ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/11 rup. 13-rup. 16 ing. 11
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Umusiguzi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Umusiguzi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • NI IGIKI KITARI UBUSA?
  • (Umusiguzi 1:1–6:12)
  • IMPANURO KU BAFISE UBUKEREBUTSI
  • (Umusiguzi 7:1–12:8)
  • “AMAJAMBO Y’ABANYABGENGE” YO KUTUYOBORA
  • (Umusiguzi 12:9-14)
  • ‘Ibibwirizwa Rwose Umuntu Wese’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Woba Uriko Urarangura Ivyo Utegerezwa ku Mana Vyose?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Ubuzima Bwawe—Bufise Intēgo Nki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Ni igiki gituma ubuzima bugira ico buvuze?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/11 rup. 13-rup. 16 ing. 11

Ijambo rya Yehova ni rizima

Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Umusiguzi

“UMUNTU yavyawe n’umugore amara imisi mike kand’adundubiwe n’amagorwa”. Ukwo ni ko umwe sekuruza w’imiryango Yobu yavuze (Yobu 14:1). Ese ukuntu bihambaye kudapfisha ubusa ubuzima bwacu bw’igihe gito mu kurazwa ishinga n’ibintu bitagira akamaro be no kugerageza kuvyironsa! Ni ibintu ibihe twohebera umwanya wacu, inguvu zacu be n’ubutunzi bwacu? Ivyo twokwirinda vyo ni ibihe? Amajambo aranga ubukerebutsi yanditswe mu gitabu ca Bibiliya c’Umusiguzi, aratanga ubuyobozi ngirakamaro kuri ivyo. Ubutumwa buri muri ayo majambo “[bura]suzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira” kandi burashobora kudufasha kugira ubuzima buri n’ico buvuze.​—Abaheburayo 4:12.

gitabu c’Umusiguzi, icanditswe n’umuntu azwi cane kubera ubukerebutsi bwiwe, ari we wa Mwami Salomo wa Isirayeli ya kera, kirimwo impanuro zirashe ku bijanye n’igihambaye vy’ukuri mu buzima be n’ikitagira akamaro. Kubera ko Salomo avuga bimwe mu bikorwa vy’ubwubatsi yari yatanguye, ategerezwa kuba yanditse ico gitabu c’Umusiguzi inyuma y’aho ivyo bikorwa birangiriye, imbere yuko akevya akava ku gusenga kw’ukuri (Nehemiya 13:26). Ivyo bica vyerekana ko ico gitabu canditswe imbere y’umwaka wa 1000 B.G.C., amaja mu mpera ya ya myaka 40 Salomo yamara ari ku ngoma.

NI IGIKI KITARI UBUSA?

(Umusiguzi 1:1–6:12)

“Vyose [ni] ubusa!”, ukwo ni ko umusiguzi avuga, maze agaca abaza ati: “Mbeg’umuntu aronka inyungu ki mu butame bgiwe bgose ubg’atamira musi y’izuba?” (Umusiguzi 1:2, 3). Imvugo ngo “ubusa” be n’imvugo ngo “musi y’izuba” ziragaruka akatari gake mu gitabu c’Umusiguzi. Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “ubusa” risobanura urudome ku rundi “impemu” canke “umwuka”, rikaba ryerekana ikintu kitagira akamaro, kitamaho canke kitagira agaciro karamba. Imvugo ngo “musi y’izuba” isigura “kuri iyi si” canke “muri iyi si”. Ku bw’ivyo, ibintu vyose, ni ukuvuga utwigoro twose abantu bagira batisunga ivyo Imana igomba, ni ubusa.

Salomo avuga ati: ‘Urinde ikirenge cawe iy’uja mu ngoro y’Imana, wegere wumve’ (Umusiguzi 5:1). Ugusenga Yehova Imana mu buryo bw’ukuri si ikintu ata co kimaze. Mu vy’ukuri, kwitwararika ubucuti dufitaniye na we ni co kintu nyamukuru gituma tugira ubuzima buri n’ico buvuze.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

1:4-10​—Ni mu buryo ubuhe inzinguzingu z’ibintu biba mu bidukikije ari ikintu ‘kiruhisha’? Umusiguzi avuga gusa bitatu mu bintu nyamukuru bituma ubuzima bushoboka ngaha kw’isi, ivyo na vyo bikaba ari izuba, umuyaga be n’inzinguzingu y’amazi. Mu bisanzwe, inzinguzingu z’ibintu biba mu bidukikije usanga ziri mu buryo bwinshi kandi zigoye cane gutahura. Umuntu arashobora kumara ubuzima bwiwe bwose avyiga kandi ntaheze ngo abitahure mu buryo bwuzuye. Ivyo bishobora mu vy’ukuri kuba ‘biruhisha’. Usanga kandi ari ikintu gitesha umutwe kugereranya ikiringo kigufi tumara be n’inzinguzingu ziguma zisubiriza urudaca. Mbere no kugerageza kwubura ibintu bishasha usanga biruhisha. Nakare, usanga ibintu bishasha abantu bakora ari ukwigana gusa amategeko Imana y’ukuri yashinze kandi yamaze gukoresha mu kurema.

2:1, 2​—Ni kubera iki ibitwengo bivugwa ko ari ‘ubusazi’? Ibitwengo vyoshobora kudufasha kwibagira ingorane zacu akanya gatoyi, kandi ukwidagadura kurashobora gutuma tubona ingorane zacu mu buryo bworoshe. Ariko rero, ibitwengo ntibituma ingorane dufise zizimangana. Ku bw’ivyo, kuronderera agahimbare mu bitwengo ni ‘ubusazi’.

3:11​—Ni ibiki Imana yagize ‘ari vyiza mu gihe cavyo’? Bimwe mu bintu Yehova Imana yagize ari ‘vyiza’, ni kuvuga bibereye kandi ari ngirakamaro mu gihe cavyo, ni iremwa rya Adamu na Eva, isezerano ry’umunywamazi, isezerano yagiranye na Aburahamu, isezerano yagiranye na Dawidi, ukuza kwa Mesiya, be n’ukwimikwa kwa Yezu Kirisitu ari Umwami w’Ubwami bw’Imana. Ariko rero, hariho ikindi kintu Yehova azokora ari “ciza” mu gihe kiri imbere. Turashobora guhera amazinda yuko isi nshasha igororotse izobaho igihe kibereye gishitse.​—2 Petero 3:13.

3:15b, NW​—Ni mu buhe buryo ‘Imana y’ukuri iguma irondera igikurikiranwa’? ‘Igikurikiranwa’ coshobora kwerekeza ku vyo Imana igabirije gukora. Mu gihe hama hari abavuka n’abapfa, hakaguma haba ibihe vy’intambara n’amahoro, birashobora gutuma umuntu yumva ataco ashoboye kandi bigatuma yiyumvira yuko ivyabaye muri kahise bizokwama vyisubiriza. Imana y’ukuri yo, irashobora kurondera ivyo yipfuza vyose kandi ikabishitsa (Umusiguzi 3:1-10, 15a). ‘Igikurikiranwa’ gishobora kandi kwerekeza ku bagororotsi, bano bakaba akenshi bakurikiranwa n’abanyakibi. Muri ico gihe, Yehova aguma arondera abagororotsi kugira ngo “yerekane ububasha bgiwe” ku neza yabo.​—2 Ngoma 16:9.

5:9 (NW)​—Ni mu buryo ki ‘inyungu y’isi iri muri bose’? Ababa kw’isi bose babayeho kubera ‘inyungu y’isi’ ni ukuvuga ko babayeho kubera ivyo yimbuka. N’umwami ni ukwo nyene. Kugira ngo aronke umwimbu akuye mw’itongo ryiwe, abasuku biwe bamurimira bategerezwa gukora bagatama.

Ivyigwa tuhigira:

1:15. Ni ivy’impfagusa gukoresha umwanya be n’inguvu umuntu agerageza gukosora agahahazo be n’akarenganyo tubona muri iki gihe. Ubwami bw’Imana bwo nyene ni bwo bushobora gukuraho ubukozi bw’ikibi.​—Daniyeli 2:44.

2:4-11. Ibikorwa bimwebimwe nk’ivy’ukwubaka, gukora mu busitani, kuririmba eka mbere no kurondera kubaho umuntu yidibamiye ni “uguhahamira umuyaga” kubera ko bidatuma ubuzima buba uburi n’ico buvuze vy’ukuri canke ngo bizane agahimbare kamaho.

2:12-16. Ubukerebutsi buri n’inyungu kuruta ubupfu mu buryo bw’uko bushobora gufasha umuntu gutunganya ingorane zinaka. Ariko rero, ku bijanye n’ugupfa, ubukerebutsi bw’abantu nta co bumaze. Mbere naho umuntu yoba yarabaye rurangiranwa bivuye kuri ubwo bukerebutsi, ntateba kwibagirana.

2:24; 3:12, 13, 22. Kunezererwa ivyiza vyo mu butame bwacu si bibi.

2:26. Ubukerebutsi buva ku Mana, ari na bwo buzana umunezero, buhabwa ‘umuntu ahimbara Yehova’. Ntibishoboka ko umuntu aronka ubwo bukerebutsi adafitaniye n’Imana ubucuti bwiza.

3:16, 17. Ni ibidashoboka kwitega ko ubutungane bukurikizwa mu kantu kose. Aho guteshwa umutwe n’ibintu biba mw’isi muri iki gihe, dukwiye kurindira Yehova kugira ngo ashire ibintu mu buryo.

4:4. Igikorwa kitoroshe gikoranywe ubuhanga kirashobora gutuma umuntu ahimbarwa. Ariko rero, gukora cane kugira gusa turushe abandi bituma haba agatima ko guhiganwa kandi birashobora kuvyura inzigo n’ishari. Gukora cane mu busuku bwa gikirisu bikwiye kuba bitumwe n’imvo nziza.

4:7-12. Imigenderanire abantu bagiriranira irahambaye cane kuruta ivyo boba batunze kandi ntikwiye kuguzwa ivyo gukurikirana amaronko.

4:13. Igiti umuntu afise canke imyaka afise ntivyama bituma agira icubahiro. Abafise amabanga bakwiye gukorana ubukerebutsi.

4:15, 16. “[Uwu]kurikiye umwami ku ngoma” mu ntango ashobora kuba ashigikiwe n’‘abantu bose aganza’, ariko ‘hanyuma ntibamunezererwe’. Mu vy’ukuri, ukumenyekana usanga akenshi bimara akanya nk’ak’urume rumara.

5:2. Amasengesho yacu akwiye kuba ayo twazirikanyeko kandi aranga icubahiro, ntabe ayagizwe n’amajambo igifyo.

5:3-7. Ukwitwararika cane ivy’amaronko birashobora gutuma ata kindi umuntu arota atari ukwironderera ivyiwe gusa. Birashobora kandi gutuma umutima wama uri hejuru, mw’ijoro akaguma arota ashikira ibintu kanaka, ntaronke n’agatiro karuhura. Igihe umuntu avuga amajambo menshi birashobora gutuma abandi babona ko ameze nk’umusazi, birashobora kandi gutuma asezeranira ibintu Imana atabanje kwiyumvira. ‘Gutinya Imana y’ukuri’ biraturinda gukora ikintu na kimwe muri ivyo bintu.

6:1-9. Bimaze iki kugira ubutunzi, icubahiro, kuramba eka mbere no kugira umuryango munini mu gihe uko ivyacu vyifashe bitadukundiye kubinezerererwa? N’ikindi kandi, “kubonesha amaso”, ni ukuvuga kwemera uko ibintu biba vyifashe “[ku]ruta kwangaza umutima” [ivyipfuzo vy’umubiri], ari kwo guhahamira uguhaza ivyipfuzo bidashobora guhazwa. Rero, uburyo bwiza bwo kubaho ni ukubumbwa n’ukuba “dufise ivyo turya n’ivyo twamba[ra]”, muri ico gihe nyene tukanezererwa ibintu vyiza mu buzima kandi tukitwararika kugumana ubucuti bwa hafi na Yehova.​—1 Timoteyo 6:8.

IMPANURO KU BAFISE UBUKEREBUTSI

(Umusiguzi 7:1–12:8)

Dushobora gute kuzigama izina ryiza dufise ari kwo kuvugwa neza? Ni inyifato iyihe dukwiye kugira ku bategetsi b’abantu be no ku karenganyo dushobora kuba tubona? Kubera ko abapfuye ata co bashobora kumenya, dukwiye gukoresha gute ubuzima bwacu ubu? Abakiri bato bashobora gukoresha gute umwanya wabo n’inguvu zabo mu buryo buranga ubukerebutsi? Impanuro ngirakimazi umusiguzi atanga kuri ivyo bibazo be n’ibindi, zanditswe ku bwacu mu kigabane ca 7 gushika ku ca 12 c’igitabu c’Umusiguzi.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

7:19​—Ni mu buryo ki ubwenge, ari bwo bukerebutsi, bukomeye kuruta “abatware cumi”? Igihe igitigiri cumi gikoreshejwe mu buryo bw’ikigereranyo muri Bibiliya, cerekana ikintu cuzuye. Salomo ariko avuga ko agaciro ubukerebutsi bufise ko kudukingira ari kanini kuruta igitigiri cuzuye c’ingabo ziteramiye igisagara.

10:2​—Kuba umutima w’umuntu uri “i buryo” canke “i bu[bamfu]” bisobanura iki? Kubera ko ukuboko kw’iburyo kenshi kwerekana ikibanza c’ubutoni, ukuba umutima w’umuntu uri mu kuboko kwiwe kw’iburyo bisigura ko umutima wiwe umusunikira ku gukora ivyiza. Mu gihe na ho umusunikira ku gukurikirana ingendo mbi, bivugwa ko uba uri mu kuboko kwiwe kw’ibubamfu.

10:15​—Ni gute ‘ibikorwa vy’igipfu cose bikiruhisha’? Nimba umuntu atabona ibintu mu buryo bwiza, naho yokora agatama ntibiheza ngo bivemwo ikintu c’ingirakamaro vy’ukuri. Nta munezero aheza ngo abikuremwo. Ukwo gukora cane nta kindi bimumarira atari ukumuruhisha.

11:7, 8​—Imvugo ngo “Umuco uraryoshe, kand’amaso kubona izuba bitera umunezero” isobanura iki? Umuco be n’izuba biratuma abantu bahimbarwa. Salomo ngaha ariko avuga ko ari vyiza kuba turiho be n’uko dukwiye ‘kunezererwa’ imbere yuko imisi y’umwiza, ni ukuvuga ubusaza, idutwara inkomezi.

11:10​—Ni kubera iki “ubuto n’ubusore” ari ubusa? Mu gihe bidakoreshejwe neza ni ubusa kubera ko nka kurya kw’umwuka, imisi y’inkomezi zo mu buto ihera ningoga.

Ivyigwa tuhigira:

7:6. Gutwenga mu gihe bitabereye birababaza kandi nta co bimaze, ni nk’uguturagurika kw’amahwa munsi y’inkono. Vyoba vyiza tuvyirinze.

7:21, 22. Ntidukwiye kurazwa ishinga cane n’ivyo abandi batuvugako.

8:2, 3; 10:4. Igihe tunebaguwe canke dukosowe n’umuhagarikizi canke umukoresha munaka, vyoba biranga ubukerebutsi tugumye dutekanye. Ivyo ni vyiza kuruta ‘kwihutira kuva imbere yiwe’ ni kuvuga guca wivumbura.

8:8; 9:5-10, 12. Ubuzima bwacu burashobora guhagarara tutari tuvyiteze nka kurya nyene ifi zifatwa mu rusenga canke inyoni zigwa mu mutego. N’ikindi kandi, nta n’umwe ashobora kubuza inguvu y’ubuzima ngo ntigende iyo apfuye, eka nta wokwirinda wa mwansi w’abantu ari we rupfu. Ku bw’ivyo, ntidukwiye gutakaza umwanya. Yehova ashaka ko duha agaciro ubuzima tukongera tukabunezererwa mu buryo bwiza. Kugira ngo tubishikeko, dukwiye gushira umurimo turangurira Yehova mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu.

8:16, 17. Ibintu vyose Imana yakoze kandi yaretse bikaba mu bantu ntidushobora kubiserangura, mbere naho twoheba agatiro turondera kubimenya. Kurazwa ishinga n’ibintu bibi vyose vyakozwe nta kindi bishikanako atari ukudutwara umunezero mu buzima.

9:16-18. Ubukerebutsi bukwiye guhabwa agaciro naho mbere abantu muri rusangi batoba babuha agaciro. Amajambo y’umuntu w’inkerebutsi avuganywe uguturura ni yo yumvirizwa kuruta kuvugira hejuru kw’igipfu.

10:1. Dutegerezwa kuba maso ku vyo tuvuga be no ku vyo dukora. Gukora ikintu kimwe gusa kiranga ubupfu, nk’ugukankama, ukunywa inzoga zirenze urugero canke kugira ikintu gishobora gutuma umuntu akora ivy’ubuhumbu, birashobora gusiga iceyi umuntu yari yisoneye.

10:5-11. Umuntu wo mu rwego rwo hejuru adashoboye gukora akazi kiwe neza, ntawumushima. Ukuba umuntu adashoboye gukora neza mbere n’igikorwa kibayabaye birashobora kugira ingaruka mbi. Ariko gutsimbataza ubushobozi bwo ‘gukoresha ubukerebutsi mu buryo kirumara (NW)’ ni ngirakamaro. Ese ukuntu bihambaye ko tuba abahanga mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa!

11:1, 2. Dukwiye kuba abantu batanga bimwe bivuye ku mutima. Ivyo bica bituma tuba abatanzi ba cane.​—Luka 6:38.

11:3-6. Imyitwarariko y’ubuzima ntikwiye gutuma tuba abantu badafata ingingo.

11:9; 12:1-7. Abakiri bato barafise ico babazwa na Yehova. Ku bw’ivyo rero, barakwiye gukoresha umwanya wabo n’inkomezi zabo mu murimo w’Imana imbere y’uko ubusaza bubanyaga ubugabo.

“AMAJAMBO Y’ABANYABGENGE” YO KUTUYOBORA

(Umusiguzi 12:9-14)

Dukwiye kubona gute ayo “majambo aryoshe” umusiguzi yagerageje kurondera akongera akandika? Igihushanye n’“ibitabo vyinshi” vy’ubwenge bw’abantu, “amajambo y’abanyabgenge ni nk’imihunda, kand’amajambo atororokanijwe ni nk’imambo zishimangiwe, umwungere umwe ari we yayatanze” (Umusiguzi 12:10-12). Amajambo y’ubukerebutsi yavuye ku “mwungere umwe” ari we Yehova, arashobora gutuma twumva dutekaniwe mu buzima.

Mu vy’ukuri, gushira mu ngiro impanuro ziranga ubukerebutsi dusanga mu gitabu c’Umusiguzi, bizodufasha kugira ubuzima buri n’ico buvuze kandi buhimbaye. Vyongeye, turemeshwa duti: “Abubaha Imana [ni] bo bazoba amahoro”. Nimuze rero tugume dushikamye ku mwiyemezo wacu wo ‘kwubaha Imana no kwitondera ivyagezwe na yo’.​—Umusiguzi 8:12; 12:13.

[Ifoto ku rup. 15]

Kimwe mu bikorwa vy’Imana vyiza kuruta ibindi kizoranguka igihe kibereye gishitse

[Ifoto ku rup. 16]

Mu ngabire Imana yatanze harimwo kurya, kunywa no kunezererwa ivyiza mu butame bwacu bwose

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika