Ubwo Amatungo Yoshobora Kukuzanira Ubuhirwe?
Umwami Salomo yari azi agaciro k’amahera. Yanditse ati: “[Umutsima u]zimanirwa gutera akanyamuneza, kandi vino inezereza umushaha: arikw amahera ni bimari vya vyose.” (Umusiguzi 10:19) Gusangira n’abagenzi birashobora kuzana umunezero urushirije, ariko kugira ngo uronke umutsima canke ikinyobwa, urakenera amahera. Kubera ko amahera ari bwo buryo bushobora kuronsa umuntu ibintu vy’umubiri, ni “bimari vya vyose.”
NAHO Salomo yari atunze bimwe vy’akajoreza, yari azi ko amatungo ari n’ivyo adashobora. Yariyemereye ko ukubaho kuyoborwa n’amaronko kudatanga inzira igana ku buhirwe. Yanditse ati: “Inkunzi y’amahera ntizohāzwa n’amahera; bo n’ūkunda ibitayega ntazohāzwa n’inyungu.”—Umusiguzi 5:10.
Dufate ko umuntu w’umutunzi aronse ubutunzi buruta ubwo yari afise. Salomo avuga ati: “Iy’ibintu bigwiriye ababirya baragwira.” (Umusiguzi 5:11) Uko “ibintu” umuntu afise canke ubutunzi bwiwe vyongerekana, ni ko hakenerwa abandi bantu bo kubibungabunga. Abasanasanyi, ababungabunzi, abasuku, abanyezamu n’abandi—abo bose bategerezwa guhemberwa imirimo bakora. Uca usanga rero ivyo bisaba ayandi mahera.
Ibintu vyifashe mwene ukwo biri n’ico bihindura ku buhirwe bw’umuntu. Umutohozakahise w’Umugiriki yitwa Xénophon, uwabayeho mu kinjana ca kane B.G.C., yaranditse amajambo yavuzwe n’umugabo umwe yari umukene acika umutunzi, avuga ati:
“Mbega burya, vy’ukuri ugira ngo . . . uko ngaba vyinshi ni ko mbaho mpiriwe?” Arongerako, ati “Ico utazi ni uko ata n’umunezero na mukeyi w’ukurya n’ukunywa n’ukuryama binyongerereza ubu, uruta uwo nari mfise nkiri umukene. Inyungu yonyene nkura mu kugira ibintu vyinshi gutyo ni uko ntegerezwa kubungabunga vyinshi, kugabanganiriza vyinshi abandi, no guhagarika umutima wo kubirinda kuruta uko nahora ndawuhagarika. Kuko ubu hari abakora mu rupangu benshi banzeyeko ibifungurwa, hakaba benshi abanzeyeko ibinyobwa, n’abandi benshi banzeyeko ivyambarwa, hakaba n’abakeneye kuja kwa muganga; hari uwuza ambwira ivy’intama zatewe n’amabingira, canke ivy’inka zapfuye ziguye mu manga, canke kumbwira ko hari indwara yadutse mu masho. Ni co gituma kuri jewe bisa n’uko . . . ubu ari ho ndushirije guhagarika umutima bitumwe n’ugutunga vyinshi, kuruta uko nawudugarika ngitunze duke.”
Iyindi mpamvu ituma abantu bama barondera kugira ubutunzi buruta ubwo bafise, ni uko bahendwa n’ico Yezu yise “uruhendo rw’ubutunzi.” (Matayo 13:22) Barahendwa kubera ko muri ayo matungo baronderana umutima hahwe batigera bumva ko bahashiriye inyota canke ngo baharonkere ubuhirwe bari biteze. Biyumvira yuko ivyo ubutunzi buke budashobora bizoshoborwa na bwinshi. Ni co gituma umuntu yama arondera kwongerereza.
Gukunda Amahera Ntibijana Umuntu ku Buhirwe
Ukurazwa ishinga n’amatungo vyoshobora kubuza umutunzi kuryama ngo yisinzirire mu maoro. Salomo yanditse ati: “Agatiro k’umunyabikorwa kararyoha, n’iy’ariye bike canke vyinshi: ariko gufunereza kw’umutunzi kumubuza gusinzira.”—Umusiguzi 5:12.
Mu gihe umuntu afise agahinda karenze urugero k’uko yohava ahomba ubutunzi afise, ibimushikira si ukudatora agatiro gusa. Salomo yaradondoye iyo ngumyi ati: “Imisi yiwe yose arīra mu mwiza, kand’akagira umubabaro, akagira indwara n’umwikomo.” (Umusiguzi 5:17) Aho kuronkera ubuhirwe mu butunzi bwiwe, aryana ‘umubabaro,’ nk’aho mbere yoba ababazwa n’amahera agura ivyo kurya. Mwene ukwo kubona ibintu gucumbagira kuratuma n’umuntu agira amagara mabi. Kugira amagara mabi na vyo biba vyiyongereye ku maganya y’iyo ngumyi, kubera ko bimubuza kurundanya ubundi butunzi.
Kumbure ivyo birakwibutsa ivyo intumwa Paulo yanditse, ati: “Abagomba kuba abatunzi bagwa mu nyosha no mu mutego no mu kwifuza kwinshi kw’ubupfu gusinzikaza, kudobeza abantu mu bibonona bikabarandura. Kuko gukunda amahera ar’imizi y’ibibi vyose; ayo bamwe bifuje, . . . bītobekeranisha imibabaro myinshi.” (1 Timoteyo 6:9, 10) Mu kwiruka inyuma y’amahera usanga abantu baca abandi mu ryahumye, bakabesha, bakiba, bakigira indaya, n’ukwica bakica. Ico bivamwo ni uko umuntu yitobekeranisha imibabaro mu mutima, ku mubiri no mu vy’impwemu, kubera ukugerageza gufata no kugumya amatungo. None ivyo vyoba bisa n’uko ari yo nzira igana ku buhirwe? Eka data!
Kubumbwa n’Ivyo Dufise
Salomo yari na vyinshi avuga ku vyerekeye ukubona amatungo mu buryo burimbanye. Yanditse ati: “Nk’uko [umuntu] yavuye mu nda ya nyina ari gusa, azogenda artyo nk’uko yaje, adatwaye ikintu na kimwe kivuye mu butame bgiwe yojana mu ntoke. Eh’ico nabonye kibereye kandi c’igikundiro: n’umuntu kurya akanywa, akanezererwa ivyiza bivuye mu butame bgiwe bgose, ubg’atamira musi y’izuba, imisi yose y’ukubaho kwiwe, iyo Imana yamuhaye: kukw ivyo ari vyo mugabane wiwe.”—Umusiguzi 5:15, 18.
Ayo majambo arerekana ko aho ubuhirwe buherereye atari mu kugwa tuvyuka turondera kurundanya ubutunzi bw’igihe dushobora kuzoba tutakiriho. Ikirushirije kuba ciza ni ukumarwa inyota n’ibiva mu butame bwacu, kandi tukabinezererwa. Intumwa Paulo yaraseruye iciyumviro nk’ico mw’ikete ryahumetswe yandikiye Timoteyo, avuga ati: “[N]ta co twazanye mw isi kand[i n]ta co dushobora kuyivanamwo. Arikw iyo dufise ivyo turya n’ivyo twambaye biba bitubūmvye.”—1 Timoteyo 6:7, 8; gereranya na Luka 12:16-21.
Isoko ry’Ubuhirwe
Salomo yari afise umurengera w’amatungo n’ubwenge buva ku Mana. Mugabo ubuhirwe yabufatanije n’ubwenge, ntiyabufatanije n’amahera. Yavuze ati: “Hahirwa umuntu yironkera ubgenge, n’umuntu aronse ugutahura. Kukw inyungu zabgo ziruta iz’ifeza, kand’ivyo bgunguka biruta izahabu zitarimw’inkamba. Burusha igiciro utubuyenge twitwa marijani: kandi mu bihimbara vyose nta kintu gihwanye na bgo. Ukuramba kuri mu kuboko kwabgo kw’i buryo, mu kubamfu kwabgo harimw’ubutunzi n’icubahiro. Amayira yabgo n’amayira y’igikundiro, kand’inzira zabo zose n’iz’amahoro. Bubera igiti c’ubu[zima] ababucakira; hahirwa umuntu wese abgumirako.”—Imigani 3:13-18.
Ni kubera iki ubwenge buruta amaronko? Salomo yanditse ati: “Ubgenge [ni] ubgugamo, nk’ukw amahera ar’ubgugamo; arikw inyungu iva mu kumenya n’iyi: n’uk’ubgenge buzigama ubu[zima] bga nyenebgo.” (Umusiguzi 7:12) Naho amahera akingira ku rugero runaka, agatuma nyeneyo agura ivyo akeneye, ubwenge burashobora kurinda umuntu gushira ubuzima bwiwe mu kaga bidakenewe. Ubwenge nyakuri ico bwokorera umuntu si ukumukiza gupfa hakiri kare vyonyene, ahubwo kandi, kubera ko buba bushimikiye ku gutinya Imana kubereye, buzomushikana ku kuronka ubuzima budashira.
Ni igiki gituma ubwenge buva ku Mana bushikana ku buhirwe? Ni kubera ko ubuhirwe nyakuri bushobora kuva kuri Yehova Imana wenyene. Ivyabaye biragaragaza ko umuntu ashobora kuronka ubuhirwe nyabwo biciye gusa ku kugamburukira Musumbavyose. Ubuhirwe buramba buva ku kuba wemewe n’Imana. (Matayo 5:3-10) Dushize mu ngiro ivyo twiga muri Bibiliya, tuzotsimbataza “ubgenge buva mw ijuru.” (Yakobo 3:17) Buzoduha ubuhirwe budashobora kwigera buzanwa n’amatungo.
[Ifoto ku rup. 5]
Umwami Salomo yari azi ikizanira umuntu ubuhirwe. Weho none urakizi?