Ikintu Mpetavyose mu Buzima Bwawe Ni Igiki?
“Ummenyeshe inzira nkwiye gucamwo.”—ZABURI 143:8.
1. Umwami Salomo yasozereye avuga iki ku vyerekeye ibikurikirano hamwe n’ibirangūrano vya kimuntu?
NGIRANGO urazi yuko ubuzima bwuzuye imirimo n’ibirazashinga. Iyo uvyiyumviriye, muri ivyo hariho ivyo ushobora kubona ko ari ntahara. Iyindi mirimo n’ibirazashinga ni ibihambaye buhoro, canke mbere nta co bimaze. Ivy’uko ivyo ubitahura, bisobanura ko uhuza n’umwe mu bantu banyarwevu barushirije bǎkabaye, ari we Mwami Salomo. Inyuma y’aho asubiriye kuraba anoganza imirimo yo mu buzima, yasozereye atya: “[Tinya, NW] Imana [“y’ukuri,” NW], witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese.” (Umusiguzi 2:4-9, 11; 12:13) Ivyo none bivuze iki kuri twebwe kino gihe?
2. Ni ikibazo ngenderwako ikihe abantu batinya Imana bakwiye kwibaza, bigashikana ku bindi ibihe bijanye na co?
2 Niba ushaka ‘gutinya Imana y’ukuri no kwitondera ivyagezwe na yo,’ ibaze iki kibazo c’agahambaye: ‘Ikintu mpetavyose mu buzima bwanje ni igiki?’ Niko, ushobora kuba utazirikana ico kibazo buri musi. Ariko wobuzwa n’iki kukirimbūra ubu? Kukaba nkako, kirakwega ibindi bibazo bijanye na co, nka ‘Hoba hari aho ndiko nitwararika akazi canke umwuga nkora canke ibintu vy’umubiri mu buryo bidakwiriye? Umuhira wanje, urugo, hamwe n’abanje, vyovyo bifise ikibanza giki?’ Umuto yoshobora kwibaza, ati ‘Amashure atwara umwanya n’ikebu vyanje ku rugero ki? Mu vy’ukuri, hoba hari agakorwa nduhukirako, inkino, canke ubwoko bunaka bw’umwisamazo canke ivy’ubuhinga noba ngize icitwararikwa ca mbere na mbere?’ Kandi twaba tumaze imyaka ingana iki, canke ivyacu bikaba vyifashe ukuhe, birakwiriye ko twibaza duti ‘Ugusukurira Imana gufise ikibanza giki mu buzima bwanje?’ Kumbure wokwemera ko ukeneye kugena ibija imbere y’ibindi. Ariko tworonka insahirizo gute kandi hehe kugira dushingane urwevu ibija imbere y’ibindi?
3. Ugushinga ibija imbere y’ibindi kurimwo ibiki ku Bakirisu?
3 ‘Impetavyose’ rifise inyuro ngenderwako y’ikintu kiza imbere ya vyose canke gikeneye kurimbūrwa ko ari ica mbere. Waba uri umwe mu Vyabona vya Yehova canke ukaba muri ya mamiliyoni y’abatohoji ba Bibiliya b’inziraburyarya bifatanije na bo, rimbūra kuno kuri: “Ikintu cose cashingiwe igihe caco, kand’igikorwa cose musi y’ijuru gifise akanya kaco.” (Umusiguzi 3:1) Koko rero, ivyo birimwo ubwitwararitsi ndangarukundo ugirira ubucuti bwo mu rugo. (Ab’i Kolosayi 3:18-21) Birasaba ukuronsa abaturarugo ibibabeshaho ata bugunge, wifashishije akazi ukora ko mw isi. (2 Ab’i Tesalonike 3:10-12; 1 Timoteyo 5:8) Kugira uhindure na ho, ushobora gufata akanya ugakora agakorwa canke ugaca akanya ukisamaza canke ukaruhuka. (Gereranya na Mariko 6:31.) Mugabo none uvyiyumviriye ata gukina, ntubona yuko muri ivyo ata na kimwe ari mpetavyose mu buzima? Igihambaye kuruta ni ikindi kintu.
4. Ab’i Filipi 1:9, 10 hajanye gute n’ivy’ugushinga ibija imbere y’ibindi kwacu?
4 Ngirango uremera yuko ingingo nyobozi za Bibiliya ari ivyifashisho nyagaciro mu vy’ugushinga ibija imbere y’ibindi no mu gufata ingingo ndangarwevu. Nk’akarorero, mu B’i Filipi 1:9, 10, Abakirisu bahimirizwa ‘kuja bararushiriza kwuzura ubumenyi ntagakosa n’ubukerebutsi bwuzuye.’ Ngo bishike ku ki? Intumwa Paulo yongeyeko ati: ‘Kugira mumenye neza ibihambaye kuruta.’ Ivyo none ntibinyura? Yishimikije ubumenyi ntagakosa, Umukirisu w’inkerebutsi arashobora kugena ibikwiye kwitwararikwa ubwa mbere—impetavyose—mu buzima.
Icitegererezo ku vy’Ikiri Mpetavyose
5. Mu kudondora icitegererezo casigaranywe Abakirisu, Ivyanditswe vyerekana bite icari mpetavyose mu buzima bwa Yezu?
5 Hariho imboneko y’ubumenyi y’igiciro dusanga muri aya majambo y’intumwa Petero: “Ivyo ni vyo mwahamagariwe, kuko na Kristo yabababarijwe, akabasigarana icitegererezo, kugira ngo mugere ikirenge mu ciwe.” (1 Petero 2:21) Egome, kugira turonke ivyodutoza ikiri mpetavyose mu buzima, dushobora kwihweza ico Yezu Kirisitu yǐyumvira kuri ivyo. Muri Zaburi 40:8 havuze ivyiwe bumenyeshe kazoza hati: “Mpimbawe no gukora ivyo ugomba, Mana yanje; Mber’ivyagezwe vyawe biri mu mutima wanje.” Nguku uko yǎtamuye ico ciyumviro nyene: “Indya zanje n’ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.”—Yohana 4:34; Abaheburayo 12:2.
6. Dushobora dute kugira imyanzuro nk’iyo Yezu yagize mu gushira imbere ukugomba kw’Imana?
6 Raba urwo rupfunguzo: ugukora ukugomba kw’Imana. Akarorero ka Yezu karatsindagirira ku co abayoboke biwe bibereye ko bagira mpetavyose mu buzima bwabo, kuko yavuze yuko “umwigishwa wese arangije azoba nk’umwigisha wiwe.” (Luka 6:40) Kandi kubera ko Yezu yagendera mu nzira Se wiwe yamuciriye, yararanze yuko hariho “akanyamuneza kuzuye” mu kuguma tugira mpetavyose ukugomba kw’Imana. (Zaburi 16:11; Ivyakozwe n’intumwa 2:28) Woba ubona none ico ivyo bisaba? Kubera ko abakurikizi ba Yezu bacagura ukugira ukugomba kw’Imana bwa mpetavyose mu buzima bwabo, bazogira “akanyamuneza kuzuye” hamwe n’ubuzima nyakuri. (1 Timoteyo 6:19) Urumva ko rero impamvu zituma ugukora ukugomba kw’Imana gushirwa imbere mu buzima bwacu atari nke.
7, 8. Ni ibigeragezo nyabaki Yezu yahanganye na vyo, kandi dushobora kwigira iki kuri ivyo?
7 Buno nyene Yezu ahejeje kugereranya inyishikano yiwe ngo akore ukugomba kw’Imana, ya Diyǎbule yararondeye kumukwegera iruhande. Uti gute? Yakoresheje ibigezesho mu mice itatu. Ku ncuro yose, Yezu yasubizayo mu majambo mvavyanditswe, atagiramwo amadidane. (Matayo 4:1-10) Ariko hari ibindi bigeragezo vyari bimurorereye—uruhamo, agashinyuro, ukugurwa na Yuda, ibirego bitari vyo, no guca apfira ku giti c’ugukanagirizwako. Mugabo, nta na kimwe muri ivyo bigeragezo catumye Umwana mudahemuka w’Imana akevya ngo ave mu ngendo yiwe. Aho Yezu agereye ahatemba, yasenze ati: “Ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba. . . . ni bibe nk’uk’ugomba.” (Matayo 26:39, 42) Umwe wese muri twebwe none ntakwiye kuvyurirwa ingiro rwose n’iyi mboneko y’icitegererezo twasigaranywe, bigatuma “[d]ushishikar[a] gusenga”?—Abaroma 12:12.
8 Egome, igihe dushinga ibiza imbere y’ibindi mu buzima, inyobozo mvamana zirafasha bimwe biri n’ico vyisangije, na canecane niba duhangana n’abansi banka ukuri be n’abarwanya ukugomba kw’Imana. Ibuka intakambo wa Mwami Dawidi w’umwizerwa yatuye arondera inyobozo igihe yashikirwa n’ururwanyo rw’abansi. Ivyo turaja kubibona uko turimbûra igice ca Zaburi y’143. Ivyo bikwiye kudufasha gukerebuka tukabona ukugene dushobora gukomeza ubucuti twebwe ubwacu dufitaniye na Yehova kandi tugakomezwa kugira tugume dukora ukugomba kw’Imana co kintu ca mbere na mbere mu buzima bwacu.
Yehova Arumva Kandi Akishura Amasengesho Yacu
9. (a) Naho Dawidi yari umunyabicumuro, amajambo n’ingiro vyiwe bihishura iki? (b) Ni kuki tudakwiye kwihebura mu kugira ibigororotse?
9 Naho Dawidi yari umuntu apfa, w’umucumuzi, yari yizeye yuko Yehova yoteze ugutwi intakambo yiwe. Yambamvye yicishije bugufi ati: “[Yehova, NW] we, ni wumve ugusenga kwanje; tega ugutwi ukwinginga kwanje! Unyishure, kubgo kuba umwizigirwa kwawe, no kubgo kugororoka kwawe.” (Zaburi 143:1, 2) Dawidi yari azi neza ko yari umunyamakemwa, yamara umutima wiwe ku Mana wari wose. Gutyo yari yizeye ko yoronse inyishu mu butungane. Ivyo none ntibituremesha? Naho nyene tudashikira ubutungane bw’Imana, turashobora kugira umwishimiro w’uko itwumviriza niba imitima yacu ari yose kuri Yo. (Umusiguzi 7:20; 1 Yohana 5:14) Bugingo dushishikara mw isengesho, dutegerejwe kwihatira ‘ukuneshesha ikibi iciza’ muri iyi misi mibi.—Abaroma 12:20, 21; Yakobo 4:7.
10. Ni kubera iki Dawidi yagize ibiringo vy’umuganyirizo?
10 Dawidi yari afise abansi, nk’uko nyene natwe turi na bo. Dawidi haba ari igihe yari umwomoka ahunga Sauli, bikaba ngombwa ngo arondere ubuhungiro mu gahinga hadashikwa, canke hakaba igihe yari umwami aturubikwa n’abansi, yaragira ibiringo vy’amaganya. Yaradondoye ukugene ivyo vyamunyengera, ati: “Umwansi yahīze umutima wanje; . . . yatumye ngerēra ahantu h’umwiza . . . Ni co gitumye umushaha wanje undendebukiramwo, umutima wanje ukūmirirwa muri jewe.” (Zaburi 143:3, 4) Woba uhora ugira impamvu z’ukumererwa nk’ukwo?
11. Ni ibihe vy’umuganyirizo ibihe abasuku b’Imana bo mu gihe ca none bǎhanganye na vyo?
11 Umukazo uterwa n’abansi, ibigeragezo kubera amagume y’akababaza y’ivy’ubutunzi, indwara ikomeye, canke imbangamyi zindi z’interagahinda, vyaratumye bamwebamwe mu bantu b’Imana bumva ko bacitse inkokora. Hari ibihe imitima yabo na yo nyene yaba nk’iyikongatara. Ni nk’uko bakomye akamo umwumwe bati: “Ni wewe watweretse amagorwa menshi akomeye, uzokwongera uturabūre, . . . uhindukire, unyirure.” (Zaburi 71:20, 21) None bǎfashijwe gute?
Uburyo bw’Uguhangana n’Utwigoro tw’Abansi
12. Umwami Dawidi yirwanyeho ate mu ngeramizi be n’ibigeragezo?
12 Muri Zaburi 143:5 harerekana ico Dawidi yagize igihe yasugerezwa n’ingeramizi be n’ibigeragezo bihambaye: “Nibutse imisi ya kera; ndimbūra ivyo wakoze vyose: ngereranya igikorwa c’amaboko yawe.” Dawidi yaributse ivyo Imana yagiriye abasuku bayo n’ukugene we ubwiwe yahabujwe. Yarazirikanye ku vyo Yehova yari yaragize ku bw’izina ryiwe rihambaye. Yegome, Dawidi yagumye ubwiwe arajwe ishinga n’ibikorwa vy’Imana.
13. Igihe duhanganye n’ibigeragezo, ukuzirikana uturorero twa kera n’utw’ubu tw’abasuku bizerwa bizodufasha gute kurindirako?
13 Ntiduhora none kenshi twibuka ivyo Imana yagiriye abantu bayo? Cane nyene! Muri ivyo harimwo ivyabaye mu buzima bwa ca ‘gipfungu kinini c’ivyabona’ bo mu bihe vy’imbere y’Ubukirisu. (Abaheburayo 11:32-38; 12:1) Abakirisu basīzwe bo mu kinjana ca mbere na bo nyene bararemeshejwe ‘kuguma bibuka imisi ya kera’ hamwe n’ivyo bǎrindiyeko. (Abaheburayo 10:32-34) Ivyashikiye abasuku b’Imana bo mu gihe ca none vyo bite, nka bimwe vyiganywe mu gitabu Les Témoins de Jéhovah — Prédicateurs du Royaume de Dieu?a Udukuru tuvugwa muri co no mu bindi bitabu turatuma twebwe twibuka ukugene Yehova yafashije abantu biwe kurindirako imbuzo, imvuto, uguterwa n’utugwi, tutibagiye amakambi y’itunaniro be n’ay’ubutame bw’ingirwabaja. Harabayeho ibigeragezo mu bihugu bitabagurwa n’intambara, nka Liberiya, Uburundi, Urwanda, n’ahahoze ari Yugosilaviya. Igihe ururwanyo rwǐgaragaza, abasuku b’Imana bararindiyeko kubera bagumya ubucuti bukomeye na Yehova. Ikiganza ciwe caratunze abǎgize ugukora ukugomba kwiwe impetavyose mu buzima bwabo.
14. (a) Akarorero kamwe k’ukuntu Imana itunga uwo ivyiwe vyoba vyifashe nk’ivyacu ni akahe? (b) Ni ibiki utorôra muri ako karorero?
14 Ariko rero, kumbure wokwishura yuko utarashikirwa n’ubukorerwamabi bwa runyamaswa nk’ubwo, kumbure kandi ukibwira ko hari aho bitokwigera bigushikira. Mugabo rero, inshigikiro Imana iha abantu bayo ntiyamye iza mu vyo bamwe bobona ko ari ibintu vy’agacamutima. Yarashigikiye abantu “bagereranye” mu bintu “bisanzwesanzwe.” Ngaka akarorero kamwe gusa muri twinshi: Woba wibuka iyo foto iri aho haruguru, kandi yoba igufasha kwibuka ivyo Imana yagiriye abantu bayo? Yaserutse mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Kigarama 1996. Woba warasomye inkuru yiganywe na Penelope Makris? Mbega akarorero keza k’ukutadohoka kw’Abakirisu! Woba wibuka ivyo yarindiyeko igihe yaterwa n’ababanyi biwe, ukugene yaniganye n’ubumuga bwiwe bubabaje, hamwe n’utwigoro yagize kugira agume mu gikenurwa c’igihe cose? Ivyamushikiye vy’indonsampêra muri Mytilène vyo bite? Iciyumviro ni iki: Uturorero mwen’utwo woba utubona nk’imfasho twebwe twese duhabwa mu vy’ugushinga ibiza imbere y’ibindi, tugashira ugukora ukugomba kw’Imana mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu?
15. Bimwebimwe mu vyo Yehova yagize dukwiye kuzirikanako ni ibihe?
15 Biraturemesha kuzirikana ku mirimo ya Yehova, nk’uko Dawidi yagira. Mu kurangura intēgo yiwe, Yehova yaragize intunganyo y’uko haba agakiza biciye ku rupfu, izuka n’ininahazwa vy’Umwana wiwe. (1 Timoteyo 3:16) Yaravyagije Ubwami bwiwe bwo mw ijuru, arahanagura ijuru mu kurikuramwo Shetani n’amademo yiwe, hanyuma agarukana insengo y’ukuri ngaha kw isi. (Ivyahishuriwe Yohana 12:7-12) Yarubatse iparadizo y’ivy’impwemu yongera arahezagirisha igisata ciwe iyongerekana. (Yesaya 35:1-10; 60:22) Igisata ciwe ubu bariko bashinga icabona ca nyuma imbere y’uko haduka ya marushwa ahambaye. (Ivyahishuriwe Yohana 14:6, 7) Ni vyo koko, turi na vyinshi vyo kuzirikanako.
16. Turemeshejwe kurazwa ishinga n’ibiki, kandi ivyo bizotwumvisha iki?
16 Kuguma turazwa ishinga n’igikorwa c’ibiganza vy’Imana hagucika abatwawe n’ivyo abantu bihatira, biratwumvisha yuko ububasha Yehova akoresha ari intihangwa. Ivyo bikorwa mugabo, ntibigarukira kuri vya bikorwa biboneka yakora bitangaje vy’irema vyo mw ijuru no kw isi. (Yobu 37:14; Zaburi 19:1; 104:24) Ibikorwa vyiwe vy’igitangaza birimwo na bimwe vy’ihabuza yagirira igisata ciwe akagikiza abahahaji b’abansi, nk’uko vyerekaniwe mu vyabaye ku gisata yari yicaguriye ca kera.—Kuvayo 14:31; 15:6.
Numenye Inzira Wogenderamwo
17. Ni mu buryo ki Yehova yari umutarumugani kuri Dawidi, kandi ivyo bishobora gute kudusubiriza umutima mu nda?
17 Dawidi yazamvye asaba gufashwa ngo amazimazi y’ubuzima ntamukamemwo, ati: “Nkwayira amaboko; umushaha wanje ukugirira inyota nk’iy’igihugu cūmāniwe. Uhoraho, n’utebuke unyishure; umutima wanje urashiringitira; ntumpishe mu nyonga hawe; simmere nk’abamanuka baja muri rwa rwobo.” (Zaburi 143:6, 7) Dawidi uwari yacumuye, yari azi ko Imana itayobewe ayo arimwo. (Zaburi 31:7) Rimwe na rimwe na twebwe nyene dushobora kwumva mu vy’impwemu twacokeye. Ariko ntikaba kadereye. Yehova, we yumva amasengesho tumutura, ashobora gutebutsa ugusubirana kwacu mu kuduhorosha biciye ku bakurambere banyarukundo, ku bihimbu vyo mu Munara w’Inderetsi, canke ku bihimba vy’amahwaniro usanga umenga vyateguriwe twebwe.—Yesaya 32:1, 2.
18, 19. (a) Intakambo yacu ishimitse dutura Yehova ikwiye kuba iyihe? (b) Ni igiki dushobora kwemera tudakeka?
18 Ukwishimira Yehova kwacu kuratuma tumwazambira duti: “Unyumvishe imbabazi zawe, kukw ari wewe nizigira: ummenyeshe inzira nkwiye gucamwo.” (Zaburi 143:8) Mbega Muvukanyikazi Makris, uwari ahantu ha wenyene mw izinga rimwe ry’Ubugiriki, yoba yari yamuhevye? Weho none azoguheba niba ugira ugukora ukugomba kwiwe co kintu mpetavyose mu buzima bwawe? Ya Diyǎbule hamwe n’abakozi bayo bashaka kukuzibira canke guhagarika buhere igikorwa cacu c’ukuvugira aheru Ubwami bw’Imana. Twaba dusukurira mu bihugu insengo y’ukuri isanzwe yemerewe, canke tukaba dusukurira aho yankiwe, amasengesho yacu ahurikiye hamwe arahûra n’uku kwazamba kwa Dawidi: “Uhoraho, nkiza abansi banje: ni wewe mpungiyeko ng’umpishe.” (Zaburi 143:9) Umutekano twogira w’ukudafatwa n’ubutindi bwo mu vy’impwemu uva ku gucumbika ahantu h’akabanga h’Isumba Vyose.—Zaburi 91:1.
19 Injijuko yacu ku vy’ikiri mpetavyose iri n’ishingiro ntanyiganyiga. (Abaroma 12:1, 2) Nunanire rero utwigoro isi igira ngo iguhambīreko ivyo yo yiyumvira ko bihambaye mu rutondekanyo rw’ivyo umuntu yokora. Bandanya kureka buri muce w’ubuzima bwawe ugaragaze ico wewe uzi ko ari co mpetavyose—ugukora ukugomba kw’Imana.—Matayo 6:10; 7:21.
20. (a) Ni ibiki twigiye kuri Dawidi muri Zaburi 143:1-9? (b) Abakirisu kino gihe bagaragaza gute agatima ka Dawidi?
20 Imirongo icenda ya mbere ya Zaburi y’143 igumiriza ku bucuti bukomeye Dawidi ubwiwe yagirana na Yehova. Igihe yari azitiwe n’abansi, yarâzambiye Imana ata kimubuza, ngo imuhe inyobozo. Yaracukumbuye umutima wiwe, arondera gufashwa mu vy’inzira akwiye gucamwo. Na kino gihe ni cokimwe kuri ya masigarira ya ba basigwampwemu bakiri kw isi hamwe na bagenzi babo. Ubucuti bafitaniye na Yehova baburimbura ko ari ubw’igiciro uko bamwazambira ngo abayobore. Bagumiza aha mbere ugukora ukugomba kw’Imana, naho hoba hari imikazo iva kuri ya Diyǎbule hamwe n’isi.
21. Ni kuki kuri twebwe gutanga akarorero keza bihambaye niba tugomba kwigisha abandi igikwiye kuba mpetavyose mu buzima bwabo?
21 Amamiliyoni bariko batohoza Bibiliya kumwe n’Ivyabona vya Yehova barakeneye kwemera icese yuko ugukora ukugomba kw’Imana ari kwo mpetavyose. Turashobora kubafasha kubitahura igihe twihweza ikigabane ca 13 c’igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira, igishimikira ku ngingo ziri mu vy’ukugamburukira rya Jambo.b Cane nyene, bakwiye kubonera kuri twebwe akarorero k’ivyo tubigisha. Inyuma y’ikiringo nka kigufi, na bo nyene bazoshika ku kumenya inzira bakwiye gucamwo. Uko ayo mamiliyoni ubwabo batahura igikwiye kuba igihambaye kuruta vyose mu buzima bwabo, abatari bake muri bo bazovyurirwa gutera intambwe z’ukwiyegura n’ukubatizwa. Mu nyuma, ikorane rishobora kubafasha kuguma bagendera mu nzira y’ubizima.
22. Ni ibibazo ibihe tuza kujako mu gihimbu gikurikira?
22 Hariho abatari bake badateba kwemera icese yuko ukugomba kw’Imana gukwiye kuba ari kwo guhambaye kuruta vyose mu buzima bwabo. Mugabo none Yehova aja arigisha gute abasuku biwe gukora ukugomba kwiwe? Ni inyungu nki ivyo bibazanira? Ivyo bibazo turabijako mu gihimbu gikurikira, dufatanije n’ikiyago tugira ku murongo ngenderwako, Zaburi 143:10.
[Utujambo tw’epfo]
a Casohowe mu 1993 na Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania.
b Casohowe mu 1996 na Watchtower Bible and Tract Society of New York, Inc.
Wotanga Inyishu Nki?
◻ Dukurikije Ab’i Filipi 1:9, 10, dushobora gute gushinga ibiza imbere y’ibindi?
◻ Yezu yaranze ate icari mpetavyose mu buzima bwiwe?
◻ Ni ibiki dushobora kwigira ku ngiro za Dawidi igihe yari mu bigeragezo?
◻ Kino gihe Zaburi 143:1-9 idufasha mu buryo ki?
◻ Ni igiki gikwiye kuba mpetavyose mu buzima bwacu?
[Ifoto ku rup. 4]
Ingiro za Dawidi zaragaragaje ko yiheka kuri Yehova
[Abo dukesha ifoto]
Cakoporowe muri Illustrirte Pracht - Bibel/Heilige Schrift des Alten und Neuen Testaments, nach der deutschen Uebersetzung D. Martin Luther’s