ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/11 rup. 17-rup. 20 ing. 8
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Indirimbo ya Salomo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Indirimbo ya Salomo
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • NTIMUGERAGEZE “KUVYURA URUKUNDO MURI JEWE”
  • (Indirimbo ya Salomo 1:1–3:5)
  • “MUGOMBERA IKI KWITEGEREZA UMUSHULAMUKAZI?”
  • (Indirimbo ya Salomo 3:6–8:4)
  • ‘URUBEYA RW’UHORAHO’
  • (Indirimbo ya Salomo 8:5-14)
  • Urukundo rudahera rwoba rushoboka?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Amasigarira asa na wa Mushulamukazi
    Ririmbira Yehova amashemezo
  • Akarorero wokwigana—Wa Mushulamukazi
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Wa Mushulamukazi ni akarorero dukwiye kwigana
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/11 rup. 17-rup. 20 ing. 8

Ijambo rya Yehova ni rizima

Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Indirimbo ya Salomo

“NK’IKIRUNGU mu mahwa ni k’umukunzi wanje ameze mu bandi bakobga”. “Nk’igiti c’icungwa mu bindi biti vyo mw ishamba ni k’umukunzi wanje ameze mu bandi basore”. “Uyu ni nde arunguruka ameze nk’umutwenzi utambitse, . . . mwiza nk’ukwezi, akayangana nk’izuba?” (Indirimbo ya Salomo 2:2, 3; 6:10) Ese ukuntu ayo majambo yo mu gitabu ca Bibiliya c’Indirimbo ya Salomo aryoshe cane! Ico gitabu cose ni icese kirimwo amajambo atekeye insobanuro ikomeye cane kandi meza rwose ku buryo citwa “indirimbo y’agaheta”.​—Indirimbo ya Salomo 1:1.

Iyi ndirimbo, iyatunganijwe n’Umwami Salomo wa Isirayeli ya kera nko mu 1020 B.G.C., aho hakaba hari mu ntango ya ya myaka 40 yamaze ku ngoma, ni inkuru ivuga ivy’urukundo rw’umusore umwe w’umwungere n’umwigeme umwe wo mu rutoke w’Umushulamukazi. Mu bandi bavugwa muri ico cese harimwo nyina w’uyo mwigeme, basaza we, “abakobga b’i Yerusalemu [ari bo bagore bakorera ku kirimba]”, hamwe n’“abakobga b’i Siyoni [ari bo bagore b’i Yeruzalemu]” (Indirimbo ya Salomo 1:5; 3:11). Biragora umusomyi wa Bibiliya kumenya neza abagenda barafata ijambo bose muri iyo Ndirimbo ya Salomo abo ari bo, mugabo mu gihe arimbuye ivyo bavuga canke ivyo bababwira, arashobora kubamenya.

Kubera ko Indirimbo ya Salomo ari igihimba c’Ijambo ry’Imana, ubutumwa buri muri yo burafise agaciro kanini cane kubera impamvu zibiri (Abaheburayo 4:12). Ubwa mbere, iratwigisha ico ari co urukundo nyakuri hagati y’umugabo n’umugore. Ubwa kabiri, iyo ndirimbo irerekana ubwoko bw’urukundo ruri hagati ya Yezu Kirisitu n’ishengero ry’abakirisu basizwe.​—2 Ab’i Korinto 11:2; Abanyefeso 5:25-31.

NTIMUGERAGEZE “KUVYURA URUKUNDO MURI JEWE”

(Indirimbo ya Salomo 1:1–3:5)

“N’unsomeshe ugusomana kw’akanwa kawe: kuk’urukundo rwawe ari rwiza kurusha vino” (Indirimbo ya Salomo 1:2). Ikiganiro kiri mu Ndirimbo ya Salomo gitangurwa n’ayo majambo y’umwigeme wo mu rutoke yicisha bugufi, azanwa ahantu Salomo acumbitse. Uti none yahashitse gute?

Avuga ati: “Abahungu ba mama bārandakiye, banzigamishije imirima y’imizabibu”. Basaza we baramushavurira kubera ko umusore w’umwungere akunda yamutumiye ngo bajane gutembera ku musi umwe uhimbaye cane wo ku mpeshi. Kugira ngo bamubuze kugenda, bamushinze kurinda “utubgebge duto-duto twonona imirima y’imizabibu”. Ico gikorwa kimushikana hafi y’aho Salomo akambitse. Abantu barabona ubwiza bwiwe igihe amanutse “mu murima w’ibiyōba”, maze bagaca bamuzana aho Salomo akambitse.​—Indirimbo ya Salomo 1:6; 2:10-15; 6:11.

Igihe uwo mwigeme aseruye icipfuzo gikomeye afise co kubona umwungere mukundwa wiwe, abagore bakorera ku kirimba baca bamubwira ngo ‘ajane inzira y’ibitungwa’ amurondere. Ariko Salomo ntamwemerera kugenda. Mu guserura ukuntu amushima kubera ubwiza bwiwe, amusezeranira “ibitsibo vy’izahabu . . . birimwo intabonwa z’ifeza”. Yamara uwo mwigeme ivyo nta co bimubwira. Wa musore w’umwungere arinjira aho Salomo akambitse, akabona uwo mwigeme, maze agaca avuga n’ijwi rirenga ati: “Ereg’uri mwiza, mukunzi wanje, n’ukuri uri mwiza pe”. Nya mwigeme aca yihanikiriza abagore bakorera ku kirimba ati: “Ntimugerageze gukangura canke kuvyura urukundo muri jewe imbere y’uko ruvyipfuza”.​—Indirimbo ya Salomo 1:8-11, 15; 2:7; 3:5, gereranya na NW.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

1:2, 3​—Ni kubera iki kwibuka urukundo wa musore w’umwungere yamugaragarije bimeze nka vino, izina ryiwe na ryo rikamera nk’amavuta? Nka kurya nyene vino inezereza umutima w’umuntu, gusukwa amavuta ku mutwe na vyo bigatuma yumva yorohewe, kwibuka urukundo rw’uwo musore be n’izina ryiwe vyarakomeza uwo mwigeme bikongera bikamuhumuriza (Zaburi 23:5; 104:15). Abakirisu b’ukuri, na canecane abasizwe, na bo nyene barakomezwa bakongera bakaremeshwa no kuzirikana ku rukundo Yezu Kirisitu yabagaragarije.

1:5​—Ni kubera iki uwo mwigeme wo mu rutoke agereranya ubwirabure bwiwe n’“amahema y’i Kedari”? Ubwoya bw’impene, igihe bwaba bwajishwemwo impuzu canke ikindi kintu, wasanga bukoreshwa muri vyinshi (Guharūra 31:20). Nk’akarorero, “impuzu [zo] mu bushenza bg’impene” zarakoreshejwe mu gukora “ihema ryo hejuru ryo gupfuka . . . ihema ry’imbere” ni ukuvuga rya hema ry’ibonaniro (Kuvayo 26:7). Nk’uko biri ku mahema y’abitwa aba Bédouins muri iki gihe, amahema y’i Kedari birashoboka rwose ko yoba yari akozwe mu bwoya bw’impene bwirabura.

1:15​—Uwo musore w’umwungere aba ashaka kuvuga iki igihe avuga ngo “amaso yawe asa n’[ay’]inuma”? Uwo musore w’umwungere aba ariko avuga yuko amaso y’uwo mukobwa bakundana yoroshe kandi aremvye nk’uko ay’inuma usanga ameze.

2:7; 3:5​—Ni kubera iki abagore bakorera ku kirimba barahizwa “ku ngeregere no ku mpongokazi vyo mw ishamba”? Ingeregere n’impongokazi zirashimwa cane kubera ukuntu ziteye be n’ubwiza bwazo. Mu bisanzwe, uwo mwigeme w’Umushulamukazi ariko ararahiza abagore bakorera ku kirimba afatiye ku kintu cose kimeze neza canke ciza kugira ngo ntibagerageze kuvyura urukundo muri we.

Ivyigwa tuhigira:

1:2; 2:6. Amajambo yisoneye y’urukundo yoshobora kuba abereye gukoreshwa mu gihe co kureshanya. Ariko rero, umusore n’inkumi barakwiye kuraba neza ko ayo majambo ari ayaserura urukundo nyakuri ntabe ayaserura ivyipfuzo bihumanye, ibishobora kubashikana ku gukora ivy’ubuhumbu.​—Ab’i Galatiya 5:19.

1:6; 2:10-15. Basaza b’uwo Mushulamukazi ntibamwankiye kujana n’umukunzi wiwe ahantu ha bonyene mu misozi babitumwe n’uko uwo mushiki wabo yoba yari igihumbu canke ko yoba yari afise imvo zitabereye. Ahubwo nyabuna, bafashe iyo ngingo kugira ngo bamukingire kuja mu bintu vyohava bimushikana mu nyosha mbi. Icigwa abariko barareshanya bohakura ni ic’uko bakwiye kwirinda kuba bari ahantu ha bonyene.

2:1-3, 8, 9. Naho uwo mwigeme w’Umushulamukazi yari mwiza, yarifata ruto, akabona ko ameze gusa nk’“ishurwe rya habaseleti ry’i Sharoni”, iryo rikaba ryari ishurwe abantu bari basanzwe bamenyereye. Kubera ubwiza bwiwe n’ukudahemuka kwiwe kuri Yehova, wa musore w’umwungere yamubona ko ari nk’“ikirungu mu mahwa”. Uwo musore wewe yodondorwa gute? Kubera ko yari mwiza, kuri uwo mwigeme yasa n’“ingeregere”. Vyongeye, ategerezwa kuba yari umuntu afise ukwizera kandi yibanda kuri Yehova. Uwo mwigeme avuga ati: “Nk’igiti c’icungwa [igitanga igitutu be n’ivyamwa] mu bindi biti vyo mw’ishamba ni k’umukunzi wanje ameze mu bandi basore”. Ntubona none ko ukwizera n’ukwibanda ku Mana ari kamere umuntu yorondera mu wo yipfuza ko bazokwubakana?

2:7; 3:5. Uwo mwigeme wo mu rutoke ntiyiyumvamwo Salomo ku buryo yomukunda. N’ikindi kandi, yarihanikirije abagore bakorera ku kirimba kutagerageza kumuvyurira umutima wo gukunda uwundi muntu n’umwe atari wa musore w’umwungere. Ntibishoboka, eka kandi ntibibereye, ko umuntu akundana n’uwo ari we wese. Umukirisu atarubaka yoba yipfuza kwubaka urwiwe akwiye kurondera kwubakana gusa n’umusavyi wa Yehova w’intahemuka.​—1 Ab’i Korinto 7:39.

“MUGOMBERA IKI KWITEGEREZA UMUSHULAMUKAZI?”

(Indirimbo ya Salomo 3:6–8:4)

Hari ikintu “[ki]dūga [ki]vuye mu bugaragwa [ki]meze nk’umwotsi upfunduka nk’inkingi” (Indirimbo ya Salomo 3:6). Ni igiki abagore b’i Yeruzalemu babona igihe basohotse hanze kuraba? Emwe, babona Salomo n’abagendanyi biwe bagarutse mu gisagara! Kandi uwo mwami azanana na wa mwigeme w’Umushulamukazi.

Wa musore w’umwungere, yakurikiye uwo mwigeme maze bidatevye araronka akaryo ko kumubona. Igihe uwo musore ariko aramusubiriza umutima mu nda ku bijanye n’urukundo amufitiye, uwo mwigeme aca aserura icipfuzo afise co kuva muri ico gisagara mu kuvuga ati: “Hinge nīgīre ku musozi ubakw isenga, no ku gasozi kabakw imibavu, igihe ca ni musi kitarashika, ibitūtu vyo ku kirengazuba bitarazimangana”. Aratumira uwo mwungere ngo “aze mu murima wiwe, arye ivyiza vyiwe vyamye muri wo”. Uno na we yishura ati: “Ndashitse mu murima wanje, mushikanje, mugeni wanje”. Abagore b’i Yeruzalemu barababwira bati: “Ni murye, bagenzi, ni munywe, mbere ni munywe muhimbishwe n’urukundo”.​—Indirimbo ya Salomo 4:6, 16; 5:1.

Wa mwigeme w’Umushulamukazi, amaze kwiganira abagore bakorera ku kirimba indoto yiwe imwe, aca ababwira ati: “Urukundo ru[ra]nshābije”. Bamubaza bati: “Umukunzi wawe mbeg’arusha iki abakunzi b’abandi?”. Yishura ati: “Umukunzi wanje ar’inzobe y’ikimuri, agenderana amaraso mu maso, n’akarangabgami mu bantu ibihumbi cumi” (Indirimbo ya Salomo 5:2-10). Ku majambo Salomo avuga amuhayagiza bimwe vy’akaburarugero, uwo mwigeme yishurana ukwicisha bugufi ati: “Mugombera iki kwitegereza Umushulamukazi?” (Indirimbo ya Salomo 6:4-13). Kubera ko umwami abona yuko ako ari akaryo kotuma uwo mwigeme amukunda, emwe aca arenzako mu kumuhayagiza! Ariko rero, uwo mwigeme aguma ashikamye ku rukundo afitiye wa musore w’umwungere. Ngo akanse uraheba, amaherezo Salomo arareka uwo Mushulamukazi akitahira.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

4:1; 6:5​—Ni kubera iki imishatsi y’uwo mwigeme igereranywa n’“umukuku w’impene”? Iyo mvugo ngereranyo yerekana ko imishatsi yiwe yakayangana kandi ikaba ivyibushe, nka kurya kw’ubwoya bw’impene bwirabura.

4:11​—Kuba ‘iminwa y’Umushulamukazi itonyanga umutsama’, ‘ubuki n’amata’ na vyo bikaba ‘biri munsi y’ururimi rwiwe’ bisobanura iki? Ubuki bw’umutsama buraryoshe cane kandi burasosa cane kurusha ubuki bwayagishijwe. Iyo mvugo ngereranyo be n’iciyumviro c’uko ubuki be n’amata vyari munsi y’ururimi rw’uwo mwigeme, birashimika ku kuntu amajambo y’uwo Mushulamukazi yari meza kandi ahimbaye.

5:12​—Amajambo avuga ngo “amaso yiwe ameze nk’inuma ziri ku migezi, [zi]tyorowe n’amata”, ashaka kuvuga iki? Uwo mwigeme ariko avuga ibijanye n’amaso asa neza y’umukunzi wiwe. Kumbure, akoresheje imvugo nyuramatwi, ariko avuga kirya gice cirabura c’ijisho gikikujwe n’icera vy’amaso y’umukunzi wiwe, akabigereranya n’inuma zifise ibara ry’ubururu rivanze n’irigomba kwirabura ziriko zogera mu mata.

5:14, 15​—Ni kubera iki intoke n’amaguru vy’uwo mwungere bidondorwa gutyo? Biboneka ko wa mwigeme ariko aravuga ko intoke z’uwo mwungere zimeze nk’utuyogoyogo tw’izahabu, inzara ziwe na zo nk’utubuyenge twitwa tarushishi. Agereranya amaguru y’uwo mwungere n’“inkingi zabājwe mu mabuye yitwa marimari” kubera ko akomeye kandi akaba meza.

6:4​—Ni kubera iki uwo mwigeme agereranywa n’igisagara ca “Tirusa”? Ico gisagara c’i Kanani cigaruriwe na Yosuwa, maze inyuma y’igihe ca Salomo kiba umurwa mukuru wa mbere wa bwa bwami bwa Isirayeli bwo mu Buraruko bwari bugizwe n’imiryango cumi (Yosuwa 12:7, 24; 1 Abami 16:5, 6, 8, 15). Igitabu kimwe kivuga giti: “Biboneka ko ico gisagara gitegerezwa kuba cari ciza cane, ivyo bikaba vyoca bisigura igituma kivugwa ngaha”.

6:13​—‘Ukwiyereka kw’i Mahanayimu’ ni iki? Iyo mvugo irashobora kandi guhindurwa ngo “intambo y’amakambi abiri”. Igisagara citwa Mahanayimu cari ku ruhande rwo mu Buseruko bw’uruzi Yorodani, hafi y’umwonga wa Yaboki (Itanguriro 32:2, 22; 2 Samweli 2:29). ‘Ukwiyereka kw’i Mahanayimu’ gushobora kuba kwerekeza ku ntambo yinaka yatambwa muri ico gisagara mu gihe c’umusi mukuru.

7:4​—Ni kubera iki izosi ry’uwo mwigeme w’Umushulamukazi, Salomo arigereranya n’“umunara wubakishijwe amahembe y’inzovu”? Imbere y’aho, Salomo yari yahayagije uwo mwigeme ati: “Izosi ryawe rimeze nk’umunara wa Dawidi” (Indirimbo ya Salomo 4:4). Umunara ni muremure kandi ntuba wagutse cane, ihembe ry’inzovu na ryo rikaba rinyerera. Salomo aratamarira akazosi karemvye k’uwo mwigeme.

Ivyigwa tuhigira:

4:1-7. Uwo Mushulamukazi, naho atari atunganye, yarerekanye ko ata gasembwa afise mu vy’inyifato runtu mu kunanira ivyo Salomo yakora amuryosharyosha. Rero, inkomezi zamufasha kwigenza runtu zatumye ubwiza bwiwe bwo ku mubiri burushiriza kuba ubukwegera. Ukwo ni ko bikwiye kuba biri no ku bakenyezi bakirisu.

4:12. Nka kurya kw’ubusitani bwiza bukikujwe n’uruzitiro canke uruhome umuntu ashobora kubwinjiramwo gusa aciye mw’irembo ryugarwa, umwigeme w’Umushulamukazi ntiyemera gukundana n’umuntu uwo ari we wese kiretse uwobaye umunega wiwe. Ese ukuntu ako ari akarorero keza ku bakirisu batarubaka!

‘URUBEYA RW’UHORAHO’

(Indirimbo ya Salomo 8:5-14)

Igihe basaza b’uwo Mushulamukazi bamubonye agarutse i muhira, babaza bati: “Mbeg’uriya mugeni ni nde adūga avuye mu bugaragwa, yegamiye umukunzi wiwe?”. Igihe gitoyi imbere y’aho, umwe muri bo yari yavuze ati: “Namb’ameze nk’uruzitiro rw’amabuye tuzomwubakak’umutara w’ifeza. Namb’ameze nk’umuryango tuzomukingishiriza imbaho z’amasederi”. Ubu rero, ko urukundo rw’uwo Mushulamukazi rwamaze kugeragezwa rugatsinda, avuga ati: “Jeho nd’uruzitiro rw’amabuye, kand’amabere yanje ni yo minara yarwo: mu maso y’umugabo wanje mmeze nk’ūronse amahoro”.​—Indirimbo ya Salomo 8:5, 9, 10.

Urukundo nyakuri ni ‘urubeya rw’Uhoraho’. Kubera iki? Kubera ko mwene urwo rukundo rukomoka kuri Yehova. Ni we yadushizemwo ubushobozi bwo gukunda. Urukundo ni urubeya rururumba umuntu adashobora kuzimya. Indirimbo ya Salomo irerekana mu buryo bwiza cane yuko urukundo hagati y’umugabo n’umugore rushobora kugira “inkomezi [zidahera] nk’urupfu”.​—Indirimbo ya Salomo 8:6.

Indirimbo y’agaheta ya Salomo irongera ikadufasha gutahura ubucuti buri hagati ya Yezu Kirisitu be n’abagize “umugeni” wiwe wo mw’ijuru (Ivyahishuriwe 21:2, 9). Urukundo Yezu akunda abakirisu basizwe rurarengeye urukundo rwose ruri hagati y’umugabo n’umugore. Abagize umugwi w’uwo mugeni ntibadohoka mu kuyobokera Imana kwabo. Yezu, abitumwe n’urukundo, yaratanze ubuzima bwiwe no ku bw’“izindi ntama” (Yohana 10:16). Ku bw’ivyo rero, abasenga b’ukuri bose barashobora kwigana akarorero k’Umushulamukazi k’urukundo be n’ukuyoboka bidahemuka.

[Ifoto ku rup. 18]

Indirimbo ya Salomo itwigisha kurondera iki mu wo tuzokwubakana?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika