Nukomere ku Muheto mu Gikorwa c’Iyimbura!
“Ababiba barira bazokwimbura banezerewe.”—ZABURI 126:5.
1. Ni kuki muri iki gihe dukwiye “[k]winging[a] Nyen’ivyimburwa [ngo] arungike abimbuzi”?
INYUMA y’urugendo rugira gatatu rwo kwamamaza Yezu Kirisitu yagize i Galilaya, yabwiye abigishwa biwe ati: “Ivyimburwa ni vyinshi, arikw abimbuzi ni bo bake.” (Matayo 9:37) Ukwo ni ko ibintu vyari vyifashe n’i Yudaya. (Luka 10:2) Kubera ko ivyo ari ko vyari biri ubu hakaba haciye imyaka nk’2.000, bite ho muri iki gihe? Emwe, mu mwaka w’umurimo uheze, Ivyabona vya Yehova barenga 6.000.000 barakomeye ku muheto mu gikorwa c’iyimbura co mu buryo bw’ikigereranyo mu bantu 6.000.000.000 bo kw’isi yose, benshi muri bo bakaba “bagowe basābagiye nk’intama zitagira umwungere.” Ni co gituma kuba Yezu yarahimirije “[k]winging[a] Nyen’ivyimburwa [ngo] arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe” bifise ishingiro nk’uko vyari birifise mu binjana biheze.—Matayo 9:36, 38.
2. Ni igiki gituma dukwega amaso y’abantu?
2 Yehova Imana, Nyen’ivyimburwa, yarishuye abamutakambiye ngo arungike abimbuzi benshi. Kandi ese ukuntu ari umunezero kugira uruhara muri ico gikorwa c’iyimbura kiyobowe n’Imana! Naho turi bake ugereranije n’amahanga, uruhara tugira n’umwete mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa ruratuma dukwega amaso y’abantu. Mu bihugu vyinshi kenshi na kenshi turavugwa mu bimenyeshamakuru. Mu gikino co kuri televiziyo, igihe humvikanye uwudodora ku rugi vyoshobora gutuma abantu biteburira ngo ni Ivyabona vya Yehova baramukije. Egome, igikorwa cacu ca gikirisu c’iyimbura ryo mu buryo bw’ikigereranyo kirazwi neza muri iki kinjana ca 21.
3. (a) Tuzi gute yuko abantu babona umurimo wo kwamamaza Ubwami wo mu kinjana ca mbere? (b) Ni kuki dushobora kuvuga yuko abamarayika bashigikira ubusuku bwacu?
3 Isi kandi yarabonye ibikorwa vyo kwamamaza Ubwami vyo mu kinjana ca mbere bituma ihama abamamaji b’inkuru nziza. Ni co gituma intumwa Paulo yanditse iti: “Niyumvira yuko twebge intumwa, Imana yatwerekanye nk’abari hasi inyuma ya bose, nk’abagerewe kwicwa, kuko twacitse akābarore mw isi, mu bamarayika no mu bantu.” (1 Ab’i Korinto 4:9) Muri ubwo buryo nyene, kuba abamamaji bakomeye ku muheto naho twoba duhamwa, bituma dukwega amaso y’abantu kandi birahambaye ku bamarayika. Mu Vyahishuriwe 14:6 havuga hati: “[Jewe intumwa Yohani] mbona umumarayika wundi aguruka yātiriye ijuru, afise ubutumwa bgiza butazoshira bgo kubarira ababa kw isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose.” Egome, turashigikirwa n’abamarayika mu busuku bwacu, ni ukuvuga mu gikorwa cacu c’iyimbura!—Abaheburayo 1:13, 14.
‘Barankwa’
4, 5. (a) Ni imburizi iyihe Yezu yahaye abigishwa biwe? (b) Ni kuki abasavyi b’Imana bo mu gihe ca none ‘bankwa’?
4 Igihe intumwa za Yezu zarungikwa mu gikorwa c’iyimbura, zarashize ku mutima ibwirizwa ryiwe ryo kugira “ubgenge nk’inzoka [yamara baka]mer[a] nk’inuma ata karohe.” Yezu yongeyeko ati: “Mwirinde abantu. Bazobashengerana mu manza, babatonagurire mu masinagogi yabo. Bazobajana imbere y’abaganza n’abami babampōra, muzoba ikimenyetso kibaber[a] icabona, bo [no ku] banyamahanga. . . . Muzoba mwanswe na bose babahōra izina ryanje; arik’uwihangana agashitsa iherezo ni we azokira.”—Matayo 10:16-22.
5 ‘Turankwa’ muri iki gihe kubera ko “isi yose iri muri wa mubi,” Shetani wa Mucokoranyi, wa mwansi nyamukuru w’Imana n’abasavyi bayo. (1 Yohana 5:19) Abansi bacu barabona isagamba ryacu ryo mu buryo bw’impwemu ariko bakanka kuryitirira Yehova. Abaturwanya barabona agahimbare dufise, ukuntu dukeye mu maso mu gihe tugira uruhara tunezerewe mu gikorwa c’iyimbura. Baratangazwa n’ukuntu dufatanye mu nda! Kukaba nkako, naho baba batabishaka barashobora kuvyemera icese igihe bafashe urugendo bakaja mu kindi gihugu maze bagasanga Ivyabona vya Yehova baho bariko bakora ca gikorwa nyene babona mu gihugu cabo c’amavukiro. Ego ni ko, turazi yuko mu gihe gikwiriye Yehova, umwe adufata mu mugongo kandi akaba na we soko ry’ubumwe dufitaniye, azokwimenyekanisha no ku bansi bacu.—Ezekiyeli 38:10-12, 23.
6. Ni igiki kidukura amazinda uko dukora igikorwa c’iyimbura, ariko ni ikibazo ikihe kivyuka?
6 Nyen’ivyimburwa yahaye Umwana wiwe, Yezu Kirisitu, “ububasha bgose mw ijuru no mw isi.” (Matayo 28:18) Gutyo Yehova arakoresha Yezu kugira ngo ayobore igikorwa c’iyimbura abicishije ku bamarayika bo mw’ijuru no kuri “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” yasizwe, ari hano kw’isi. (Matayo 24:45-47, NW; Ivyahishuriwe 14:6, 7) Ariko dushobora gute kwihanganira ukurwanywa n’abansi yamara rero tukagumana umunezero wacu uko dukomera ku muheto mu gikorwa c’iyimbura?
7. Ni agatima akahe dukwiye kwihatira kuzigama igihe turwanywa canke duhamwa?
7 Igihe duhanganye n’ukurwanywa canke mbere n’uruhamo rweruye, nimuze turondere gufashwa n’Imana kugira ngo dushobore kuzigama agatima nka kamwe ka Paulo. Yanditse ati: “Iyo badutuka turabahezagira, iyo baduhama turihangana, iyo batwambika ibara turabahōyahōya.” (1 Ab’i Korinto 4:12, 13) Ako gatima gafatanijwe n’ubusuku bwacu bwo ku mugaragaro tugirana ubugenge, rimwe na rimwe karahindura inyifato y’abaturwanya.
8. Wewe usubirizwa umutima mu nda gute n’amajambo ya Yezu yanditswe muri Matayo 10:28?
8 N’iterabwoba ry’urupfu ntirigabanya umwete dufise mu gikorwa c’iyimbura. Turatangaza ubutumwa bw’Ubwami tudatinya, tukabigira ku mugaragaro uko bishoboka kwose. Kandi turasubirizwa umutima mu nda mu buryo buremesha biciye ku majambo ya Yezu agira ati: “Ntimuze mutinye abica umubiri, badashobora kwica ubugingo: cane-cane mutinye ūshobora guhonereza ubugingo n’umubiri muri Gehinomu.” (Matayo 10:28) Turazi yuko Data wa twese wo mw’ijuru ari we Mutanzi w’ubuzima. Araha impera abaguma batadohoka kandi badahemuka bagakomera ku muheto mu gikorwa c’iyimbura.
Ubutumwa Burokora Ubuzima
9. Abantu bamwebamwe bakiriye gute amajambo ya Ezekiyeli, kandi ni mu buryo ki ikintu nk’ico kiriko kiraba muri iki gihe?
9 Igihe umuhanuzi Ezekiyeli yatangaza ashize amanga ubutumwa bwa Yehova kw’“ihanga ry’abagarariji,” ni ukuvuga ku bwami bwa Isirayeli n’Ubuyuda, abantu bamwebamwe barahimbarwa no kwumva ivyo ababwira. (Ezekiyeli 2:3) Yehova yavuze ati: “Rāba, ubamerera nk’indirimbo nziza cane y’ūfise ijwi ryiza, akaba ar’umucuraranzi w’umuhinga.” (Ezekiyeli 33:32) Naho bakunda amajambo ya Ezekiyeli, barananiwe kuyashira mu ngiro. Ni ibiki biriko biraba muri iki gihe? Igihe amasigarira y’abasizwe be na bagenzi babo bamenyekanisha ubutumwa bwa Yehova babigiranye uburindutsi, bamwebamwe barakunda kwumviriza ivyerekeye imihezagiro y’Ubwami, ariko ntibavyakirane ugukenguruka, ngo bacike abigishwa hanyuma bifatanye n’abandi mu gikorwa c’iyimbura.
10, 11. Mu gice ca mbere c’ikinjana kigira 20, ni ibiki vyakozwe kugira ngo dutangaze ubutumwa bwacu burokora ubuzima, kandi vyavuyemwo iki?
10 Ku rundi ruhande, benshi barakiriye neza igikorwa c’iyimbura hanyuma baragira uruhara mu kumenyekanisha ubutumwa bw’Imana. Nk’akarorero, mu gihe c’urukurikirane rw’amahwaniro y’Abakirisu yabaye guhera mu 1922 gushika mu 1928, ubutumwa bw’urubanza rwaciriwe urunkwekwe rubi rw’ibintu rwa Shetani bwarasamirijwe mu buryo butomoye. Amaradiyo yarasamirije ayo majambo yo kurushira ku kabarore yashikirijwe kuri ayo materaniro. Inyuma y’aho, abasavyi b’Imana baragabanganirije abantu amakopi acapuwe yabwo amamiliyoni n’amamiliyoni.
11 Mu mpera y’imyaka y’1930, hari ubundi bwoko bw’umurimo wo gushinga intahe bwatanguye, bukaba ari uburyo bwo kugira amadefile yo kumenyesha ubutumwa. Ubwa mbere, abasavyi ba Yehova bambara ivyandiko bitangaza insiguro z’icese. Mu nyuma, baza baratwara ivyandiko biriko ivyivugo nk’ibi ngo “Idini ni umutego kandi ni ububeshi” hamwe n’ibivuga ngo “Nusukurire Imana na Kirisitu we Mwami.” Igihe bagira ayo madefile mu mabarabara, barakwega amaso y’abahita. Hari umuvukanyi umwe yagize uruhara adahorereza muri ico gikorwa, ku mabarabara aguma yuzuye abantu yo muri Londres mu Bwongereza, yavuze ati: ‘Ivyo vyarakoze ikintu gikomeye mu vy’ugutuma Ivyabona vya Yehova bamenyekana hose bakongera bakagira umutima rugabo.’
12. Turetse ubutumwa bw’urubanza rw’Imana, ni igiki twaseruye mu busuku bwacu, kandi ni bande bahurikiye hamwe ubu mu kwamamaza inkuru nziza?
12 Uko dutangaza ubutumwa bw’urubanza rw’Imana, turaserura kandi imice myiza y’ubutumwa bw’Ubwami. Ugushinga intahe kwacu dushize amanga kw’isi yose biradufasha kurondera ababereye. (Matayo 10:11) Benshi mu ba nyuma bo mu mugwi w’abasizwe barakiriye neza akamo batewe mu myaka y’1920 no mu y’1930 ko kuja mw’iyimbura. Maze, kw’ihwaniro ryo mu 1935, haraje ubutumwa bw’igitangaza bwerekeye kazoza keza kabikiwe “ishengero ryinshi” rigizwe n’“izindi ntama” kw’isi y’iparadizo. (Ivyahishuriwe 7:9; Yohana 10:16) Barashize ku mutima ubutumwa bw’urubanza rw’Imana hanyuma barahurikira hamwe n’abasizwe mu kwamamaza inkuru nziza irokora ubuzima.
13, 14. (a) Dushobora gute guhumurizwa na Zaburi 126:5, 6? (b) Tubandanije kubiba no kuvomera, ni ibiki bizoshika?
13 Amajambo ari muri Zaburi 126:5, 6 arahumuriza cane abimbuzi b’Imana, na canecane abahamwa. Agira ati: “Ababiba barira bazokwimbura banezerewe. Nah’umuntu agenda arira, asohoye imbuto, azogarukana akanyamuneza, azanye imbambo ziwe z’ivyimburwa.” Ayo majambo y’umwanditsi wa Zaburi yerekeye ukubiba n’ukwimbura, arerekana ukuntu Yehova yabungabunze akongera agahezagira amasigarira yagarutse avuye mu bunyagano i Babuloni ha kera. Barahimbawe cane igihe babohorwa, ariko bashobora kuba bararize igihe babiba imbuto mw’ishamvu ryari ryabaye amatongo ritari ryigeze rikorwa mu myaka 70 bari baramaze mu bunyagano. Ariko rero, abakuye amaboko mu mpuzu bakaja mu mirimo yabo yo kubiba no kwubaka bararonse impera y’ubutame bwabo bongera barashira akanyota.
14 Twoshobora gukorora amasozi igihe turi mu kigeragezo canke iyo twebwe canke abo dusangiye ukwizera bariko baracumukura bahorwa ukugororoka. (1 Petero 3:14) Mu gikorwa cacu c’iyimbura, ubwa mbere vyoshobora kutugora kubera bisa n’uko ata kintu na kimwe dufise twokwerekana ko cavuye mu twigoro tugira mu busuku. Ariko tubandanije kubiba no kuvomera, Imana izotuma ibintu bikura, kenshi na kenshi mu buryo tutari twiteze. (1 Ab’i Korinto 3:6) Ivyo birerekanwa neza n’ibiva mu kuntu tugabanganya Bibiliya be n’ibisohokayandikiro bishingiye ku Vyanditswe.
15. Nutange akarorero k’ukuntu ibisohokayandikiro vya gikirisu ari ngirakamaro mu gikorwa c’iyimbura.
15 Rimbura akarorero k’umugabo umwe yitwa Jim. Igihe nyina wiwe yapfa, yatoye mu bintu vya nyina ikopi y’igitabu La vie: comment-est-elle apparue? Évolution ou création?a Yaragisomanye igishika. Mu kiyago yagiraniye n’Icabona yamuganirije kw’ibarabara, Jim yaremeye ko agaruka kumugendera, maze ivyo bishikana ku nyigisho ya Bibiliya. Jim yaragize iterambere ryihuta ryo mu buryo bw’impwemu, ariyegurira Yehova hanyuma arabatizwa. Yarabwiye abandi bo mu bagize umuryango wabo ivyo yari yarize. Ico vyavuyemwo ni uko mushikiwe be na mwenewabo bacitse Ivyabona vya Yehova, maze Jim mu nyuma araterwa agateka ko gusukura bwa mukozi avyishakiye w’igihe cose kuri Beteli y’i Londres.
Barahamwa Yamara Bakaguma Banezerewe
16. (a) Ni kuki igikorwa c’iyimbura cagiye kirererwa? (b) Ni imburizi iyihe Yezu yatanze ku biraba ico inkuru nziza izokwega, ariko twegera abantu dufise iyihe nyifato?
16 Ni kuki igikorwa c’iyimbura cerewe gutyo? Kubera Abakirisu basizwe be na bagenzi babo bashize ku mutima ibwirizwa rya Yezu rigira riti: “Ico mbabarira mu mwiza muze mukivugire mu muco, kand’ico mwongorewe mu gutwi muze mukivugire ku mazu hejuru.” (Matayo 10:27) Ariko rero, turashobora kwitega amagume, kubera Yezu yabuye ati: “Umuntu azoshengerana uwo bavukana ngo bamwice, na se w’umwana azomushengerana, n’abana bazogābagābira abavyeyi babicishe.” Yezu kandi yavuze ati: “Mwoye kwiyumvira ngo naje gutera amahoro mw isi: sinaje gutera amahoro, atar’inkota.” (Matayo 10:21, 34) Yezu ntiyari afise intumbero yo kuryanisha imiryango n’ibigirankana. Ariko rero, inkuru nziza rimwe na rimwe yarakwega ibintu nk’ivyo. Ivyo ni ko biri no ku basavyi b’Imana muri iki gihe. Igihe tugendera imiryango, ntituba dufise intumbero yo gutuma icanamwo. Tuba twipfuza yuko umuntu wese yakira inkuru nziza. Rero, turagerageza kwegera abantu bose bo mu bagize umuryango mu buryo buranga ubuntu n’impuhwe butuma ubutumwa bwacu bukwegera “abari mu mero nziza y’umutima ituma baronka ubuzima budahera.”—Ivyakozwe 13:48, NW.
17. Abashigikira ubusegaba bw’Imana batandukaniye he n’abandi, kandi akarorero kamwe kavyerekana ni akahe?
17 Ubutumwa bw’Ubwami bwaratumye abashigikira ubusegaba bw’Imana batandukana n’abandi. Nk’akarorero, rimbura ukuntu abo dusenga hamwe bagaragaye ko batandukanye n’abandi kubera ‘ivya Kayisari babihaye Kayisari, ivy’Imana bakabiha Imana’ mu gihe c’Umugambwe w’Abanazi mu Budagi. (Luka 20:25) Mu buryo bunyuranye n’indongozi z’amadini be n’Abakirisu b’izina bifatanya n’amadini y’Abiyita Abakirisu, abasavyi ba Yehova barahagaze bashikamye, baranka kurenga ku ngingo ngenderwako za Bibiliya. (Yesaya 2:4; Matayo 4:10; Yohana 17:16) Umukenyezi yitwa Christine King umuhinga mu vya kahise, uwanditse igitabu kimwe (The Nazi State and the New Religions) yavuze ati: “Ivyabona bonyene ni bo bananiye intwaro [y’Abanazi], kubera ko naho hishwe ibihumbi n’ibihumbi, igikorwa carabandanije ku buryo muri Rusama 1945 Ivyabona vya Yehova bari bakiriho, mu gihe umugambwe w’Abanazi ata wamenye irengero ryawo.”
18. Ni agatima akahe abasavyi ba Yehova bagaragaza naho bahura n’uruhamo?
18 Ikintu kiri n’ico kivuze mu vy’ukuri ni agatima abasavyi ba Yehova bagaragaje igihe bahangana n’uruhamo. Naho abakuru bo muri iyi si bashobora gukorwa ku mutima n’ukwizera kwacu, baratangazwa n’ukuntu tutagira urwanko canke inzigo. Nk’akarorero, Ivyabona barokotse ka Gatikizo katerwa n’Abanazi kenshi na kenshi barerekanye umunezero be n’agahimbare bafise igihe basubiza amaso inyuma ku vyabashikiye. Barazi yuko Yehova yabahaye “ubushobozi buhebuje.” (2 Ab’i Korinto 4:7) Abasizwe bari muri twebwe barazi neza yuko “amazina ya[bo] yanditswe mw ijuru.” (Luka 10:20) Ukwihangana kwabo kuvamwo icizigiro kidashikana ku gutaha zirayoye, abimbuzi b’abizerwa bafise ivyizigiro vyo kuba kw’isi na bo bakaba bari n’ukujijuka nk’ukwo nyene.—Abaroma 5:4, 5.
Nukomere ku Muheto mu Gikorwa c’Iyimbura
19. Ni uburyo ngirakimazi ubuhe bwakoreshejwe mu busuku bwa gikirisu?
19 Igihe gisigaye Yehova akituretse ngo dukore igikorwa c’iyimbura co mu buryo bw’ikigereranyo, ubu nta co tuzi. Mu kurindira, dukwiye kugumiza mu muzirikanyi yuko abimbuzi bafise uburyo burashe bwo gukora igikorwa cabo. Muri ubwo buryo nyene, turashobora kudakeka yuko mu gukoresha tudahemuka uburyo bwageragejwe bw’ukwamamaza bizoba ngirakimazi. Paulo yabwiye Abakirisu bagenziwe ati: “Ndabinginga, munyigāne.” (1 Ab’i Korinto 4:16) Igihe Paulo yahura n’abakurambere b’Abanyefeso i Mileto, yarabibukije yuko ataretse kubigishiriza “imbere y’abantu [hamwe no] mu nzu no mu yindi.” (Ivyakozwe 20:20, 21) Timoteyo umugenzi wa Paulo yari yarize uburyo Paulo yakoresha, kandi rero ashobora kuba yarabumenyesheje Abanyakorinto. (1 Ab’i Korinto 4:17) Imana yarahezagiye uburyo Paulo yigisha, nk’uko nyene azoduhezagira dukomeye ku muheto mu kwamamaza inkuru nziza ku mugaragaro, inzu ku nzu, mu gusubira kugendera abantu no mu nyigisho za Bibiliya zo ku mihana, be n’ahantu hose dushobora gusanga abantu.—Ivyakozwe 17:17.
20. Yezu yerekanye gute yuko iyimbura ryinshi ryo mu buryo bw’impwemu ryari ryegereje, kandi ivyo vyagaragaye gute ko ari ivy’ukuri muri iyi myaka iheruka?
20 Amaze gushinga intahe ku mugore w’Umusamariyakazi hafi y’i Sukara mu 30 G.C., Yezu yaravuze ivyerekeye iyimbura ryo mu buryo bw’impwemu. Yabwiye abigishwa biwe ati: “Ni mwunamure amaso yanyu murābe imirima, irēze igeze kwimbura. Umwimbuzi aragererwa, yegeraniriza ivyimburwa mu bu[zima] budashira; kugira ng’ūbiba n’uwimbura banezeranwe.” (Yohana 4:34-36) Kumbure Yezu yari amaze kubona iciza cavuye ku guhura na wa mugore w’Umusamariyakazi, kubera benshi bamwizeye bivuye ku gushinga intahe kw’uwo mugore. (Yohana 4:39) Muri iyi myaka iheruka, ibihugu bitandukanye vyarahaye umwidegemvyo Ivyabona vya Yehova, canke birabemera imbere y’amategeko, gutyo bituma indimiro zishasha z’iyimbura zitangura. Ico vyavuyemwo ni uko iyimbura ryinshi ryo mu buryo bw’impwemu ririko riratera imbere. Kukaba nkako, kw’isi iyo iva ikagera, turiko turibonera imihezagiro myinshi uko tubandanya kugira uruhara mw’iyimbura ryo mu buryo bw’impwemu tubigiranye umunezero.
21. Ni kuki dufise imvo zo gukomera ku muheto bwa bimbuzi b’abanyamunezero?
21 Igihe imirima yeze kandi igeze kwimbura, abakozi bategerezwa gukora bavyihutira. Bategerezwa gukora badatebagana. Muri iki gihe, dukeneye gukorana umwete kandi tubona ko ibintu vyihutirwa, kubera tubayeho mu “gihe c’iherezo.” (Daniyeli 12:4) Egome, turahura n’ibigeragezo, ariko haraba iyimbura rinini ry’abasenga Yehova kuruta ikindi gihe cose cigeze kubaho. Iki rero ni igihe co kunezerwa. (Yesaya 9:3) Bwa bakozi b’abanyamunezero rero, nimuze dukomere ku muheto mu gikorwa c’iyimbura!
[Akajambo k’epfo]
a Casohowe congera kigabanganywa n’Ivyabona vya Yehova.
Wokwishura Gute?
• Nyen’ivyimburwa yishuye gute intakambo yatuwe yo kwongereza abakozi?
• Naho ‘twankwa,’ ni inyifato iyihe tugumana?
• Ni kuki tunezerwa naho duhamwa?
• Ni kuki dukwiye gukomera ku muheto mu gikorwa c’iyimbura tubona ko ibintu vyihutirwa?
[Ifoto ku rup. 15]
Amadefile yo kumenyesha inkuru yatumye ubutumwa bw’Ubwami bukwega amaso y’abantu benshi
[Ifoto ku rup. 15]
Turatera tukongera tukavomera, mugabo Imana ni yo ikuza
[Amafoto ku rup. 17]
Abariko bagira uruhara mw’iyimbura ryo mu buryo bw’impwemu barashigikiwe n’abamarayika