ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jr ikig. 5 rup. 54-66
  • Ni bande uzohitamwo ngo bakubere abagenzi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni bande uzohitamwo ngo bakubere abagenzi?
  • Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • NI BANDE UGIRA ABAGENZI?
  • WOBA UCUDITSE N’ABO MUDASANGIYE UKWIZERA?
  • NI BANDE YEREMIYA YAHISEMWO NGO BAMUBERE ABAGENZI?
  • NUHITEMWO ABAGENZI UBIGIRANYE UBUKEREBUTSI
  • “Sinshobora kuguma ncereje”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • “Umutima urushe nzowuzuza agatege”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • “Nshize amajambo yanje mu kanwa kawe”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • Yehova atuma Yeremiya
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
jr ikig. 5 rup. 54-66

IKIGABANE CA GATANU

Ni bande uzohitamwo ngo bakubere abagenzi?

1, 2. (a) Ni ingorane izihe abakirisu batezwa n’abo usanga hari ivyo bakorana? (b) Ni kubera iki dukwiye kwitwararika ukuntu Yeremiya yahitamwo abagenzi?

WOKORA iki bishitse abo mukorana, ababanyi bawe canke abo mwigana bakagutumira ngo wifatanye na bo mu guhimbaza Noweli? Wovyifatamwo gute nka hamwe umukoresha wawe agusavye kubesha canke gukora ikintu giteye kubiri n’amategeko? Bite ho nka hamwe abategetsi bo mu vy’intwaro bogusaba kugira uruhara mu bikorwa bituma ugira aho uhengamiye mu vy’iyi si? Nta gukeka ko ijwi ryawe ryo mu mutima ryokubuza kugira ikintu na kimwe ukoze muri ivyo, naho nyene kubigenza gutyo vyoca bituma utyekezwa canke ufatwa nabi.

2 Nk’uko tuza kubibona, Yeremiya yarashikiwe n’ingorane nk’izo akatari gake. Ata gukeka, urashobora kwungukira ku kurimbura ibijanye n’abantu bamwebamwe canke imigwi imwimwe y’abantu vyabaye ngombwa ko Yeremiya aza aragira ivyo agiraniye na bo mu myaka yamaze ariko arasukurira Imana. Bamwebamwe muri abo baragerageje kumuca intege ngo ntabandanye igikorwa ciwe. Vyarabaye ngombwa ko Yeremiya aza arabonana na bo akatari gake, ariko ntiyigeze acudika na bo. Ariko rero, urashobora kwungukira ku kurimbura ibijanye n’abo Yeremiya yahisemwo ngo bamubere abagenzi, bano bakaba baramushigikiye bongera baramuremesha kuguma ari umwizigirwa. Emwe, turashobora kugira ivyo twigiye ku kuntu Yeremiya yahitamwo abagenzi.

NI BANDE UGIRA ABAGENZI?

3. Zedekiya yashaka iki kuri Yeremiya, kandi Yeremiya yavyifashemwo gute?

3 Umwami Zedekiya yaravuganye na Yeremiya akatari gake imbere y’uko i Yeruzalemu hasangangurwa. Uti kubera iki? Uwo mwami yari yizigiye yuko yoronse inyishu ziremesha ku bibazo yari afise bijanye na kazoza k’ingoma yiwe. Yashaka ko Yeremiya atangaza yuko Imana yohaserutse kugira ngo ikure ubwami bwa Yuda mu vyara vy’abansi babwo. Zedekiya abicishije ku bamuserukira, yaringinze Yeremiya ati: “Turakwinginze udusigurize Yehova, kuko Nebukadirezari umwami wa Babiloni aduteye. Hari aho Yehova yotugirira nk’uko ibikorwa vyiwe vyose vy’agatangaza biri, akagenda akatuviraho.” (Yer. 21:2) Uwo mwami ntiyashaka gukurikiza ubuyobozi Imana yari yatanze bwamusaba kwishikana ku Banyababiloni. Incabwenge imwe yagereranije Zedekiya n’“umurwayi yama aja kubonana n’umuganga ariko ntafate umuti amwandikira.” Yeremiya we bite? Yari gushobora gutona kuri Zedekiya iyo aza kubwira uwo mwami birya nyene yipfuza. Kubera iki none Yeremiya atahinduye ubutumwa yashikiriza kugira ngo yiyorohereze mu buzima? Yaranse kubigenza gutyo kubera ko Yehova yari yamubwiye gutangaza ko i Yeruzalemu hotemvye.​—Soma Yeremiya 32:1-5.

Ifoto ku rup. 54, 55

Iyo usomye inkuru yerekeye Yeremiya na Ebedi-meleki, woba wemera udakeka ko ari abantu babayeho koko? Ibintu bibiri vyubuwe mu Gisagara ca Dawidi ca kera biherutse gushigikira yuko inkuru yigana ibiberekeye ivugwa muri Yeremiya ikigabane ca 38 ari iy’ukuri.

Umucukuzi umwe w’ivya kera yitwa Eilat Mazar avuga ko yazukuruye ikidodo gitoyi co mw’ibumba (kirya kiri ibubamfu). Ico kidodo cubuwe mu 2005 igihe yari ahagarikiye abariko bafurura ikirundo c’ivyahomvaguritse, aho i Yeruzalemu hasanganguriwe mu 607 B.G.C. Kiriko izina rya kera ryo mu giheburayo “Yehuchal ben Shelemyahu,” mu kirundi rikaba ari ryo “Yukali mwene Shelemiya.”

Mu nyuma, mu kindi kirundo nk’ico cari hafi cane y’ico ca mbere harubuwe ikindi kidodo (kirya kiri hepfo iburyo). Ico kidodo kiriko izina “Gedalyahu ben Pashhur,” mu kirundi akaba ari “Gedaliya mwene Pashuri.”

Ubu na ho soma muri Yeremiya 38:1, uheze wibonere amazina y’abaganwa babiri bahimirije Umwami Zedekiya kwicisha Yeremiya, umugambi Ebedi-meleki yahinduye ubusa. Mu vy’ukuri, abavugwa muri Yeremiya ikigabane ca 38 ni abantu babayeho koko.

4. Ni amahitamwo ayahe tubwirizwa kugira ku bijanye n’abo twogira abagenzi, nk’akarorero ku kazi?

4 Hari ukuntu ivyawe vyifashe nk’uko ivya Yeremiya vyari vyifashe. Nta gukeka ko utegerezwa kuba hari ivyo ugiranira n’ababanyi bawe, abo mukorana, canke abo mwigana, abo twovuga yuko ari abagenzi bawe basanzwe. Ariko none, woba uzocudika na bo naho nyene boba bagaragaza ko badashaka no kwumva ubuyobozi Imana itanga canke kubukurikiza? Yeremiya ntiyari guharira ivomo Zedekiya, uwari akiri umwami naho yari yanse gukurikiza impanuro z’Imana. Yamara rero, Yeremiya ntiyabwirizwa gukora yisunga ivyiyumviro bitari vyo vy’uwo mwami canke ngo arondere gutoneshwa na we. Emwe, iyo Yeremiya ashigikira ivyipfuzo vya Zedekiya, uwo mwami yari kumuha umukimba w’ingabirano be n’ibindi bintu vyiza! Ariko rero, Yeremiya yaranse kwoshwa mu buryo na bumwe ngo abe umwishikira wa Zedekiya. Kubera iki? Ni uko Yeremiya yari yiyemeje kudaca ku ruhande impagararo Yehova yari yamusavye kugira. Akarorero ka Yeremiya karakwiye gutuma dusuzuma neza niba abo duhitamwo ngo batubere abagenzi baguma baturemesha kudahemukira Imana. Ntushobora guharira ivomo abantu badakorera Imana, baba ari abo mukorana, abo mwigana canke ababanyi bawe. (1 Kor. 5:9, 10) Yamara rero, uratahura neza ko hamwe wocudika na bo wohava wonona ubucuti ufitaniye n’Imana.

Ifoto ku rup. 57

WOBA UCUDITSE N’ABO MUDASANGIYE UKWIZERA?

5, 6. Ni ibiki bamwebamwe bagize kugira ngo bagerageze kunumya Yeremiya?

5 Zedekiya si we wenyene yagerageje kwosha nabi Yeremiya. Umuherezi umwe yitwa Pashuri ‘yarakubise’ Yeremiya, kumbure akaba yabigize mu gutegeka ko akubitwa inkoni 39. (Yer. 20:2; Gus. 25:3) Hari abaganwa ba Yuda na bo nyene bigeze gukubita Yeremiya, hanyuma bamupfungira mu “nzu y’amapingu.” Uwo muhanuzi yaratawe mu gasho ko mu kuzimu, ahantu hari hameze nabi cane ku buryo haciye imisi itari mike yahavuye abona ko yohasize ubuzima. (Soma Yeremiya 37:3, 15, 16.) Mu nyuma, Yeremiya amaze igihe gitoyi arekuwe, hari abandi baganwa bahimirije Zedekiya ngo amugandagure. Babona ko yariko aca intege ingabo za Yuda. Ivyo vyatumye uwo muhanuzi atabwa mw’itangi ririmwo urwondo ngo apfireyo. (Yer. 38:1-4) Usanzwe uzi yuko urwo rupfu rw’akamaramaza Yeremiya yarusimvye. Ariko, ivyo bintu vyabaye birerekana ukuntu ababonwa ko bari bakwiye kwizera ubutumwa uwo muhanuzi w’Imana yari yategetswe kubashikiriza batabwemeye, maze baca batangura kumurwanya.

6 Yeremiya ntiyankwa gusa n’abatware ba Yuda. Igihe kimwe, abantu bamwebamwe bo mu gisagara yavukamwo c’i Anatoti, abo twokwita ko bari ababanyi biwe, bamubwiye yuko bomwishe ataretse kuvuga ubuhanuzi. (Yer. 11:21) Ntibashimishijwe n’ivyo yababwiye maze baca batangura kumutera ubwoba. Ariko rero, Yeremiya yahisemwo Yehova ngo amubere umugenzi, aho guhitamwo abo babanyi biwe. Abandi na bo baragerageje kumugirira nabi ku mubiri. Igihe Yeremiya yafata ingǒgo akayikoresha kugira ngo ahimirize Abayuda ngo bemere kuganzwa n’umwami wa Babiloni maze babone gukiza igufa, Hananiya yaciye akura iyo ngǒgo kuri Yeremiya, hanyuma arayivunagura. Uwo muhanuzi w’ikinyoma yavuze yuko ngo Yehova yari yavumereye ati: “Nzovuna ingǒgo y’umwami wa Babiloni.” Hananiya yapfuye muri uwo mwaka nyene, kandi biroroshe rero guca ubona uwavuze ubuhanuzi bwo kwizigirwa uwo ari we. (Yer. 28:1-11, 17) Inyuma y’aho i Yeruzalemu hasanganguriwe nk’uko Yeremiya yari yarabivuze, Yohanani be n’abandi bakuru ba gisirikare baranse kwumvira itegeko ry’Imana ryabasaba kuguma mu gihugu ca Yuda. Babwiye Yeremiya bati: “Uvuze ikinyoma. Yehova Imana yacu ntiyagutumye kuvuga ngo: ‘Ntimwinjire mu Misiri kubayo.’” Babandanije kutumvira Yehova mu kugenda bajanye mu Misiri Yeremiya na Baruki.​—Yer. 42:1–43:7.

Ifoto ku rup. 58

Yeremiya yabwirijwe kugira ivyo agiraniye na bande? Ni igiki wokwigira ku karorero ka Yeremiya?

7. Ni ibiki bishobora gutuma kuguma uri umwizigirwa kuri Yehova bikubera urugamba?

7 Yeremiya yamaze imyaka n’iyindi akikujwe n’abantu batagira ukwizera be n’abamurwanya. Zirikana ku kuntu yavyifashemwo. Vyari vyoroshe ko acudika n’abantu bubaha buhoro Imana canke Ijambo ryayo. Mwene abo bantu ni bo bari bamukikuje. Weho gute? Hari aho vyoba ngombwa ko ugira ivyo ugiraniye n’abantu bameze nk’abari bakikuje Yeremiya. Baba ari abantu bakurwanya bimwe bikaze kandi bakarwanya n’Imana yawe, canke na ho bakaba basa nk’aho ari abantu bameze neza, woba none uzopfa kubagira abagenzi? Vyoba biranga ubukerebutsi gucudika n’abantu badafatana uburemere ubuhanuzi buva ku Mana? Iyo Yeremiya aza kuba ari mu kibanza cawe, abantu babaho mu buryo bugaragaza ko baterekwa ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana canke bizigira umuntu, boba ari bo yohitamwo ngo bamubere abagenzi? (2 Ngo. 19:2) Imana yaratomoreye neza Yeremiya ivyoshikiye abantu banka kuyizigira, bakizigira umuntu. (Soma Yeremiya 17:5, 6.) None wewe ayo majambo uyumva gute?

Ifoto ku rup. 63

8. Vuga ingorane zimwezimwe usanga zihanze abakirisu bo mu karere iwanyu.

8 Hari abakirisu usanga bagerageza guteza imbere urudandaza rwabo canke umwuga wabo mu kwinezereza bari kumwe n’abakiriya babo badasenga Yehova. None ukwo kwinezereza ntikwohava gutuma abo bakirisu bifatanya n’abagenzi babi kandi bateye akaga, canke bakisuka mu biyago bibi kibure mu kaborerwe? Uca ubona igituma hari abakirisu benshi muri ivyo bihe bahisemwo kwirinda abagenzi babi naho mbere ivyo vyotumye bagira ivyo bahomvye mu vy’umubiri. N’ikindi na co, umukoresha wawe canke abo mukorana boshobora kutagera umutwe ivyo kugunga abakiriya babo. Naho biri ukwo, abakirisu b’ukuri baririnda kwoshwa n’ababakikuje. Rimwe na rimwe, gufata ingingo zibereye muri ivyo, vyoshobora kukubera urugamba. Turakwiye gukura ubwatsi ku bw’uburorero bwiza dufise nk’ako ka Yeremiya, uwakurikiranye ingendo yatumye agumana ijwi ryiza ryo mu mutima, n’igihambaye kuruta ituma aguma afitaniye ubucuti bwiza n’Imana.

9. Ni akaga akahe kari mu kurondera gukurikira inzira ya benshi?

9 Ivyo Yeremiya yemera be n’impagararo yari afise vyatumye bamwebamwe mu Bayuda bagenziwe bamutwengera mw’ijigo. (Yer. 18:18) Naho vyari ukwo, yari afise umutima ukunze wo kuguma yitandukanije n’abantu bo mu gihe ciwe bakurikira “inzira ya benshi.” (Yer. 8:5, 6) Yeremiya mbere ntivyamugwa nabi kuba rimwe na rimwe ari wenyene, ‘yicaye ukwiwe.’ Yabona ko yopfuma aguma ukwiwe, hako yifatanya n’abagenzi babi canke agacudika n’abantu bomwoheje nabi. (Soma Yeremiya 9:4, 5; 15:17.) Weho bite? Muri iki gihe, nk’uko vyari biri mu gihe ca Yeremiya, gukurikira inzira ya benshi ni uguhemukira Imana. Kuva kera na rindi, abasavyi ba Yehova bamye biyubara mu bijanye no guhitamwo abagenzi. Ivyo ntibishaka kwerekana ko Yeremiya ata bagenzi yari afise. Hariho abantu bamuburaniye bongera baramushigikira. None abo bari bande? Kubamenya birashobora kukugirira akamaro cane.

NI BANDE YEREMIYA YAHISEMWO NGO BAMUBERE ABAGENZI?

10, 11. (a) Ni ingingo ngenderwako izihe Yeremiya yisunga mu guhitamwo abagenzi? (b) Ni bande bari abagenzi ba Yeremiya, kandi ni ibibazo ibihe bica bivyuka ku biberekeye?

10 Ni bande Yeremiya yari gucudika na bo? Abitegetswe na Yehova, ntiyahengeshanya gukubita intahe mu gahanga ababisha, abanyabinyoma, abarenganya abandi, inkazi, abatitwararika abandi be n’abantu bari barahevye ugusenga gutyoroye maze bakisuka mu vyo gusenga ibigirwamana, ari bwo busambanyi bwo mu buryo bw’impwemu. Yahimirije Abayuda bagenziwe ati: “Enda nimuhindukire, umwe wese ave mu nzira yiwe mbi, inzira zanyu n’ibikorwa vyanyu mubigire vyiza.” (Yer. 18:11) N’inyuma y’aho i Yeruzalemu hasanganguriwe, Yeremiya yarashimagije “ibikorwa vy’ubuntu bwuzuye urukundo” vy’Imana, “imbabazi” zayo be n’“ubwizigirwa” bwayo. (Int. 3:22-24) Abasavyi ba Yehova b’abizigirwa ni bo bonyene Yeremiya yipfuza kugira abagenzi biwe.​—Soma Yeremiya 17:7.

11 Turazi bamwebamwe mu bo Yeremiya yahisemwo ngo bamubere abagenzi somambike. Ebedi-meleki, Baruki, Seraya be n’abahungu ba Shafani ni bamwe mu bantu bari abagenzi biwe pfampfe. Twoshobora kwibaza duti: ‘None abo bagabo bari bameze gute? Ni ubucuti ubuhe bari bafitaniye na Yeremiya? Ni mu buryo ubuhe bari abagenzi biwe beza? Kandi ni gute bafashije Yeremiya kugumana ugutungana kwiwe?’ Reka turabe inyishu z’ivyo bibazo dufise ku muzirikanyi uko ivyacu vyifashe.

12. (a) Ni ibiki Yeremiya na Baruki, abo tubona ku rupapuro rwa 58, bari bahuriyeko? (b) Seraya yari nde, kandi ni ibiki tuzi ku bimwerekeye?

12 Biboneka ko umugenzi wa hafi cane w’uwo muhanuzi Yeremiya yari Baruki, mwene Neriya. Yeremiya yaramwizigiye aramuzeza ibanga ryo kwandika ivyo yaza aramubwira ku munwa, bino bikaba vyari bivuye kuri Yehova, yongera amuzeza iryo kubanza kubisomera abanyagihugu bose, hanyuma akabisomera abaganwa ba Yuda. (Yer. 36:4-8, 14, 15) Cokimwe na Yeremiya, Baruki na we nyene yarizera adakeka ko ivyo Imana yari yaravuze vyorangutse. Abo bagabo bari bashikiwe n’ibintu bimwe mu myaka 18 ya nyuma idurumbanye y’ubwami bwa Yuda. Bamaze igihe kitari gito bakorera hamwe igikorwa bompi bari bashinzwe n’Imana. Bompi barashikiwe n’ibintu bigoye kandi vyarabaye ngombwa ko binyegeza abansi babo. Vyongeye, umwe wese muri bo yararonse indemesho zivuye kuri Yehova. Bisa n’uko Baruki yakomoka mu muryango ukomeye w’abanditsi wo muri ubwo bwami bwa Yuda. Ivyanditswe bivuga yuko yari “umunyamabanga,” kandi mwene wabo Seraya yari umukozi ahambaye wo ku kirimba. Cokimwe na Baruki, Seraya yahavuye akorana na Yeremiya mu bijanye no gushikiriza ubutumwa bw’ubuhanuzi Yehova yavumereye. (Yer. 36:32; 51:59-64) Kuba abo bahungu babiri ba Neriya baragize umutima ukunze wo gukorana na Yeremiya muri ivyo bihe bigoye, bitegerezwa kuba vyarakomeje uwo muhanuzi vyongera biramuremesha. Na wewe urashobora gukomezwa be no kuremeshwa n’abo mukorana mu murimo wa Yehova badahemuka.

Ni igiki ushobora kwigira ku kuntu Yeremiya yahitamwo abagenzi?

13. Nk’uko vyerekanwa ku rupapuro rwa 63, ni gute Ebedi-meleki yagaragaje ko ari umugenzi mwiza wa Yeremiya?

13 Ebedi-meleki ni uwundi mugenzi pfampfe wa Yeremiya. Igihe abaganwa bashangashiwe baterera Yeremiya mw’itangi ritarimwo amazi ngo apfireyo, umuntu w’umunyamahanga ni we yariye umutima amenyo aramuburanira, uwo na we akaba yari Ebedi-meleki Umunyetiyopiya. Yari umukozi wo mu ngoro y’umwami. Yarituye Zedekiya bene umurango babona, uno akaba yari yicaye kw’Irembo rya Benyamini. Ebedi-meleki abigiranye umutima rugabo, yarasavye uruhusha Zedekiya kugira ngo aze gukura Yeremiya muri nya tangi ryarimwo urwondo. Yagiye gukora ico gikorwa ari kumwe n’abagabo 30, ivyo bikaba vyerekana yuko yari yiteze ko abansi ba Yeremiya boje kumurwanya. (Yer. 38:7-13) Ntituzi uko ubugenzi Ebedi-meleki na Yeremiya bari bafitaniye bwari bumeze. Yamara, ntitwoba twihenze tuvuze yuko bari bafitaniye ubugenzi bwiza kubera ko bwari bushingiye ku bucuti umwe wese yari afitaniye na Yehova. Ebedi-meleki yari azi yuko Yeremiya yari umuhanuzi wa Yehova. Yavuze ko ibikorwa vy’abo baganwa vyari “bibi,” kandi yari afise umutima ukunze wo guheba ikibanza yari afise kugira ngo akore ibigororotse. Emwe, Ebedi-meleki yari umuntu mwiza. Ivyo bigaragazwa n’uko Yehova ubwiwe yigeze kumusubiriza umutima mu nda ati: “Nzokurokora kuri uwo musi [igihe Yeruzalemu yoshikiwe n’ivyago] . . . kuko wanyizigiye.” (Soma Yeremiya 39:15-18.) Yari abereye gukezwa pe! None umugenzi nk’uwo si we wokwipfuza kugira?

14. Ni ibiki tuzi ku bijanye n’abakomoka mu muryango wa Shafani be n’imigenderanire bari bafitaniye na Yeremiya?

14 Abandi bagenzi ba Yeremiya bari abahungu batatu ba Shafani n’umwuzukuru wiwe. Bose uko ari bane bakomoka mu muryango w’abantu babonwa ko ari abo mu rwego rwo hejuru, kuko Shafani yari yarigeze kuba umunyamabanga w’Umwami Yosiya. Igihe abansi b’umuhanuzi Yeremiya barondera kumwica ari bwo bwa mbere, “ukuboko kwa Ahikamu mwene Shafani kwari kumwe na Yeremiya, kugira ngo ntatangwe mu kuboko kw’abantu ngo yicwe.” (Yer. 26:24) Ahikamu yari afise mwene wabo yitwa Gemariya. Igihe Baruki yasomera abanyagihugu bose imanza z’Imana, umuhungu wa Gemariya ari we Mikaya yaramwumvise maze aca aja kubimenyesha se wiwe be n’abandi baganwa. Kubera ko bari batewe ubwoba n’ukuntu Yehoyakimu yovyakiriye, baciye bahanura Yeremiya na Baruki ngo binyegeze. Vyongeye, igihe umwami yiyamiriza ubutumwa buvuye ku Mana, Gemariya yari mu binginze uwo mwami ngo ntaturire umuzingo warimwo ubwo butumwa. (Yer. 36:9-25) Yeremiya yarajeje ibanga uwundi muhungu wa Shafani, ari we Elasa, ryo kujana ikete ryarimwo ubuhanuzi akarishikiriza Abayuda bari barajanywe ari inyagano i Babiloni. (Yer. 29:1-3) Abo ni bo ba bahungu batatu ba Shafani be n’umwuzukuru wiwe bashigikiye uwo muhanuzi w’Imana. Iyumvire ukuntu Yeremiya ategerezwa kuba yarashima abo bagabo! Ntibari abagenzi kubera ko bakunda ibintu bimwe, haba ari mu bijanye n’ibifungurwa, ibinyobwa canke kwisamaza. Ahubwo riho, ubugenzi bwabo bwari gushingiye ku bindi.

NUHITEMWO ABAGENZI UBIGIRANYE UBUKEREBUTSI

15. Ni akarorero keza akahe Yeremiya yadusigiye mu vyo guhitamwo abagenzi?

15 Urashobora kugira ivyo wigiye ku vyo Yeremiya yagiraniye n’abantu bo mu gihe ciwe, ababi n’abeza. Umwami, abaganwa benshi, abahanuzi b’ikinyoma, be n’abakuru ba gisirikare, bose nta ko batagize ngo Yeremiya ahindure ubutumwa yashikiriza. Ariko rero, Yeremiya ntiyadohotse kw’ibanga. Iyo mpagararo yagize yatumye abo bagabo bamwaka, kanatsinda ntiyariko arondera kuba umugenzi wabo. Ikigeretse kuri ivyo, Yehova ni we mugenzi yaruta abandi bose Yeremiya yari afise. Yeremiya yari yiyemeje kubandanya ari intahemuka ku Mana yiwe naho yokwanswe gute. (Soma Gucura intimba 3:52-59.) Erega nk’uko tumaze kubibona, Yeremiya ntiyatamba yirorera mu mwiyemezo yari afise wo gusukurira Yehova.

16, 17. (a) Ni imfashanyo iyihe umusavyi wa Yehova ashobora guhabwa n’umugenzi mwiza? (b) Mu gihugu ico ari co cose woba ubamwo, ni hehe woronderera abagenzi nyakuri?

16 Kuba Ebedi-meleki yarizera Yehova akongera akamwizigira ni vyo vyatumye aba umugenzi mwiza. Yaragize umutima rugabo wo gufata ingingo ntabanduka, ararokora Yeremiya. Baruki abigiranye umutima ukunze, yaramaranye na Yeremiya igihe kitari gito yongera aramufasha gushikiriza ubutumwa bwa Yehova. Muri iki gihe, ishengero rya gikirisu ririmwo abagenzi beza bashobora kutubera kirumara nk’ukwo kw’abo bagabo bo mu gihe ca Yeremiya. Umutsimvyi umwe asanzwe w’imyaka 20 yitwa Cameron arakenguruka akarorero keza yigiye ku mutsimvyi mugenziwe yitwa Kara. Cameron avuga ati: “Kara yandemesha kuguma nshira Yehova mu kibanza ca mbere, ivyo akabigira mu mvugo no mu ngiro.” Naho umwe wese muri abo bashiki bacu yaba kure cane y’uwundi, Kara yama nantaryo aterefona Cameron canke akamwandikira kugira ngo yiyemeze neza ko uwo mugenzi wiwe amerewe neza no kugira ngo baremeshanye. Cameron arigana ivyo yibuka ati: “Yari azi akantu kose ku bijanye n’umuryango wacu. Yari azi ivyariko bishikira mukurwanje be n’umubabaro nagize igihe uno yagarariza, akava mu kuri. Yaranshigikiye muri ivyo bintu vyose, kandi simbona ico nari gukora iyo ntahabona akarorero keza kiwe be n’imfashanyo yiwe. Yaranshigikiye bimwe bitangaje.”

Ifoto ku rup. 64

17 Mw’ishengero rya gikirisu urashobora kuharonkera abagenzi beza, baba ari abo mungana canke mutangana. Abo musangiye ukwizera hari ivyo muhuriyeko: Mwizera bimwe, muha agaciro bimwe, mwizigira bimwe, mwese murakunda Yehova, kandi bamwebamwe muri bo usanga kumbure bashikirwa n’ingorane zigushikira. Urashobora gukorana na bo mu busuku bwa gikirisu. Barashobora kukuremesha igihe ushikiwe n’ibintu bigoye, kandi na wewe urashobora kubigenza gutyo. Baranezeranwa na we, igihe unezererwa umurimo wa Yehova. N’ikindi kandi, ubugenzi mufitaniye burashobora kutigera buhera.​—Imig. 17:17; 18:24; 27:9.

18. Ni ibiki wigiye ku kuntu Yeremiya yahitamwo abagenzi?

18 Icigwa dukura ku kuntu Yeremiya yahitamwo abagenzi biwe ni ntaseswa. Nugumize ku muzirikanyi uku kuri ntaharirizwa: Ntushobora kurondera gucudika n’abantu bemera ibiteye kubiri n’ivyo Bibiliya yigisha maze ngo ugume wumiye ku vyo wemera. Kubaho wisunga ukwo kuri birahambaye muri iki gihe nk’uko vyari biri mu gihe ca Yeremiya. Kubera ko Yeremiya yari arajwe ishinga no kurangura adahemuka igikorwa yari yarashinzwe be no guhezagirwa na Yehova, yaragize umutima ukunze wo kuguma yitandukanije n’abantu benshi bo mu gihe ciwe. Wumva none atari ko nawe ukwiye kubigira? Yeremiya yahisemwo abagenzi bari basangiye ukwizera kandi bamushigikiye kugira ngo arangure igikorwa yari yashinzwe. Tuvugishije ukuri, umukirisu wese w’umwizigirwa muri iki gihe arashobora kugira ico yigiye kuri Yeremiya mu bijanye no guhitamwo abagenzi abigiranye ubukerebutsi.​—Imig. 13:20; 22:17.

Ushobora gute gukurikiza akarorero ka Yeremiya mu bijanye n’abo wohitamwo be n’abo utohitamwo ngo bakubere abagenzi?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika