‘Ibibwirizwa Rwose Umuntu Wese’
“Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo [bibwirizwa] rwose umuntu wese.”—UMUSIGUZI 12:13.
1, 2. Ni kubera iki biberye ko turimbura ivyo tubwirizwa ku Mana?
‘NI IGIKI Yehova akugombako?’ Umumenyeshakazoza wa kera umwe yarabajije ico kibazo. Maze yaratomoye ivyo Yehova asaba umuntu—kugira ubutungane, urukundo, ubuntu, no kugendana n’Imana yicisha bugufi.—Mika 6:8.
2 Muri iyi misi y’ubusatuntutwanje n’ubwigendeko, abatari bake ntiborohewe n’iciyumviro c’uko Imana iri n’ico ibasaba. Ntibashaka kugira ico babwirizwa. Ariko none ya nsozero Salomo yapfundika mu Musiguzi, yo bite? “Vyose vyarumviswe: indunduro yavyo n’iyi: Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo [bibwirizwa] rwose umuntu wese.”—Umusiguzi 12:13.
3. Ni kuki dukwiye kurimbura ata kwanjanjwa igitabu c’Umusiguzi?
3 Uko ivyacu bimeze n’ukuntu tubona ibintu mu buzima kwose, turashobora kwunguka cane turimbuye ivyatumye apfundika iyo nsozero. Umwami Salomo, ari na we mwanditsi w’ico gitabu gihumetswe, yararimbuye bimwe mu bintu nyene bigize ubuzima bwacu bwa misiyose. Hari aboshoka basozera ngo yihwejeje ibintu mu buryo buzerutsa. Yamara cahumetswe n’Imana kandi kikaba gishobora kudufasha gusuzuma imirimo yacu hamwe n’ivyo dushira imbere y’ibindi, tukabikuramwo umunezero wongerekanye.
Ugutsinda Imyitwarariko Nyamukuru y’Ubuzima
4. Ni ibiki Salomo yihweje anagira ico abivuzeko mu Musiguzi?
4 Salomo yararimbuye aranoganza ‘ivyo abana b’abantu bakora.’ “Nashize umutima wanje ku kuronderesha ubgenge no kubuserangurisha ibikorwa musi y’ijuru vyose.” Mu kuvuga ngo “ibikorwa” Salomo si ngombwa ngo abe yashaka kuvuga akazi canke umurimo, ariko ibintu vyose abagabo n’abagore bakora mu buzima bwabo bwose. (Umusiguzi 1:13) Reka turimbure imyitwarariko canke ibikorwa bimwebimwe bikurubikuru bivugwa, hanyuma maze tugereranye n’ivyo twebwe ubwacu dukora hamwe n’ivyo dushira imbere y’ibindi.
5. Kimwe mu bikorwa bikurubikuru vy’umuntu ni igiki?
5 Vy’ukuri, amahera ni yo ntumbero nyamukuru yo mu myitwarariko n’imirimo vyinshi vy’abantu. Nta n’umwe yovuga atabesha ngo Salomo amahera ntiyari ayanezwe nk’uko abatunzi bamwebamwe bayabona. Yaremeye adahingitanya yuko igitigiri kinaka c’amahera gikenewe; iyo umuntu afise amahera akwiriye ni vyiza kuruta ukubaho nabinabi canke mu bukene. (Umusiguzi 7:11, 12) Mugabo utegerezwa kuba warabonye yuko amahera, hamwe n’ivyo agura, ashobora gucika ryo hangiro rya mbere mu buzima—ku bakene cokimwe no ku batunzi.
6. Ni igiki dushobora kwigira ku vyerekeye amahera dufatiye kuri kimwe mu bigereranirizo Yezu yatanze no ku vyo Salomo yiboneye?
6 Ibuka ikigereranirizo Yezu yatanze c’umugabo w’umutunzi atǐgera ashira inyota yabwo, yakora ngo aronke ibindi. Imana yamuvuze ko ari igipfu. Kuki? Kuko ‘ubuzima bwacu butava ku bintu dutunze.’ (Luka 12:15-21) Ivyo Salomo yiboneye—ngirango vyinshi kuruta ivyo tubona—biremeza ayo majambo Yezu yavuze. Soma indondoro igizwe mu Musiguzi 2:4-9. Salomo yaramaze igihe ahîga amatungo. Yarubatse amazu mezameza aratera n’ubusitani bwizabwiza. Yari ashoboye kwironsa abatambukanyi bezabeza, kandi yarabaronse. None ubutunzi hamwe n’ivyo bwamushoboje kugira vyoba vyaramuzaniye ugushira akanyota, ubuhizi nyabwo hamwe n’insobanuro mu buzima bwiwe? Yarishuye ahishuka ati: “Maze nditegereza ibikorwa vyose amaboko yanje yakoze, bo n’ubutame natamye: kandi rāba, vyose vyabaye ubusa no guhahamira umuyaga, kandi nta nyungu iriho musi y’izuba.”—Umusiguzi 2:11; 4:8.
7. (a) Ivyibonewe vyerekana iki ku biraba agaciro k’amahera? (b) Wewe ubwawe umaze kwibonera ibiki vyemeza insozero Salomo yashitseko?
7 Ivyo nta kwibesha kurimwo, ni ukuri kwibonekeza mu buzima bwa benshi. Ntitwobura kwemera ko ukugira amahera menshi bidaca bishira mu buryo ingorane zose. Vyoshobora gushira mu buryo zimwezimwe, nk’ukworosha ivy’ukuronka imfungurwa hamwe n’ivyambarwa. Ariko umuntu ku ncuro imwe ashobora kwambara ubwoko bumwe bw’impuzu, kandi akagira ikigega kinaka c’ibifungurwa n’ibinyobwa. Kandi woba warasomye ivy’abantu batunze usanga ubuzima bwabo bukubagurwa n’imyahukano, akaborerwe canke ukunywa ibiyayuzi, bakāmanira inzanko n’incuti zabo. Umutunzi w’umunyamamiliyoni ari we J. P. Getty yavuze ati: “Amahera si ngombwa ngo abe azana ubuhirwe. Kumbure azana amagorwa.” Salomo rero ntiyari abuze impamvu nziza y’ugushira ugukunda ifeza mu vy’ubusa. Gereranya ico kirukuri n’ibi Salomo yavuze urabe: “Agatiro k’umunyabikorwa kararyoha, n’iy’ariye bike canke vyinshi: ariko gufunereza kw’umutunzi kumubuza gusinzira.”—Umusiguzi 5:10-12.
8. Ni impamvu nki ihari y’uko tutoha amahera agaciro karenze urugero?
8 Vyongeye amahera n’ibitungano ntibizana uguhera ipfa ku vya kazoza. Iyo ufise amahera menshi n’ibitungano vyinshi, kumbure vyokwongereza amaganya ku vyerekeye ukuntu uri buyakingire, vyongeye kandi ntuba uzi ico ejo buzocana. Woba uzoyahomba yose ukayahombana n’ubuzima bwawe? (Umusiguzi 5:13-17; 9:11, 12) Ko biri ukwo, ntibikwiye kugora kubona igituma ubuzima bwacu canke ivyo dukora bikwiye kugira insobanuro yisumbuye kandi iramba, kuruta amahera hamwe n’ibitungano.
Urugo, Ukuratwa, n’Ububasha
9. Ni kuki ubuzima bwo mu rugo vyari bikwiriye ko buvugwa mu mwihwezo wa Salomo?
9 Umwihwezo Salomo yagize ku buzima warimwo n’ivy’ukwitwararika urugo. Bibiliya iravuga ivy’ubuzima bwo mu rugo, tutibagiye umunezero w’ukugira n’ukurera abana. (Itanguriro 2:22-24; Zaburi 127:3-5; Imigani 5:15, 18-20; 6:20; Mariko 10:6-9; Abanyefeso 5:22-33) None iyo wumva, uwo ni wo muce nyawo w’ubuzima? Bisa n’uko benshi ari vyo biyumvira, baravye ukuntu mu mico kama imwimwe hashimikirwa ku kwubaka urugo, kugira abana n’ubucuti bwa kiryango. Yamara mu Musiguzi 6:3 haranga yuko no kugira abana ijana atari rwo rupfunguzo rw’ugushira akanyota mu buzima. Ibaze ukuntu abavyeyi batari bake bigoreye rwose abana babo kugira babashingire intango nziza kandi ngo batume ubuzima bwabo buba ubworoshe gusumba. Naho ivyo ari vyiza, nta gukêka Umuremyi wacu ntiyashaka ko ihangiro nyamukuru mu kubaho kwacu riba uguhêreza ubuzima iyaruka rikurikira vyonyene, nk’uko ibikoko bibigenza kw itima gusa, kugira ubwoko bwavyo ntibuzimangane.
10. Ni kubera iki ukwitwararika urugo kurenze urugero guheza kukaba ubusa?
10 Salomo hariho ibintu biba yashize ahabona vyerekeye ubuzima bwo mu rugo. Nk’akarorero, umugabo ashobora gushimikira ku vy’ukuronsa abana biwe n’abuzukuru biwe ivyo bakeneye. Ariko ubwo bazogaragara ko ari ab’ubwenge? Canke bazoba ibipfu mu vyo yinanatiye kubarundira? Mbega yemwe bino bishitse, ese ukuntu ivyo vyoba ari “ubusa, [bikaba] n’ibara.”—Umusiguzi 2:18-21; 1 Abami 12:8; 2 Ngoma 12:1-4, 9.
11, 12. (a) Bamwe bishinze ibikurikirano biki mu buzima? (b) Ni kuki twovuga ko ukurondera ukuba uw’imbere ari “[u]guhahamira umuyaga”?
11 Ku wundi mubari, hari abo ubuzima bwabo busanzwe bwo mu rugo babwononeye ku gukurikirana ukuratwa canke ukugira ububasha ku bandi. Iryo rishobora kuba ari ikosa rigwiriye mu bantu b’abagabo. Ivyo woba umaze kubibona mu bo mwigana, mu bo mukorana canke mu babanyi? Abatari bake baragwa bavyuka umutima utari mu nda ngo babonwe, ngo babe abahayagizwa, canke ngo bagire ubukuru ku bandi. Ariko none mu vy’ukuri ivyo bigira ico bisobanuye gute?
12 Iyumvire ukuntu bamwe bagiganira ugucika rurangiranwa, haba ahatoyi canke ahanini. Ivyo turabibona mu mashure, mu kibano turimwo, no mu migwi itari imwe y’abari hamwe. Iyo kandi ni inguvu nsunitsi mu bashaka gucika abamenyekane mu vy’utugenegene, ukwisamaza, no mu vya politike. Mugabo none ahanini ako si akigoro k’ubusa? Ivyo Salomo ntiyahushije mu kuvyita “guhahamira umuyaga.” (Umusiguzi 4:4) Naho uwukiri muto yoba yabaye uw’imbere mw ikerěbu (umuhari), mw ikipe y’inkino, canke mu mugwi ncuraranzi—canke umugabo kibure umugore munaka akaba yaronse ivugangwa mw ikompanyi yinaka canke mu bo babana—mu vy’ukuri ivyo bimenywa n’abangana iki? None abantu benshi bo ku rundi ruhande rw’umubumbe (canke mbere bo muri nya gihugu nyene) ubwo baramenya ko uwo muntu abaho? Canke boba gusa babandanya kwiberaho batazi namba ukumenyekana gukeyi nya muntu afise? Ni na vyo nyene twovuga ku bubasha canke ku bukuru umuntu ashikira ku kazi, mu gisagara canke mu mugwi w’abantu.
13. (a) Umusiguzi 9:4, 5 hadufasha hate kugira imbono y’ibintu ibereye ku vyo kugwa umuntu avyuka ngo abe uw’imbere canke agire ububasha? (b) Ni ibirukuri biki dukwiye guhangana na vyo niba ubuzima bwose buriho butarenga ubu? (Raba akajambo k’epfo.)
13 Ukuba imbere canke ubukuru mwen’ubwo impera n’imperuka bivamwo iki? Nk’uko iyaruka rimwe rigenda irindi rikaza, abantu bari imbere canke abanyabubasha bararengana bakavaho, bakibagiranwa. Ni vyo bishikira abubatsi, abanyamuziki n’abandi banyatugenegene, abahindurabintu mu vy’ikibane, n’abandi, nk’uko bigendera abanyapolitike benshi n’indongōzi nyinshi zo mu vya gisirikare. Muri ivyo bikorwa vyose, ni abantu abahe woba uzi babayeho hagati y’imyaka y’1700 n’1800? Salomo ntiyihenze mu kubipima avuga ati: “Imbga ibona iruta intambge ipfuye. Ereg’abariho baba bazi ko bazopfa; arikw abapfuye nta co baba bakizi, . . . kuko kwibukwa kwabo kuba kwaramaze kwibagirana.” (Umusiguzi 9:4, 5) Nayo ubuzima bwose buriho nibwaba butarenga ubu, umuntu kugwa avyuka arondera kuba uw’imbere canke ngo aronke ububasha, mu vy’ukuri ni ubusa.a
Ikintu Tugira Gikuru Hamwe n’Ivyo Tubwirizwa
14. Ni kuki igitabu c’Umusiguzi gikwiye kudufasha twebwe ubwacu?
14 Hariho imirimo, amahangiro, n’ibinezereza vyinshi Salomo ata co yabivuzeko, ivyo usanga abantu bitwararika cane mu buzima bwabo. Yamara, ivyo yanditse birahagije. Ukurimbura ico gitabu kwacu si ngombwa ngo guse n’ugutera umubabaro canke kwihebuza, kuko tuba twihweje igitabu ca Bibiliya Yehova Mana yahumetse abishaka kugira kitwungure. Kirashobora gufasha umwumwe muri twebwe kugira tugorore ukuntu tubona ibintu ku vy’ubuzima hamwe n’ico dukwiye kwitwararika cane. (Umusiguzi 7:2; 2 Timoteyo 3:16, 17) Ivyo ni ko canecane bimeze uravye insozero Yehova yafashije Salomo gushikako.
15, 16. (a) Salomo yabona gute ivyerekeye ukunezererwa ubuzima? (b) Ni igiki Salomo yavuze ko gikenewe kugira umuntu anezererwe ubuzima?
15 Iciyumviro Salomo yagumye avyura cari uko abasuku b’Imana y’ukuri bakwiye kuronkera umunezero mu mirimo yabo imbere y’Imana. “Ndazi yukw ata kintu kibagirira ikimazi kuruta kunezerwa no gukora ivyiza imisi yose bakiriho; kand’ikindi, yuk’ubuntu bg’Imana ar’uk’umuntu wese yorya, akanywa, akanezererwa ivyiza mu butame bgiwe bgose.” (Umusiguzi 2:24; 3:12, 13; 5:18; 8:15) Urabona ko Salomo atariko aremesha ukudandahirwa; eka mbere ntiyariko ashigikira agatima ka ‘Nitwirire, twinywere, tunezerwe, kuko ejo tuzopfa.’ (1 Ab’i Korinto 15:14, 32-34) Yashaka kuvuga ko dukwiye kuronkera umunezero mu binezerezo bisanzwe, nk’ukurya n’ukunywa, twongera ‘dukora iciza mu buzima bwacu.’ Ivyo nta guharira bica bishimikiriza ubuzima bwacu ku kugomba kw’Umuremyi, we yerekana iciza vy’ukuri ico ari co.—Zaburi 25:8; Umusiguzi 9:1; Mariko 10:17, 18; Abaroma 12:2.
16 Salomo yanditse ati: “Ni wīgīre, wīrīre ivyo kurya vyawe unezerewe, winywere vino yawe n’umutima uhimbawe; kukw Imana imaze kwemera ibikorwa vyawe.” (Umusiguzi 9:7-9) Egome, umugabo canke umugore afise vy’ukuri ubuzima butunze kandi bwuzuriza arashiruka ubute mu bikorwa Yehova ashima. Ivyo bidusaba kwama tumwibuka. Ese ukuntu ukwo kubona ibintu gutandukanye n’ukw’abantu benshi ubuzima baburaba bishimikije ukwiyumvira kw’abantu!
17, 18. (a) Abantu benshi bifata gute imbere y’ibintu bishika mu buzima? (b) Ni umwanzuro muki dukwiye kwamiza mu muzirikanyi?
17 Naho amadini amwamwe yigisha ibizokurikira, abantu benshi baremera yuko ubu buzima ari bwo gusa vy’ukuri bashobora kwemera badakekeranya. Hari aho woba umaze kubabona bifata nk’uko Salomo yabidondoye, ngo: “Urubanza rw’igikorwa kibi naho ruciwe, ntiruherahezwa vuba, ni co gituma imitima y’abana b’abantu ihangara gukora ikibi.” (Umusiguzi 8:11) N’abo batadwebera mu bikorwa bibibibi bararanga yuko bitwararika canecane ivy’ubu. Ico ni co gituma amahera, ibitungano, iraha, ubukuru ku bandi, urugo, canke ibindi vyitwararikwa mwen’ivyo, babigira ibihambaye bakarenza urugero. Ariko rero Salomo iciyumviro ntiyagisize aho. Yongeyeko ati: “Nah’umunyavyaha yokora ikibi ibihetangabo ijana, akaramba cane, yamara ndazi kw abubaha Imana ari bo bazoba amahoro, abayubaha bari mu nyonga zayo; ariko nta mahoro azoba ku munyakibi, kand’imisi yiwe ntazoyirambiramwo, imeze nk’igitūtu; kukw atubaha Imana ari mu nyonga zayo.” (Umusiguzi 8:12, 13) Salomo yari yarajijutse ko tuzogenderwa neza ‘twubashe Imana y’ukuri.’ Neza gute? Turashobora gutorera inyishu mu mpushanyo yagize. Yehova arashobora ‘kurambisha imisi yacu.’
18 Abakiri nka batoyi, bakwiye canecane kuzirikana ikirukuri ntabanduka co kwizigirwa, c’uko bazogenderwa neza bubashe Imana. Nk’uko wewe ubwawe ushobora kuba umaze kubibona, umwirutsi karutabose ashobora gutsitara akagwa, akava mw ihiganwa. Ingabo z’ububasha zishobora gutsindwa impaga. Umudandaji w’inkerebutsi ashobora gusanga agiye mu bukene. Kandi ibindi bintu vyinshi bitera amakenga biratuma ubuzima kazoza kabwo katamenyekana. Ariko ibi ushobora kuvyemera udakeka: Ingendo irushirije kuba ndangabwenge na ntamakenga ni ukwinovora ubuzima wongera ukora iciza wisunze amateka Imana yashinze y’ivy’ukwigenza runtu kandi ukurikiza ukugomba kw’Imana. (Umusiguzi 9:11) Ivyo birimwo ukwiga muri Bibiliya ukugomba kw’Imana ukwo ari kwo, tukayegurira ubuzima bwacu, hanyuma tugacika Abakirisu babatijwe.—Matayo 28:19, 20.
19. Abakiri bato bashobora gukoresha gute ubuzima bwabo, ariko ingendo iranga ubwenge ni iyihe?
19 Umuremyi ntaho azohata abakiri bato canke abandi ngo bakurikire uburongozi bwiwe. Bashobora kuja mu vy’ugukurikirana ivyigwa, kumbure bagacika abatohoji b’ibitabu bitagira igitigiri vy’ubwenge bw’umuntu, bakabigira ubuzima bwabo bwose. Ivyo amaherezo bigaragara yuko biruhisha umubiri. Canke bashobora kugendera mu nzira z’umutima wabo munyamakemwa canke bagakurikira ibikwegamaso. Ivyo nta kindi bizozana atari ubudurumbane, kandi ubuzima bamaze muri ivyo mu nyuma bukagaragara ko ari ubusa busa. (Umusiguzi 11:9–12:12; 1 Yohana 2:15-17) Ni co gituma Salomo atera akamo abakiri bato—akamo dukwiye kurimbura ata gukina, twaba tumaze imyaka ingana iki: “Wame wibuka Umuremyi wawe mu misi y’ubusore bgawe, imisi mibi itaraza, igihe kitarashika, ah’uzovuga, uti Nta kikinnezereza.”—Umusiguzi 12:1.
20. Ni imbono y’ibintu nki iri ku rugero dusanga mu Musiguzi?
20 None dusozerere ku riki? Mbega tuvuge iki ku vyerekeye ya nsozero Salomo yashikako? Yarabonye, canke arihweza, “ibikorwa vyose bikorerwa musi y’izuba; [asanga] vyose ar’ubusa, ar’uguhahamira umuyaga.” (Umusiguzi 1:14) Mu gitabu c’Umusiguzi ntidusangamwo amajambo y’umuntu abona ibintu nabi canke yijiriwe. Ni amajambo ari mw Ijambo ryahumetswe n’Imana kandi akwiriye ko tuyarimbura.
21, 22. (a) Imice y’ubuzima Salomo yarimbuye ni iyihe? (b) Yashitse ku nsozero nyabaki? (c) Ukwihweza ibiri mu Musiguzi kwagize iki kuri wewe?
21 Salomo yarihwejeje ugucumukura kw’umuntu, ukugwa avyuka, hamwe n’ivyipfuzo agira. Yarazirikanye ukugene ibintu bihinduka ukundi atari uko vyari bisanzwe, ingaruka nterashavu y’ubusabusa ishikira abantu benshi cane. Yararimbuye kandi mu binyakuri amakemwa y’umuntu hamwe n’urupfu ruvamwo. Yaranarimbuye ubumenyi Imana yatanze ku vyerekeye uko abapfuye bamerewe hamwe n’ibizigizigi vy’uko hobaho ubuzima bwa kazoza. Ivyo vyose vyarimbuwe n’umuntu yari n’ubwenge bwongerejwe n’Imana, egome, umwe mu banyabwenge barushirije bigeze kubaho. Maze insozero yashitseko yarashizwe mu Vyanditswe Vyeranda kugira bigire ico vyunguye aboshaka bose ubuzima buri n’insobanuro vy’ukuri. Ntidukwiye kuvyemera none?
22 “Vyose vyarumviswe: indunduro yavyo n’iyi: Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo [bibwirizwa] rwose umuntu wese. Kukw Imana izoshira igikorwa cose mu rubanza, bo n’ikintu cose gihishijwe, ari kibi ari ciza.”—Umusiguzi 12:13, 14.
[Akajambo k’epfo]
a Umunara w’Inderetsi warigeze gutanga iyi nsasanuro irimwo uguca mu kajisho: “Ntidukwiye kwononera ubu buzima ku bintu vy’ubusabusa . . . Niba ubuzima bwose buhari butarenga ubu, nta kintu gihambaye kiriho. Ubu buzima bumeze nk’umupira uterewe mu kirere yamara bidatevye ugasubira gukorokera hasi. Ni igitûtu kinyika buyaga, ishurwe riyāma, icatsi gicibwa hanyuma vuba kikagangara. . . . Ku munzane w’ubuhoreho ikiringo ubuzima bwacu bumara ni akagorodonzi ata co kavuze. Uko igihe kirengana, ikiringo bumara ntikinaruha kingana n’ima riboneka. Si ivyoharīrwa, [Salomo] ntiyihenze mu gusubira kwihweza ibintu abantu bitwararika hamwe n’imirimo yabo uko ari vyinshi mu buzima, hanyuma akavyita ko ari ubusa. Mu nyuma turavaho ukamenga ntitwigeze tubaho, tukaba umwe mu mamiliyaridi baza hanyuma bakavaho, ivy’uko twoba twarigeze kubaho bikamenywa na bake cane. Ukubona ibintu muri ubwo buryo si ukubivuga nabi canke kubitwikira umwiza canke umufyiri canke umukorane. Ni vyo, ni ikirukuri duhangana na co, ukubona ibintu kunyakimazi, niba ubuzima bwose buriho butarenga ubu.”—15 Ruhuhuma 1958, urupapuro 58 (mu Gifaransa).
Mbega Uravyibuka?
◻ Ibitungano wobipimira ikibanza nyabaki mu buzima bwawe bimwe biranga urwevu?
◻ Urugo, ukuratwa canke ukugira ubukuru ku bandi, ni kuki tudakwiye kuvyitwararika mu buryo butabereye?
◻ Salomo yaremesheje ukugira inyifato iyihe nyibangamana ku vyerekeye ukwinezereza?
◻ Wewe wungukiye gute ku kurimbura igitabu c’Umusiguzi?
[Amafoto ku rup. 15]
Amahera n’ibitungano ntibizana uguhera ipfa
[Ifoto ku rup. 17]
Abakiri bato barashobora gushira amazinda ko bazogenderwa neza mu gihe bubashe Imana