ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/1 rup. 18-23
  • Nidukorane na ya Nderetsi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nidukorane na ya Nderetsi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukurema Ibice kwa Babiloni
  • Ihanga ry’Ivyabona
  • “Umushibamyi” Ari Maso
  • Ugutyororwa uko Bukeye uko Bwije
  • Ubayeho ku bw’Iki Gihe Canke ku bwa Kazoza Gahoraho?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Ca gisagara gikomeye gitikizwa
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/1 rup. 18-23

Nidukorane na ya Nderetsi

“Mwami, nama nirirwa mpagaze ku munara wo gushibamako [“w’inderetsi,” “NW”], kandi ngakesha ijoro ku rubu rwanje.”​—YESAYA 21:8.

1. Ni imihango ihambaye iyihe Yehova ubwiwe ashingira intahe?

YEHOVA ni we Mushingamigambi Mukuru. Wa mumarayika w’umugarariji yacika Shetani ya Diyabule ntaco ashoboye gukora kugira ngo atangire umugambi w’Imana uhambaye wo kuninahaza izina ryayo bwite no gushinga ingoma y’Ubwami y’ubuninahazwa kw’isi y’iparadizo. (Matayo 6:9, 10) Mu gihe c’iyo nganji, abantu vy’ukuri bazohezagirwa. Imana “urupfu [i]zorumira miyonzwa gushitsa ibihe vyose; kand’Umwami Uhoraho azohanagura amosozi ku maso ya bose.” Abantu bahimbawe kandi bafatanye mu nda bazokwinovora amahoro n’ugusagamba ibihe bidahera. (Yesaya 25:8; 65:17-25) Yehova ni we yishingira intahe ku vy’iyo mihango ihambaye!

2. Yehova yahagurukije ivyabona b’abantu abahe?

2 Ariko rero, wa Muremyi Ahambaye arafise kandi ivyabona b’abantu. Mu bihe vy’imbere y’Ubukirisu “igipfungu c’ivyabona” duhereye kuri Abeli, barasiganwa mu vy’ukwihangana, kenshi bakabigira bahanzwe n’imbangamyi zikomakomeye. Uturorero ntangere twabo turaremesha Abakirisu b’intadohoka muri iki gihe. Kirisitu Yezu ni we karorero kaminuza k’icabona w’umurindutsi. (Abaheburayo 11:1–12:2) Nk’akarorero, niwibuke intahe ya nyuma yashinze imbere ya Ponsiyo Pilato. Yezu yavuze ati: “Iki ni co navukiye, kand’iki ni co canzanye mw isi, n’ukugira ngo nshingire intahe ukuri.” (Yohana 18:37) Guhera mu 33 G.C. gushika muri uyu mwaka w’2000 G.C., Abakirisu b’abanyamwete barakurikiye akarorero ka Yezu kandi barabandanije gushinga intahe, bamenyesha n’umutima rugabo “ibitangaza vy’Imana.”​—Ivyakozwe 2:11.

Ukurema Ibice kwa Babiloni

3. Shetani yarwanije gute intahe yashingiwe Yehova be n’ukugomba kwiwe?

3 Mu myaka ibihumbi n’ibihumbi, wa Murwanizi mukuru Shetani ya Diyabule n’ububisha n’akantu yararondeye gutyoza intahe ishingwa n’ivyabona vy’Imana. Kubera yuko ico “gisato c’amahēro . . . ya nzoka ya mbere” ari co “se w[’ibinyoma],” camye “kizimiza abari kw isi bose.” Ntiyigeze atezura mu rugamba rwo kurwanya “abitondera ivyagezwe vy’Imana,” canecane muri iyi misi y’iherezo.​—Yohana 8:44; Ivyahishuriwe 12:9, 17.

4. Babiloni Hahambaye yaje gute?

4 Haraciye imyaka nk’4000, inyuma ya wa Mwuzure wo mu misi ya Nowa, Shetani yarahagurukije Nimurodi, “yar’ umuhīgi w’agahebuza [“yarwanya,” NW] Uhoraho.” (Itanguriro 10:9, 10) Igisagara gikuru kuruta ca Nimurodi ari co Babiloni (Babeli), cacitse ihuriro ry’amadini y’abadayimoni. Igihe Yehova yayoberanya indimi za ba bubatsi b’umunara wa Babeli, abantu barasabagiye hirya no hino kw’isi, maze bagenda bajanye idini ryabo ry’ikinyoma. Gutyo, Babiloni yacitse isoko ry’inganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, mu gitabu c’Ivyahishuriwe ikaba yitwa Babuloni Hahambaye. Ico gitabu kirabura urubanza ruzocirirwa urwo runkwekwe rwa kera rw’ivy’idini.​—Ivyahishuriwe 17:5; 18:21.

Ihanga ry’Ivyabona

5. Ni ihanga irihe Yehova yungunganije ngo ribe icabona ciwe, mugabo ni kuki yariretse rikaja mu bunyagano?

5 Haciye imyaka nk’500 inyuma y’igihe ca Nimurodi, Yehova yarungunganije abakomoka kuri wa mwizerwa Aburahamu abagira ihanga rya Isirayeli kugira ngo rimubere Icabona ciwe kw’isi. (Yesaya 43:10, 12) Abantu benshi bo muri iryo hanga barakoreye Yehova batadohoka. Ariko rero haciye ibinjana n’ibindi, inyigisho z’ikinyoma zo mu mahanga mabanyi zarononye Isirayeli, kandi abantu ba Yehova bari bagiraniye na we isezerano baramuteye umugongo bahurumbira ugusenga imana z’ikinyoma. Ni co catumye mu 607 B.G.C., ingabo za Babiloni, izari ziyobowe n’Umwami Nebukadinezari, zarasanganguye Yeruzalemu n’urusengero rwaho zongera zijana benshi mu Bayuda kubagira inyagano i Babiloni.

6. Ni inkuru nziza iyihe inderetsi menyeshakazoza ya Yehova yatangaje, kandi yarangutse ryari?

6 Ese ukuntu iyo yari intsinzi ikomeye y’idini ry’ikinyoma! Ariko rero, ubutegetsi bwa Babiloni ntibwamaze kabiri. Imyaka nk’200 imbere y’uko ivyo bintu biba, Yehova yabwirije ati: “Genda ushireh’umushibamyi, az’avuge ico yabonye.” Ni amakuru ayahe iyo nderetsi yotangaje? “Babuloni harakomvomvowe, harakomvomvowe; n’ibishushanyo bibājwe vyose vy’ibigirwamana vyaho bihindikiraniye hasi bivunaguritse.” (Yesaya 21:6, 9) Vyarashitse koko, mu 539 B.G.C., iryo tangazo menyeshakazoza ryararangutse. Babiloni y’agakomeye yaraguye maze bidatevye abantu b’Imana bagiraniye na yo isezerano barashobora gusubira mu gihugu cabo c’amavukiro.

7. (a) Abayuda bigiye iki ku gihano ca Yehova? (b) Abayuda b’inyuma y’ubunyagano baguye mu yihe mitego, kandi ivyo vyavuyemwo iki?

7 Ba Bayuda batahutse bari bahakuye ivyigwa bihagije vyatumye baheba gusenga ibigirwamana n’idini rishingiye ku bupfumu. Ariko rero, mu myaka n’iyindi baraguye mu yindi mitego. Bamwe baguye mu mutego wa filozofiya y’Abagiriki. Abandi bahavuye bashira imbere imigenzo y’abantu bayirutisha Ijambo ry’Imana. Abandi na bo bakwegakwezwe n’agatima ko kwishimira igihugu. (Mariko 7:13; Ivyakozwe 5:37) Igihe Yezu yavuka, iryo hanga ryari ryarasubiriye gutera umugongo ugusenga gutyoroye. Naho hari Abayuda umwumwe ukwiwe bakiriye inkuru nziza yamamazwa na Yezu, iryo hanga muri rusangi ryaramuteye akagere bica bituma riterwa akagere n’Imana. (Yohana 1:9-12; Ivyakozwe 2:36) Isirayeli ntiyari ikiri icabona c’Imana, gutyo mu mwaka wa 70 G.C. Yeruzalemu be n’urusengero rwaho bisubira kugirwa umusaka, ico gihe bikaba vyagizwe n’ingabo z’Abaroma.​—Matayo 21:43.

8. Ni nde yacitse icabona ca Yehova, kandi ni kuki imburizi Paulo yahaye ico cabona yaje hageze?

8 Muri ico gihe, hari ‘Isirayeli y’Imana’ ya gikirisu yavutse, kandi ico gihe ni yo yakora ari icabona c’Imana ku mahanga. (Ab’i Galatiya 6:16) Bidatevye Shetani yaragize uruyeri rwo kwonona iryo hanga rishasha ryo mu buryo bw’impwemu. Nko mu mpera z’ikinjana ca mbere, utwosho two kwica imice twaraboneka mu mashengero. (Ivyahishuriwe 2:6, 14, 20) Imburizi ya Paulo yaje hageze. Igira iti: “Mwirinde, ntihakagire ūbagira inyagano, abanyagishije ubgenge bg’abantu [“filozofiya,” NW] ar’ibihendo vy’ubusa, bikurikira akaronda k’imigenzo y’abantu, bikurikira ivya mbere vyo mw isi, bidakurikira Kristo.”​—Ab’i Kolosayi 2:8.

9. Nk’uko nyene Paulo yari yarabibuye, ni ibintu ki vyashikanye ku kubaho kw’Abitwa Abakirisu?

9 Amaherezo filozofiya y’Abagiriki, ivyiyumviro vy’amadini ya Babiloni, mu nyuma na ho ivyiyumviro vy’“ubgenge” bw’abantu nk’inyigisho y’ivy’ihindagurika be n’ubushakashatsi bw’inkuru z’ivya Bibiliya, vyaratosekaje idini ry’abantu benshi bavuga yuko ari Abakirisu. Vyagenze nk’uko Paulo yari yarabivuze imbere y’igihe ati: “Ndazi yuko ni namara kuhava, amabingira y’inkazi azobinjiramwo atababaye umukuku. Kandi no muri mwebge ubganyu hazokwadukamw’abantu bavuga ibigoramye kugira ngo bakwegere abigishwa inyuma yabo.” (Ivyakozwe 20:29, 30) Ubwo buhakanyi bwatumye Abitwa Abakirisu bavuka.

10. Ni ibintu ibihe vyagiye biraba vyagaragaje yuko atari abantu bose birekuye bakagwa mu gusenga kwononekaye kugirwa mu Bitwa Abakirisu?

10 Abari bijukiye vy’ukuri ugusenga gutyoroye bategerezwa “kurwanira cane ukwizera abera bahawe rimwe gusa.” (Yuda 3) Intahe ishingirwa ugusenga gutyoroye hamwe na Yehova yozimanganye kw’isi? Oya. Uko igihe co gusangangurirako wa mugarariji Shetani be n’ibikorwa vyiwe vyose caguma cegereza, vyaragaragaye yuko atari umuntu wese yisutse mu gusenga kw’ubuhakanyi kugirwa mu Bitwa Abakirisu. Mu mpera z’ikinjana c’19, i Pittsburgh muri Pennsylvanie muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, hari umugwi w’abigishwa ba Bibiliya b’inziraburyarya waringanijwe uca ucika intimatima y’umugwi w’ivyabona vy’Imana vyo mu gihe ca none. Abo Bakirisu bakwegereye ivyiyumviro ku kimenyamenya co mu Vyanditswe c’uko insozero y’uru runkwekwe vy’ibintu rw’ubu yari yegereje. Nk’uko ubuhanuzi bwa Bibiliya bwari bwarabimenyesheje, ‘insozero’ y’iyi si yatanguye mu 1914 kandi yaranzwe n’iyaduka ry’indwano ya mbere y’isi yose. (Matayo 24:3, 7) Hari ibimenyamenya bikomeye vy’uko Shetani n’amasinzi yiwe y’amadayimoni vyajugunywe bigakurwa mw’ijuru inyuma y’uwo mwaka. Iki kinjana ca 20 c’uzuye umudurumbanyo caratanze igihinyuza kigaragara c’igikorwa ca Shetani n’ic’iranguka ryibonekeje ry’ikimenyetso c’ukuhaba kwa Yezu ari Umwami mu bubasha bw’Ubwami mw’ijuru.​—Matayo, ikigabane ca 24 n’ica 25; Mariko, ikigabane c’⁠13; Luka, ikigabane ca 21; Ivyahishuriwe 12:10, 12.

11. Shetani yagerageje gukora iki, mugabo ni gute ivyo yagerageje vyamutaye ku w’amazi?

11 Muri Ruheshi 1918, Shetani yaragerageje yivuye inyuma guherengeteza abo batohoji ba Bibiliya, ico gihe bakaba bamamaza inkuru nziza mu bihugu bitari bike. Yararondeye kandi ukuntu yosenyura urwego bakoresha ruzwi n’amategeko, ari rwo Watch Tower Bible and Tract Society. Abayobozi ba Sosiyete baratawe mu mvuto, bagirizwa ikirego c’ikinyoma c’uko bagumura abantu, nk’uko na Yezu bari barakimwagirije mu kinjana ca mbere. (Luka 23:2) Mugabo mu 1919, abo bayobozi bararekuwe, bituma bashobora kubandanya igikenurwa cabo. Mu nyuma barambitswe izera.

“Umushibamyi” Ari Maso

12. Ni bande muri iki gihe bagize umugwi wa ya nderetsi ya Yehova canke “umushibamyi,” kandi ni inyifato iyihe bagize?

12 Ariko rero aho “igihe c’iherezo” catangura, n’ico gihe Yehova yari afise inderetsi iburira abantu ku biraba ibiriko biraba bifitaniye isano n’iranguka ry’umugambi wiwe. (Daniyeli 12:4; 2 Timoteyo 3:1) Gushika muri iki gihe, uyo mugwi w’inderetsi​—ni ukuvuga Abakirisu basizwe ari bo Isirayeli y’Imana​—bakoze ibintu mu buryo bujanye n’uko Yesaya yadondoye ya nderetsi menyeshakazoza agira ati: “Abange amatwi yumvirize cane. Maz’avuga nk’intambge, ati Mwami, nama nirirwa mpagaze ku munara wo gushibamako [“w’inderetsi,” NW], kandi ngakesha ijoro ku rubu rwanje.” (Yesaya 21:7, 8) Iyo ni inderetsi idafata minenegwe igikorwa cayo.

13. (a) Ya nderetsi ya Yehova yatangaje ubuhe butumwa? (b) Dushobora kuvuga dute ko Babiloni Hahambaye yatembagaye?

13 Iyo nderetsi yabonye iki? Iyo nderetsi ya Yehova, ikaba ari umugwi ugize icabona ciwe, yarasubiriye gutangaza iti: “Babuloni harakomvomvowe, harakomvomvowe; n’ibishushanyo bibājwe vyose n’ibigirwamana vyaho bihindikiraniye hasi bivunaguritse.” (Yesaya 21:9) Ico gihe, inyuma y’Indwano ya Mbere y’Isi Yose, ni Babiloni Hahambaye ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma itembagajwe ikuwe ku bukuru buhambaye bwayo. (Yeremiya 50:1-3; Ivyahishuriwe 14:8) Ntibitangaje! Ya Ntambara Ihambaye, nk’uko yitwa ico gihe, yatanguriye mu Bitwa Abakirisu, aho indongozi z’amadini bo ku mpande zompi bakokeza urugamba mu kuremesha urwaruka rwabo rwizarwiza kuja mu ntambara. Ese ingene ari ibara! Mu 1919, Babiloni Hahambaye ntiyashoboye gutangira Abatohoji ba Bibiliya, nk’uko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe, ngo ntibave mu kudakora kwabo ngo batangure isekeza ryo kw’isi yose ryo gushinga intahe n’ubu rikibandanya. (Matayo 24:14) Ico cari ikimenyetso c’itemba rya Babiloni Hahambaye, nk’uko nyene irekurwa ry’Abisirayeli mu kinjana ca gatandatu B.G.C. ryabaye ikimenyetso c’itemba rya Babiloni ya kera.

14. Ni ikihe kinyamakuru umugwi wa ya nderetsi ya Yehova wakoresheje mu buryo bwibonekeje, kandi Yehova yahezagiye gute ikoreshwa ryaco?

14 Wa mugwi wa ya nderetsi wamye nantaryo urangura igikorwa washinzwe n’umwete hamwe n’icipfuzo gikomeye co gukora ibigororotse. Muri Mukakaro 1879, Abatohoji ba Bibiliya baratanguye gusohora iki kinyamakuru, ico gihe kikaba citwa Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni n’Integuza y’Ukuhaba kwa Kirisitu (mu Congereza). Guhera mu 1879 gushika ku wa 15 Kigarama 1938, inomero yose yaba ifise ku rupapuro rwo hejuru aya majambo agira ati: “‘Yewe Nderetsi, Ijoro Rigeze He?’​—Yesaya 21:11.” (NW)a Ata guhemuka, Umunara w’Inderetsi umaze imyaka 120 uguma ukenguza ibiba kw’isi n’ico bivuze mu vyerekeye ubuhanuzi. (2 Timoteyo 3:1-5, 13) Umugwi w’inderetsi w’Imana be na bagenzi bawo ari zo “izindi ntama” barakoresheje iki kinyamakuru mu gutangariza abantu n’ingoga nyinshi y’uko ukugarukira ukuba segaba kwa Yehova biciye ku Bwami bwa Kirisitu kuri hafi. (Yohana 10:16) Iyo ntahe yoba yarahezagiwe na Yehova? Urumva, Umunara w’Inderetsi wavuye ku makopi 6.000 yo ku nomero ya mbere mu 1879 ashika ku 22.000.000 mu ndimi 132, izigera ku 121 muri zo zikaba zisohokera rimwe. Ese ukuntu bibereye ko ikinyamakuru c’ivy’idini gikwiragizwa kuruta ibindi kw’isi gikwiye kuba ari co gishira hejuru izina ry’Imana y’ukuri Yehova!

Ugutyororwa uko Bukeye uko Bwije

15. Ni ityororwa irihe ry’intambwe ku yindi ryatanguye n’imbere nyene y’1914?

15 Mu myaka nka 40, gushika igihe ingoma ya Kirisitu yo mw’ijuru itanguriye mu 1914, Abatohoji ba Bibiliya barabohowe barareka inyigisho nyinshi z’Abitwa Abakirisu zidashingiye kuri Bibiliya, nk’ukubatiza inzoya, ukudahwera kw’ubugingo bw’umuntu, ipurugatori, ukubabarizwa mu muriro udahera, be n’Imana igizwe n’Ubutatu. Mugabo vyafashe ikindi gihe kugira ngo bashiburire kure ibindi vyiyumviro bibi. Nk’akarorero, mu myaka y’1920 Abatohoji benshi ba Bibiliya baramadika ku mpuzu zabo akamenyetso k’umusaraba uriko urugori, kandi barahimbaza Noweli n’iyindi misi mikuru ya gipagani. Ariko rero, kugira ngo ugusenga kube ugutyoroye, imisigazwa yose y’ivy’ugusenga ibigirwamana itegerezwa gushiburwa. Ijambo ry’Imana Bibiliya Nyeranda, ni ryo ryonyene ritegerezwa kuba ishimikiro ry’ukwizera kw’Umukirisu be n’uburyo abayeho. (Yesaya 8:19, 20; Abaroma 15:4) Si vyiza kwongera canke kugabanya ikintu kw’Ijambo ry’Imana.​—Gusubira mu Vyagezwe 4:2; Ivyahishuriwe 22:18, 19.

16, 17. (a) Ni ivyiyumviro bitari vyo ibihe wa mugwi w’inderetsi wamaze imyaka mirongo ufise? (b) Insiguro y’ukuri y’“igicaniro” n’ “inkingi” yo muri “Egiputa” ni iyihe?

16 Akarorero kamwe karaza gushimika ku kuntu iyo ngingo ngenderwako ihambaye. Mu 1886, igihe C. T. Russell yasohora igitabu cahavuye citwa Le divin plan des âges (Umugambi Imana Yashingiye Ibiringo), iyo mbumbe yarimwo ikarata yerekana isano riri hagati y’ibiringo vy’ukubaho kw’abantu na ca cibutso bita Piramide Ihambaye yo mu Misiri. Biyumvira yuko ico cibutso ca Farawo yitwa Kufu ari yo ya nkingi ivugwa muri Yesaya 19:19, 20 hagira hati: “Kur’uwo musi hazoba igicaniro cubakiwe Uhoraho mu gihugu ca Egiputa hagati, kand’inkingi izoshingirwa Uhoraho ku rubibe rwaco. Bizoba ikimenyetso n’igishingantahe k’Uhoraho Nyen’ingabo mu gihugu ca Egiputa.” None piramide ishobora guhurira he na Bibiliya? Nk’akarorero, uburebure bw’utuyira tumwetumwe twari muri iyo Piramide Ihambaye vyavugwa ko twerekana igihe “ya marushwa ahambaye” yo muri Matayo 24:21 yotanguriyeko, nk’uko ico gihe vyatahurwa. Abatohoji ba Bibiliya bamwebamwe baratwawe no gupima ibihimba bitandukanye vy’iyo piramide kugira ngo bamenye ibintu bimwebimwe, nk’umusi bogiriyeko mw’ijuru!

17 Ico kintu citwa ngo ni Bibiliya y’Ibuye caramaze imyaka mirongo cubahwa cane, gushika igihe inomero z’Umunara w’Inderetsi (mu Congereza) zo ku wa 15 Munyonyo no ku wa 1 Kigarama 1928 zatomora yuko Yehova atari akeneye icibutso c’ibuye cubatswe n’abafarawo b’abapagani kandi kirimwo ibimenyetso vy’amadayimoni vy’ukuragurisha inyenyeri, kugira ngo yemeze intahe yatanzwe muri Bibiliya. Ahubwo ubwo buhanuzi bwa Yesaya babonye ko bufise insobanuro yo mu buryo bw’impwemu. Nk’uko vyerekanwa mu Vyahishuriwe 11:8, “Egiputa” ni ikigereranyo c’isi ya Shetani. “Igicaniro cubakiwe Uhoraho” kitwibutsa amashikanwa yemerwa ashikanwa n’Abakirisu basizwe mu gihe baba bakiri kuri iyi si igihe gito. (Abaroma 12:1; Abaheburayo 13:15, 16) Ya nkingi iri “ku rubibe [rwa Egiputa]” yerekeza kw’ishengero ry’Abakirisu basizwe ryo “nkingi ishigikiye ukuri” kandi rikaba rihagaze bwa cabona muri “Egiputa,” ari yo si bagiye kuvamwo.​—1 Timoteyo 3:15.

18. (a) Yehova yabandanije gute gutomorera ibintu abatohoji ba Bibiliya b’inziraburyarya? (b) Igihe Umukirisu asanze ivyatomowe mu Vyanditswe bigoye gutahura, ni inyifato iyihe iranga ubukerebutsi akwiye kugira?

18 Uko imyaka igenda, Yehova arabandanya kuduha izindi nsobanuro zitomoye zerekeye ukuri, harimwo n’intahuro itomoye kuruta y’ijambo ry’ubuhanuzi ryiwe. (Imigani 4:18) Muri iyi myaka ya vuba, twararemeshejwe gusubira gukubitiza akajisho dufise ugutahura kurushirije kugera kure, nko kuri rya yaruka ritazorangira umuhero utaraza, wa mugani w’intama n’impene, ca kizira c’ubuyobe n’igihe kizohagararira ahantu heranda, rya sezerano rishasha, kwa guhinduka ukundi, be n’iyerekwa ry’urusengero ryo mu gitabu ca Ezekiyeli. Rimwe na rimwe birashobora kugora gutahura insobanuro mwene izo zihuje n’igihe, mugabo ibituma ziba zikenewe birashobora gutomoka mu gihe gikwiriye. Mu gihe Umukirisu yoba adatahura mu buryo bwuzuye insobanuro nshasha y’icanditswe kinaka, aba agize neza yicishije bugufi akavuga aya majambo y’umuhanuzi Mika agira ati: “Nzokwitega Imana y’agakiza kanje.”​—Mika 7:7.

19. Amasigarira y’abasizwe be na bagenzi babo ari bo zindi ntama, bagize umutima nk’uw’intambwe gute muri iyi misi y’iherezo?

19 Niwibuke yuko ya nderetsi “avuga nk’intambge, ati Mwami, nama nirirwa mpagaze ku munara wo gushibamako [“w’inderetsi,” NW], kandi ngakesha ijoro ku rubu rwanje.” (Yesaya 21:8) Amasigarira y’abasizwe yaragaragaje uburindutsi nk’ubw’intambwe mu gushira ku kabarore idini ry’ikinyoma no mu kwereka abantu inzira ijana ku mwidegemvyo. (Ivyahishuriwe 18:2-5) Bwa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge,” bararonkeje abantu Bibiliya, ibinyamakuru be n’ibindi bisohokayandikiro mu ndimi nyinshi, ivyo bikaba ari “ibifungurwa [bitangwa] mu gihe gikwiriye.” (Matayo 24:45, NW) Baragiye imbere mu vy’ugutororokanya rya “shengero ryinshi . . . bo mu mahanga yose n’amoko yose n’indimi zose.” N’abo nyene baratyororwa n’amaraso acungura ya Yezu kandi bakagaragaza umutima nk’uw’intambwe mu kurangurira Imana ‘umurimo mweranda ku murango no mw’ijoro.’ (Ivyahishuriwe 7:9, 14, 15) Wa mugwi muto w’Ivyabona vya Yehova basizwe bagisigaye be na bagenzi babo ari bo shengero ryinshi, uyu mwaka uheze bawimbuyemwo iki? Ikiganiro cacu gikurikira kiraza kubivuga.

[Akajambo k’epfo]

a Guhera ku wa 1 Nzero 1939, ayo yarahinduwe aba “‘Bazomenya ko ndi Yehova.’​—Ezekiyeli 35:15.” (NW)

Woba Uvyibuka?

• Ni ivyabona ibihe Yehova yahagurukije uko imyaka yagiye iragenda?

• Babiloni Hahambaye yakomotse he?

• Ni kuki Yehova yaretse Yeruzalemu, umugwa mukuru w’ihanga ryiwe rigizwe n’ivyabona, igasangangurwa mu 607 B.G.C.? mu 70 G.C.?

• Ni agatima akahe umugwi wa ya nderetsi wa Yehova na bagenzi babo bagaragaje?

[Ifoto ku rup. 22]

Umugwi wa ya nderetsi ya Yehova ntibafata minenegwe igikorwa bashinzwe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika