IKIGABANE CA CUMI NA GATATU
“Yehova yakoze ivyo yari yiyumviriye”
1. Ni igiki Yeremiya yavuze ku bijanye n’ubuhanuzi bw’Imana inyuma y’aho i Yeruzalemu hasanganguriwe?
I YERUZALEMU hahiye haratokombera. Abanyababiloni bahigaruriye, bahaturiye kandi umwotsi uracafumba. Yeremiya aracibuka ukuboroga gukomeye kw’abariko baragandagurwa. Imana yari yaramubwiye ivyobaye, kandi vyose vyagenze nk’uko nyene yari yarabivuze. Uwo muhanuzi avugana umuniho ati: “Yehova yakoze ivyo yari yiyumviriye.” Ese ukuntu vyari biteye agahinda kubona i Yeruzalemu hasangangurwa!—Soma Gucura intimba 2:17.
2. Ni ubuhanuzi ubuhe hari haciye igihe kirekire buvuzwe, Yeremiya yiboneye iranguka ryabwo?
2 Yeremiya yariboneye iranguka ry’ubuhanuzi bwinshi bwari bwarashikirijwe abasavyi b’Imana, ushizemwo n’ubwari bwaravuzwe mu gihe ca kera. Imyaka amajana n’amajana imbere y’aho, Musa yari yarabwiye Abisirayeli yuko baramutse bagamburukiye Imana boronse “umuhezagiro,” bayigambarariye na ho bakaronka “umuvumo.” Yehova yashaka ko abo basavyi biwe bironkera ivyiza, ni ukuvuga imihezagiro. Ariko rero, imivumo yovuye ku kugambarara yobaye iteye agahinda. Musa yaragabishije, eka na Yeremiya yongera arabisubiramwo akatari gake mu nyuma, yuko abokwirengagije ivyo Yehova avuga kandi bakamurwanya mbere vyoshitse “[bakarya] inyama z’abahungu babo n’inyama z’abakobwa babo.” (Gus. 30:19, 20; Yer. 19:9; Lew. 26:29) Hari aboba baribajije nimba ico kintu giteye ikinya gutyo coshitse koko. Emwe, ivyo vyarabaye igihe ibifungurwa vyari vyaheze i Yeruzalemu kubera ko Abanyababiloni bari bahasugereje. Yeremiya yavuze ati: “Amaboko y’abagore b’abanyempuhwe yatetse abana babo. Babereye abantu nk’umukate w’uruhoza mu gihe c’ugusenyuka kw’umukobwa w’abantu banje.” (Int. 4:10) Mbega ibara!
3. Ni igiki catuma Imana irungika abahanuzi ku basavyi bayo?
3 Ni ivy’ukuri y’uko intumbero Yehova yari afise mu kurungika abahanuzi nka Yeremiya itari iy’uko batangaza gusa ivyago vyaba vyimirije. Imana yashaka ko abasavyi bayo baheba inzira zabo bagasubira kuba abizigirwa kuri yo. Yashaka ko abacumuzi bigaya. Ivyo Ezira yaravyerekanye muri aya majambo agira ati: “Yehova Imana ya ba sekuruza babo aguma abarungikira imburi biciye ku ntumwa ziwe, akazirungika incuro n’izindi, kuko yumvira impuhwe abantu biwe n’aho aba.”—2 Ngo. 36:15; soma Yeremiya 26:3, 12, 13.
4. Yeremiya yumvise amerewe gute ku bijanye n’ubutumwa yashikiriza?
4 Nk’uko kwa Yehova, Yeremiya na we nyene yarumvira impuhwe abantu b’iwabo. Urashobora kubibonera ku vyo yavuze imbere y’uko Yeruzalemu itemba. Yari yataye umutwe kubera icago cagira gishike. Mu gihe abo bantu bokwumvirije ubutumwa Yeremiya yashikiriza kandi bakabugamburuka, ni ho gusa ico cago kitobashikiye. Gerageza kwiyumvira ukuntu Yeremiya yumva amerewe igihe yaba ariko ashikiriza ubutumwa bw’Imana. Yasemereye ati: “Ewe mara yanje, mara yanje! Ububabare bukaze busatiriye umutima wanje. Umutima wanje uriko urasebagirika muri jewe. Sinshobora kuguma ncereje, kuko numvise ijwi ry’inzamba, ikimenyetso c’ukugabisha c’intambara.” (Yer. 4:19) Ntiyari kureka kuguma avuga ibijanye n’ico cago cari cegereje.
NI IGIKI CABIMWEMEZA?
5. Ni kubera iki Yeremiya yizigira adakeka ubutumwa yamamaza?
5 Kubera iki Yeremiya yari yarajijutse ko ivyo yavuga vyorangutse? (Yer. 1:17; 7:30; 9:22) Yari umuntu afise ukwizera yari yariyigishije Ivyanditswe maze aramenya yuko Yehova ari Imana y’ubuhanuzi bw’ukuri. Ivyabaye muri kahise birerekana ko Yehova afise ubushobozi bwo kumenyesha imbere y’igihe ibintu vyasa n’ibidashoboka ufatiye ku kuntu abantu babona ibintu. Nk’akarorero, yaravuze imbere y’igihe ibijanye n’ukubohorwa kw’Abisirayeli bakava mu buja mu Misiri. Yeremiya yari azi neza inkuru yiganwa mu gitabu co Kuvayo be n’amajambo yavuzwe n’uwavyiboneye. Yosuwa yari yaribukije Abisirayeli bagenziwe ati: “Murazi neza n’imitima yanyu yose n’ubuzima bwanyu bwose yuko ata jambo na rimwe mu majambo meza yose Yehova Imana yanyu yababwiye ritashitse. Yose yararangutse ku bwanyu. Nta jambo na rimwe muri yo ritashitse.”—Yos. 23:14.
6, 7. (a) Ni kubera iki ukwiye kwitwararika ibiri mu buhanuzi Yeremiya yatangaje? (b) Ni igiki kizogufasha kwizigira udakeka ubutumwa wamamaza?
6 Ni kubera iki none ukwiye kubandanya witwararika ubuhanuzi butandukanye Yeremiya yashikirije? Ubwa mbere, ni uko yari ifise imvo zumvikana zatuma yizigira adakeka yuko Yehova yama nantaryo ashitsa ivyo avumereye. Ubugira kabiri, ni uko hari ivyo Imana yavumereye biciye kuri Yeremiya biriko biraranguka ubu, hakaba n’ibindi ushobora kuzobona iranguka ryavyo muri kazoza. Ubigira gatatu, ni uko ubutumwa bwose Yeremiya yatangaje be n’umwete yabigirana vyatumye aba umusavyi w’Imana adasanzwe. Incabwenge imwe ivuga iti: “Yeremiya umugereranije n’abandi bahanuzi, bose arabaheta.” Yeremiya yabonwa ko ari umuntu yaranguye uruhara rudasanzwe muri kahise k’abasavyi b’Imana ku buryo hari abumvise Yezu ariko aravuga bakiyumvira yuko ari Yeremiya.—Mat. 16:13, 14.
7 Nka kumwe kwa Yeremiya, na twebwe tubayeho mu gihe c’iranguka ry’ubuhanuzi butandukanye kandi buhambaye cane buvugwa muri Bibiliya. Kandi, cokimwe na Yeremiya, urakwiye kwizigira udakeka ko ivyo Imana isezerana bizoranguka ata kabuza. (2 Pet. 3:9-14) Uti none ivyo wobishikako gute? Mu kubandanya urushiriza kwizigira udakeka ko Ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana ryama riranguka mu buryo butagira agahaze. Ni co gituma muri iki kigabane tuja kwihweza ubuhanuzi bukeyi Yeremiya yashikirije yongera aribonera iranguka ryabwo. Turaza kurimbura n’ubwarangutse mu nyuma. Hari n’ubundi tuza kurimbura bukwerekeye muri iki gihe no muri kazoza. Ese ivyo vyotuma urushiriza kwizigira Ijambo ry’ubuhanuzi rya Yehova kugira ngo uhere amazinda bimwe bishitse yuko ‘azokora ivyo yiyumvira.’—Int. 2:17.
Ni kubera iki Imana yarungitse abahanuzi? Ni kubera iki wizigira ubuhanuzi bujanye n’isangangurwa ryimirije?
UBUHANUZI YEREMIYA YATANGAJE KANDI AKIBONERA IRANGUKA RYABWO
8, 9. Ni mu buryo bumwe ubuhe Bibiliya ari igitabu kidasanzwe?
8 Hariho abantu benshi bagerageza kuvuga ibizoba. Aho twovuga nk’akarorero abahinga mu vy’ubutunzi, abanyapolitike, abapfumu be n’abahinga mu bijanye n’ihindagurika ry’ikirere. Nta gukeka ko umaze kwibonera yuko ari urugamba kuvuga imbere y’igihe mu buryo butarimwo amakosa ibintu bizoba, naho vyoba ari ibintu bisanzwe bizoba nko mu misi nk’ingahe canke mu ndwi zingahe. Ariko rero, kimwe mu bintu biranga Bibiliya ni uko ubuhanuzi ivuga bwama nantaryo buranguka. (Yes. 41:26; 42:9) Ubuhanuzi bwose Yeremiya yavuze, bwaba ari ubworangutse haciye igihe gito canke igihe kirekire, bwararangutse. Ubutari buke muri bwo bwari bwerekeye abantu canke amahanga kanaka. Nimuze tubanze turimbure bukeyi mu bwo Yeremiya yiboneye iranguka ryabwo.
9 Ni nde muri iki gihe ashobora kuvuga imbere y’igihe ukuntu ivy’iyi si bizoba bimeze mu mwaka umwe canke ibiri? Nk’akarorero, ni umuhinga uwuhe wo mu vya politike y’iyi si ashobora kuvuga imbere y’igihe atihenda yuko hazobaho amahinduka mu vy’intwaro? Yeremiya wewe, ahumekewe n’Imana, yaravuze imbere y’igihe yuko Babiloni yogize ububasha ku mahanga menshi. Yavuze yuko igihugu ca Babiloni cari “igikombe c’inzahabu,” ico Yehova yokoresheje kugira ngo asuke uburake bwiwe kuri Yuda no ku bisagara bitari bike vyo mu micungararo yaho be no ku bantu baho, kikabagira abaja baco. (Yer. 51:7) Ivyo ni vyo neza na neza Yeremiya be n’abantu bo mu gihe ciwe biboneye amaso mu yandi.—Gereranya na Yeremiya 25:15-29; 27:3-6; 46:13.
10. Ni ibiki Yeremiya yari yaravuze ku bijanye n’abami bane ba Yuda?
10 Yehova kandi yarakoresheje Yeremiya kugira ngo amenyeshe ivyoshikiye abami bane ba Yuda. Ku bijanye na Yehowahazi, ari we kandi Shalumu, umuhungu w’Umwami Yosiya, Imana yari yaravuze yuko yojanywe ari inyagano kandi ko atosubiye guhonyoza ikirenge mu gihugu ca Yuda. (Yer. 22:11, 12) Ivyo ni ko vyagenze. (2 Abm. 23:31-34) Imana yaratangaje ko uwosubiriye Yehowahazi ku ngoma, ni ukuvuga Yehoyakimu, yohambwe “nk’uko bahamba indogobwa y’ingabo.” (Yer. 22:18, 19; 36:30) Bibiliya ntitomora neza ukuntu Yehoyakimu yapfuye canke ngo ivuge ibijanye n’umuvyimba wiwe, ariko irerekana yuko umuhungu wiwe Yehoyakini yamusubiriye ku ngoma igihe i Yeruzalemu hari hasugerejwe. Yeremiya yari yaravuze ko Yehoyakini (uwitwa kandi Koniya canke Yekoniya) yojanywe inyagano i Babiloni kandi akagwayo. (Yer. 22:24-27; 24:1) Ivyo vyararangutse. Bite ho ku bijanye n’umwami wa nyuma wa Yuda ari we Zedekiya? Yeremiya yari yaravuze yuko Zedekiya yotanzwe mu maboko y’abansi batomugiriye impuhwe namba. (Yer. 21:1-10) Uti none ivyiwe vyagenze gute? Abo bansi baramucakiye. Bariciye abana biwe b’imisore mu maso yiwe, baramuhumisha amaso, bongera bamutwara i Babiloni, aho yaguye. (Yer. 52:8-11) Emwe, ubwo buhanuzi bwose bwararangutse.
11. Hananiya yari nde, kandi ni igiki Yehova yavuze ko comushikiye?
11 Muri Yeremiya ikigabane ca 28 dusoma yuko mu gihe c’ingoma ya Zedekiya, umuhanuzi w’ikinyoma Hananiya yubahutse aravuguruza ivyo Yehova yari yaravuze biciye kuri Yeremiya yuko Abanyababiloni bokwigaruriye Yeruzalemu bakahaganza. Hananiya yarirengagije Ijambo ry’Imana maze avuga yuko ngo ingǒgo y’ubuja Nebukadinezari yari yashize kuri Yuda be no ku yandi mahanga yovunitse. Ariko rero, Yeremiya abitegetswe na Yehova, yarabeshuje ikinyoma ca Hananiya, arasubiramwo yuko amahanga atari make yobaye abaja b’Abanyababiloni, yongera abwira uwo muhanuzi w’ikinyoma yuko yopfuye muri uwo mwaka nyene. Muri ivyo vyose nta na kimwe kitarangutse.—Soma Yeremiya 28:10-17.
12. Abantu benshi bo mu gihe ca Yeremiya bakiriye gute ubutumwa nyamukuru bw’ubuhanuzi yashikiriza?
12 Mu vy’ukuri, ubutumwa bw’ubuhanuzi Imana yabwiye Yeremiya gushikiriza bwari bushingiye ahanini kw’itemba rya Yeruzalemu. Yeremiya yaratanze imburi akatari gake avuga yuko ico gisagara cotemvye mu gihe Abayuda batokwigaye bakareka gusenga ibigirwamana, kurenganya no gukora ivy’ubukazi. (Yer. 4:1; 16:18; 19:3-5, 15) Abantu benshi bo mu gihe ca Yeremiya biyumvira yuko Yehova atokwigeze akora ico kintu. Uti kubera iki? Urusengero rw’Imana rwari aho i Yeruzalemu. None yoshoboye gute kwemera yuko ico kibanza ceranda gisangangurwa? Babona ko izo zari ndoto nsa. Yamara, urazi neza ko Yehova atabesha. Yarakoze ivyo yari yariyumviriye.—Yer. 52:12-14.
Bavyeyi: Nimukoreshe akarorero k’Abarekabu, ka Ebedi-meleki, be n’aka Baruki kugira ngo mukomeze ukwizera kw’abana banyu
13. (a) Ni mu buryo ki muri iki gihe ibintu vyifashe nk’uko vyari vyifashe mu gihe ca Yeremiya? (b) Ni kubera iki ivyo Imana yasezeraniye abantu bamwebamwe bo mu gihe ca Yeremiya ukwiye kuvyitaho?
13 Ku bijanye n’abasavyi b’Imana bo muri iki gihe, ivyabo vyifashe nk’uko vyari biri ku bagumye ari intahemuka kuri Yehova bo mu gihe ca Yeremiya. Turazi ko Yehova vuba agiye guteza icago kuri abo bose banka kwumvira imburi atanga. Naho biri ukwo, turashobora kuremeshwa n’imihango ivugwa muri ubwo buhanuzi, nk’ukwo kw’abo Bayuda bo mu gihe ca Yeremiya bagumye bumiye ku gusenga gutyoroye. Kubera ko Abarekabu batahemukiye Yehova kandi bakagamburuka amategeko ya sekuruza wabo, Imana yababwiye yuko borokotse itemba rya Yeruzalemu, kandi ukwo ni ko vyagenze. Ivyo bishobora kuba vyemezwa no kuba mu nyuma haravuzwe ibijanye na “Malikiya mwene Rekabu,” uwafashije mu bijanye no gusanura Yeruzalemu mu gihe ca Buramatari Nehemiya. (Neh. 3:14; Yer. 35:18, 19) Yehova Imana yarakuye amazinda Ebedi-meleki ko na we nyene yorokotse kubera ko yamwizigiye akongera agafata mu mugongo Yeremiya. (Yer. 38:11-13; 39:15-18) Imana kandi yarasezeraniye Baruki umugenzi wa Yeremiya yuko yomuhaye “kunyaga amagara” yiwe. (Yer. 45:1, 5) Uravye ukuntu ubwo buhanuzi bwose bwarangutse, uca ushika ku ciyumviro ikihe? Wibaza ko Yehova azokugirira iki niwaguma uri umwizigirwa kuri we?—Soma 2 Petero 2:9.
Ukuba ubuhanuzi bw’Imana bwama buranguka vyagize ico bikoze gute kuri Ebedi-meleki, kuri Baruki no ku Barekabu? Wewe wumva umerewe gute ku bijanye n’ubuhanuzi nk’ubwo?
UBUHANUZI BWARANGUTSE MU NYUMA
14. Ni kubera iki ubuhanuzi Imana yavuze ku bijanye na Babiloni butangaje?
14 Imana yari yaravuze yuko Nebukadinezari atokwigaruriye gusa Yuda, ariko ko yokwigaruriye na Misiri. (Yer. 25:17-19) Ivyo vyasa n’ibitoshobotse kubera ko Misiri yari ikomeye cane ku buryo yaganza na Yuda. (2 Abm. 23:29-35) Inyuma y’aho Yeruzalemu itembeye, amasigarira y’Abayuda baciye bapfundika umugambi wo kuva muri ico gihugu cabo bakaja mu Misiri aho bibaza ko bobayeho ata nkomanzi. Bashaka kuja muri ico gihugu naho nyene Yehova yari yarababujije kandi akaba yari yarababwiye yuko yobahezagiye baramutse bagumye aho mu gihugu ca Yuda. Mu gihe bohungiye mu Misiri, kwobaye ari nko guhungira imvura mu muvo kuko inkota batinya yabasanzeyo. (Yer. 42:10-16; 44:30) Mu vyo Yeremiya yanditse ntavuga niba Abanyababiloni barateye Misiri. Ikizwi coco ni uko Abisirayeli bari bahungiye mu Misiri ubwo buhanuzi bwabarangukiyeko igihe Abanyababiloni bigarurira Misiri amaja mu ntango z’ikinjana ca gatandatu B.G.C.—Yer. 43:8-13.
15, 16. Ijambo Imana yavuze ku bijanye n’ukubohorwa kw’abasavyi bayo ryarangutse gute?
15 Yeremiya yaravuze kandi ivyoshikiye ico gihugu cokwigaruriye Misiri, ari co Babiloni. Hagisigaye imyaka ijana ivyo ngo bibe, Yeremiya yaravuze ata kwihenda ko itemba rya Babiloni ryobaye mu kanya isase. Uti gute? Uwo muhanuzi w’Imana yari yaravuze yuko amazi yakingira ico gisagara ‘yokamijwe,’ be n’uko abagabo b’abanyenkomezi baho batorwanye. (Yer. 50:38; 51:30) Ubwo buhanuzi bwararangutse urudome ku rundi igihe Abamedi n’Abaperesi bakevya Uruzi Efurate, barujabuka, hanyuma barinjira muri ico gisagara, maze bubira Abanyababiloni, barabacakira. Ikindi kintu gitangaje ni ubuhanuzi bwari bwaravuze yuko igisagara ca Babiloni cogumye ari umusaka ata muntu n’umwe akibamwo. (Yer. 50:39; 51:26) Kuba ico gisagara, icari carigeze kuba agahambaye, kikiri umusaka gushika n’ubu, ni ikimenyamenya ntaharirizwa c’uko ubuhanuzi bw’Imana bwama buranguka.
16 Yehova yaratangaje biciye kuri Yeremiya yuko Abayuda bomaze imyaka 70 ari abaja b’Abanyababiloni. Mu nyuma, Imana yogarukanye abo basavyi bayo mu gihugu cabo. (Soma Yeremiya 25:8-11; 29:10.) Daniyeli yarizigira agaherezako ubwo buhanuzi, kandi yarabukoresheje kugira ngo amenye igihe “agatikizo ka Yeruzalemu” korangiriye. (Dan. 9:2) Ezira yavuze ati: “Kugira ngo ijambo rya Yehova ryavuye mu kanwa ka Yeremiya riranguke, Yehova akabura impwemu ya Kuro umwami w’Ubuperesi,” uwari yarigaruriye Babiloni, kugira ngo asubize Abayuda mu gihugu cabo. (Ezr. 1:1-4) Abogarutse mu gihugu cabo bokwiginye amahoro yobaye akirangwamwo bakongera bagasubizaho ugusenga kw’ukuri, nk’uko Yeremiya yari yarabivuze.—Yer. 30:8-10; 31:3, 11, 12; 32:37.
17. Sigura ukuntu amajambo Yeremiya yari yaravuze ku bijanye n’‘ukuririra’ i Rama ashobora kuba yarangutse mu buryo bubiri butandukanye.
17 Yeremiya yaravuze kandi ubuhanuzi bworangutse haciye igihe kirekire. Yavuze ati: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘I Rama humvikana ijwi, ugucura intimba n’ukurira kw’umururazi; Rasheli ariko aririra abahungu biwe. Yanse guhozwa ku bijanye n’abahungu biwe, kuko batakiriho.’” (Yer. 31:15) Bigaragara ko Abayuda bagizwe inyagano inyuma y’aho i Yeruzalemu hasanganguriwe mu 607 B.G.C., bakoranirijwe mu gisagara ca Rama, nko ku bilometero 8 mu buraruko bwa Yeruzalemu. Bamwe muri abo Bayuda bashobora kuba biciwe aho i Rama. Ivyo bishobora kuba ari vyo vyabaye iranguka rya mbere ry’ubwo buhanuzi, bimera nk’aho Rasheli yariko aririra “abahungu” biwe. Ariko rero, haciye imyaka irenga amajana atandatu, Umwami Herodi yarategetse ko inzoya z’i Betelehemu zicwa. Umwanditsi w’injili Matayo yarasiguye ko ivyo Yeremiya yavuze imbere y’igihe vyabura intuntu abantu bogize kubera ubwo bwicanyi.—Mat. 2:16-18.
Ni hehe wosanga Abanyedomu muri iki gihe?
18. Ubuhanuzi bw’Imana bwavuga ibijanye na Edomu bwarangutse gute?
18 Hari n’ubundi buhanuzi Yeremiya yavuze bwarangutse mu kinjana ca mbere G.C. Imana yari yavuze biciye kuri we yuko Edomu yobaye mu mahanga yosinzikajwe n’ibitero vya Babiloni. (Yer. 25:15-17, 21; 27:1-7) Ariko rero, ijambo ry’Imana ryaravuze n’ibindi vyoshikiye iryo hanga. Edomu hobaye nk’uko i Sodomu na Gomora habaye, ni ukuvuga ko ata bantu bosubiye kuhaba gushika ibihe bidahera, hakazimangana buhere. (Yer. 49:7-10, 17, 18) Ukwo nyene ni ko vyagenze. Wibaza ko ari hehe muri iki gihe ushobora gusanga havuga ivya Edomu be n’Abanyedomu? Ni ikarata ndondabihugu iyihe yo muri iki gihe wosangako ico gihugu? Nta n’imwe. Ivyerekeye Edomu be n’Abanyedomu, bivugwa gusa mu bitabu vya kera be no mu nkuru ziganwa muri Bibiliya canke bikerekanwa ku makarata ndondabihugu yerekeza ku vy’ico gihe. Uwitwa Flavius Josèphe avuga yuko Abanyedomu bahatiwe kwinjira mw’idini ry’Abayuda mu kinjana ca kabiri B.G.C. Inyuma y’aho Yeruzalemu isanganguriwe mu 70 G.C., ivyabo vyahavuye birangira ntibasubira kumenyekana nk’ihanga ryigenga.
19. Igitabu ca Yeremiya gihishura iki ku bijanye n’ubushobozi Imana ifise bwo gushitsa ubuhanuzi bwayo?
19 Nk’uko uvyibonera, ikigabane kimwekimwe cose co mu gitabu ca Yeremiya cuzuyemwo ubuhanuzi bwerekeye abantu be n’amahanga kanaka. Bwinshi muri ubwo buhanuzi bwararangutse. Ivyo biratuvyurira umutima wo kurimbura twitonze ibivugwa muri ico gitabu kubera ko bizotuma tujijuka neza ku bijanye na Yehova Imana yacu ihambaye, we yakoze ivyo yiyumviriye. Yimirije gukora n’ibitaraba. (Soma Yesaya 46:9-11.) Ivyo birashobora gutuma urushiriza kwizigira ivyo Bibiliya ivuga ko bizoba. Nkako, bumwe mu buhanuzi Yeremiya yavuze, iranguka ryabwo rirakwerekeye muri iki gihe no muri kazoza. Nimuze dusuzume bumwe muri ubwo mu ngingo zisigaye z’iki kigabane.
Bumwebumwe mu buhanuzi bwarangutse Yeremiya amaze gupfa ni ubuhe, kandi ni kubera iki buhambaye kuri wewe?
UBUHANUZI BUKWEREKEYE
20-22. Ni kubera iki dushobora kuvuga yuko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, harimwo na bumwebumwe dusanga mu gitabu ca Yeremiya, butagira iranguka rimwe gusa? Bitangire akarorero.
20 Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwoshobora kuranguka incuro zirenga imwe. Ukwo ni ko biri ku bijanye n’ubuhanuzi Yezu yatanze igihe yishura ikibazo abigishwa biwe bamubajije ku vyerekeye ikimenyetso c’“ukuhaba kw[i]we n’ic’insozero y’ivy’isi.” (Mat. 24:3) Hari iranguka ry’ubwo buhanuzi ryabaye mu 66 gushika mu 70 G.C. Ariko rero, biboneka ko mu buryo bunaka ubwo buhanuzi buzoranguka no muri ya “makuba akomeye” yimirije gushikira ivy’iyi si mbi vyose. Ayo azoba ari amakuba “atigeze abaho kuva mu ntango y’isi gushika n’ubu, kandi atazokwongera kubaho.” (Mat. 24:21) Ukwo ni na ko bimeze ku bijanye n’ubuhanuzi Yeremiya yavuze. Bumwe muri ubwo buhanuzi bwagize iranguka rya mbere mu 607 B.G.C, ariko bwogize n’iranguka rigira kabiri haciye igihe kitari gito, nk’uko twabibonye ku bijanye na bwa buhanuzi bwavuga yuko ‘Rasheli yoririye abahungu biwe.’ (Yer. 31:15) Nkako, hari ubwo Yeremiya yavuze bwerekeye iki gihe ubayemwo, kandi iranguka ryabwo rikaba rikwerekeye.
21 Ivyo urashobora kuvyibonera mu gitabu c’Ivyahishuwe. Intumwa Yohani ahumekewe n’Imana yarerekeje ku buhanuzi Yeremiya yari yaravuze ku bijanye n’iherezo rya Babiloni ryabaye mu 539 B.G.C. Mu Vyahishuwe haravuga isano riri hagati y’ivyashitse ico gihe be n’ibiraririye gushika ku rugero runini kuruta. Bumwe mu buhanuzi bwavuzwe na Yeremiya kandi bworangutse mu bihe vya none ni ubwerekeye itemba ry’inganji ikomeye, ni ukuvuga inganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, ari yo “Babiloni Akomeye.” (Ivyah. 14:8; 17:1, 2, 5; Yer. 50:2; 51:8) Abasavyi b’Imana bobwirijwe ‘kuva iwe’ kugira ngo ntibasangire na we ku vyomushikiye. (Ivyah. 18:2, 4; Yer. 51:6) Amazi y’ico gisagara, ayagereranya abantu canke abayoboke biwe, ‘yokamijwe.’—Yer. 51:36; Ivyah. 16:12.
22 Ubundi buhanuzi buzoranguka muri kazoza ni ubujanye n’umuhango Imana yatanze w’uko izokwihora idini ry’ikinyoma kubera ko ryafashe nabi abasavyi bayo. Yehova ‘azoryishura ibihwanye n’ivyo ryakoze vyose.’ (Yer. 50:29; 51:9; Ivyah. 18:6) Ibihugu vy’ikigereranyo vyegukira idini ry’ikinyoma na vyo bitegerezwa kuzocika igiharabuga.—Yer. 50:39, 40.
23. Ni ibintu ibihe vyari vyaravuzwe na Yeremiya, vyasubijwe umutamana mu buryo bw’impwemu mu kinjana ca 20?
23 Nk’uko ushobora kuba wabibonye, ubuhanuzi Yeremiya yashikirije ntibwavuga ibibi gusa, ariko kandi bwaravuga n’ibintu vyiza vyobaye. Nkako, Yeremiya yaravuze imbere y’igihe yuko ugusenga kw’ukuri kwosubijwe umutamana kw’isi mu bihe vya none. Ukurekurwa kw’Abayuda bari bagizwe inyagano mu gisagara ca kera ca Babiloni kurafitaniye isano n’ukurekurwa kw’abasavyi b’Imana bo muri iki gihe bagakurwa muri Babiloni Akomeye inyuma y’aho Ubwami bw’Imana bushingiwe mw’ijuru. Mu buryo bw’impwemu, Yehova yaragarukanye abasavyi biwe ku gusenga gutyoroye, ivyo bikaba bituma bamukengurukira cane kandi banezerwa cane. Yarahezagiye utwigoro bagira mu gufasha abandi kugira ngo bamusenge bongere bagaburirwe ibifungurwa umukimba vyo mu buryo bw’impwemu. (Soma Yeremiya 30:18, 19.) Na wewe nyene, ufatiye ku vyo umaze kwibonera, urazi ukuntu Yehova yashikije muri ibi bihe vya none ivyo yasezeranye ku bijanye no kuronsa abasavyi biwe abungere, bano bakaba ari abagabo bahumuye mu vy’impwemu bitwararika vy’ukuri ubusho kandi bakabukingira.—Yer. 3:15; 23:3, 4.
24. Ni amajambo akomeye ayahe yavuzwe na Yeremiya, atararanguka?
24 Amajambo Yeremiya yabwiye abasavyi b’Imana bo mu gihe ca kera ntavuga gusa ibijanye n’umuhango w’uko abantu b’abizigirwa boronkejwe ibintu vyiza kuruta, ariko kandi aravuga ibijanye n’ingabisho yatangwa y’uko abatagiranira ubucuti bwiza na Yehova boranduwe. Ukwo ni ko biri no muri iki gihe. Nta n’umwe muri twebwe atabona ko amajambo akurikira aserurwamwo imburi yihutirwa cane, na yo akaba agira ati: “Abishwe na Yehova kuri uwo musi bazohera koko ku mpera imwe y’isi bashike ku yindi. Ntibazoborogerwa, eka kandi ntibazokwegeranywa canke ngo bahambwe. Bazoba nk’intabire ku buringanire bw’ubutaka.”—Yer. 25:33.
25. Abasavyi b’Imana bo muri iki gihe bafise ibanga irihe?
25 Vy’ukuri, cokimwe na Yeremiya, na twebwe tubayeho mu bihe bigoye. Nk’uko vyari biri mu gihe ciwe, ukuntu abantu bakira ubutumwa bwa Yehova bishobora gutuma bazoronka ubuzima canke bakabubura. Abasavyi b’Imana bo muri iki gihe si abavuga ubuhanuzi. Twebwe ntiduhumekerwa n’Imana kugira ngo tugire ikintu na kimwe twongeye ku majambo ya Yehova yama nantaryo ari ay’ukuri dusanga muri Bibiliya. Naho biri ukwo, twashinzwe igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami imisi yose gushika ku muhero w’ivy’iyi si. (Mat. 28:19, 20) Nta gukeka ko tutipfuza na gato ‘kwiba ijambo rya Yehova’ mu kureka kubwira abantu ibiraririye gushika. (Soma Yeremiya 23:30.) Twiyemeje kutigera dutuma amajambo yiwe atakaza ububasha afise no kutigera tugabanya ico ayo majambo yokoze ku bantu. Ubuhanuzi bwinshi Imana yari yarategetse Yeremiya gutangaza bwaramaze kuranguka. Ivyo bica bidukura amazinda yuko ubuhanuzi butararanguka, na bwo nyene buzoranguka mu buryo butagira agahaze. Dutegerezwa kubwira abantu yuko Imana itazobura gukora ‘ivyo yiyumvira be n’ivyo yategetse kuva mu misi ya kera.’—Int. 2:17.
‘Ntiwibe amajambo ya Yehova’ mu kwanka kubwira abantu ibiraririye gushika
26. Ni ubundi buhanuzi ubuhe butararanguka dukwiye kurimbura?
26 Ntitworangiza kurimbura igikorwa co kuvuga ubuhanuzi Yeremiya yakoze be n’ubutumwa yashikirije tutavuze ibijanye n’imihango ikomeye Yehova yatanze yerekeye “isezerano rishasha” yagiraniye n’abasavyi biwe, amategeko yaryo akaba yokwanditswe mu mitima yabo. (Yer. 31:31-33) Ubwo buhanuzi be n’iranguka ryabwo, rino rikaba rikwerekeye, ni vyo tugiye kurimbura mu kigabane gikurikira.
Ni ubuhanuzi ubuhe bwo mu gitabu ca Yeremiya bwarangutse mu bihe vya none? Wewe wiyumva gute ku bijanye n’ubuhanuzi butararanguka?