Ijambo rya Yehova ni rizima
Ibikurubikuru vyo mu Gitabu ca Mbere ca Zaburi
NI IZINA irihe ryoba ribereye kwitwa igitabu ca Bibiliya kigizwe ahanini n’amajambo yo gushemeza Umuremyi wacu, Yehova Imana? Nta zina ryoza ribereye gusumba Zaburi canke Amashemezo. Ico gitabu ca Bibiliya kirekire kuruta ibindi vyose kirimwo indirimbo zitunganijwe neza zigana kamere z’akaroruhore z’Imana, ibikorwa vy’ububasha yakoze be n’ubuhanuzi bwinshi. Nyinshi muri izo ndirimbo, zirimwo amajambo aserura ukuntu abazanditse bumva bamerewe bari mu marushwa. Izo nyiyumvo baseruye zijanye n’ibintu vyabaye mu kiringo c’imyaka nk’igihumbi, uhereye mu gihe ca wa muhanuzi Musa ugashika mu gihe c’inyuma ya bwa bunyagano bw’i Babiloni. Izo ndirimbo zanditswe na Musa, Umwami Dawidi be n’abandi. Umuherezi Ezira ni we avugwa ko yatunganije ico gitabu uko kimeze muri iki gihe.
Kuva kera na rindi, igitabu ca Zaburi cari kigabuwemwo ibice bitanu bikoranijwemwo indirimbo: (1) Zaburi ya 1-41, (2) Zaburi ya 42-72, (3) Zaburi ya 73-89, (4) Zaburi ya 90-106 be na (5) Zaburi ya 107-150. Iki kiganiro kiraza guca irya n’ino igice ca mbere. Zaburi zo muri ico gice zose, ukuyemwo zitatu gusa, zitirirwa wa Mwami Dawidi wa Isirayeli ya kera. Abatunganije Zaburi ya 1, ya 10 be n’iya 33, ntibazwi.
‘IMANA YANJE NI IGITANDARA CANJE GIKOMEYE’
Zaburi ya mbere ihejeje kuvuga yuko umuntu ahiriwe ari uwuhimbarwa n’ivyagezwe vya Yehova, iya kabiri ica yerekeza neza na neza ku vyerekeye Ubwamia. Uwo mugwi w’amazaburi ugizwe ahanini n’amajambo yo gutakambira Imana. Nk’akarorero, Zaburi ya 3 gushika ku ya 5, iya 7, iya 12, iya 13 be n’iya 17 zigizwe n’intakambo zo gusaba gukizwa abansi. Zaburi ya 8 irashira ahabona ukuntu Yehova ahambaye cane kuruta umuntu.
Mu kudondora Yehova ko ari We akingira abasavyi biwe, Dawidi aririmba ati: “Imana yanje, n’igitandara canje gikomeye, ni we nzohungirako” (Zaburi 18:2). Muri Zaburi ya 19, Yehova ashimagizwa ko ari we Muremyi akaba na we Mutanzi w’amategeko, muri Zaburi ya 20 agashimagizwa ko ari we Murokozi, muri Zaburi ya 21 na ho agashimagizwa ko ari we Murokozi w’Umwami wiwe yasizwe. Zaburi ya 23 imudondora ko ari we Mwungere Mukuru, mu gihe Zaburi ya 24 na yo imudondora nka we Mwami aninahaye.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
2:1, 2—“Ivy’ubusa” amahanga aguma agira ingingo ni ibiki? Ivyo bintu ‘vy’ubusa’ ni ukuntu intwaro z’abantu ziguma zirazwa ishinga n’uburyo zogumana ubukuru bwazo. Ni ibintu vy’ubusa kubera yuko umugambi wazo utazobura kunanirwa. Ubona none amahanga ashobora koko kwitega yuko bizoyagendera neza mu gihe ahuriza hamwe ingingo yo “kurwanya Uhoraho n’Uwo yarobanuje amavuta”?
2:7—“Ijambo [“rivumerewe na Yehova”, NW]” ni iki? Iryo jambo rivumerewe ni rya sezerano ry’Ubwami Yehova yagiranye n’Umwana wiwe mukundwa, Yezu Kirisitu.—Luka 22:28, 29.
2:12—Ni mu buryo ki abategetsi b’amahanga bashobora ‘kugumbira urya mwana’? Mu bihe vya Bibiliya, kugumbira umuntu, canke kumusoma, bwari uburyo bwo kumugaragariza ubugenzi n’ukudahemuka. Bwari uburyo bwo guha ikaze abashitsi. Abami b’isi bategekwa gusoma uwo Mwana, ni ukuvuga kumuha ikaze mu kwemera icese ko ari we Mwami Mesiya.
Agatwe ka Zaburi ya 3—Udutwe dusanga ku mazaburi amwamwe dufise intumbero iyihe? Rimwe na rimwe usanga agatwe k’izaburi yinaka kerekana uwayanditse kakongera kagatanga amakuru amwamwe ajanye n’ukuntu ibintu vyari vyifashe igihe iyo zaburi yatunganywa, aho tukaba twovuga nk’agatwe ka Zaburi ya 3, canke na ho ugasanga kavuga gusa ukuntu ibintu vyari vyifashe. Vyongeye, ako gatwe ushobora gusanga gasigura intumbero y’ururirimbo runaka canke ukuntu rwakoreshwa (Zaburi ya 4 n’iya 5), kakerekana n’ingene rwategerezwa gucurarangwa (Zaburi ya 6).
3:2—Ijambo “Sela” risobanura iki? Iryo jambo abantu benshi bibaza ko ryerekana akaruhuko gatoyi umuntu agira kugira ngo azirikane, haba mu kureka kuririmba gusa, canke mu kureka kuririmba no gucuraranga. Ako karuhuko kakoreshwa kugira ngo iciyumviro canke inyiyumvo vyaba bihejeje guserurwa birushirize gushimikwako. Si ngombwa ko umuntu asoma iryo jambo n’ijwi ryumvikana igihe aba ariko asomera abantu muri Zaburi.
11:3—Ayo matanguriro asamburwa ni ayahe? Ni amatanguriro canke ibintu ikibano c’abantu gishingiyeko, ivyo na vyo akaba ari amabwirizwa, amategeko n’ubutungane. Igihe ivyo bintu bihungabanye, mu kibano haca haba ubusimbirahamwe, ubutungane na bwo ntibube bukiharangwa. Igihe ibintu biba vyifashe ukwo, “umugororotsi” ategerezwa kwizigira Imana agaherezako.—Zaburi 11:4-7.
21:3—Imvugo ngo “igitsibo c’izahabu nziza” isobanura iki? Ntivyerekanwa nimba igitsibo kivugwa ng’aho cari igitsibo butsibo canke igitsibo cagereranya ubuninahazwa burushirije Dawidi yaronse kubera yari yatahukanye intsinzi nyinshi. Ariko rero, ico canditswe cerekeza mu buryo menyeshakazoza ku gitsibo c’Ubwami Yezu yahawe na Yehova mu 1914. Kuba ico gitsibo gikozwe mu nzahabu, bitanga iciyumviro c’uko ingoma yiwe ari nziza bihebuje.
22:1, 2—Ni igiki gishobora kuba caratumye Dawidi yumva umengo Yehova yamuhevye? Ico gihe Dawidi yari abangamiwe n’abansi biwe bimwe bikomeye gushika n’aho ‘umutima wiwe umera nk’ishashara ukayagira hagati mu mara yiwe’ (Zaburi 22:14). Ashobora kuba yabona umengo Yehova yari yamuhevye. Igihe Yezu yamanikwa, na we nyene yarumvise amerewe nk’ukwo kwa Dawidi (Matayo 27:46). Ayo majambo ya Dawidi yerekana ukuntu murundi yumvise amerewe igihe yari mu bihe bigoye cane. Ariko rero, uravye isengesho Dawidi yatuye dusanga muri Zaburi 22:16-21, biribonekeza ko atari yatakaje ukwizera.
Ivyigwa tuhigira:
1:1. Turakwiye kwirinda kwifatanya n’abantu badakunda Yehova.—1 Korinto 15:33.
1:2. Dutegerezwa kutareka ngo hagire n’umusi n’umwe wijana tutarimbuye ivy’impwemu.—Matayo 4:4.
4:4. Igihe dushavuye canke dushangashiwe, twoba tugaragaje ubukerebutsi tugumije ururimi rwacu ku buryo tutavuga ikintu kizotuma mu nyuma twicuza.—Abanyefeso 4:26.
4:5. Ibimazi vyo mu vy’impwemu dutanga biba “ibimazi vy’ukugororoka” igihe gusa tubitangana imvo zibereye kandi tukaba twigenza mu buryo buhuye n’ivyo Yehova asaba.
6:5. Mbega hoba hari iyindi mpamvu yotuma umuntu yipfuza kubandanya kubaho yoza iruta iyo?—Zaburi 115:17.
9:12. Yehova ararondera abasheshe amaraso kugira ngo ayabahore, ariko yibuka “ugutakamba kw’abaciye bugufi” canke abagorwa.
15:2, 3; 24:3-5. Abasenga b’ukuri bategerezwa kuvuga ukuri maze bakirinda kurahira ibinyoma no kwambika ibara abandi.
15:4. Kiretse gusa igihe twobona ko twasezeranye ikintu giteye kubiri n’Ivyanditswe, turakwiye kugira uko dushoboye kwose kugira ngo dushitse ico twasezeranye, naho kugishitsa vyoba bigoye cane.
15:5. Twebwe abasavyi ba Yehova, turakeneye kwirinda gukoresha amahera mu buryo butabereye.
17:14, 15. “Abantu b’isi” barihebera ivyo kurondera kubaho neza, kugira abana, no kurondera ico bazoraga abana babo. Ikintu Dawidi yashira imbere mu buzima kwari ukugira izina ryiza imbere ya Yehova Imana kugira ngo ‘arabe mu nyonga hiwe’, ni ukuvuga yemerwe na we. ‘Yikanguye’ akabona imihango ya Yehova be n’ukuntu amusubiriza umutima mu nda, ‘yonyuzwe no [kubona] ishusho yiwe’, ivyo bikaba bisobanura yuko yohimbawe n’uko Yehova ari kumwe na we. Nk’uko nyene Dawidi yabigize, ntidukwiye none gushira umutima ku butunzi bwo mu buryo bw’impwemu?
19:1-6. Niba ibiremwa bidashobora kuvuga canke kwiyumvira bininahaza Yehova, twebwe abantu dushobora kwiyumvira, kuvuga no gusenga, wumva none tudakwiye kumuninahaza gusumba?—Ivyahishuriwe 4:11.
19:7-11. Ivyo Yehova adusaba, ewe kuntu bitugirira akamaro!
19:12, 13. Amafuti n’ibikorwa vy’ukwita imbere ni ivyaha dutegerezwa kwirinda.
19:14. Ntidukwiye kwitwararika ivyo dukora gusa, ariko turakwiye no kwitwararika ivyo tuvuga be n’ivyo twiyumvira.
“NI WEWE UNSHIGIKIYE MU KUGOROROKA KWANJE”
Mu mazaburi abiri ya mbere yo muri uwo mugwi Dawidi araserura icipfuzo kivuye ku mutima afise co kuguma mu kugororoka kwiwe be n’umwiyemezo ukomeye afise wo kubigira. Aririmba ati: “Ariko jeho ukugororoka kwanje ni kwo nzogenderamwo” (Zaburi 26:11). Mw’isengesho yatuye asaba guharirwa ivyaha, yiyemerera ati: “Ngicereje, amagufa yanje atewe gusāza n’ukuniha kwanje umusi ukīra” (Zaburi 32:3). Dawidi arasubiriza umutima mu nda intahemuka kuri Yehova, ati: “Inyonga z’Uhoraho ziri ku bagororotsi, n’amatwi yiwe ayabangira ugutakamba kwabo”.—Zaburi 34:15.
Ese ukuntu impanuro dusanga muri Zaburi ya 37 zagiriye akamaro kanini Abisirayeli, zikaba zitugirira akamaro na twebwe tubayeho mu “misi y’iherezo” y’ivy’iyi si (2 Timoteyo 3:1-5)! Mu kuvuga mu buryo menyeshakazoza ivyerekeye Yezu Kirisitu, muri Zaburi 40:7, 8 hagira hati: “Ehe ndaje, mu muzingo w’igitabu ni ko vyanditswe kuri jewe: mpimbawe no gukora ivyo ugomba, Mana yanje; mber’ivyagezwe vyawe biri mu mutima wanje”. Zaburi ya nyuma y’iki gice igizwe n’amajambo Dawidi yavuze asaba ko Yehova amufasha muri ya myaka yaranzwe n’ibintu bibabaje cane y’inyuma y’aho akoreye icaha na Batisheba. Aririmba ati: “Kandi jeho ni wewe unshigikiye mu kugororoka kwanje”.—Zaburi 41:12.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
26:6—Nka kumwe kwa Dawidi, ni gute dukikiza mu buryo bw’ikigereranyo igicaniro ca Yehova? Igicaniro kivugwa ng’aho kigereranya ukugomba kwa Yehova mu kwemera inkuka y’incungu ya Yezu Kirisitu kugira acungure abantu (Abaheburayo 8:5; 10:5-10). Rero, dukikiza igicaniro ca Yehova mu kwizera iyo nkuka.
29:3-9—Kuba ijwi rya Yehova rigereranywa n’igihuhusi giteye ubwoba kiriko kirahuhuta vyerekana iki? Ico vyerekana, ni ububasha bwa Yehova buteye akoba.
31:23—Ni mu buryo ki uwukora ivy’ubwibone asubirizwa mu nkoko cane? Igihano ni co kintu asubirizwa mu nkoko. Ugutozwa indero na Yehova ni co kintu umugororotsi ahabwa bivuye ku makosa akora atabishaka. Kubera yuko uwukora ivy’ubwibone adaheba ingendo yiwe mbi, asubirizwa mu nkoko cane mu guhabwa igihano gikomeye.—Imigani 11:31; 1 Petero 4:18.
33:6—“Impwemu” zo mu kanwa ka Yehova ni iki? Iyo mpwemu ni inguvu Imana ikoresha, canke impwemu yera yayo, akaba ari yo Imana yakoresheje mu kurema ijuru (Itanguriro 1:1, 2). Yitwa impwemu yo mu kanwa kiwe kubera yuko ishobora kurungikwa kure ngo ije kugira ico ikoze, nka kurya kw’impemu z’inguvu umuntu asohoye.
35:19—Kuba Dawidi asaba ngo abamwanka boye kumuvuniranira urugohe bisobanura iki? Kuvuniranira urugohe bishobora kuba vyokwerekanye ko abansi ba Dawidi bahimbawe n’uko berewe mu migambi yabo yo kumugirira nabi. Dawidi yasavye ko ivyo bitoba.
Ivyigwa tuhigira:
26:4. Tuba tugaragaje ubukerebutsi twirinze kwifatanya n’abantu usanga banyegeza akaranga kabo biciye mu mihora ya Internet yo kuganirirako, tukirinda kwifatanya n’abo twigana kw’ishure canke abo dukorana bigira abagenzi bacu ariko bashaka kutwihishamwo nk’inda, tukongera tukirinda kwifatanya n’abahuni biyerekana ko ata buryarya bafise be n’ababayeho mu buryo burimwo tubiri.
26:7, 12; 35:18; 40:9. Dutegerezwa gushemeza Yehova icese ku makoraniro ya gikirisu.
26:8; 27:4. Twoba turyoherwa no kwitaba amakoraniro ya gikirisu?
26:11. Igihe Dawidi yaserura umwiyemezo wiwe wo kuguma mu kutadohoka kwiwe, yarasavye kandi ugucungurwa. Vy’ukuri, na twebwe nyene turashobora kuguma mu kutadohoka kwacu naho turi abanyagasembwa.
29:10. Kuba Yehova avugwa ko avyagira hejuru ya “wa Mwuzure”, vyerekana ko acungera neza ububasha bwiwe.
30:5. Urukundo ni yo kamere nkuru ya Yehova, si uburake.
32:9. Yehova ntiyipfuza ko tuba nk’inyumbu canke indogoba yo igamburuka kubera imijiginya y’ivyuma canke ibitsibo bayambitse. Ahubwo riho, yipfuza ko duhitamwo kumugamburukira kubera yuko dutahura ivyo agomba.
33:17-19. Nta kintu na kimwe cashizweho n’abantu, naho coba gikomeye gute, gishobora kubarokora. Dutegerezwa kwizigira Yehova be n’indinganizo yashizeho, ni ukuvuga Ubwami bwiwe.
34:10. Ese ukuntu ayo majambo asubiriza umutima mu nda abashira ivy’Ubwami mu kibanza ca mbere mu buzima bwabo!
39:1, 2. Igihe abanyakibi boba bariko barondera kumenya amakuru kanaka mu ntumbero yo kugirira nabi abo dusangiye ukwizera, tuba tugaragaje ubukerebutsi ‘dushize ikirumyo ku munwa wacu’, tukaguma duhoze.
40:1, 2. Kurorera Yehova, ari kwo kumwizigira, birashobora kudufasha kwihanganira intuntu maze bigasa nk’aho dukuwe “mu rwobo rw’amahonero no mw ishayo y’ivyondo”.
40:5, 12. Ivyago bidushikira canke amakosa bishika tugakora vyaba bingana iki, ntibizotuma twumva ko turengewe, nitutigera twibagira yuko imihezagiro yacu ‘irenze uko yoharurwa’.
‘Uhoraho ahimbazwe’
Mbega ukuntu ayo mazaburi 41 yo muri ico gice ca mbere ahumuriza kandi aremesha! Twaba turiko turacumukuzwa n’ibigeragezo canke tubabazwa n’ijwi ryo mu mutima ritwagiriza ikibi, turashobora gukomezwa no kuremeshwa n’ico gice c’Ijambo ry’Imana rifise ububasha (Abaheburayo 4:12). Ayo mazaburi aravuga ibintu bituronsa ubuyobozi bwiza twokurikiza mu buzima bwacu. Naho twoshikirwa n’ikintu kigoye ico ari co cose, turasubirizwa umutima mu nda akatari gake ko Yehova atazoduta.
Ico gice ca mbere c’igitabu c’amazaburi gisozerwa n’aya majambo agira ati: “Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, ahimbazwe, uhereye kera hose, ukageza ibihe vyose, Amen, kandi Amen” (Zaburi 41:13). Aya mazaburi duhejeje guca irya n’ino, wumva none atatuvyuriye umutima wo guhimbaza Yehova?
[Akajambo k’epfo]
a Ibivugwa muri Zaburi ya 2 vyarangutse ubwa mbere mu gihe ca Dawidi.
[Iciyumviro ku rup. 19]
Niba ibiremwa bitagira ubwenge bininahaza Yehova, ese ukuntu twebwe dukwiye kumuninahaza gusumba!
[Ifoto ku rup. 17]
Mu mazaburi 41 ya mbere, menshi yatunganijwe na Dawidi
[Ifoto ku rup. 18]
Woba uzi izaburi idondora ko Yehova ari we Mwungere Mukuru?
[Ifoto ku rup. 20]
Ntureke ngo hagire n’umusi n’umwe wijana utarimbuye ivy’impwemu
[Abo dukesha ifoto ku rup. 17]
Inyenyeri: Ifoto dukesha United States Naval Observatory
[Abo dukesha ifoto ku rup. 19]
Inyenyeri, ku rupapuro rwa 18 n’urwa 19: Amafoto dukesha United States Naval Observatory
[Abo dukesha ifoto ku rup. 20]
Inyenyeri: Ifoto dukesha United States Naval Observatory