ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jr ikig. 7 rup. 81-91
  • “Umutima urushe nzowuzuza agatege”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Umutima urushe nzowuzuza agatege”
  • Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IBINTU BISHOBORA GUTUMA UMUNTU ACIKA INTEGE
  • WOBA UZOHEMBURA IMITIMA IRUSHE?
  • “Sinshobora kuguma ncereje”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • Ni bande uzohitamwo ngo bakubere abagenzi?
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • “Nshize amajambo yanje mu kanwa kawe”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • Yehova atuma Yeremiya
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
jr ikig. 7 rup. 81-91

IKIGABANE C’INDWI

“Umutima urushe nzowuzuza agatege”

1. Mu mihezagiro tuzokwironkera mw’isi nshasha, ni uwuhe canecane ukwiye kwitegana igishika?

“ISI nshasha.” Igihe wumvise ayo majambo ni ibiki uca ubona mu bwenge? Ushobora guca ubona ukubaho ufise umubiri utunganye, ibifungurwa nzanamagara umukimba, ibikoko bitakiryana, canke uburaro bwiza. Urashobora kumbure gutanga ivyanditswe vyo muri Bibiliya bivugwamwo iyo mihezagiro witeze. Ariko rero, ntukwiye kwirengagiza umuhezagiro ujanye n’ukugira amagara meza mu vy’impwemu no kumererwa neza mu vy’inyiyumvo. Tudafise uwo muhezagiro, ukunezererwa iyo yindi mihezagiro vyomara umwanya nk’uwo urume rumara.

2, 3. Ivyo Yeremiya yanditse bituma twitega umuhezagiro udasanzwe uwuhe?

2 Igihe Imana yavuga biciye kuri Yeremiya ivy’uko Abayuda bogarutse bakava i Babiloni, ntiyirengagije ibijanye n’inyiyumvo bogize. Yavuze iti: “Uzosubira kwisharizisha utugoma twawe, usohoke koko mu ntambo y’abatwenga.” (Soma Yeremiya 30:18, 19; 31:4, 12-14.) Imana yaravuze n’ikindi kintu gishobora kugukora ku mutima, iti: “Umutima urushe nzowuzuza agatege, n’umutima ugoyagoya wose ndawukomeze.” Iyindi Bibiliya (NET Bible) ivuga uwo muhango w’Imana, iti: “Nzoronsa abarushe ivyo bakeneye vyose kandi nzohembura imitima y’abaravye.”​—Yer. 31:25.

3 Mbega icizigiro! Yehova yavuze yuko yokwujuje agatege uwurushe be n’uwudendebukiwe, canke mu yandi majambo, ko yobaronkeje ivyo bakeneye vyose. Ni vyo, Imana ntiyaga amasigaracicaro. Ivyo Yeremiya yanditse biradukura amazinda yuko na twebwe tuzoronswa ivyo dukeneye vyose. N’igihambaye kuruta, ivyo Yeremiya yanditse biratuma dutahura neza ukuntu, mbere no muri iki gihe, tworemeshwa kandi tukaguma tubona ko ibintu bizogenda neza. Ikigeretseko, birerekana uburyo ngirakamaro twokoresha mu kuremesha abafise imitima irushe, tukabafasha kuronka ivyo bakeneye vyose.

4. Ni kubera iki inyiyumvo Yeremiya yagize, tuzitahura?

4 Uwo muhango ni wo wahumuriza Yeremiya, kandi na twebwe urashobora kuduhumuriza. Uti kubera iki? Uribuka iciyumviro twabonye mu Kigabane ca 1 c’iki gitabu yuko, nka kumwe kwa Eliya, Yeremiya yari “umuntu yiyumva nk’uko twiyumva.” (Yak. 5:17) Zirikana gatoyi ku bintu bikeyi bishobora kuba vyaratuma rimwe na rimwe Yeremiya acika intege, canke mbere akadendebukirwa. Uko uzirikana kuri ivyo bintu, nuze uriyumvira ingene wari kwumva umerewe iyo aza kuba ari wewe bishikiye, be n’igituma ivyo vyoguciye intege.​—Rom. 15:4.

5. Ni igiki gishobora kuba caraciye intege Yeremiya?

5 Ku ruhande rumwe, Yeremiya ashobora kuba yaracitse intege biturutse ku bantu bo mu gisagara yavukamwo. Yakuriye i Anatoti, igisagara c’Abalewi cari ku bilometero nka bingahe mu buraruko bushira ubuseruko bwa Yeruzalemu. Uwo muhanuzi ashobora kuba yari ahafitiye incuti n’abagenzi. Yezu yavuze yuko umuhanuzi atagira iteka iwabo, kandi ukwo ni ko Yeremiya vyamugendeye. (Yoh. 4:44) Uretse ko “abantu b’i Anatoti” banka Yeremiya kandi bakamukengera, Imana yarigeze kuvuga ko ‘banarondera ubuzima bwiwe.’ Bavuganye ubukazi bati: “Ntukavuge ubuhanuzi mw’izina rya Yehova, kugira ngo ntitukwice.” Umve ntuze ako kamaramaza, kubona aribwa n’ababanyi, eka kumbure mbere n’incuti ziwe!​—Yer. 1:1; 11:21.

Ifoto ku rup. 83

6. Igihe abo mukorana canke abandi bantu bakurwanije, ushobora gute kwungukira ku nkuru yigana ivyerekeye Yeremiya be n’abantu b’i Anatoti?

6 Bishitse ababanyi, abo mwigana, abo mukorana, canke mbere abo mu muryango wawe bakakuremera, nuhumurizwe n’ukuntu Yehova yafashije Yeremiya. Ico gihe, Imana yaravuze yuko ‘yagira yiteho’ ivy’abo bantu b’i Anatoti bariko barwanya uwo muhanuzi wayo. (Soma Yeremiya 11:22, 23.) Nta gukeka ko uwo muhango Imana yahaye Yeremiya wamufashije gutsinda ugucika intege kwose kwotewe n’abantu b’iwabo bamurwanya. Mu nyuma, Imana yaritayeho ivy’abo “bantu b’i Anatoti,” irabateza “ivyago.” Na wewe, nushire amazinda rero ko Yehova ariko yitaho ibigushikira. (Zab. 11:4; 66:7) ‘Niwaguma’ mu vyo Bibiliya yigisha kandi ugakora ibigororotse, hari aho wotuma bamwebamwe muri abo bakurwanya bashobora gukira ivyago vyimirije.​—1 Tim. 4:16.

Igitabu ca Yeremiya cerekana gute ko Imana yitaho inyiyumvo z’abasavyi bayo, kandi ivyo bishobora kuba vyafashije gute uwo muhanuzi?

IBINTU BISHOBORA GUTUMA UMUNTU ACIKA INTEGE

7, 8. Ni ibintu ibihe bibabaje vyashikiye Yeremiya, kandi ivyo vyagize ico bikoze gute kuri we?

7 Hari n’ibindi bintu bibaje vyashikiye Yeremiya, uretse gusa amajambo ababaza yabwirwa n’ab’iwabo. Kimwe muri ivyo ni ikijanye n’umuherezi yitwa Pashuri,a uno akaba yari umuntu akomeye i Yeruzalemu. Aho Pashuri yumviye ubuhanuzi buva ku Mana yaciye “akubita Yeremiya umuhanuzi yongera amushira mu mpatane z’ibiti.” (Yer. 20:1, 2) Birashoboka rwose ko ivyo bidasabonura yuko Yeremiya yakubiswe ikofe. Hari abashitse ku ciyumviro c’uko Pashuri yoba yategetse ko Yeremiya akubitwa inkoni zishika kuri 40. (Gus. 25:3) Magingo Yeremiya yari arembejwe n’umubabaro, ntihabuze aboba bariko baramutyekeza bongera bamutukagura, eka mbere bakanamucirako amate. Ntivyagarukiye aho gusa. Pashuri yarategetse ko Yeremiya amara ijoro ryose ari mu “mpatane.” Ijambo ry’igiheburayo rikoreshwa ng’aho ritanga iciyumviro c’uko bari bamutunatunye. Emwe, Yeremiya yarahatiwe n’ububisha n’akantu kumara ijoro ryose arembejwe n’umubabaro, kumbure abohewe mu mpatane z’ibiti.

8 None ukwo kuntu Yeremiya yafashwe vyagize ico bikoze gute kuri we? Yabwiye Imana ati: “Nabaye agatwengo burinda bwira.” (Yer. 20:3-7) Yarashitse mbere n’aho yiyumvira ko atosubiye kuvuga mw’izina ry’Imana. Yamara, urazi neza ko ivyo Yeremiya atari kuvyubahuka. Ahubwo riho, ubutumwa Imana yari yamushinze gushikiriza bwari bumeze “nk’umuriro ururumba wugaraniwe mu magufa” yiwe, akaba ari co gituma yabwirizwa kuvugira Yehova.​—Soma Yeremiya 20:8, 9.

Ifoto ku rup. 84, 85

9. Ni kubera iki kuzirikana ku vyashikiye Yeremiya bitugirira akamaro cane?

9 Iyo nkuru irashobora kudufasha bishitse abo tuzi, baba ari incuti, ababanyi, abo dukorana, canke abo twigana bakaducokora bimwe bibabaje. Ntidukwiye gutangara bishitse tukumva ducitse intege kubera ukurwanywa mwene ukwo. Eka kandi ntitwotangara bishitse tukagirirwa nabi ku mubiri duhowe ugusenga kw’ukuri. None tweho ntidufise inyiyumvo nk’izo Yeremiya, umuntu adatunganye nkatwe, yagize igihe yashikirwa n’ibintu nk’ivyo? Yamara rero, ntidukwiye kwibagira yuko ukuba Yeremiya yarafashijwe n’Imana vyatumye asubira kugira umunezero no kubona ko yari n’ico amaze. Ntiyamaze igihe kirekire acitse intege, kandi na twebwe ni kwo bikwiye kumera.​—2 Kor. 4:16-18.

10. Bibiliya ihishura iki ku bijanye n’inyiyumvo Yeremiya yari afise?

10 Inyiyumvo za Yeremiya vyarashika zikaza zirahindagurika bukwi na bukwi. Vyoba na wewe bikunze kugushikira, ukaza wumva uracitse intege canke uramerewe nabi, kandi wari unezerewe canke umerewe neza? Ku bijanye n’uko Yeremiya yari umuntu afise umunezero, raba ico muri Yeremiya 20:12, 13 havuga. (Soma.) Inyuma y’aho Pashuri amukubaguriye, Yeremiya yaranezerejwe n’uko yabaye nk’umworo arokowe ‘akuwe mu kuboko kw’inkozi z’ikibi.’ Birashobora gushika ukumva wokwigina Yehova canke ukamuririmbira, kubera ko hari ukuntu warokowe mu kintu kinaka, canke wanezerejwe n’ikintu kinaka cabaye mu buzima bwawe kibure mu murimo wa gikirisu urangura. Ese ukuntu bihimbaye kugira mwene izo nyiyumvo!​—Ivyak. 16:25, 26.

Ifoto ku rup. 86

Ukurwanywa canke ugutyekezwa bishobora gute kugira ico bikoze ku nyiyumvo zacu?

11. Niba inyiyumvo zacu zikunze kuza zirahindagurika bukwi na bukwi, ni igiki dukwiye kwama twibuka ku bijanye na Yeremiya?

11 Yamara, kubera ko turi abantu badatunganye, inyiyumvo zacu zoshobora kuza zirahindagurika nka kumwe kwa Yeremiya. Ahejeje gushira ijwi hejuru avuga ibijanye no ‘kuririmbira Yehova,’ yaciye yumva yihebuye rwose, akaba kumbure yarakoroye n’amosozi. (Soma Yeremiya 20:14-16.) Yaragize intuntu nyinshi gushika n’aho yibaza icatumye avuka. Muri uwo mubabaro yarimwo, yavuze yuko umuntu yatangaje ivuka ryiwe yari akwiye gushikirwa n’ivyashikiye Sodomu na Gomora. Ariko ikibazo gihambaye gica kivyuka ni iki: Yeremiya yoba yagumye yihebuye? Yoba yaratanye n’akabando, arareka ugucika intege kuramuganza? Habe namba. Ahubwo nyabuna, yabwirijwe kugira ico akoze kugira ngo atsinde ukwo gucika intege, kandi urwo rugamba yararutsinze. Rimbura ivyo ico gitabu ca Yeremiya gica kivuga. Uwundi muntu yitwa Pashuri, uno akaba yari umuganwa, abitumwe n’Umwami Zedekiya yaragiye kubaza Yeremiya ibijanye n’Abanyababiloni bari basugereje Yeruzalemu. Ico gihe Yeremiya yarahagurutse, aratangaza abigiranye ubutinyutsi urubanza rwa Yehova be n’ivyoshikiye Yeruzalemu. (Yer. 21:1-7) Uca ubona rero ko Yeremiya yagumye akorana umwete igikorwa ciwe co kuba umuhanuzi!

12, 13. Twokora iki igihe habaye amahinduka adasanzwe mu bijanye n’inyiyumvo zacu?

12 Hari abasavyi b’Imana bo muri iki gihe usanga bishika inyiyumvo zabo zikaza zirahindagurika. Ivyo bishobora guterwa n’ukuntu umubiri wabo uba usanzwe umeze, kandi umuganga yakanongoreye yoshobora kubagira inama zitandukanye z’ingene bovyifatamwo. (Luka 5:31) Ariko rero, ku batari bake muri twebwe, kuba bishika tukagira umunezero canke tukababara usanga atari ikintu kirengeje urugero canke c’akataraboneka. Ni ibisanzwe ko twebwe abantu b’abanyagasembwa bishika tukumva tutamerewe neza. Birashobora guterwa n’uko twarushe canke twabuze uwacu. Hamwe twoshikirwa n’ibintu nk’ivyo, turakwiye kwibuka yuko naho nyene Yeremiya vyamushikiye, yagumye atoneshwa n’Imana. Kugira ngo tuvyifatemwo neza, hari aho vyoba vyiza tugize ivyo duhinduye ku vyo dusanzwe dukora kugira ngo turonke umwanya wiyongereye wo kuruhuka. Canke na ho hari aho vyoba vyiza turetse hagaca umwanya uhagije kugira ngo intuntu twatewe n’ukwo kubura uwacu ihere. Mugabo rero, birahambaye cane ko tuguma twitaba amakoraniro yacu ya gikirisu kandi tukaguma tugira uruhara mu yindi mirimo ya gitewokarasi. Ivyo ni ibintu ntahara bidufasha kugumana uburimbane n’umunezero mu murimo turangurira Imana.​—Mat. 5:3; Rom. 12:10-12.

13 Waba ushikirwa gake n’ukuvunika umutima canke bikaba bigushikira kenshi, ivyashikiye Yeremiya birashobora kugufasha. Nk’uko twabibonye, vyarashika akumva acitse intege. Naho vyari ukwo, ntiyaretse ngo ugucika intege gutume ava ku Mana yikundira kandi yasukurira adahemuka. Igihe abamurwanya baba bamwishuye inabi ku neza yaba yabagiriye, yaca yitura Yehova akaba ari we yizigira. (Yer. 18:19, 20, 23) Niwiyemeze kwigana Yeremiya.​—Int. 3:55-57.

Bishitse ugacika intege canke ukadendebukirwa, ivyo dusanga mu gitabu ca Yeremiya vyogufasha gute?

WOBA UZOHEMBURA IMITIMA IRUSHE?

14. Ni gute Yeremiya yaremeshejwe mu buryo budasanzwe?

14 Vyoba vyiza tuzirikanye ku kuntu Yeremiya yaremeshejwe be no ku kuntu yaremesheje abandi bari bafise ‘imitima irushe’ nka we. (Yer. 31:25) Yehova ni we canecane yaremesheje uwo muhanuzi. Iyumvire ukuntu wari kwumva uremeshejwe no kwumva aya majambo agira ati: “Jewe, ehe uyu musi nkugize igisagara gikingijwe ibihome. . . . Bazokurwanya koko, mugabo ntibazokunesha, kuko ‘ndi kumwe nawe kugira nkurokore,’ ni ko Yehova avuze.” (Yer. 1:18, 19) Yeremiya yari afise imvo yumvikana yo kuvuga yuko Yehova yari ‘inkomezi ziwe n’igihome ciwe gikomeye, akaba n’ubuhungiro bwiwe ku musi w’amarushwa.’​—Yer. 16:19.

15, 16. Uburyo Yehova yakoresheje mu kuremesha Yeremiya bugufasha gute kubona ico wokora kugira ngo uremeshe abandi?

15 Birashimishije kubona Yehova yarabwiye Yeremiya ati: “Ndi kumwe nawe.” Wisunze ayo majambo, woba ubona ico wokora mu gihe hari uwo uzi akeneye kuremeshwa? Kumenya ko umukirisu mugenzawe canke kumbure incuti yawe akeneye kuremeshwa ni kimwe, yamara kumuronsa indemesho aba koko akeneye ni ikindi. Mu bihe bitari bike, uburyo ngirakamaro kuruta ubundi bwose ni ugukora ico Imana yagiriye Yeremiya, ni ukuvuga kuba kumwe n’uwo muntu ari mu marushwa. Hanyuma, numubwire ku gihe kibereye amajambo amuremesha, ariko ntumucucagire menshi. Amajambo make arashobora kugira ikintu ciza ashitseko igihe arobanuwe mu ntumbero yo kumuhumuriza be no kumukomeza. Amajambo wovuga ntakwiye kuba ari ayahinguwe. Nukoreshe amajambo yoroshe agaragaza ko umwitwararika, urajwe ishinga n’ivyiwe, be n’uko umufitiye igishika ca kivukanyi. Mwene ayo majambo arashobora kugira ivyiza vyinshi ashitseko.​—Soma Imigani 25:11.

16 Yeremiya yasavye ati: “Ewe Yehova, nunyibuke, unyiteho.” None ivyo vyavuyemwo iki? Uwo muhanuzi avuga ati: “Amajambo yawe yarabonetse, ndayarya; ijambo ryawe rimbereye umwigino n’umunezero w’umutima wanje.” (Yer. 15:15, 16) Hari aho wosanga uwo ushaka kuremesha na we nyene akeneye mwene ukwo kwitwararikanwa ubuntu. Ego ni ko, amajambo wokoresha ntashobora kugereranywa n’ayo Yehova yokoresha. Yamara, woshobora gushira mu vyo uvuga amajambo ava ku Mana. Mwene ayo majambo avuye ku mutima kandi ashingiye kuri Bibiliya arashobora vy’ukuri gutuma uwacitse intege anezerwa.​—Soma Yeremiya 17:7, 8.

17. Ni icigwa gihambaye ikihe dukura ku kuntu Yeremiya yafashe Zedekiya na Yohanani?

17 Uretse ko Yeremiya yaremeshejwe n’Imana, urabona ko na we nyene yaremesheje abandi. Uti yabaremesheje gute? Igihe kimwe, Umwami Zedekiya yarabwiye Yeremiya ko yatinya Abayuda bari bifatanije n’Abanyababiloni. Uwo muhanuzi yaravuze amajambo aremesha mu guhimiriza uwo mwami kugamburukira Yehova kugira ngo bize bimugendere neza. (Yer. 38:19, 20) Yeruzalemu imaze gusangangurwa, umwe mu bakuru b’igisirikare yitwa Yohanani, yariyumviriye ivyo gutwara mu Misiri Abayuda bakeyi bari basigaye muri ico gihugu. Ariko imbere y’uko afata iyo ngingo, yabanje gusiguza Yeremiya. Uwo muhanuzi yarateze ugutwi Yohanani, hanyuma abitura Yehova mw’isengesho. Mu nyuma, Yeremiya yarashikirije Yohanani inyishu iremesha ivuye kuri Yehova, aramubwira ko yororaniwe mu gihe yokurikije ubuyobozi bw’Imana bwabasaba kuguma muri ico gihugu. (Yer. 42:1-12) Muri ivyo bihe vyompi, Yeremiya yarumviriza imbere yo kuvuga. Gutega ugutwi ni ntahara mu bijanye no kuremesha abandi. Nureke umuntu ari mu marushwa asuke ibiri mu mutima wiwe. Nutege yompi igihe akubwira ibimuraje ishinga be n’ibimuteye ubwoba. Numubwire amajambo aremesha igihe bibereye. Naho Imana itazoguhishurira amajambo wokoresha mu kuremesha umuntu, ivyo uvuga urashobora kubishiramwo ivyiyumviro dusanga mw’Ijambo ryayo bishimika ku vyo kazoza katubikiye.​—Yer. 31:7-14.

Ifoto ku rup. 91

18, 19. Mu bijanye no kuremesha abandi, ni icigwa ikihe dukura mu nkuru zivuga ivyerekeye Abarekabu be na Ebedi-meleki?

18 Yaba Zedekiya canke Yohanani, nta n’umwe muri bo yemeye impanuro ziremesha Yeremiya yabahaye, kandi no muri iki gihe hari abatokwakira neza ivyo ubabwira. Ntureke ngo ivyo biguce intege. Hari abandi bakiriye neza indemesho Yeremiya yabahaye, kandi birashoboka ko abatari bake bazokwakira neza ivyo tubabwira. Zirikana ku Barekabu, bano bakaba bari Abakeni bari bamaze imyaka myinshi bafitaniye imigenderanire myiza n’Abayuda. Rimwe mu mategeko abo ba kavamahanga bari barashingiwe na sekuruza wabo Yehonadabu, ryari iry’uko batohirahiriye ngo banywe umuvinyu. Igihe Abanyababiloni batera, Yeremiya yarajanye abo Barekabu mu cumba c’uburiro mu rusengero. Yeremiya abitegetswe n’Imana, yarabaserevye umuvinyu. Kubera ko abo Barekabu bubaha uwo sekuruza wabo kandi bakaba batari bameze nka ba Bisirayeli b’abagambarazi, baragamburutse rya tegeko yari yarashinze, baranka kunywa uwo muvinyu. (Yer. 35:3-10) Abitumwe na Yehova, Yeremiya yarabakeje yongera arabashikiriza ivyo Yehova yaciye abasezeranira. (Soma Yeremiya 35:14, 17-19.) Ako ni akarorero ukwiye kwigana igihe uremesha abandi. Igihe cose bishoboka, nubakeze ata buryarya ubigiranye.

19 Ukwo ni ko Yeremiya yabigenjeje no kuri wa Munyetiyopiya Ebedi-meleki, uwo biboneka ko yakorera ku kirimba c’Umwami Zedekiya. N’akarenganyo n’akantu, abaganwa ba Yuda baratereye Yeremiya mw’itangi ririmwo urwondo maze bamurekerayo ngo apfireyo. Ebedi-meleki yarituye Umwami Zedekiya, uwaciye amuha uburenganzira bwo kuza gukura uwo muhanuzi muri nya tangi. Uwo mugabo w’umunyamahanga yararokoye Yeremiya, naho bishoboka ko yari kurwanywa bimwe bikaze. (Yer. 38:7-13) Kubera ko Ebedi-meleki yari yiyonkoye kuri abo baganwa ba Yuda, ashobora kuba yarahagaritswe umutima n’ukuntu ivyiwe vyogenze. Yeremiya ntiyagumye yinumiye, yizigiye ko Ebedi-meleki yotsinze izo nyiyumvo mbi ata wumufashije. Ahubwo nyabuna, yarabwiye Ebedi-meleki amajambo aremesha ajanye n’imihezagiro Imana yomuhunze.​—Yer. 39:15-18.

20. Ni ibiki dukwiye kwipfuza kugirira abavukanyi bacu, baba abato canke abakuze?

20 Mu vy’ukuri, uko dusoma igitabu ca Yeremiya, turibonera uburorero bwiza cane bwerekana ukuntu twebwe ubwacu dushobora gushira mu ngiro ivyo intumwa Paulo yahimirije abavukanyi bacu b’i Tesalonika gukora, ati: “Mugume . . . muhozanya mwongera mwubaka bagenzi banyu, . . . Ubuntu ata wari abukwiriye bw’Umukama wacu Yezu Kristu bubane namwe.”​—1 Tes. 5:11, 28.

Ni ivyigwa ibihe ukura kuri Yeremiya utegekanya gukoresha igihe uzoba uriko urihatira kuremesha abafise imitima irushe?

a Mu gihe c’ingoma ya Zedekiya, hari uwundi muntu yitwa Pashuri, uno akaba yari umuganwa yigeze kwinginga uwo mwami ngo yicishije Yeremiya.​—Yer. 38:1-5.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika