzi bwinshi bwo mu Vyanditswe vy’Igiheburayo budondora imice itari imwe y’ubuzima bwa Mesiya. Mu kinjana c’umunani B.G.C., umuhanuzi Mika yaramenyesheje yuko uwo mutware ahambaye yovukiye mu gasagara gatoyi ka Betelehemu. Hari ibisagara bibiri muri Isirayeli vyitwa Betelehemu, mugabo ubwo buhanuzi bwaratomora aho ari ho: Betelehemu Efurata, aho Umwami Dawidi yari yaravukiye. (Mika 5:2) Abavyeyi ba Yezu, Yozefu na Mariya, baba i Nazareti, ku birometero nk’150 mu buraruko bwa Betelehemu. Ariko rero, igihe Mariya yari yibungenze, umutware w’Umuroma Kayisari Augusito yategetse yuko abantu bose baja kwisansumisha mu bisagara iwabo.a Nuko Yozefu ategerezwa kujana umukenyezi wiwe yibungenze i Betelehemu, ari ho Yezu yavukiye.—Luka 2:1-7.

8. (a) Ya “mayinga” 69 yatanguye ryari kandi atangurana n’iki? (b) Ya “mayinga” 69 yareha gute, kandi igihe yahera habaye iki?

8 Mu kinjana ca gatandatu B.G.C., umuhanuzi Daniyeli yamenyesheje yuko “Mesiya Segaba” yoserutse haciye “amayinga” 69 kuva hatanzwe itegeko ryo kuvyura no kwubaka Yeruzalemu. (Daniyeli 9:24, 25) Rimwe ryose muri ayo “mayinga” ryamara imyaka indwi.b Dukurikije Bibiliya hamwe n’inkuru za kahise, itegeko ryo gusubira kwubaka Yeruzalemu ryasohowe mu 455 B.G.C. (Nehemiya 2:1-8) Mesiya rero yari guseruka haciye imyaka 483 (69 kugwiza 7) inyuma y’umwaka w’455 B.G.C. Ivyo bituzana ku mwaka wa 29 G.C., wa mwaka nyene Yehova yasīga Yezu impwemu yera. Yezu yaciye aba ‘Kirisitu’ (bisobanura ngo ‘Uwasīzwe’), canke Mesiya.—Luka 3:15, 16, 21, 22.

9. (a) Muri Zaburi 2:2 harangutse gute? (b) Ubundi buhanuzi bumwebumwe bwarangukiye kuri Yezu ni ubuhe? (Raba igicapo.)

9 Ariko ntiwumve, si umuntu wese yemeye ko Yezu yari we Mesiya yari yarasezeranywe, kandi n’Ivyanditswe vyari vyarabivuze. Nk’uko vyanditswe muri Zaburi 2:2, Umwami Dawidi yarahumekewe n’Imana ngo amenyeshe ibi: “Abami bo mw isi baragomoye, n’abakuru bahūrije ingingo hamwe kurwanya Uhoraho n’Uwo yarobanuje amavuta.” Ubwo buhanuzi bwerekana yuko indongozi zo mu bihugu birenga kimwe zogiye hamwe ngo zitere Uwasīzwe wa Yehova, canke Mesiya. Kandi ni ko vyagenze. Indongozi z’idini y’Abayuda, Umwami Herodi hamwe na buramatari w’Umuroma Ponsiyo Pilato, abo bose baragize uruhara mu kwicisha Yezu. Guhera ico gihe, Herode na Pilato bari bahoze badacana uwaka bahindutse abagenzi somambike. (Matayo 27:1, 2; Luka 23:10-12; Ivyakozwe 4:25-28) Ibindi bimenyamenya vy’uko Yezu yari we Mesiya, tugusavye kubiraba ku gicapo kiri kumwe n’iki kiganiro, gifise umutwe uvuga ngo “Ubuhanuzi Bumwebumwe Bwibonekeje Bwari Bwerekeye Mesiya.”

10. Ni uburyo ubuhe Yehova yashinze intahe yuko Yezu yari we Wasīzwe wiwe yari yarasezeranywe?

10 Intahe yashinzwe na Yehova Imana ni umugwi ugira gatatu w’ikimenyamenya gishigikira Ubumesiya bwa Yezu. Yehova yararungitse abamarayika kumenyesha abantu yuko Yezu yari we Mesiya yari yarasezeranywe. (Luka 2:10-14) Kukaba nkako, mu gihe c’ubuzima bwa Yezu bwo kw’isi, Yehova ubwiwe yaravuze ari mw’ijuru, araserura yuko ashima Yezu. (Matayo 3:16, 17; 17:1-5) Yehova Imana yarahaye Yezu ububasha bwo gukora ibitangaro. Kimwe cose muri ivyo cari ikindi kintu kiva ku Mana cemeza yuko Yezu yari we Mesiya, kuko Imana itokwigeze iha umwangushi ububasha bwo gukora ibitangaro. Yehova kandi yarakoresheje impwemu yiwe yera mu guhumeka inkuru zo mu Njili, kugira ngo ikimenyamenya c’Ubumesiya bwa Yezu candikwe muri Bibiliya, ca gitabu cahinduwe mu ndimi nyinshi kuruta kikongera kigakwiragizwa henshi gusumba ibindi vyose mu nkuru y’ivyabaye.—Yohana 4:25, 26.

11. Ni ibimenyamenya bingana iki bihari bigaragaza yuko Yezu yari Mesiya?

11 Dufatiye hamwe, ubwo bwoko bw’ibimenyamenya burimwo ibintu amajana vyabaye vyerekana ko Yezu yari we Mesiya yari yarasezeranywe. Birumvikana rero yuko Abakirisu b’ukuri batihenze mu kumubona ko ari we ‘abavugishwa n’Imana bose bashingiye intahe,’ akaba na we rupfunguzo rw’ubumenyi bwerekeye Imana. (Ivyakozwe 10:43) Ariko hariho n’ibindi dukeneye kumenya vyerekeye Yezu Kirisitu turetse gusa ivy’uko yari we Mesiya. Yakomotse hehe? Yari ameze gute?

YEZU IMBERE Y’UKO ABA UMUNTU NKATWE

12, 13. (a) Tuzi gute yuko Yezu yabayeho mw’ijuru imbere yuko aza kw’isi? (b) “Jambo” ni nde, kandi ni ibiki yakoze imbere yuko aba umuntu nkatwe?

12 Ubuzima bwa Yezu bwoshobora kugaburwamwo ibiringo bitatu. Ica mbere catanguye imbere cane y’uko avuka kw’isi. Muri Mika 5:2 havuze yuko inkomoko ya Mesiya “yahereye kera hose, ibihe n’ibindi.” Kandi Yezu yaravuze icese yuko yavuye “iyo hejuru,” ni ukuvuga, mw’ijuru. (Yohana 8:23; 16:28) None yamaze igihe kingana iki mw’ijuru imbere y’uko aza kw’isi?

13 Yezu yiswe ‘Umwana w’ikinege’ w’Imana kubera ko Yehova ari we ubwiwe yamwiremeye. (Yohana 3:16) Kubera ko ari we “mfura mu vyaremwe vyose,” Yezu rero yarakoreshejwe n’Imana mu kurema ibindi bintu vyose. (Ab’i Kolosayi 1:15; Ivyahishuriwe 3:14) Muri Yohana 1:1 havuga yuko “Jambo” (Yezu imbere y’uko aba umuntu nkatwe) yari kumwe n’Imana “ubga mbere na mbere.” Jambo rero yari kumwe na Yehova igihe “ijuru n’isi” vyaremwa. Imana yariko ibwira Jambo igihe yavuga iti: “Tureme umuntu mw ishusho yacu.” (Itanguriro 1:1, 26) Muri ubwo buryo nyene, Jambo ategerezwa kuba yari “umukozi w’umuhanga” mukundwa w’Imana, uwuvugwa mu Migani 8:22-31 ko ari bwenge bufashwe nk’umuntu, akorera iruhande ya Yehova mu kurema ibintu vyose. Yehova amaze kumurema, Jambo yaramaze ibihe bidaharurwa ari kumwe n’Imana mw’ijuru imbere y’uko acika umuntu ngaha kw’isi.

14. Ni kuki Yezu yitwa “shusho y’Imana itaboneka”?

14 Ntibitangaje kubona mu B’i Kolosayi 1:15 hita Yezu “shusho y’Imana itaboneka”! Mu myaka itavugwa bamaranye ari somambike, uwo Mwana agamburuka yahavuye aba nka Se nyene, Yehova. Iyo ni iyindi mpamvu ituma Yezu aba urupfunguzo rw’ubumenyi ntangabuzima bwerekeye Imana. Ikintu cose Yezu yakora igihe yari ngaha kw’isi ni co nyene Yehova yari gukora. Ni co gituma gushika ku kumenya Yezu bisigura kandi kwongerereza ubumenyi bwacu bwerekeye Yehova. (Yohana 8:28; 14:8-10) Birumvikana rero, turakeneye kwiga n’ibindi vyerekeye Yezu Kirisitu.

UBUZIMA BWA YEZU KW’ISI

15. Vyagenze gute ngo Yezu avuke ari umwana atagira agasembwa?

15 Ikiringo kigira kabiri c’ubuzima bwa Yezu cari ico ngaha kw’isi. Yarayobotse n’umutima ukunze igihe Imana yakura ubuzima bwiwe mw’ijuru akabwimurira mu nda y’inkumi y’Umuyudakazi w’umwizigirwa yitwa Mariya. Impwemu yera ya Yehova y’inyabushobozi, ari zo nguvu zikora, ‘yarateye igitūtu’ Mariya, ituma yibungenga arahava yibaruka ikibondo kitagira agasembwa. (Luka 1:34, 35) Yezu nta gasembwa yarazwe, kubera yuko ubuzima bwiwe bwavuye kw’Isoko ritagira agasembwa. Yarerewe mu rugo ruciye bugufi ari umwana w’umurerano w’umubaji Yozefu, aba na we mwana w’imfura mu bana nka bangahe bo muri urwo rugo.—Yesaya 7:14; Matayo 1:22, 23; Mariko 6:3.

16, 17. (a) Yezu yakuye ububasha hehe bwo gukora ibitangaro, kandi bimwebimwe muri vyo vyari ibihe? (b) Ni kamere zimwezimwe izihe Yezu yagaragaje?

16 Ukuntu Yezu yayobokera Yehova Imana yivuye inyuma kwari kumaze kuboneka igihe yari afise imyaka 12 y’amavuka. (Luka 2:41-49) Yezu amaze kugera mu bigero hanyuma agatangura igikorwa ciwe amaze imyaka 30 y’amavuka, yarerekanye kandi urukundo rugera kure yari afitiye abantu. Igihe impwemu yera yamuha ububasha bwo gukora ibitangaro, yaragize imbabazi arakiza abarwaye, abacumbagira, ibimuga, impumyi, ibipfamatwi, n’abanyamibembe. (Matayo 8:2-4; 15:30) Yezu yaragaburiye abantu ibihumbi bari bashonje. (Matayo 15:35-38) Yarahwamitse ikirura cari kigeramiye abakunzi biwe. (Mariko 4:37-39) Mbere yaranazuye abapfuye. (Yohana 11:43, 44) Ivyo bitangaro vyaremejwe neza mu nkuru z’ivyabaye ko ari ivy’ukuri. Mbere n’abansi ba Yezu baremanze yuko ‘yakoze ibimenyetso vyinshi.’—Yohana 11:47, 48.

17 Yezu yaragendagenze mu gihugu ciwe c’amavukiro, yigisha abantu ivy’Ubwami bw’Imana. (Matayo 4:17) Yaranatanze akarorero keza ntangere k’ukwihangana n’ukuba umuntu yengenga. N’igihe abigishwa biwe bamuhemukira, yaravuze n’impuhwe nyinshi ati: “Umutima niko uri ingoga, ariko umubiri wo nta magara ugira.” (Mariko 14:37, 38, UB) Yamara Yezu yari umurindutsi, kandi ntiyarya umwunwa mu kubwira abasuzugura ukuri bakongera bagakandamiza abigorewe. (Matayo 23:27-33) N’ikiruta vyose, yariganye neza cane akarorero ka Se k’urukundo. Yezu mbere yaremeye gupfa n’umutima ukunze kugira ngo abantu b’abanyagasembwa baronke icizigiro ca kazoza. Ntivyoba bitangaje rero tuvuze yuko Yezu ari we rupfunguzo rw’ubumenyi bwerekeye Imana! Egome, ni we rupfunguzo ruzima! Ariko ni kuki tuvuze ngo urupfunguzo ruzima? Ivyo bituzanye ku kiringo kigira gatatu c’ubuzima bwiwe.

YEZU MURI IKI GIHE

18. Dukwiye kubona gute Yezu Kirisitu muri iki gihe?

18 Naho Bibiliya ivuga ivy’urupfu rwa Yezu, ubu ni muzima! Kukaba nkako, abantu amajana babayeho mu kinjana ca mbere G.C. bariboneye yuko yazutse. (1 Ab’i Korinto 15:3-8) Nk’uko vyari vyaravuzwe, mu nyuma yaciye yicara iburyo bwa Se maze ararindira ko ahabwa ububasha bw’ubwami mw’ijuru. (Zaburi 110:1; Abaheburayo 10:12, 13) None muri iki gihe dukwiye kubona gute Yezu? Twoba dukwiye kumwiyumvira nk’akayoya kagowe karyamye mu bwato bw’inka? Canke twoba dukwiye kumubona nk’umugabo asinzikaye ariko aricwa? Oya. Ni Umwami w’ubushobozi, ahangamye! Kandi ubu bwa vuba cane, azogaragaza ubutware bwiwe kuri iyi si yacu idurumbanye.

19. Yezu vuba agiye guhaguruka ngo akore iki?

19 Mu Vyahishuriwe 19:11-15, Umwami Yezu Kirisitu arerekanwa mu buryo butomoye, yuko azanana ububasha buhambaye kugira ngo ahonye ababisha. Ese ukuntu uwo Mutware yuzuye urukundo wo mw’ijuru ategerezwa kuba ashashariye guherengeteza umubabaro uruhije abantu amamiliyoni muri iki gihe! Kandi ni ko nyene ashashariye gufasha abita ku rutare ngo bigane akarorero keza cane yatanze igihe yari kw’isi. (1 Petero 2:21) Ashaka kubazigama ngo bazorengane ya “ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose” iriko iregereza ningoga, iyikunda kwitwa Harumagedoni, kugira ngo bashobore kuzobaho ibihe bidahera ari abatwarwa bo kw’isi b’Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru.—Ivyahishuriwe 7:9, 14; 16:14, 16.

20. Ni ibiki Yezu azokorera abantu mu gihe ca ya Ngoma yiwe y’Imyaka Igihumbi?

20 Mu gihe c’Ingoma ya Yezu y’Imyaka Igihumbi yari yaravuzwe y’amahoro, azokora ibitangaro ku neza y’abantu bose. (Yesaya 9:6, 7; 11:1-10; Ivyahishuriwe 20:6) Yezu azokiza indwara zose yongere akureho urupfu. Azozura abantu amamiliyaridi kugira ngo na bone baronke akaryo ko kubaho ibihe bidahera kw’isi. (Yohana 5:28, 29) Ntubura guhimbarwa no kwiga ibindi vyinshi vyerekeye Ubwami bwiwe bwa kimesiya mu kigabane kija kuza. Ariko uramenya neza ibi: Ntidushobora no kwiyumvira ukuntu ubuzima bwacu buzoba ari bwiza igitangaza mu gihe c’ubutegetsi bw’ubwo Bwami. Ese ukuntu bihambaye kurushiriza kumenya neza Yezu Kirisitu! Ni vyo, turakeneye cane kutigera twibagira Yezu, we rupfunguzo ruzima rw’ubumenyi bwerekeye Imana bujana mu buzima budahera.

[Utujambo tw’epfo]

a Urwo rusansuma rwarahaye Inganji y’Abaroma uburyo bwiza kuruta bwo kwaka amakori. Ni co gituma Augusito yafashije atabizi mu gushitsa ubuhanuzi bwerekeye umutware ‘yorungitse umutozakori mu bwami.’ Ubwo buhanuzi nyene bwari bwaravuze yuko “umukuru w’isezerano,” ari we Mesiya, ‘yokenyuwe’ mu misi y’umusubirizi w’uyo mutware. Yezu yishwe ku ngoma y’umusubirizi wa Augusito, ari we Tiberiyo.—Daniyeli 11:20-22.

b Abayuda ba kera bari basanzwe biyumvira mu buryo bw’amayinga y’imyaka. Nk’akarorero, nk’uko nyene umusi wose ugira indwi wari umusi w’Isabato, umwaka ugira indwi wose wari umwaka w’Isabato.—Kuvayo 20:8-11; 23:10, 11.

SUZUMA UBUMENYI BWAWE

Amamuko ya Yezu ashigikira gute ivy’uko yari we Mesiya?

Ubuhanuzi bumwebumwe bwari bwerekeye Mesiya bwarangukiye kuri Yezu ni ubuhe?

Imana ubwayo yerekanye gute yuko Yezu yari Uwasīzwe wayo?

Ni kuki Yezu ari we rupfunguzo ruzima rw’ubumenyi bwerekeye Imana?

[Igicapo ku rup. 37]

UBUHANUZI UMWEBUMWE BWIBONEKEJE BWARI BWEREKEYE MESIYA

UBUHANUZI IVYOBAYE IRANGUKA

UBUZIMA BWIWE BWA KARE

Yesaya 7:14 Yovyawe n’inkumi Matayo 1:18-23

Yeremiya 31:15 Ibibondo vyokwishwe Matayo 2:16-18

inyuma y’ivuka ryiwe

IGIKENURWA CIWE

Yesaya 61:1, 2 Igikorwa ciwe yagitumwe n’Imana Luka 4:18-21

Yesaya 9:1, 2 Igikorwa ciwe catumye abantu Matayo 4:13-16

babona umuco mwinshi

Zaburi 69:9 Yogiriye ishaka Yohana 2:13-17

ingoro ya Yehova

Yesaya 53:1 Ntibomwizeye Yohana 12:37, 38

Zekariya 9:9; Yokwinjiye i Yeruzalemu Matayo 21:1-9

Zaburi 118:26 yicaye ku nyana y’indogobwa;

aterwa impundu nk’umwami

n’uwari kuza mw’izina rya Yehova

UKUGURWA N’UKWICWA KWIWE

Zaburi 41:9; 109:8 Intumwa imwe yohemutse; Ivyakozwe 1:15-20

i kagura Yezu mu nyuma

igasubirirwa n’uwundi

Zekariya 11:12 Yoguzwe ibiceri 30 Matayo 26:14, 15

vy’amafeza

Zaburi 27:12 Yoshingiwe intahe Matayo 26:59-61

y’ikinyoma

Zaburi 22:18 Bopfindaniye ivyambarwa vyiwe Yohana 19:23, 24

Yesaya 53:12 Yoharuranywe n’abanyavyaha Matayo 27:38

Zaburi 22:7, 8 Yotutswe ari ku mpfiro Mariko 15:29-32

Zaburi 69:21 Yohawe inkarihe Mariko 15:23, 36

Yesaya 53:5; Yocumiswe Yohana 19:34, 37

Zekariya 12:10

Yesaya 53:9 Yohambanywe n’abatunzi Matayo 27:57-60

Zaburi 16:8-11, NW, Yozuwe imbere y’uko abora Ivyakozwe 2:25-32;

akajambo k’epfo Ivyk13:34-37

[Ifoto ku rup. 35]

Imana yarahaye Yezu ububasha bwo gukiza abarwaye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika