ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/3 rup. 8-rup. 11 ing. 10
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yeremiya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yeremiya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “ABANTU BANJE BAKOZE IBIBI BIBIRI”
  • (Yeremiya 1:1–20:18)
  • “NI MUGONDERE IZOSI INGŌGO Y’UMWAMI W’I BABULONI”
  • (Yeremiya 21:1–51:64)
  • I YERUZALEMU HATURIRWA
  • (Yeremiya 52:1-34)
  • “Nshize amajambo yanje mu kanwa kawe”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • “Sinshobora kuguma ncereje”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • Ni bande uzohitamwo ngo bakubere abagenzi?
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • Asukurira “mu kiringo ca nyuma c’imisi”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/3 rup. 8-rup. 11 ing. 10

Ijambo rya Yehova ni rizima

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yeremiya

ESE ukuntu ubutumwa bw’ivyago Yeremiya yabwiye abo bari basangiye igihugu butegerezwa kuba bwarabaciye ivutu! Urusengero rwiza igitangaza, urwari rumaze imyaka irenga 300 ari ikibanza nyamukuru co gusengeramwo, rwotongowe n’umuriro. Igisagara ca Yeruzalemu be n’igihugu cose c’Ubuyuda vyocitse umusaka, abahaba na bo bakajanwa inyagano. Inkuru yerekeye ubwo butumwa bw’urubanza be n’ubundi butumwa bwerekeye izindi manza, tuyisanga mu gitabu kigira kabiri mu bitabu bininibinini vyo muri Bibiliya, na co kikaba ari igitabu ca Yeremiya. Kirigana kandi ivyo Yeremiya ubwiwe yiboneye mu myaka 67 yamaze akora adahemuka igikorwa co kuvuga ubuhanuzi. Amakuru dusanga muri ico gitabu ntashikirizwa hisunzwe ukuntu ibivugwamwo vyagiye birakurikirana, ahubwo ashikirizwa hisunzwe ico inkuru iba iriko iravugwa yerekeye.

Ni kubera iki dukwiye kwitwararika ibivugwa muri ico gitabu co muri Bibiliya ca Yeremiya? Ubuhanuzi bwarangutse buri muri co buratuma turushiriza kwizera ko Yehova ashitsa ivyo yasezeranye (Yesaya 55:10, 11). Igikorwa Yeremiya yakora co kuvuga ubuhanuzi be n’ukuntu abantu bakira ubutumwa yashikiriza, birafitaniye isano n’ibiba muri iki gihe (1 Ab’i Korinto 10:11). N’ikindi kandi, inkuru yerekana ukuntu Yehova yafata abasavyi biwe irashira ahabona kamere ziwe, ikaba rero ikwiye kugira ikintu gikomeye ikoze kuri twebwe.​—Abaheburayo 4:12.

“ABANTU BANJE BAKOZE IBIBI BIBIRI”

(Yeremiya 1:1–20:18)

Yeremiya ashingwa ibanga ryo kuba umuhanuzi mu mwaka ugira 13 Yosiya umwami w’Ubuyuda ari ku ngoma, hakaba hasigaye imyaka 40 ngo i Yeruzalemu hasangangurwe mu 607 B.G.C. (Yeremiya 1:1, 2). Ubutumwa avuga canecane mu myaka 18 ya nyuma y’ingoma ya Yosiya, burashira ahabona ibibi bikorerwa i Buyuda bukongera bukavuga ibijanye n’urubanza Yehova azoshitsa ku Buyuda. Yehova avuga ati: “I Yerusalemu nzohahindura ibirundo vy’amasakamburira, . . . kandi n’ibisagara vy’i Buyuda nzobihindura amatongo, ata wukihaba” (Yeremiya 9:11). Kubera iki? Abandanya ati: “Kukw abantu banje bakoze ibibi bibiri”.​—Yeremiya 2:13.

Ubwo butumwa buravuga kandi ibijanye n’uko amasigarira yigaye azogarukanwa mu gihugu c’amavukiro (Yeremiya 3:14-18; 12:14, 15; 16:14-21). Ariko rero, iyo ntwarabutumwa ntibayiha nirwere. “Umubgiriza mukuru wo mu ngoro y’Uhoraho” arakubita Yeremiya, akamushira mu mpatane z’ibiti aho amara ijoro ryose.​—Yeremiya 20:1-3.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

1:11, 12​—Ni kubera iki ukuntu Yehova aguma arinda ijambo ryiwe kugereranywa n’ibijanye n’“ishami ry’umurinzi”? Igiti c’umurinzi ni kimwe mu biti bishurika imbere y’ibindi mu mpeshi. Mu buryo bw’ikigereranyo, Yehova yaguma ‘azindurwa uko bukeye no gutuma [abavugishwa na we]’ kuburira abasavyi biwe ku bijanye n’imanza ziwe, kandi yaguma ‘arinda’, canke mu yindi mvugo ari maso, gushika izo manza zishikijwe.​—Yeremiya 7:25.

2:10, 11​—Ni kubera iki ibikorwa vy’ubuhemu Abisirayeli bakoze vyari akataraboneka? Naho amahanga ya gipagani yari aherereye mu Burengero uja i Kitimu be n’ayari aherereye mu Buseruko uja i Kedari vyashobora gushika akazana imana z’ayandi mahanga akazongera ku mana zayo, ntiyigera yiyumvira ivyo gufata imana zayo ngo azisubirize imana z’inyamahanga. Ariko Abisirayeli bobo barahevye Yehova, bafata ubuninahazwa bwa ya Mana nzima babukaba ibigirwamana bitagira ubuzima.

3:11-22; 11:10-12, 17​—Ni kubera iki mu butumwa Yeremiya yashikirije, yavuzemwo bwa bwami bwo mu Buraruko bwari bugizwe n’imiryango cumi kandi Samariya hari haratemvye mu mwaka wa 740 B.G.C.? Ni kubera yuko isangangurwa rya Yeruzalemu mu 607 B.G.C. ryerekana ko Yehova atari yaciriye urubanza Ubuyuda gusa, ahubwo ko yari yaruciriye ihanga rya Isirayeli ryose uko ringana (Ezekiyeli 9:9, 10). Vyongeye, n’inyuma y’aho ubwo bwami bwari bugizwe n’imiryango cumi bumariye gusangangurwa mu 740 B.G.C., kuba i Yeruzalemu hari abantu bo muri ubwo bwami bariyo, vyatuma haba ivyizigiro vy’uko abantu bo muri ubwo bwami bogarukanywe mu gihugu cabo kuko abahanuzi b’Imana babandanije kuvuga ibiberekeye.

4:3, 4​—Iryo tegeko risobanura iki? Abayuda b’ibihemu bari bakeneye kumena imishike y’imitima yabo, bakayorosha, bakongera bakayihumanura. Bategerezwa gukuraho “ukudakebga” kw’imitima yabo, ni ukuvuga gukura mu mitima yabo ivyiyumviro n’inyiyumvo bihumanye be n’imvo mbi bakorana (Yeremiya 9:25, 26; Ivyakozwe n’intumwa 7:51). Ivyo vyasaba ko bahindura uburyo bari babayeho, bakareka gukora ikibi bagakora ivyotuma bashimwa n’Imana.

4:10; 15:18​—Ni mu buryo ki Yehova yahenze abasavyi biwe b’abagarariji? Mu gihe ca Yeremiya, hariho ba kamenyi “bavuga ibinyoma” (Yeremiya 5:31; 20:6; 23:16, 17, 25-28, 32). Yehova ntiyababujije kuvuga ubutumwa bw’ikinyoma.

16:16​—Yehova yashatse kuvuga iki igihe yavuga ko ‘yotumyeko abarovyi benshi’ be n’“abahīgi benshi”? Ashobora kuba yashatse kuvuga ko yorungitse ingabo z’abansi ngo baje guhiga Abayuda b’ibihemu, abo Yehova yoshikijeko urubanza rwiwe. Mugabo rero, turavye ibivugwa muri Yeremiya 16:15, uwo murongo wa 16 ushobora kandi kuba ushaka kwerekeza ku kurondera Abisirayeli bigaye.

20:7, NW​—Ni mu buryo ubuhe Yehova ‘yakoresheje inkomezi ziwe’ mu kurwanya Yeremiya, kandi ni mu buryo ubuhe yamuhenze? Kubera ko abantu batanegwa ubutumwa bwerekeye imanza za Yehova Yeremiya yabashikiriza, bakabutera akagere, bakongera bakamuhama, ivyo bishobora kuba vyatumye yiyumvamwo yuko ata nkomezi yari agifise zo kubandanya ico gikorwa. Yamara rero, Yehova yarakoresheje inkomezi ziwe mu kurwanya ukwo kuntu Yeremiya yiyumva, maze aramuha inkomezi zo kubandanya ico gikorwa. Muri ubwo buryo rero, Yehova yarahenze Yeremiya mu kumukoresha kugira ngo arangure ivyo uwo muhanuzi ubwiwe yiyumvira ko atoshoboye.

Ivyigwa tuhigira:

1:8. Mu bihe bimwebimwe Yehova arashobora gukiza abasavyi biwe uruhamo, kumbure mu gutuma haboneka abacamanza bacisha aho ukuri kuri, mu gutuma abategetsi babi basubirirwa n’abategetsi babona ibintu mu buryo butegereka, canke mu guha abamusenga inkomezi zo kwihangana.​—1 Ab’i Korinto 10:13.

2:13, 18. Abisirayeli b’ibihemu bakoze ibibi bibiri. Ica mbere, barahevye Yehova, we soko ryo kwizigirwa ry’imihezagiro, ry’ubuyobozi n’uburinzi. Ikigira kabiri, biyimbiye ivyobo vyo kubika amazi vy’ikigereranyo mu kurondera kugirana amasezerano y’ivya gisirikare na Misiri be na Ashuri. Muri kino gihe, guheba Imana y’ukuri tugakurikira inyigisho n’ivyiyumviro vy’abantu be n’amapolitike y’isi, ni nk’ugufata “isōko y’amazi y’ubugingo” tukayisubiriza “ivyobo” vyo kubika amazi “vyatobotsemw’imishwena”.

6:16. Yehova yahimirije abasavyi biwe b’abagarariji kwicara bakisuzuma, maze bakagaruka mu “nzira” ba sekuruza babo b’intahemuka bagenderamwo. Wumva none tweho tudakwiye kuza rimwe na rimwe turisuzuma kugira ngo turabe nimba vy’ukuri turiko turagendera mu nzira Yehova ashaka ko tugenderamwo?

7:1-15. Kuba Abayuda barizigira urusengero, bakarubona nk’igiheko co kubakingira, ntivyabakijije. Dukwiye kurongorwa n’ukwizera, aho kurongorwa n’ivyo tubona.​—2 Ab’i Korinto 5:7.

15:16, 17. Cokimwe na Yeremiya, turashobora kurwanya ugucika intege. Ivyo twobigira mu guhimbarirwa ukwiyigisha Bibiliya n’ubwira, mu gushemeza izina rya Yehova mu busuku, no mu kwirinda abagenzi babi.

17:1, 2. Ivyaha abantu b’i Buyuda bakora vyatuma Yehova adahimbarwa n’ibimazi vyabo. Guhumana mu nyifato runtu bituma Yehova atemera ibimazi vyo gushemeza tumushikanira.

17:5-8. Dushobora kwizigira abantu be n’inzego z’abantu mu gihe gusa bakora ibidateye kubiri n’ivyo Imana igomba be n’ingingo ngenderwako zayo. Ariko ku bijanye no kuronka ubukiriro be n’amahoro n’umutekano nyavyo, ibiranga ubukerebutsi ni ukwizigira Yehova we musa.​—Zaburi 146:3.

20:8-11. Kuba abantu batanegwa ubutumwa tubabwira, kuba baturwanya canke baduhama, ntidukwiye kureka ngo bigabanye umwete dufise mu gikorwa co kwamamaza Ubwami.​—Yakobo 5:10, 11.

“NI MUGONDERE IZOSI INGŌGO Y’UMWAMI W’I BABULONI”

(Yeremiya 21:1–51:64)

Yeremiya aravuga ubutumwa bwerekeye imanza zizoshitswa ku bami bane ba nyuma b’Ubuyuda, ku bahanuzi b’ikinyoma, ku bungere babi be no ku baherezi bononekaye. Mu kugereranya amasigarira y’abasavyi biwe b’intahemuka n’insukoni nziza, Yehova avuga ati: “Nzobashirakw ijisho kugira ngo mbagirire neza” (Yeremiya 24:5, 6). Ubuhanuzi butatu dusanga mu kigabane ca 25 buraca ku ma yange imanza zivugwa ido n’ido mu bigabane vyo hanyuma.

Abaherezi na ba kamenyi baraja inama yo kwica Yeremiya. Ubutumwa ashikiriza ni ubw’uko bategerezwa gusaba umwami w’i Babiloni. Yeremiya abwira Umwami Zedekiya ati: “Ni mugondere izosi ingōgo y’umwami w’i Babuloni” (Yeremiya 27:12). Naho ari ukwo, “uwashwiragije Abisirayeli ni we azobatororokanya” (Yeremiya 31:10). Ab’inzu ya Rekabu barahabwa umuhango kubera ikintu ciza bakora. Yeremiya arashirwa “mu rugo rw’ibohero” (Yeremiya 37:21). I Yeruzalemu harasangangurwa, maze benshi mu bahaba bakajanwa inyagano. Yeremiya n’umukarani wiwe Baruki, bari mu basigara mu gihugu. Abasigaye mu gihugu, kubera ubwoba bafise, barahungira mu Misiri naho Yeremiya ababurira kutajayo. Ikigabane ca 46 gushika ku ca 51 birimwo ivyo Yeremiya avuga ku bijanye n’ayandi mahanga.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

22:30​—Iryo jambo Yehova yavumereye ryoba ryarakuraho uburenganzira Yezu Kristu afise bwo kwicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi (Matayo 1:1, 11)? Haba namba. Iryo jambo ryavumerewe ntiryakundira uwo ari we wese yokomotse kuri Yekoniya ‘gusubira ku ngoma ya Dawidi i Buyuda’. Yezu yoganje ari mw’ijuru, ntiyoganje avyagiye ku ntebe y’ubwami mu Buyuda.

31:33​—Ni mu buryo ki ivyagezwe vy’Imana vyandikwa mu mitima? Igihe umuntu akunda cane ivyagezwe vy’Imana ku buryo yipfuza cane gukora ivyo Yehova agomba, vyoshobora kuvugwa ko ivyagezwe vy’Imana vyanditswe mu mutima wiwe.

32:10-15​—Kwandika ivyete bibiri kandi hagurishijwe ishamvu imwe, vyari bifise iyihe ntumbero? Icete kitamatanishijwe ishashara cari ico bogiye barakoresha. Icamatanishijwe ishashara cari ic’integabizoza cokoreshejwe mu gihe vyobaye bikenewe, mu kwemeza yuko ico cete kitamatanishijwe ishashara ari ic’ukuri. Kuba Yeremiya yarakurikije ibintu bibereye vyasabwa n’amategeko naho yariko agura ishamvu na mwenewabo akaba n’uwo basangiye ukwizera, biratubera akarorero twokurikiza.

33:23, 24​—Iyo ‘miryango ibiri’ ivugwa ng’aho ni iyihe? Umwe ni umuryango wa cami ukomoka ku Mwami Dawidi, uwundi na wo ukaba ari umuryango w’abaherezi bakomoka kuri Aroni. Igihe Yeruzalemu be n’urusengero rwa Yehova vyasangangurwa, vyasa n’uko Yehova yari yataye iyo miryango ibiri be n’uko atosubiye kandi kugira ubwami kw’isi canke ngo atume insengo yiwe isubira gushinga imizi.

46:22​—Ni kubera iki ijwi rya Misiri rigereranywa n’ugukakamba kw’inzoka? Ivyo bishobora kuba vyerekeza ku kuntu ingabo za Misiri zasubiye inyuma zineshejwe bimwe bibi, zikagenda ziha akamo nka kurya kw’inzoka isubira inyuma ivuza agahwa. Canke bishobora kuba vyerekeza ku kuntu iryo hanga ryacishijwe bugufi kubera icago carishikiye. Iyo ngereranyo yerekana kandi ko abami ba Misiri bambarira ubusa agashusho k’inzoka ku rugori, bibaza ko ivyo vyotumye bakingirwa n’imanakazi-nzoka yitwa Ouadjet.

Ivyigwa tuhigira:

21:8, 9; 38:19. N’igihe hari hasigaye igihe gito ngo i Yeruzalemu hasangangurwe, Yehova yarahaye abantu baho b’intigaya bari babereye gupfa akaryo ko guhitamwo. Vy’ukuri, “imbabazi ziwe [ni] nyinshi”.​—2 Samweli 24:14; Zaburi 119:156.

31:34. Ese ukuntu bihumuriza kumenya ko Yehova atibuka ivyaha vy’abo aharira ngo aze abibahore muri kazoza!

38:7-13; 39:15-18. Yehova ntiyibagira umurimo tumurangurira tudahemuka, aho hakaba harimwo n’‘ugusukurira aberanda’.​—Abaheburayo 6:10, NW.

45:4, 5, NW. Nk’uko vyari biri mu misi ya nyuma y’Ubuyuda, iyi “misi y’iherezo” y’uru runkwekwe rw’ibintu si igihe co kwironderera “ibintu bihambaye” nk’amatungo, ubukuru, canke ugutekanirwa mu vy’ubutunzi.​—2 Timoteyo 3:1; 1 Yohana 2:17.

I YERUZALEMU HATURIRWA

(Yeremiya 52:1-34)

Turi mu mwaka wa 607 B.G.C. Ni mu mwaka ugira 11 Umwami Zedekiya ari ku ngoma. Umwami Nebukadinezari w’i Babiloni amaze amezi arenga 18 yugarije Yeruzalemu. Ku musi ugira indwi w’ukwezi kwa gatanu mu mwaka ugira 19 Nebukadinezari ari ku ngoma, Nebuzaradani umukuru w’abashibamyi ‘arashika’ i Yeruzalemu (2 Abami 25:8). Kumbure ari ahantu akambitse inyuma y’uruzitiro rw’ico gisagara, Nebuzaradani arihweza ukuntu ibintu vyifashe maze agategura ingene azogitera. Haciye imisi itatu, ni ukuvuga ku musi ugira cumi w’ukwo kwezi kwa gatanu, ‘arinjira’ i Yeruzalemu maze akahaturira.​—Yeremiya 52:12, 13.

Yeremiya aradondora ido n’ido ukuntu Yeruzalemu hatemba. Ivyo bintu adondora bituma acura intimba. Ukwo gucura intimba tugusanga mu gitabu co muri Bibiliya co Gucura intimba.

[Ifoto ku rup. 8]

Mu butumwa bw’urubanza Yeremiya yashikirije harimwo n’ubwerekeye urubanza Yehova yoshikije kuri Yeruzalemu

[Ifoto ku rup. 9]

Ni mu buryo ubuhe Yehova ‘yakoresheje inkomezi ziwe’ mu kurwanya Yeremiya?

[Ifoto ku rup. 10]

“Nk’uk’umuntu yokwerekeza umutima kur’izi nsukoni nziza, ni ko nzowerekeza ku Bayuda”.​—Yeremiya 24:5

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika