Nugume uri maso nka Yeremiya
“[Jewe Yehova] nguma ndi maso ku bijanye n’ijambo ryanje kugira ndarishitse.”—YER. 1:12.
1, 2. Ni kubera ki ukuba Yehova ‘aguma ari maso’ bigereranywa n’igiti ca shekedi?
KU MIRAMBI yo muri Libani no muri Isirayeli, kimwe mu biti vyaho bitangura gushurika ni igiti ca shakedi. Amashurwe yaco meza cane agomba gutukura canke yera, umuntu arashobora kuyabona mu mpera z’ukwezi kwa Nzero canke mu ntango z’ukwezi kwa Ruhuhuma. Izina ry’igiheburayo ry’ico giti risobanura ijambo ku rindi ngo “uwikangura.”
2 Igihe Yehova yagena Yeremiya ngo abe umuhanuzi wiwe, ico kintu kiranga ico giti ca shekedi carakoreshejwe mu buryo bubereye mu kugereranya ikintu gihambaye kibaho koko. Mu ntango y’ubusuku bw’uwo muhanuzi, yareretswe agashami k’ico giti. None ivyo vyasobanura iki? Yehova yasiguye ati: “Nguma ndi maso ku bijanye n’ijambo ryanje kugira ndarishitse.” (Yer. 1:11, 12) Nka kurya nyene igiti ca shekedi wasanga ‘cikangura’ hakiri kare, ni na ko Yehova ‘yavyuka kare’ mu buryo bw’ikigereranyo kugira ngo arungike abahanuzi biwe kugabisha abasavyi biwe ku bijanye n’ingaruka zovuye mu kugambarara. (Yer. 7:25) Kandi ntiyoruhutse, ivyo bikaba bishaka kuvuga ko ‘yogumye ari maso,’ gushika ijambo ryiwe ry’ubuhanuzi rirangutse. Mu 607 B.G.C., ku gihe nyene Yehova yari yarashinze, yarashikije urubanza yari yaraciriye iryo hanga rya Yuda ry’irihuni.
3. Ni igiki dushobora kwemera tudakeka ku bijanye na Yehova?
3 No muri iki gihe nyene, Yehova ari maso, akaba yitwararitse gushitsa ivyo agomba. Ntashobora gufata minenerwe ibijanye no gushitsa ijambo ryiwe. None kuba Yehova yitwararitse gushitsa ivyo agomba bigira ico bikoze gute kuri wewe? Woba wemera ko muri uwu mwaka wa 2011, Yehova ari “maso” kugira ngo ashitse ivyo yasezeranye? Nimba dukekeranya ku bijanye n’ibintu vyo kwizigirwa Yehova yasezeranye, harageze ko twikangura tukareka uguhunikira mu buryo bw’impwemu ukwo ari kwo kwose. (Rom. 13:11) Kubera ko Yeremiya yari umuhanuzi wa Yehova, yaguma ari maso. Gusuzuma ingene Yeremiya yaguma ari maso ku gikorwa Imana yari yaramushinze be n’igituma yabigira, biraza kudufasha kubona ukuntu twokwumira kw’ibanga mu gikorwa Yehova yaduhaye.
Ubutumwa bwihutirwa
4. Ni ibintu bitoroshe ibihe Yeremiya yahanganye na vyo mu gushikiriza ubutumwa yari yahawe, kandi ni ibiki vyatuma buba ubwihutirwa?
4 Yeremiya ashobora kuba yari mu gushikana imyaka 25 igihe Yehova yamushinga igikorwa co kuba inderetsi. (Yer. 1:1, 2) Mugabo yabona yuko ameze nk’agahungu kadashoboye na gato kugira ico kabwiye abakurambere bo muri iryo hanga, ni ukuvuga abagabo bitereye mu myaka kandi bafise ubukuru. (Yer. 1:6) Yari afise ubutumwa bukomeye bwo kubashira ku kabarore be n’imanza ziteye ubwoba yategerezwa kubamenyesha, akaba canecane yategerezwa kubimenyesha abaherezi, abahanuzi b’ikinyoma n’abatware, hamwe n’abantu bakurikira “inzira ya benshi” kandi bagatsimbataza agatima ko ‘kwanka kugaruka.’ (Yer. 6:13; 8:5, 6) Rwa rusengero rwari runinahaye rw’Umwami Salomo, urwari rwaramaze imyaka nk’amajana ane ari intimatima y’ugusenga kw’ukuri, rwosambuwe. Yeruzalemu na Yuda vyocitse igiharabuga, abahaba na bo bagatwarwa ari imbohe. Biragaraga ko ubutumwa yari yahawe gushikiriza bwihutirwa!
5, 6. (a) Yehova ariko akoresha gute abagize umugwi wa Yeremiya muri iki gihe? (b) Icigwa cacu kiza gushimika ku biki?
5 Mu bihe vya none, Yehova abigiranye urukundo yararonkeje abantu umugwi w’abakirisu barobanuwe bakora ari inderetsi z’ikigereranyo kugira ngo batange ingabisho ku bijanye n’urubanza yaciriye iyi si. Uwo mugwi wa Yeremiya waramaze imyaka mirongo uhimiriza abantu kwitwararika ibihe tubayemwo. (Yer. 6:17) Bibiliya irashimika ku vy’uko Yehova, we karuhariwe mu gukurikiza umwanya, adateba. Umusi wiwe uzoshika ku gihe nyene yashinze, ni ukuvuga kw’isaha abantu batiteze.—Zef. 3:8; Mrk. 13:33; 2 Pet. 3:9, 10.
6 Nugumize ku muzirikanyi yuko Yehova ari maso be n’uko azoyobora abantu akabashikana mw’isi nshasha yiwe igororotse igihe yashinze kigeze. Kumenya ivyo birakwiye gutuma abagize umugwi wa Yeremiya baguma bari maso ku butumwa bashikiriza burushiriza kuba ubwihutirwa bikongera bigafasha bagenzi babo bo mu zindi ntama kubigenza gutyo nyene. Ivyo none bigira ico bikoze gute kuri wewe? Yezu yarerekanye yuko abantu bose bakeneye gushigikira Ubwami bw’Imana. Nimuze twihweze kamere zitatu zafashije Yeremiya kuguma ari maso ku gikorwa yari yarashinzwe zikaba kandi zizodufasha kumwigana.
Gukunda abantu
7. Sigura ingene urukundo rwavyuriye Yeremiya umutima wo kwamamaza naho ibintu bitari vyoroshe.
7 Ni igiki cavyuriye Yeremiya umutima wo kwamamaza naho ibintu bitari vyoroshe? Yarakunda abantu. Yeremiya yari azi ko abungere b’ikinyoma bariko barateza ingorane nyinshi mu zariko zirashikira abantu. (Yer. 23:1, 2) Ukuba yari azi ico kintu vyaramufashije gukora igikorwa ciwe abigiranye urukundo n’impuhwe. Yipfuza yuko abantu bo mu gihugu c’iwabo bumva amajambo y’Imana maze bakabaho. Vyari bimuraje ishinga cane ku buryo yarize kubera icago cagira kibashikire. (Soma Yeremiya 8:21; 9:1.) Igitabu co Gucura intimba kiraserura mu buryo butomoye urukundo rugera kure Yeremiya yakunda izina rya Yehova n’abantu hamwe n’ukuntu vyari bimuraje ishinga cane. (Int. 4:6, 9) Iyo ubonye abantu ‘batabaguwe kandi basabagiye nk’intama zitagira umwungere’ muri iki gihe, ntiwumva none wipfuza kubashira inkuru nziza y’Ubwami ihumuriza?—Mat. 9:36.
8. Ni igiki cerekana ko kugirirwa nabi bitatumye Yeremiya ashavura?
8 Yeremiya yaragiriwe nabi n’abo bantu nyene yipfuza gufasha, yamara ntiyihoye canke ngo abashavurire. Yari umuntu yiyumanganya kandi w’umutima mwiza, ukwo akaba ari na ko yafata wa Mwami yari yarononekaye Zedekiya! N’igihe nyene Zedekiya yatanga Yeremiya ngo yicwe, nticabujije ko uno amwinginga ngo agamburuke ijwi rya Yehova. (Yer. 38:4, 5, 19, 20) Urukundo dukunda abantu rwoba rukomeye nka rumwe rwa Yeremiya?
Umutima rugabo Imana itanga
9. Tumenya gute ko umutima rugabo Yeremiya yari afise wava ku Mana?
9 Igihe Yehova yavugisha Yeremiya ari bwo bwa mbere, uno yaragerageje kwisigura. Ivyo biratwereka yuko ubutinyutsi be n’ugushikama yabandanije kugaragaza atari ibintu yari yaravukanye. Ahubwo nyabuna, inkomezi zidasanzwe Yeremiya yagaragaje mu gihe yariko arakora igikorwa yari yarashizwe co gushikiriza ubuhanuzi, zava vy’ukuri ku kuba yariheka ku Mana agaherezako. Vyemere, Yehova yari kumwe n’uwo muhanuzi “nk’umunyenkomezi ateye ubwoba” mu buryo bw’uko yashigikiye Yeremiya yongera aramuha inkomezi kugira ngo arangure igikorwa yari yarashinzwe. (Yer. 20:11) Yeremiya yari azwi ko ari umuntu afise ubutinyutsi n’umutima rugabo ku buryo mu gihe c’ubusuku bwa Yezu bwo kw’isi, vyatumye bamwebamwe biyumvira ko Yezu yari Yeremiya yasubiye kuba muzima!—Mat. 16:13, 14.
10. Ni kubera iki bishobora kuvugwa yuko amasigarira y’abarobanuwe ari ‘hejuru y’amahanga n’ubwami’?
10 Yehova we “Mwami w’amahanga,” yarashinze Yeremiya igikorwa co gushikiriza amahanga n’ubwami ubutumwa bujanye n’urubanza yari yabiciriye. (Yer. 10:6, 7) Ariko none ni mu buryo nyabaki amasigarira y’abarobanuwe ari “hejuru y’amahanga no hejuru y’ubwami”? (Yer. 1:10) Cokimwe n’uwo muhanuzi wo mu gihe ca kera, abagize umugwi wa Yeremiya barashinzwe igikorwa kivuye kuri Segaba w’ijuru n’isi. Birabereye rero kubona abasavyi b’Imana barobanuwe barategetswe gushikiriza kw’isi yose ubutumwa bujanye n’urubanza rwaciriwe amahanga be n’ubwami. Kubera ko abagize umugwi wa Yeremiya bahawe ubukuru n’Imana Musumbavyose bakaba kandi bakoresha ururimi rutomoye ari ryo Jambo ryayo ryahumetswe, baratangaza yuko amahanga n’ubwami vyo muri iki gihe bizotikizwa igihe Imana yashinze kigeze, ivyo ikaba izobigira ikoresheje uburyo yahisemwo. (Yer. 18:7-10; Ivyah. 11:18) Abagize umugwi wa Yeremiya biyemeje kudatezura mu gikorwa bashinzwe n’Imana co gutangaza kw’isi yose ubutumwa bujanye n’urubanza Yehova yaciye.
11. Ni igiki kizodufasha kuguma twamamaza tudatezura igihe turi mu bihe bigoye?
11 Kuba bishika tugacika intege igihe abantu baturwanije, canke igihe batanegwa ivyo tubabwira, kibure igihe turi mu bihe bigoye, ni ikintu gisanzwe. (2 Kor. 1:8) Mugabo nka kumwe kwa Yeremiya, nimuze twumire kw’ibanga. Ntuvunike umutima. Ese umwumwe wese muri twebwe yobandanya gutakambira Imana, kuyihekako no ‘kugira ubutinyutsi’ uko ayihanga amaso kugira ngo imufashe! (1 Tes. 2:2) Kubera ko turi abasavyi b’Imana b’ukuri, dutegerezwa kubandanya kuguma turi maso ku mabanga twashinzwe n’Imana. Turakeneye kwiyemeza kuguma twamamaza tudatezura ibijanye n’ugutikizwa kw’Abiyita abakirisu, bano bakaba bagereranijwe na Yeruzalemu yahemutse. Abagize umugwi wa Yeremiya ntibazoguma batangaza gusa “umwaka w’ubutoni wa Yehova” ariko bazotangaza n’“umusi w’ukwihora w’Imana yacu.”—Yes. 61:1, 2; 2 Kor. 6:2.
Umunezero ugera kure
12. Ni kubera iki twoshika ku ciyumviro c’uko Yeremiya yagumye afise umunezero, kandi ni ikintu nyamukuru ikihe camufashije kuguma awufise?
12 Igikorwa Yeremiya yarangura caramuhimbara. Yabwiye Yehova ati: “Amajambo yawe yarabonetse, ndayarya; ijambo ryawe rimbereye umwigino n’umunezero w’umutima wanje; kuko nitiriwe izina ryawe, ewe Yehova.” (Yer. 15:16) Yeremiya yabona ko guserukira Imana y’ukuri no kwamamaza ijambo ryayo ari agateka. Biri n’ico bivuze kubona Yeremiya yaratakaje umunezero wiwe igihe yashira umutima ku kuba abantu baramushinyagurira. Igihe yitwararika ivy’uko ubutumwa yariko arashikiriza bwari bwiza bukaba n’ubuhambaye, yarasubiye kugira umunezero.—Yer. 20:8, 9.
13. Ni kubera iki kwihereza ukuri kwimbitse kw’ivy’impwemu ari ikintu gihambaye kugira ngo tugume dufise umunezero?
13 Kugira ngo tugume dufise umunezero mu gikorwa co kwamamaza muri iki gihe turimwo, turakeneye kwihereza “ibifungurwa bigumye,” ni ukuvuga ukuri kwimbitse kwo mw’Ijambo ry’Imana. (Heb. 5:14) Kwiyigisha mu buryo bwimbitse birakomeza ukwizera. (Kol. 2:6, 7) Biratuma dutahura ingene ivyo dukora bigira ico bikoze vy’ukuri kuri Yehova. Nimba bitugora kuronka umwanya wo gusoma Bibiliya no kuyiyigisha, turakwiye gusubira gusuzuma urutonde rw’ivyo dukora. Mbere no kumara iminuta mikeyi buri musi turiko turiyigisha twongera tuzirikana bizotuma turushiriza kwiyegereza Yehova vyongere bitume tugira ‘umwigino n’umunezero w’umutima,’ nk’uko vyari biri kuri Yeremiya.
14, 15. (a) Ni ivyiza ibihe vyavuye ku kuba Yeremiya yarumiye ku gikorwa ciwe? (b) Ni igiki abasavyi b’Imana bo muri iki gihe batahura ku bijanye n’igikorwa co kwamamaza?
14 Yeremiya yaratangaje vy’ukuri adatezura ubutumwa bwa Yehova bwerekeye imburi n’urubanza vyiwe, yamara ntiyigeze yibagira igikorwa yari yamushinze co ‘kwubaka no guteragira.’ (Yer. 1:10) Igikorwa ciwe co kwubaka no guteragira caravuyemwo ivyiza. Abayuda bamwebamwe hamwe n’abatari Abisirayeli bararokotse igihe Yeruzalemu yatikizwa mu 607 B.G.C. Muri abo, twovuga nk’Abarekabu, Ebedi-meleki na Baruki. (Yer. 35:19; 39:15-18; 43:5-7) Abo bagenzi ba Yeremiya b’intahemuka kandi batinya Imana, bagereranya mu buryo bubereye abantu bo muri iki gihe bafise icizigiro co kuba kw’isi, bano bakaba bifatanya n’abagize umugwi wa Yeremiya. Abagize umugwi wa Yeremiya barahimbarwa cane no kwubaka mu buryo bw’impwemu iryo “sinzi rinini.” (Ivyah. 7:9) Muri ubwo buryo nyene, abo bagenzi b’intahemuka b’abarobanuwe baranezerwa cane no gusahiriza abantu b’imitima nziraburyarya kugira ngo baronke ubumenyi bwerekeye ukuri.
15 Twebwe abasavyi b’Imana turatahura yuko kwamamaza inkuru nziza atari gusa igikorwa kigirira akamaro abayumva ariko kandi ko ari uburyo bwo gusenga Imana yacu. Twaba turonka abatwumviriza canke ntitubaronke, kurangurira Yehova umurimo mweranda biciye ku gikorwa cacu co kwamamaza biratuma tugira umunezero mwinshi.—Zab. 71:23; soma Abaroma 1:9.
‘Nugume uri maso’ ku gikorwa washinzwe!
16, 17. Ibivugwa mu Vyahishuwe 17:10 no muri Habakuki 2:3 vyerekana gute ko ibintu vyihutirwa muri ibi bihe turimwo?
16 Turarushiriza gutahura ko ibintu vyihutirwa muri ibi bihe tubayemwo iyo turimbuye amajambo y’ubuhanuzi yahumetswe dusanga mu Vyahishuwe 17:10. Umwami agira indwi, ni ukuvuga intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika, yaramaze kubaho. Ku bijanye n’iyo ntwaro, dusoma duti: “Niyashika [ni ukuvuga intwaro nganzasi igira indwi] abwirizwa kugumaho akanya gato.” Ubu ako “kanya gato” gategerezwa kuba kari mu kurangira. Umuhanuzi Habakuki aradukura amazinda ku bijanye n’iherezo ry’ivy’iyi si mbi ati: “Ivyo bintu vyerekanywe bi[raca]rindiriye igihe vyashingiwe . . . Ugume ubirindiriye; kuko bitazobura kuranguka. Ntibizocererwa.”—Hab. 2:3.
17 Niwibaze uti: ‘Ukuntu mbayeho kwoba kwerekana vy’ukuri ko ibintu vyihutirwa muri ibi bihe turimwo? Uburyo mbayeho bwoba bwerekana yuko niteze ko umuhero ugira ushike? Canke ingingo mfata be n’ivyo nshira imbere y’ibindi vyoba vyerekana yuko ntiteze ko iherezo rishobora gushika umwanya uwo ari wo wose kibure mbere ko ntazi neza yuko uzonashika?’
18, 19. Ni kubera iki ubu atari co gihe co kugabanura umwete?
18 Igikorwa c’abagize umugwi w’inderetsi ntikirarangira. (Soma Yeremiya 1:17-19.) Ese ukuntu bitera umunezero kuba amasigarira y’abarobanuwe ahagaze atanyiganyiga, nk’“inkingi y’icuma” n’“igisagara gikingijwe ibihome”! ‘Bakenyeje ukuri mu mafyinga’ mu buryo bw’uko Ijambo ry’Imana ribakomeza gushika igikorwa bashinzwe kirangiye. (Ef. 6:14) Abagize isinzi rinini babigiranye umwiyemezo nk’uwo, barashigikira n’umwete abagize umugwi wa Yeremiya mu kurangura igikorwa washinzwe n’Imana.
19 Ubu si co gihe co kugabanura umwete mu gikorwa c’Ubwami ahubwo ni igihe co kurimbura ukuntu ibivugwa muri Yeremiya 12:5 bihambaye. (Soma.) Twese turashikirwa n’ibigeragezo dutegerezwa kwihanganira. Ivyo bintu bigerageza ukwizera vyoshobora kugereranywa n’“abagenda n’amaguru” abo dutegerezwa gusiganwa. Naho ari ukwo, uko ya “makuba akomeye” yegereza, turashobora kwitega yuko ingorane zizokwongerekana. (Mat. 24:21) Kuzonyinyana n’ingorane zirushirije kuba izikomeye ziturindiriye, vyoshobora kugereranywa no “gusiganwa n’amafarasi.” Kugira ngo umuntu agume ajana n’amafarasi ariko ariruka vyosaba ko aba afise inkomezi nyinshi zo kwihangana. Birahambaye rero ko twihanganira ibigeragezo bidushikira muri iki gihe, bino bikaba vyoshobora kudutegura kugira tuzoshobore kwihanganira ibigeragezo biturindiriye.
20. Wiyemeje gukora iki?
20 Twese turashobora kwigana Yeremiya maze tukarangura igikorwa twashinzwe co kwamamaza. Kamere zimwezimwe nk’urukundo, umutima rugabo be n’umunezero zaratumye Yeremiya arangura adahemuka ubusuku bwiwe bwamaze imyaka 67. Ya mashurwe meza cane y’igiti ca shekedi aratwibutsa yuko Yehova ‘azoguma ari maso’ ku bijanye n’ijambo ryiwe kugira ngo arishitse. Turafise rero imvo yumvikana yo kubigenza gutyo nyene. Yeremiya ‘yagumye ari maso,’ kandi na twebwe turashobora kuguma turi maso.
Woba uvyibuka?
• Urukundo rwafashije gute Yeremiya ‘kuguma ari maso’ ku gikorwa yari yarashinzwe?
• Ni kubera iki dukeneye umutima rugabo Imana itanga?
• Ni igiki cafashije Yeremiya kuguma afise umunezero?
• Ni kubera iki wipfuza ‘kuguma uri maso’?
[Amafoto ku rup. 31]
Woba uzoguma wamamaza naho bokurwanya?