Rwaruka—Nimumenyereze Ububasha Bwanyu bwo Gutegera!
“Ivyo kurya bigumye n’ivy’abakuze, bafise ubgenge [“ububasha bwo gutegera,” “NW”], maze kubgo kwama babukoresha, bumogorera gutandukanya ikibi n’iciza.”—ABAHEBURAYO 5:14.
1, 2. (a) Muri iki gihe ni gute ivyacu vyifashe nk’uko ivy’Abakirisu ba kera bo muri Efeso vyari vyifashe? (b) Ni ubushobozi ubuhe bushobora kukurinda ingeramizi, kandi ushobora kubutsimbataza gute?
“MWIRINDE cane uburyo mugenda, mwoye kugenda nk’imburabgenge, ariko mugende nk’abanyabgenge, mugura uburyo mubugwiza, kukw imisi ari mibi.” (Abanyefeso 5:15, 16) Kuva intumwa Paulo yanditse ayo majambo, hakaba haciye imyaka ibihumbi bibiri, “abantu babi n’abahūmbūzi [bararushirije] kuba babi.” Tubayeho mu “bihe bigoye,” canke nk’uko iyindi mpinduro ibivuga, ni ibihe “vyuzuye ingeramizi.”—2 Timoteyo 3:1-5, 13; Phillips.
2 Ariko rero, urashobora kwirinda kubabazwa n’ingeramizi zishobora kuba zibunze mu nzira ucamwo, mu gutsimbataza “[u]kwiguranura, . . . ukumenya no kugira amakenga [“ubushobozi bwo kwiyumvira,” NW].” (Imigani 1:4) Mu Migani 2:10-12 havuga hati: “Ubgenge [nib]winjira mu mutima wawe, kand’ukumenya kuzohimbara ubugingo bgawe. Amakenga [“ubushobozi bwo kwiyumvira,” NW] azogushibamira, ugutahura kuzokuzigama, ngo bigukize inzira y’ikibi, n’abantu badadika.” Ariko ushobora gute neza na neza gutsimbataza ubwo bushobozi? Mu Baheburayo 5:14 havuga hati: “Ivyo kurya bigumye n’ivy’abakuze, bafise ubgenge [“bubasha bwo gutegera,” NW], maze kubgo kwama babukoresha, bumogorera gutandukanya ikibi n’iciza.” Nk’uko bigenda ku buhanga bwose, kugira ngo umuntu atahure neza ukuntu akoresha ububasha bwiwe bwo gutegera bisaba kwimenyereza. Ijambo ry’Ikigiriki Paulo akoresha, ijambo ku rindi risobanura ‘kuba umuntu yaramenyerejwe nk’uwugira ikarashishi.’ Wotangura gute ukwo kwimenyereza?
Numenyereze Ububasha Bwawe bwo Gutegera
3. Ushobora gukoresha gute ububasha bwawe bwo gutegera igihe utegerezwa gufata ingingo?
3 Numenye ko ububasha bwawe bwo gutegera—ni ukuvuga ubushobozi ufise bwo gutandukanya ikibi n’iciza—bumenyerezwa “ku bgo kwama babukoresha.” Igihe utegerezwa gufata ingingo yinaka, gukekeranya, gukora ikikujemwo cose canke kujana nyabahururu ni gake bizovamwo ihitamwo riranga ubukerebutsi. Kugira ngo ufate ingingo iranga ubukerebutsi, ukwiye gukoresha ububasha bwawe bwo gutegera. Uti gute? Imbere ya vyose, vyogirwa mu gutohoza witonze uko ibintu vyifashe, gutyo ukamenya ivyavyo vyose. Nimba bikenewe, nubaze ibibazo. Nurabe ico uvyiyumvirako. Mu Migani 13:16 havuga hati: “Uwitonda wese, akorana ubgenge.” Ubukurikira, gerageza kuraba amategeko canke ingingo vya Bibiliya bijanye n’ico kibazo. (Imigani 3:5) Birumvikana, kugira ngo ivyo ubigire utegerezwa kuba uzi Bibiliya. Ni co gituma Paulo aturemesha kwihereza “ivyo kurya bigumye”—ni ukuvuga kwiga “ubwaguke n’uburebure n’ubwira n’ubwimbike” bw’ukuri.—Abanyaefezi 3:18, UB.
4. Ni kuki kumenya ingingo z’Imana ari nkenerwa?
4 Kugira gutyo ni ikintu nyamukuru kubera yuko turi abanyagasembwa, duhengamiye ku gukora icaha. (Itanguriro 8:21; Abaroma 5:12) Muri Yeremiya 17:9 havuga hati: “Umutima uribesha kuruta ibindi vyose, urwaye indwara itavūrwa.” Tudakurikije ingingo ziva ku Mana zo kutuyobora, turashobora kwibesha mu kwiyumvira yuko ikintu kibi ari ciza—kubera gusa yuko umubiri wacu ucipfuza cane. (Gereranya na Yesaya 5:20.) Umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Umusore azokwezesha inzira yiwe iki? Azoyezesha kuyitondera nk’ukw ijambo ryawe rivuga. Amateka washinze ni yo andonkesha ubgenge, ni co gituma nanka inzira z’ibinyoma zose.”—Zaburi 119:9, 104.
5. (a) Ni kuki abakiri bato bamwebamwe bakurikira inzira zitari zo? (b) Uwukiri muto umwe yagize ukuri ukwiwe gute?
5 Ni kuki abakiri bato bamwebamwe barerewe mu ngo z’Abakirisu bakurikiye inzira zitari zo? Vyoba vyavuye ku vy’uko abo batigeze na rimwe ‘bamenya neza ivy’Imana igomba, ari vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose’? (Abaroma 12:2) Bamwe bashobora kuba bitaba amakoraniro bari kumwe n’abavyeyi babo kandi bakaba bashoboye kuvuga ku mutwe zimwezimwe mu nyigisho z’ishimikiro za Bibiliya. Mugabo igihe basabwe gutanga igihinyuza c’ivyo bemera canke gusigura ibintu bimwebimwe bigera ibwina vyo mw’Ijambo ry’Imana ugasanga bafise ubumenyi butagera kure. Urwaruka nk’urwo biroroha ko ruzimizwa. (Abanyefeso 4:14) Nimba kuri wewe ari ukwo vyifashe, ni kuki utokwiyemeza kugira ivyo uhinduye? Hari umuvukanyikazi akiri muto yibuka ibi: “Naragira ubushakashatsi. Naribaza nti: ‘Nzi gute ko iri ari ryo dini ry’ukuri? Nzi gute ko hariho Imana yitwa Yehova?’ ”a Ugutohoza Ivyanditswe yitonze vyaramujijuye yuko ibintu yari yarigiye ku bavyeyi biwe vy’ukuri vyari vyo!—Gereranya n’Ivyakozwe 17:11.
6. Ushobora gute “[kumenya] neza ibihimbara Umwami wacu,” Yehova?
6 Ufise ubumenyi bwerekeye ingingo ngenderwako za Yehova, bizorushiriza kukworohera “[kumenya] neza ibihimbara Umwami wacu.” (Abanyefeso 5:10) Yamara vyogenda bite mu gihe woba ufise amazinda ku ngendo iranga ubukerebutsi ukwiye gufata mu gihe kanaka? Nusenge Yehova umusaba kukuyobora. (Zaburi 119:144) Gerageza kuganira ivyo bintu n’abavyeyi bawe canke n’Umukirisu ahumuye. (Imigani 15:22; 27:17) Ubuyobozi kirumara ushobora kandi kuburonka mu kugira ubushakashatsi muri Bibiliya no mu bisohokayandikiro vya Watch Tower. (Imigani 2:3-5) Uko urushiriza gukoresha ububasha bwawe bwo gutegera, ni ko burushiriza gukariha.
Nugaragaze Ubukerebutsi mu vy’Ukwiruhura
7, 8. (a) Ushobora gukoresha gute ububasha bwawe bwo gutegera mu kwihweza nimba wokwitaba canke utokwitaba umutororokano kanaka? (b) Bibiliya ibona gute ivyo kwiruhura?
7 Nimuze ubu na ho turabe ukuntu ushobora gukoresha ububasha bwawe bwo gutegera mu bihe binaka. Nk’akarorero, dufate ko utumiwe mu mutororokano munaka. Urashobora kuba waranaronse agakarata k’ubutumire kamamaza ivy’ukwo guhurira hamwe. Ubwiwe yuko Ivyabona bakiri bato benshi bazoba ariho bari. Ariko amahera yo kugura ibizokoreshwa azorihishwa. Woba ukwiye kuwitaba?
8 Aho rero, koresha ububasha bwawe bwo gutegera. Ubwa mbere, tohoza neza ivyo bintu. Ni abantu bangana iki bazokwitaba uwo mutororokano? Ni ba nde bazoba bahari? Uzotangura ryari? Uzorangira ryari? Ni ibikorwa ibihe bitegekanijwe kugirwa? Uzocungerwa gute? Nuce ugira ubushakashatsi bunaka, urabe imitwe ivuga iti: “Réunions récréatives,” (Guhurira Hamwe Ku bw’Ukwiruhura) na “Divertissements” (Kwinezereza) muri Index des publications de la Société Watch Tower.b Ubushakashatsi bwawe bushobora guhishura iki? Ikintu kimwe coco, bushobora guhishura yuko Yehova atabuza ko abantu bakoranira hamwe ngo binezereze. Kukaba nkako, mu Musiguzi 8:15 havuga yuko turetse ugukora tugatama, “ata ciza umuntu yogira musi y’izuba kiruta iki: kurya no kunywa no kunezerwa.” Erega na Yezu Kirisitu ubwiwe yaraja ku mazimano adasanzwe, kandi yaragiye n’imiburiburi ku bugeni bumwe. (Luka 5:27-29; Yohana 2:1-10) Kunezeranwa n’abandi bigumye bigizwe ku burimbane birashobora kuba ngirakamaro.
9, 10. (a) Ni ingeramizi izihe imitororokano imwimwe yotera? (b) Ni ibibazo ibihe ushobora kwibaza imbere yo gufata ingingo nimba wokwitaba canke utokwitaba umutororokano kanaka?
9 Yamara rero, imitororokano idatunganijwe neza yotera akajagari. Muri 1 Ab’i Korinto 10:8, tuhasoma ukuntu ukwifatanya n’abandi mu buryo butaranga ubukerebutsi vyashikanye abantu ku busambanyi biranatuma hapfa Abisirayeli b’abahemu “ibihumbi mirongwibiri na bitatu ku musi umwe.” Iyindi mburizi ituma tuzirikana tuyisanga mu Baroma 13:13 hagira hati: “Tugendane ingeso nziza, nk’abagenda ku murango, tutadandahirwa, tutaborerwa, tudasambana, tudakora ivy’isoni nke, tudatongana, tutagira ishari.” (Gereranya na 1 Petero 4:3.) Ni vyo, nta gitigiri ntarengwa gishobora gushingwa c’abashobora kwitaba umutororokano kanaka. Mugabo, ivyabaye vyerekana yuko uko umutororokano ubamwo abantu benshi ari ko biba bigoye kuwucungera. Imitororokano igizwe n’abantu bake kandi itunganije neza ntikunda guhinduka “ibiteramo bitarimwo ukwigerera.”—Ab’i Galatiya 5:21, Byington.
10 Ubushakashatsi bwawe nta nkeka buzovyura ibindi bibazo nk’ibi: Muri uwo mutororokano, hoba hazoba hari Abakirisu bakuze bakomeye mu vy’impwemu? Mu vy’ukuri, amahera akoreshwa ava kwa nde? Intumbero y’uwo mutororokano kwoba ari ugukomeza ivy’ukwifatanya n’abandi kwiza canke ni kugira ngo umuntu kanaka yironkere inyungu? Hoba hariho akarimbi na kamwe ku bijanye n’abashobora kuwitaba? Nimba uwo mutororokano uzoba mu mpera y’umushamvu, woba uzorangira ku gihe kigereranye ku buryo ku musi ukurikira abawitavye bashobora kugira uruhara mu gikenurwa ca gikirisu? Nimba hazoba umuziki n’ivy’ugutamba, vyoba bizoba bijanye n’ingingo ngenderwako za gikirisu? (2 Ab’i Korinto 6:3) Kwibaza ibibazo nk’ivyo bishobora kuba bitoroshe. Mugabo, mu Migani 22:3 habura hati: “Umunyamakenga iy’abonye ikibi kije, arīkinga, arikw imburabgenge zikomeza inzira zikīgabura.” Ni vyo, urashobora kwirinda ibintu vyohakwa kuguta mu kaga mu gukoresha ububasha bwawe bwo gutegera.
Nugire Ubukerebutsi mu Gutegekanya Amashure Wokurikirana
11. Urwaruka rushobora gute gukoresha ububasha bwarwo bwo gutegera mu gutegekanya ivya kazoza karwo?
11 Bibiliya ivuga yuko gutegekanya ivya kazoza biranga ubukerebutsi. (Imigani 21:5) Woba umaze kuyaga n’abavyeyi bawe ivyerekeye kazoza kawe? Kumbure utegekanya kuzokwinjira mu gikenurwa c’igihe cose uri umutsimvyi. Vy’ukuri, nta mwuga wohitamwo wokumara akanyota kuruta ico gikenurwa. Nimba uriko uramenyera kuza uriga neza ukongera ugatsimbataza ubuhinga mu gikenurwa, uriko uritegurira uwo mwuga weza umutima. Woba warazirikanye ku kuntu uzokwitunga muri ico gikenurwa? Nimba muri kazoza uhisemwo gushinga urugo, woba uzoshobora kurangura iryo banga ryiyongereyeko? Gufata ingingo ziri ku burimbane kandi zitegereka ku vyerekeye ibintu nk’ivyo bisaba gukoresha ububasha bwo gutegera.
12. (a) Imiryango imwimwe yahisemwo gute guhuza ibintu n’uko ivy’ubutunzi bigenda bihindagurika? (b) Kwiyongeza amashure, vyoba ari ngombwa ngo bibe biteye kubiri n’umugambi wo gukora ubutsimvyi? Sigura.
12 Mu mihingo imwimwe biracashoboka ko umuntu aronka akazi amenyereramwo ubuhinga canke umwuga ngirakamaro. Hariho urwaruka rwiga umwuga w’abavyeyi canke rukamenyerezwa n’umugenzi akuze akora akazi kanaka. Abandi bariga mw’ishure ivyigwa bizobabera ngirakimazi muri kazoza mu kwibeshaho. Aho utwo turyo tutaboneka, abavyeyi bamaze kubiza irya n’ino barashobora gutunganya ivy’uko abana babo barangije amashure yisumbuye biyongeza ayandi makeyi. Gutegekanya ibintu imbere y’igihe muri ubwo buryo kugira ngo umuntu azorangure amabanga amwega niyagera mu bigero na canecane kugira ngo azoshobore kugira uruhara mu murimo w’ubutsimvyi mu gihe kirekire, ntibitandukanye no gushira Ubwami bw’Imana mu kibanza ca mbere. (Matayo 6:33) Kandi kwongereza amashure ntibituma gukora ubutsimvyi bidashoboka. Nk’akarorero, hari Icabona w’umwigeme akiri muto yari yipfuje kuva kera gukora ubutsimvyi. Amaze kurangiza amashure yisumbuye, abavyeyi biwe—ubwabo bakaba ari abatsimvyi b’intahorereza—baratunganije ivy’uko yokwiyongeza amashure makeyi. Yarashoboye gukora ubutsimvyi mu gihe yariko ariga, kandi ubu akaba afise ubuhinga akoresha mu kwitunga uko abandanya gukora ubutsimvyi.
13. Imiryango ikwiye kurimbura gute ico ivyo kwiyongeza amashure bisaba?
13 Ku vyerekeye kwiyongeza amashure, umuryango wose urafise uburenganzira n’ibanga ryo kwifatira ingingo. Igihe bahisemwo neza ayo mashure, birashobora kuba ngirakamaro. Naho ari ukwo, birashobora kuba umutego. Nimba uriko urazirikana ivy’ayo mashure, intumbero yawe ni iyihe? Yoba ari iyo kwitegurira kurangura amabanga yega abageze mu bigero mu buryo buteye iteka? Canke uriko “wironderera ubukuru”? (Yeremiya 45:5; 2 Ab’i Tesalonike 3:10; 1 Timoteyo 5:8; 6:9) Twovuga iki ku vy’ukubandaniriza amashure kure y’i muhira, kumbure ukaba mu kigo ca kaminuza? Ivyo vyoba biranga ubukerebutsi dufatiye ku mburizi Paulo yatanze yuko “kubana n’ababi kwonona ingeso nziza”? (1 Ab’i Korinto 15:33; 2 Timoteyo 2:22) Nitwibuke kandi yuko “igihe cagīriye.” (1 Ab’i Korinto 7:29) Uzohebera mwene ayo mashure igihe kingana iki? Yoba azogutwara igice kinini c’imyaka y’ubuto bwawe? Nimba ari ukwo, uzoshira mu ngiro gute indemesho yo muri Bibiliya yo “[k]wibuka Umuremyi wawe mu misi y’ubusore bgawe”? (Umusiguzi 12:1) Ikindi, ivyigwa uzokurikirana vyoba bizotuma uronkera umwanya imirimo ngirakamaro ya gikirisu, nk’ukwitaba amakoraniro, umurimo wo mu ndimiro be n’ukwiyigisha? (Matayo 24:14; Abaheburayo 10:24, 25) Nimba ububasha bwawe bwo gutegera bukarishe, ntuzokwigera wirengagiza imigambi yo mu buryo bw’impwemu mu gihe wewe n’abavyeyi bawe mutegekanya ivya kazoza.
Nimutume Ukureshanya Kuguma Guteye Iteka
14. (a) Ni izihe ngingo zikwiye kuyobora abareshanya mu gihe bagaragarizanya igishika? (b) Muri ivyo, ni gute abareshanya bamwebamwe batakoresheje ubukerebutsi?
14 Ahandi hantu ububasha bwawe bwo gutegera bukenewe ni mu vy’ukureshanya. Ni ibisanzwe gushaka kugaragariza igishika umuntu witwararika. Wa musore n’inkumi bizigamye bo mu Ndirimbo ya Salomo bigaragara ko bagaragarizanya igishika ku rugero runaka imbere y’uko bubakana. (Indirimbo ya Salomo 1:2; 2:6; 8:5) No muri iki gihe, abareshanya bamwebamwe barashobora kwiyumvira yuko gufatana iminwe, gusomana be no kugumbirana bibereye, canecane igihe basa n’abimirije kwubakana. Mugabo gira wibuke ibi: “Uwizigira uwiwe mutima aba ari igipfu.” (Imigani 28:26) Ikibabaje ni uko abareshanya batari bake batakoresheje ubukerebutsi mu kwishira mu bintu bishobora kubata mu kaga. Kugaragarizanya igishika kwarakomeye kandi ntikwacungerwa; vyavuyemwo ibikorwa bihumanye kandi mbere kuranaduga gushika ku bushegabo.
15, 16. Abareshanya bashobora gute kwiyubara mu buryo butegereka kugira ngo barabe neza ko imigenderanire yabo izoguma iteye iteka?
15 Nimba ugenderanira n’uwo muzokwubakana, vyoba biranga ubwenge mwirinze kuba kumwe muri mwenyene mu bihe bitabereye. Ni co gituma vyoba vyiza munezererewe kwifatanya muri mu mugwi canke muri mu bibanza bihuriramwo abantu benshi. Abareshanya bamwebamwe baratunganya ivyo kugira umuherekeza. Vyongeye rimbura amajambo yo muri Hoseya 4:11 agira ati: “Vino n’umubira wayo bimara ubgenge.” Inzoga irashobora gutuma umuntu agabanya ubukerebutsi bigaca bishikana abareshanya ku gukora ibintu bazokwicuza mu nyuma.
16 Mu Migani 13:10 havuga hati: “Ubgibone butera imitongano gusa, arik’ubgenge bubana n’abemera inama nziza [“abahanahana ivyiyumviro,” NW].” Ni vyo, ‘nimuhanahane ivyiyumviro’ kandi muganire ukuntu muzokwigenza. Nimushire uturimbi ku kuntu mugaragarizanya igishika, umwe wese yubahirize uko uwundi yiyumva n’ijwi ryiwe ryo mu mutima. (1 Ab’i Korinto 13:5; 1 Ab’i Tesalonike 4:3-7; 1 Petero 3:16) Kuganira kuri ico kibazo c’inkoramutima bishobora kuba bigoye mu ntango, mugabo birashobora kurinda ingorane zikomakomeye zokwiyadukiza mu nyuma.
Kwigishwa “Uhereye mu Buto”
17. Dawidi yagize gute Yehova we ‘yizera uhereye mu buto bwiwe,’ kandi muri ivyo harimwo ikihe cigwa ku bw’urwaruka muri iki gihe?
17 Kugira ngo wirinde imitego ya Shetani bizosaba ko wama uri maso—kandi rimwerimwe bizosaba ko ugira umutima rugabo. Erega, rimwe na rimwe ushobora gusanga atari abo mu runganwe rwawe mudahuza gusa, ariko ugasanga isi yose ntimuhuza. Umwanditsi wa Zaburi yasenze agira ati: “[N]i wewe vyizigiro vyanje, Mwami Uhoraho: ni wewe nizera, uhereye mu buto bganje. Mana, ni wewe wanyigishije, uhereye mu buto bganje, kugeza n’ubu ndacavuga ibikorwa vyawe bitangaje.” (Zaburi 71:5, 17)c Dawidi arazwi ko yari umurindutsi. Mugabo yabutsimbataje ryari? Akiri muto! N’imbere y’uko ahangana na Goliyati bikamugira rurangiranwa, Dawidi yari yaragaragaje uburindutsi budasanzwe mu gukingira ubusho bwa se—yica intare n’idubu. (1 Samweli 17:34-37) Ariko rero, Dawidi yaritiriye Yehova ubutwari bwose yagaragaje, amwita ‘uwo yizera uhereye mu buto bwiwe.’ Ubushobozi bwa Dawidi bwo kwiheka kuri Yehova bwatumye ashobora guhangana n’ikigeragezo cose camushikiye. Na wewe nyene uzosanga wihetse kuri Yehova azoguha uburindutsi n’ingoga vyo ‘gutsinda isi.’—1 Yohana 5:4.
18. Urwaruka ruyobokera Imana ruhimirizwa iki muri iki gihe?
18 Abakiri bato ibihumbi amajana nka wewe barafashe impagararo iranga uburindutsi kandi ubu bakaba bariko barakora ari abamamaji b’inkuru nziza babatijwe. Turakurira Imana ubwatsi kubera ukwizera n’uburindutsi bwanyu, yemwe rwaruka! Guma mwiyemeje guhunga ukwononwa n’isi. (2 Petero 1:4) Nimubandanye gukoresha ububasha bwanyu bwo gutegera bwamenyerejwe na Bibiliya. Nimwabigira bizobakingira amakuba muri iki gihe kandi amaherezo bibaronse ubukiriro ata kabuza. Vy’ukuri, nk’uko ikiganiro kirangiza kivyerekana, muzotuma ubuzima bwanyu butunganirwa.
[Utujambo tw’epfo]
a Raba ikiganiro “Les jeunes s’interrogent . . . Comment prendre la vérité à coeur?” (Urwaruka Ruribaza . . . Nshobora Gute Gufata Ukuri nka Nkama?) mu nomero ya Réveillez-vous! yo ku wa 22 Gitugutu 1998.
b Ikiganiro kivuga ngo “Ukwinezereza Muri Akagwi—Nubironkeremwo Akunguko, Wirinde Imitego” giseruka mu nomero y’Umunara w’Inderetsi wo muri Myandagaro 1992 kiramenyesha ibintu vyinshi ku vyerekeye ico kibazo.
c Biboneka yuko Zaburi ya 71 ibandaniriza ku ciyumviro kiri muri Zaburi ya 70, amajambo y’intangamarara yayo akaba yerekana ko ari izaburi yanditswe na Dawidi.
Ibibazo vy’Isubiramwo
◻ Uwukiri muto amenyereza gute ububasha bwiwe bwo gutegera?
◻ Uwukiri muto ashobora gute gukoresha ububasha bwiwe bwo gutegera ku biraba ukwitaba imitororokano y’Abakirisu?
◻ Ni ibintu ibihe umuntu ashobora kurimbura igihe ategekanya amashure azokurikirana?
◻ Abazokwubakana bagenderanira bokwirinda gute umutego w’ubushegabo?
[Ifoto ku rup. 23]
Kwiga kugira ubushakashatsi bizogufasha kumenyereza ububasha bwawe bwo gutegera
[Ifoto ku rup. 24]
Imitororokano igizwe n’abantu bake iroroha gucungera kandi ntikunda kuvamwo akajagari
[Ifoto ku rup. 24]
Abavyeyi barakwiye gusahiriza abana babo mu vy’ugutegekanya amashure bazokurikirana
[Ifoto ku rup. 25]
Abazokwubakana batagiye baragenderanira ari bonyene bibabera uburinzi