ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/9 rup. 7-11
  • Yehova ni we muturi wanje

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova ni we muturi wanje
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yehova yararonsa Abalewi ivyo bakeneye
  • Abantu umwumwe ukwiwe Yehova yarababera umuturi
  • N’abandi bǎrashobora kureka Yehova akababera umuturi
  • Woba ureka Yehova akakubera umuturi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • “Ni jewe . . . intoranwa yawe”
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Ivyigwa twigira kw’isengesho riteguwe neza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Akarorero wokwigana—Asafu
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/9 rup. 7-11

Yehova ni we muturi wanje

“Ni jewe muturi wawe n’intoranwa yawe hagati muri bene Isirayeli.”​—GUH. 18:20.

1, 2. (a) Ivy’Abalewi vyari vyifashe gute ku bijanye n’intoranwa y’itongo? (b) Yehova yakuye amazinda gute Abalewi?

ABISIRAYELI bamaze kwigarurira igice kinini c’Igihugu c’isezerano, Yosuwa yaciye atangura kugabura ico gihugu biciye ku bupfindo. Mu gukora ico gikorwa, yari kumwe n’Umuherezi Mukuru Eleyazari be n’abakuru b’imiryango. (Guh. 34:13-29) Ariko rero, Abalewi ntibari kuronka intoranwa y’itongo nk’iyindi miryango. (Yos. 14:1-5) Ni kubera iki none umuryango w’Abalewi utahawe akarere, ari wo muturi, mu Gihugu c’isezerano? Boba barawibagiye?

2 Inyishu tuyisanga mu vyo Yehova yabwiye Abalewi. Mu gushimika ku vy’uko batari bahebwe, Yehova yababwiye ati: “Ni jewe muturi wawe n’intoranwa yawe hagati muri bene Isirayeli.” (Guh. 18:20) Mbega amajambo akura amazinda avuga ngo: “Ni jewe muturi wawe”! Wokwumva umerewe gute hamwe Yehova yokubwira ayo majambo? Hari aho woca uvuga uti: ‘Noba mbereye gukurwa amazinda muri ubwo buryo na Mushoboravyose?’ Woshobora kandi kwibaza uti: ‘Yehova yoba vy’ukuri ashobora kuba umuturi w’umukirisu munyagasembwa muri iki gihe?’ Ivyo bibazo birakwerekeye wewe n’abawe. Ku bw’ivyo, nimuze turondere kumenya ico ayo majambo yavuzwe n’Imana asobanura. Ivyo biraza kudufasha gutahura ingene Yehova ashobora kubera abakirisu umuturi muri iki gihe. Tubivuze tudomako, arashobora kuba umuturi wawe, waba ufise icizigiro co kuba mw’ijuru canke witeze kuba mw’Iparadizo kw’isi.

Yehova yararonsa Abalewi ivyo bakeneye

3. Ni igiki catumye Imana itora Abalewi kugira ngo baze barayikorera igikorwa?

3 Imbere y’uko Yehova aha Itegeko Abisirayeli, abakuru b’imiryango ni bo bari abaherezi muri bo. Igihe Imana yatanga iryo Tegeko, yaratunganije ivy’uko haba Abaherezi b’igihe cose n’ababafasha, bose bakaba baturuka mu muryango wa Lewi. Vyagenze gute none kugira ngo hashirweho iyo ntunganyo? Igihe Imana yatikiza imfura zo mu Misiri, yarejeje imfura za Isirayeli, izishira ku ruhande kugira ngo zibe izayo, ziyegukire. Mu nyuma Imana yarahinduye iki kintu gihambaye, iti: “Ntoye koko Abalewi muri bene Isirayeli mu kibanza c’imfura zose.” Kubera ko urusansuma rwagizwe rwerekanye yuko igitigiri c’abahungu b’imfura ba Isirayeli caruta igitigiri c’Abalewi, abo barengako bararihiwe ikiguzi c’incungu. (Guh. 3:11-13, 41, 46, 47) Muri ubwo buryo, Abalewi bari gushobora kurangura uruhara rwabo mu gusukurira Imana ya Isirayeli.

4, 5. (a) Kuba Imana yari umuturi w’Abalewi vyasobanura iki kuri bo? (b) Imana yaronsa gute Abalewi ivyo bakeneye?

4 Ico gikorwa Abalewi bashinzwe casobanura iki kuri bo? Yehova yavuze ko yari kubabera umuturi mu buryo bw’uko bâjejwe agateka ntangere k’umurimo, aho kuronka intoranwa y’itongo. “Ubuherezi bwa Yehova” ni yo yari intoranwa yabo. (Yos. 18:7) Amajambo akikuje ibivugwa mu Guharūra 18:20 arerekana yuko ivyo bitatumye bakena. (Soma Guharūra 18:19, 21, 24.) Abalewi bategerezwa guhabwa “ic’icumi cose muri Isirayeli bwa ntoranwa ku bw’igikorwa cabo.” Bogiye bararonka ibice 10 kw’ijana vy’umwimbu wa Isirayeli be n’ibice 10 kw’ijana vy’ibitungwa vyiyongereye ku bihasanzwe. Abalewi na bo babwirizwa guterera ic’icumi c’ivyo baronse, ni ukuvuga “ku vyiza cane kuruta ibindi vyose” muri vyo, kugira ngo bashigikire ubuherezi.a (Guh. 18:25-29) Abaherezi babwirizwa kandi guhabwa “intererano nyeranda zose” bene Isirayeli baba bashikaniye Imana mu kibanza co kuyisengeramwo. Abari bagize ubuherezi bari bafise rero imvo yumvikana yo kwemera yuko Yehova yobaronkeje ivyo bakeneye.

5 Biboneka yuko Itegeko rya Musa ryarimwo intunganyo y’ikigiracumi kigira kabiri, kino kikaba cari kigenewe gufasha abo mu rugo no gutuma banezerwa mu biringo vy’amahwaniro meranda yaba buri mwaka. (Gus. 14:22-27) Mugabo ico kigiracumi carakoreshwa mu bundi buryo. Abisirayeli barahimbaza umwaka w’Isabato uko haciye imyaka indwi. Ku mpera y’umwaka ugira gatatu n’uwugira gatandatu w’ico kiringo c’imyaka indwi, ico kigiracumi carashirwa kw’irembo kugira ngo gifashe aboro n’Abalewi. Ni kubera iki none n’Abalewi babwirizwa kuronka kuri ico kigiracumi? Ni kubera ko batagira “umuturi canke intoranwa” muri Isirayeli.​—Gus. 14:28, 29.

6. Ko umuryango w’Abalewi utari ufise intoranwa y’itongo muri Isirayeli, wari kuba he?

6 Woshobora kwibaza uti: ‘Ko Abalewi batari bafise itongo ribegukira, bari kuba hehe?’ Imana yarabaronkeje aho baba. Yarabahaye ibisagara 48 biri kumwe n’amatongo y’uburagiriro yari abikikuje. Muri ivyo bisagara harimwo na vya bisagara vy’ubuhungiro bitandatu. (Guh. 35:6-8) Gutyo, Abalewi bararonka aho baba igihe bataba bariko barakorera ku rusengero rw’Imana. Yehova yaritwararika cane ivyo abitanga mu gikorwa ciwe baba bakeneye. Biragaragara yuko Abalewi bari gushobora kwerekana ko Yehova ari umuturi wabo mu kwizigira yuko afise ububasha bwo kubaronsa ivyo bakeneye be n’uko yipfuza kubigira.

7. Abalewi basabwa iki kugira ngo Yehova ababere umuturi?

7 Mw’Itegeko nta bwirizwa ryarimwo ryahana Umwisirayeli yanse gutanga ic’icumi. Igihe abantu baba bafashe minenegwe ivyo gutanga ic’icumi, vyaragira ico bikoze ku baherezi n’Abalewi. Ivyo vyarashitse mu gihe ca Nehemiya. Ico vyavuyemwo ni uko Abalewi babwirijwe gukora mu matongo yabo, ntibaba bacitwararika igikorwa cabo. (Soma Nehemiya 13:10.) Biragaragara yuko umuryango w’Abalewi waronka ivyo ukeneye mu vy’umubiri igihe gusa iryo hanga ryaba ryitwararika ivy’impwemu. Vyongeye, abaherezi n’Abalewi ubwabo bari bakeneye kwizera Yehova be n’uburyo akoresha mu kubaronsa ivyo bakeneye.

Abantu umwumwe ukwiwe Yehova yarababera umuturi

8. Dondora ukuntu wa Mulewi Asafu yahungabanye.

8 Yehova yari umuturi w’Abalewi uko bari bagize umuryango. Ariko rero, birahambaye kuba Umulewi umwumwe wese yarakoresha imvugo ngo “Yehova ni we muturi wanje” kugira ngo aserure ko ayobokera Imana be n’uko ayihekako. (Int. 3:24) Nk’akarorero, hari Umulewi yari umuririmvyi akaba n’uwutunganya indirimbo yavuze amajambo nk’ayo. Tumwise Asafu, naho ashobora kuba yari uwo mu rugo rwa Asafu, wa Mulewi yayobora abaririmvyi mu gihe c’Umwami Dawidi. (1 Ngo. 6:31-43) Muri Zaburi ya 73 dusoma yuko Asafu (canke umwe mu bamukomokako) yahagaritse umutima. Yarumviye agashari abanyakibi bari bamerewe neza gushika n’aho avuga ati: “Ni ukuri, natyororeye ubusa umutima wanje, kandi nkarabira ubusa ibiganza vyanje mu gutungana.” Biboneka yuko yamaze igihe adaha agaciro igikorwa Yehova yari yaramushinze; yari yibagiye ko Yehova yari umuturi wiwe. Yarahungabanye mu vy’impwemu “gushika [y]injiye aheranda hahambaye h’Imana.”​—Zab. 73:2, 3, 12, 13, 17.

9, 10. Ni kubera iki Asafu yashoboye kuvuga yuko Imana ari ‘umuturi wiwe gushika igihe kitagira urugero’?

9 Asafu ari aho hantu heranda, yaratanguye kubona ibintu nk’uko Imana ibibona. Ushobora kuba warashikiwe n’ikintu nk’ico. Kumbure warigeze kumara igihe udaha agaciro ku rugero runaka uduteka two mu buryo bw’impwemu watewe maze utangura gushira umutima ku bintu vy’umubiri udafise. Mugabo mu kwiga Ijambo ry’Imana no mu kuja ku makoraniro ya gikirisu, wahavuye ubona ibintu nk’uko Yehova abibona. Asafu yaratahuye ivyohavuye bishikira ababisha. Yarazirikanye ibintu vyiza afise maze aratahura yuko Yehova yomufashe ukuboko kw’iburyo akamuyobora. Ni co gituma yashoboye kubwira Yehova ati: “Nta kandi gahimbare mfise kw’isi atari wewe.” (Zab. 73:23, 25) Yaciye avuga ko Imana ari umuturi wiwe. (Soma Zaburi 73:26.) Naho ‘umubiri n’umutima vy’uwo [mwanditsi wa Zaburi] vyari kugwabira,’ Imana yobaye ‘umuturi wiwe gushika igihe kitagira urugero.’ Uwo mwanditsi wa Zaburi yari yizigiye ko Yehova yomwibutse nk’umugenzi. Igikorwa yakora ari umwizigirwa nticokwibagiwe. (Umus. 7:1) Ese ukuntu ivyo bitegerezwa kuba vyarasubirije umutima mu nda Asafu! Yaririmvye ati: “Nayo jewe, kwegera Imana bimbera vyiza. Nashize ubuhungiro bwanje mu Mukama Segaba Yehova.”​—Zab. 73:28.

10 Igihe rero Asafu yavuga ko Yehova ari umuturi wiwe, ntiyariko avuga gusa ibijanye n’ibintu vy’umubiri yaronka kubera yari Umulewi. Ahanini yariko aravuga ibijanye n’agateka k’umurimo yari yaratewe be n’ubucuti yari afitaniye na Yehova, egome ubugenzi yari afitaniye na Musumbavyose. (Yak. 2:21-23) Kugira ngo uwo mwanditsi wa Zaburi azigame ubwo bucuti, yabwirizwa kuguma yizera Yehova, akamwizigira. Asafu yabwirizwa kwizigira yuko aramutse abayeho yisunga ingingo mfatirwako z’Imana, amaherezo yogize ubuzima burangwa agahimbare. Urashobora kwizigira Mushoboravyose muri ubwo buryo.

11. Ni ikibazo ikihe Yeremiya yari afise, kandi cishuwe gute?

11 Umuhanuzi Yeremiya ni uwundi Mulewi yatahura ko ‘Yehova ari umuturi wiwe.’ Nimuze twihweze ico yashaka kuvuga igihe yakoresha iyo mvugo. Yeremiya yaba i Anatoti, kino kikaba cari igisagara c’Abalewi cari hafi y’i Yeruzalemu. (Yer. 1:1) Vyarigeze gushika Yeremiya arahagarika umutima, arabaza igituma ababisha basagamba mu gihe abagororotsi bashikirwa n’ingorane. (Yer. 12:1) Amaze kwihweza ivyariko biraba i Yeruzalemu no muri Yuda, yaridoze ku bijanye n’ivyo yariko arabona. Yeremiya yari azi ko Yehova agororotse. Ubuhanuzi Yehova yahumekeye Yeremiya mu nyuma ngo ashikirize be n’ukuntu yabushikije vyaratumye uwo muhanuzi aronka inyishu ikomeye y’ikibazo yari yabajije. Mu buryo buhuye n’ubwo buhanuzi bwatanzwe n’Imana, abagamburutse ubuyobozi bwa Yehova ‘baranyaze amagara yabo,’ mu gihe ba babisha bari basagamvye bobo birengagije iyo ngabisho maze bagatikira.​—Yer. 21:9.

12, 13. (a) Ni igiki catumye Yeremiya avuga ati: “Yehova ni we muturi wanje,” kandi ni agatima akahe yagumye afise? (b) Ni kubera iki imiryango yose ya Isirayeli yari ikeneye gutsimbataza agatima ko kurindira?

12 Igihe mu nyuma Yeremiya yihweza igihugu ciwe c’amavukiro cari cabaye umusaka, yabona ari nk’aho yariko agendera mu mwiza. Ni nk’aho Yehova yari “[yamwicaritse] ahantu h’umwiza nk’abantu bapfuye kera.” (Int. 1:1, 16; 3:6) Yeremiya yari yarabwiye iryo hanga ryigira ibiro biteze ngo rigaruke kuri Se waryo wo mw’ijuru, mugabo ububi bwabo bwari bwarabaye bwinshi cane ku buryo vyabaye ngombwa ko Imana ireka Yeruzalemu na Yuda bigatikizwa. Ivyo vyarababaje Yeremiya, naho ata kosa yari yakoze. Igihe uwo muhanuzi yari muri ayo marushwa, yaributse imbabazi z’Imana. Yavuze ati: ‘Ntitwaherengeteye.’ Egome, imbabazi za Yehova zama ari nshasha buri gitondo! Ico gihe ni ho Yeremiya yavuga ati: “Yehova ni we muturi wanje.” Yarabandanije gusukurira Yehova ari umuhanuzi.​—Soma Gucura intimba 3:22-24.

13 Abisirayeli bomaze imyaka 70 bataba mu gihugu cabo c’amavukiro. Cobaye umusaka. (Yer. 25:11) Mugabo amajambo Yeremiya yavuze ngo “Yehova ni we muturi wanje,” yarerekanye yuko yizigira imbabazi z’Imana, kandi vyatumye agira imvo yumvikana yo ‘kuguma arindiriye.’ Imiryango yose ya Isirayeli yari yaratakaje intoranwa zayo, ari co gituma yari ikeneye gutsimbataza agatima nk’ak’uwo muhanuzi. Yehova ni we mwizero bari basigaranye. Haciye imyaka 70, abasavyi b’Imana barasubijwe mu gihugu cabo c’amavukiro maze baraterwa agateka ko kuyikorera.​—2 Ngo. 36:20-23.

N’abandi bǎrashobora kureka Yehova akababera umuturi

14, 15. Uretse Abalewi, ni bande kandi baretse Yehova akababera umuturi, kandi kubera iki?

14 Asafu na Yeremiya bompi bari abo mu muryango wa Lewi, mugabo none Abalewi boba ari bo bonyene baterwa agateka ko gukorera Yehova? Ihibambewe! Wa musore Dawidi, uwohavuye aba umwami wa Isirayeli, yise Imana “umuturi [wiwe] mu gihugu c’abazima.” (Soma Zaburi 142:1, 5.) Igihe Dawidi yatunganya iyo Zaburi, ntiyari ku kirimba canke mbere i muhira. Yari mw’isenga, yinyegeje abansi biwe. N’imiburiburi incuro zibiri, Dawidi yarinyegeje mu masenga, rimwe rikaba ryari hafi y’i Adulamu irindi rikaba mu gahinga ka Eni-gedi. Birashoboka rwose ko yatunganije Zaburi ya 142 ari muri rimwe muri ayo masenga.

15 Nimba ari ukwo, Umwami Sauli ni we yariko arahiga Dawidi, arondera kumukuraho. Dawidi yahungiye mw’isenga rimwe ryari rigoye gushikira. (1 Sam. 22:1, 4) Igihe yari muri ako gahinga ka nyaganande, ashobora kuba yabona ko ata mugenzi n’umwe yari hafi yiwe ngo amukingire. (Zab. 142:4) Ico gihe ni ho Dawidi yatakambira Imana.

16, 17. (a) Ni ibiki vyari gushobora gutuma Dawidi abona ko atagira gitabara? (b) Ni nde Dawidi yashobora kwitura ngo amufashe?

16 Igihe Dawidi yatunganya Zaburi ya 142, ashobora kuba yari azi ivyari vyarashikiye Umuherezi Mukuru Ahimeleki, uno akaba yari yaramufashije atabizi igihe yariko arahunga Sauli. Uwo Mwami Sauli w’umunyeshari yari yaricishije Ahimeleki n’abo mu rugo rwiwe. (1 Sam. 22:11, 18, 19) Dawidi yabona ko ari we abazwa urupfu rwabo. Yabona ko ari nk’aho ari we yari yarishe uwo muherezi yari yaramufashije. Iyo uza kuba wari mu kibanza ca Dawidi, woba wari kubona yuko ari wewe ubazwa urwo rupfu? Kuba Dawidi atagira uburagamo kubera ko Sauli yaguma amuhiga, vyatumye arushiriza kubura amahoro.

17 Gatoya inyuma y’aho, umuhanuzi Samweli yarapfuye, uno akaba ari we yari yararobanuye Dawidi ngo azobe umwami. (1 Sam. 25:1) Ivyo vyari gushobora gutuma Dawidi arushiriza kubona ko atagira gitabara. Yamara, Dawidi yari azi uwo yashobora kwitura ngo amufashe, uwo na we akaba ari Yehova. Dawidi ntiyari afise agateka k’umurimo nk’ak’Abalewi, mugabo yari yaramaze kurobanurwa kugira ngo arangure ikindi gikorwa, amaherezo akaba yobaye umwami w’abasavyi b’Imana. (1 Sam. 16:1, 13) Ni co gituma Dawidi yasutse imbere ya Yehova ivyari mu mutima wiwe yongera arabandanya kumuhanga amaso kugira ngo amuyobore. Na wewe nyene urashobora kumureka akakubera umuturi n’ubuhungiro uko wihata mu murimo umurangurira, kandi urakwiye kubigira.

18. Abantu twihweje muri iki kiganiro berekanye gute ko bari bararetse Yehova akababera umuturi?

18 Abantu twarimbuye bari bararetse Yehova arababera umuturi mu buryo bw’uko bashinzwe igikorwa mu murimo wiwe. Barihetse ku Mana kugira ngo ibashigikire mu murimo bayirangurira. Abalewi be n’abo mu yindi miryango ya Isirayeli, nka Dawidi, barashobora kureka Yehova akababera umuturi. Ushobora gute nawe kureka Yehova akakubera umuturi? Ivyo ni vyo tuzokwihweza mu kiganiro gikurikira.

[Akajambo k’epfo]

a Ushaka kumenya amakuru y’ido n’ido ajanye n’ingene abari bagize ubuherezi babungwabungwa, raba Étude perspicace des Écritures, Igitabu ca 2, urupapuro rwa 655-656.

Wokwishura gute?

• Ni mu buryo nyabaki Yehova yari umuturi w’Abalewi?

• Ni ibiki Asafu, Yeremiya na Dawidi bakoze vyerekana ko Yehova yari umuturi wabo?

• Ni kamere iyihe utegerezwa gutsimbataza nimba ushaka ko Imana ikubera umuturi?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 8]

Abalewi ntibaronse intoranwa y’itongo. Ahubwo, Yehova ni we yari umuturi wabo kubera ko bari bafise agateka gahambaye ko kumusukurira

[Ifoto ku rup. 7]

Ni mu buryo nyabaki Yehova yari umuturi w’abaherezi n’Abalewi?

[Ifoto ku rup. 9]

Ni igiki cafashije Asafu kubandanya kureka Yehova akamubera umuturi?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika